Chançard Abimana , Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Videwo: Reba ibishashi by’ibyishimo bimurikira katedrali y’igitangaza ya Sagrada Família i Barcelona mu gihe cy’uruzinduko rwa Papa
Insiguro ya video, Reba ibishashi by’ibyishimo bimurikira katedrali y’igitangaza ya Sagrada Família i Barcelona mu gihe cy’uruzinduko rwa Papa.
Papa Leo XIV yavuze ko inyubako y’igitangaza ya Sagrada Família yo muri Barcelona ari igihangano cyihariye cyubakiye ku “mabuye, amabara n’urumuri”, ubwo yatangizaga ku mugaragaro umunara wayo mushya kandi muremure kurusha iyindi yose.
Uyu Munara wa Yesu Kristo, warangiye kubakwa muri Gashyantare, watumye uburebure bwa Sagrada Família bugera kuri metero 172.5, ibi bikaba ari
byo bituma iba urusengero rurerure kurusha izindi zose ku isi.
Uruzinduko rwa Papa muri iyi nyubako rwabaye hashize imyaka 100 umwubatsi wayo w’ikirangirire, Antoni Gaudí, apfuye.
Mu bitabiriye uwo muhango harimo umwami Felipe VI w'aba espanyori n’umugore we Umwamikazi Letizia, hamwe na Minisitiri w’Intebe wa Espagne Pedro Sánchez.
Omar Artan: Wa musifuzi wo muri Somalia wirukanwe na Amerika yahawe gusifura ‘finale’ ya UEFA Super Cup
Impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru i Burayi, UEFA, yatangaje ko
nyuma yo kumvikana na ngenzi yayo yo muri Afurika, CAF, yagennye umusifuzi wo
muri Somalia Omar Artan kuzasifura umukino wa nyuma w’igikombe cya UEFA Super Cup.
Uwo mukino uzaba tariki 12 Kanama(8)
uyu mwaka uhuze ikipe ya Paris Saint-Germain yatwaye UEFA Champions League na
Aston Villa yatwaye UEFA Europa League, amarushanwa y’amakipe akomeye y’i
Burayi.
Uwo mukino wa nyuma wa UEFA Super Cup
uzaba usifuwe bwa mbere n’umusifuzi w’umunyafurika, uzabera i Salzburg muri
Autriche.
Omar Artan w’imyaka 34, amaze kwigaragaza nk’umusifuzi ukomeye kuva
yajya ku rutonde rw’abasifuzi bemewe na FIFA mu 2018 kandi mu 2025 yahawe
igihembo cy’umusifuzi mwiza kurusha abandi muri Afurika mu bagabo.
Yagarutsweho cyane muri iki cyumweru ubwo yageraga muri Amerika aho yari
ku rutonde rw’abazasifura imikino y’igikombe cy’isi, maze abategetsi b’icyo
gihugu, nyuma yo kumuhata ibibazo mu gihe cy’amasaha 10, bahita bamusubiza mu
ndege yamugejeje i Istanbul muri Turkiya.
Ahavuye isanamu, gett
Insiguro y'isanamu, Omar Artan yakiriwe nk'intwari mu gihugu cye ubwo yari ahageze ku wa gatatu nyuma yo kwirukanwa na Amerika
Leta ya Amerika yavuze ko yasanze Omar Artan ateje umutekano mucye iki gihugu, ibyo Somalia yamaganye nyuma y’uko ageze mu gihugu cye akakirwa nk’intwari.
UEFA isubiramo amagambo ya Patrick Motsepe ukuriye CAF avuga ko ashimira iryo shyirahamwe ry’i Burayi ryahaye Omar Artan amahirwe yo gusifura ‘finale’ y’irushanwa rya UEFA Super Cup y’uyu mwaka.
Motsepe yagize ati: “Iri ni ishema rikomeye kuri Omar Artan no ku basifuzi ba Afurika kandi ni urugero rwiza rw’uko umupira w’amaguru uhuza abantu bo muri Afurika, ab’i Burayi no kw’isi yose”.
Trump yavuze ko Amerika iza gutera Iran “igitero gikomeye cane iri joro”
Ahavuye isanamu, Reuters
Donald Trump yavuze ko Amerika iza gutera Iran “igitero
gikomeye cane iri joro” mu butumwa bushasha yashize ku rubuga rwiwe rwa Truth
Social.
Yavuze ati:
“Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziraza gutera Iran (aho
igisoda co mu mazi, igisoda co mu kirere, “radar”, uburyo bwo kwikingira
ibitero vyo mu kirere n’ubundi buryo bwose bwo kwivuna abansi, hamwe n’igice
kinini c’ubushobozi bwayo bwo gutera, vyose vyamaze gusamburwa !), IGITERO
GIKOMEYE CANE IRI JORO.
"Atari kera cane, tuzofata izinga rya Kharg hamwe n’ibindi
bibanza bikorerwamwo ibitoro, maze tugenzure burundu isoko ryabo ry’igitoro na
gaz, nk’uko twabigize muri Venezuela, kandi bikaba vyagenze neza cane ku nyungu
za Venezuela na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.”
Kuva intambara itanguye, Trump yarateye ubwoba incuro
nyinshi avuga ko ashaka gufata izinga rya Kharg, izinga ritoyi riri ku nkengera
za Iran kandi ari kimwe mu bibanza bikuru cane vyifashishwa mu guhingura no kurungika ibitoro hanze y’igihugu.
‘Itumwako ry’uwuserukira Uburundi mu Bufaransa ntaho rihuriye n’uko yahuye na Mushikiwabo w’u Rwanda’
Ahavuye isanamu, Ambassade du Burundi en France
Insiguro y'isanamu, Spès-Caritas Njebarikanuye yari amaze amezi atatu gusa atanguye amabanga yo guserukira Uburundi mu Bufaransa
Umushikiranganji
w’Uburundi ajejwe imigenderanire yavuze ko ivyo abantu bibaza kw’itumwako ry’uwahora
aserukira ico gihugu mu Bufaransa atari ivyo.
Mu
kiganiro abagize reta y’Uburundi bose batanze bishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru
n’abanyagihugu ku bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, Edouard Bizimana yamenyesheje ko ingingo yo
gutumako Spès-Caritas Njebarikanuye ari iyisanzwe.
Yavuze
ko ataho ihuriye no kuba yaragaragaye ari kumwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu
bikoresha ururimi rw’igifaransa OIF, Umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo.
Uwuserukira
Uburundi mu Bufaransa ari na we aba abuserukira muri OIF, yari ashiriye umukuru
w’iryo shirahamwe amakete amugena muri ayo mabanga.
Edouard
Bizimana yagize ati: “Ngira abantu
baciye bafatira kuri ivyo vy’uwuserukira OIF, ariko nta sano, ntaho bifatiye”.
Bizimana ntiyasobanuye ico “kintu cihutirwa” ico ari co.
Gusa yabandanije amenyesha ko abantu bashobora kwihenda vyoroshe kubera
gufatira hafi ibintu “biboneka ningoga ku maso”.
Mbere
uwo mutegetsi yirinze kuvuga amajambo menshi, aho yavuze ati “iki
gisata ca diplomasiya kiragoye kubera gikorera mu bintu bihambaye cane”.
Urwanda n’Uburundi bimaze imyaka myinshi bitarabana ryiza
kuva mu 2015. Imbibe z’ubutaka hagati y’ivyo
bihugu zarongeye kwugarwa kuva mu 2024 ku ngingo y’Uburundi.
Bwagiriza Urwanda guha indaro abagizi ba nabi b’abarundi
barimwo abakekwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.
Saudi Arabia: Abandi banya Ethiopia bane bishwe mu gihe abandi bakatiwe urwo gupfa nabo bategereje
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Saudi Arabia ubusanzwe itanga igihano cy'urupfu mu gucibwa umutwe hakoreshejwe inkota
Abategetsi
muri Arabie Saoudite bishe abandi banya-Ethiopia bane kuwa mbere n’ejo hashize
ku wa gatatu, bituma umubare w’abaturage ba Ethiopia bamaze guhabwa urwo gupfa
mu mezi ya vuba muri icyo gihugu ugera kuri barindwi, nk’uko amasoko y’amakuru
ya BBC abyemeza.
Arabia
Sawudite ahanini ishyira mu ngiro igihano cy’urupfu mu gucibwa umutwe
hakoreshejwe inkota, nk’uburyo buri mu mategeko ya sharia. Nubwo kwicwa barashwe urufaya
ari uburyo bwagiye bukoreshwa inshuro nkeya.
Ikigo
Human Rights Watch cyaburiye ko nibura abimukira b’abanya-Ethiopia 65 babetegereje
kwicwa nyuma y'ibyaha bigendanye n’ibiyobyabwenge.
Icyo
kigo kivuga ko hari batatu bishwe tariki 21 Mata(4) mbere y’uko abategetsi ba
Saudi Arabia bahagarika gato gushyira mu ngiro icyo gihano.
Ibinyamakuru
muri icyo gihugu bivuga ko abanya-Ethiopia barenga 200 bafungiye muri gereza ya
Khamis Mushait bategereje ishyirwa mu ngiro ry’igihano cyo gupfa bakatiwe,
nubwo uwo mubare utagenzuwe mu buryo bwigenga.
Nadia
Hardman wo muri Human Rights Watch avuga ko umuhate w’abategetsi ba Saudi
Arabia “wo kwica abimukira kubera ibyaha bitari iby’ubugome, ari uguhonyora
gukomeye uburenganzira bwabo”.
Imiryango
mpuzamahanga itandukanye, abakuriye amadini, sosiyete sivile na za guverinoma
basabye abategetsi ba Saudi Arabia kubabarira abafunze no kuberekura bagataha.
Abasare batatu b'Abahinde biciwe mu gitero cy'Amerika ku bwato bw'ibikomoka kuri peteroli
Ahavuye isanamu, CENTCOM
Insiguro y'isanamu, CENTCOM yatangaje amashusho yavuze ko agaragaza icyo gitero ku cyumba cya moteri y'ubwo bwato
Minisitiri wo mu
Buhinde yavuze ko abasare batatu b’Abahinde bari batangajwe ko baburiwe
irengero bishwe nyuma yuko ingabo z’Amerika zirashe ubwato mu Kigobe cya Oman.
Ubwo bwato bwitwa MT
Settebello, bufite ibendera rya Palau, bwagabweho igitero ku wa gatatu nyuma
yuko ingabo z’Amerika zibushinje kudakurikiza “amabwiriza y’ingabo z’Amerika”.
Muri ubwo bwato hari harimo abasare 24 b’abagabo, 21 muri bo bakaba batabawe.
Mu butumwa yatangaje
ku rubuga nkoranyambaga rwa X, Minisitiri w’ubwikorezi w’Ubuhinde, Sarbananda
Sonowal, yavuze ko ibyabaye “birababaje cyane”, yongeraho ko imirambo y’abo
bagabo batatu izasubizwa mu gihugu vuba.
Nyuma y’icyo gitero,
leta y’Ubuhinde yahamagaje uwungirije ambasaderi w’Amerika i Delhi.
Imiriyaridi 50 zitezwe muri rusangi, zoba ari ukwiyongera gukomeye
cane ugereranije na miriyaridi 35 z’amadolari zari zashizwe mu bijanye no gutigira
mu nkino z’igikombe c’isi zabereye muri Qatar mu 2022.
Amashirahamwe akangurira abantu kwirinda ibijanye no gutigira kubera
ingaruka zavyo, yibutsa ko abantu nka bose bakina ibijanye no gutigira bahomba
amafaranga ku gihe kirekire.
Ayo mashirahamwe agabisha ko abazotigira mu nkino z’igikombe c’isi z’uwu
mwaka, bari mu kaga ko gukwegerwa mu nzira yo kugerageza ubundi buryo bwo
gutigira bwinshi bushobora kubagirako ingaruka bukanabizizira gusumba.
Umusesanguzi wa Macquarie, Chad Beynon, avuga ko uku kwiyongera gukomeye
kw’amafaranga ashirwa mu bijanye no gutigira guterwa ahanini n’uko igitigiri c’imirwi
izokina congerejwe. Cavuye ku mirwi 32 gishika kuri 48.
Kubera iyo mvo, hazoba inkino zirenga 100 mu kiringo c’amayinga atandatu,
mu gihe mw’ihiganwa riheruka ryabereye muri Qatar mu 2022 hari hakinywe inkino 64.
Beynon yongerako ko ibiringo vyiza vy’amasaha vy’ibihugu bizokwakira
iryo higanwa, ari vyo Amerika, Canada na Mexique, bizotuma abantu benshi barushiriza
gukurikirana izo nkino.
Ashimangira ko bizokwongereza n’inyota y’abatigira ku migabane ya Buraya,
Afrika na Amerika y’Epfo.
Ikindi gituma haba ukwo kuduga ni iyongerekana ry’isoko ryo gutigira
muri Amerika, aho hafi 65% vy’abanyagihugu ubu bashobora gukina imikino yo
gutigira, igitigiri ciyongereye kivuye kuri 40% mu 2022.
Ivyo bisobanuye ko iri ari ryo higanwa rya mbere ry’igikombe c’isi igice
kinini c’Abanyamerika bashobora gushiramwo amafaranga yo gutigira.
Umuhagarikizi yankiwe kwinjira muri Amerika yari afitaniye isano n''imigwi y'iterabwoba' – Umutegetsi wo muri Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Artan avuga ko muri Amerika yabajijwe kw'isano yoba afitaniye n’umugwi al-Shabab wo Somalia, akaba yishuye ko ata na kimwe awuziko
Umutegetsi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko umuhagarikizi w’umunya
Somalia, Omar Artan, yankiwe kwinjira muri ico gihugu kubera afitaniye “isano n’abikekwa ko bari mu mirwi
y’iterabwoba”.
Artan w’imyaka 34 - yatowe nk’umuhagarikizi mwiza ku mugabane wa Afrika
mu 2025 - yari agiye kuba umunya Somalia wa mbere ahagararira inkino z’igice
ca nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi.
Ariko, ku wa mbere yarankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga
c’indege mpuzamakungu ca Miami, n’ubwo yari afise pasiporo y’aba ‘dipolomate’ hamwe
na viza imwemerera kwinjira muri ico gihugu rimwe gusa.
Somalia iri ku rutonde rw’ibihugu 12 vyafatiwe ingingo na Perezida
Donald Trump yo kwankirwa canke kugabanirizwa
kwinjira muri Amerika.
Artan yashitse muri Somalia ku wa gatatu.
Isoko butegetsi bwa Trump ryagize riti: “Uyu muntu yariko arasaba
kwemererwa kwinjira muri Amerika. Mw’igenzura ryimbitse ryagizwe n’urwego CBP [rujejwe
gukingira imipaka no gusuzuma abinjira], hatowe amakuru nyandagazi amwerekeye,
harimwo ko afitaniye isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba. Ivyo
vyatumye atemererwa kwinjira muri Amerika hisunzwe itegeko rigenga ivy’abimukira
n’ubwenegihugu (INA).
“Ubutegetsi bwa Perezida Trump ntibuzokwigera bureka umuntu uwo ari we
wese ashobora guteza akaga ku mutekano kwinjira mu gihugu cacu - akaburungu.”
BBC Sport yaragerageje kurondera Artan kugira agire ico ashikirije ku
vyo yagirizwa.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru New York Times – co muri Amerika – ku wa
kabiri, Artan yavuze ko yabajijwe n’abajejwe umutekano wo ku mipaka ku bijanye
n’isano yoba afitaniye n’umugwi w’iterabwoba al-Shabab wo Somalia, nawe akaba yabishuye ko ata na kimwe
azi kuri wo.
Trump avuga ko akunda 'izamuka ry'ibiciro' mu gihe ibiciro muri Amerika byazamutse byihuse cyane
Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Donald Trump
yavuze ko akunda “izamuka ry’ibiciro”, mu gihe mu kwezi gushize ibiciro byo muri
Amerika byazamutse ku kigero cya mbere cyihuse cyane kibayeho mu myaka itatu
ishize.
Imibare y’ibiro
bishinzwe ibarurishamibare ryo mu rwego rw’umurimo (BLS) igaragaza ko ibiciro
byazamutse ku kigero cya 4.2% muri Gicurasi (5) ugereranyije no mu mwaka ushize.
Uko kwiyongera, kwavuye kuri 3.8% muri Mata (4), kwatewe n’izamuka ry’ibiciro
by’ingufu z’amashanyarazi nyuma y’intambara y’Amerika na Israel muri Iran.
Ubwo yari ari mu biro
bye bya White House, Trump yagize ati: “Ndarikunda. Imibare yari imeze neza
cyane. Murabizi icyo nkunda rwose? Nkunda izamuka ry’ibiciro.”
Ariko yasezeranyije ko
ibiciro birimo kuzamuka “bizamanuka nk’urutare” ubwo intambara na Iran izaba
irangiye. Nyuma yaho ku wa gatatu, ingabo z’Amerika zarashe muri Iran.
Ubwo ku wa gatatu yavugaga
kuri iyo mibare y’izamuka ry’ibiciro, Perezida Trump yavuze ko ingabo z’Amerika
zakoze ibikorwa bya gisirikare (operations) bya nijoro byo gutwara “utugunguru tubarirwa
muri za miliyoni” tw’ibikomoka kuri peteroli bivuye muri Iran. Yavuze ko ibyo
byagize uruhare mu igabanuka rito ry’ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli.
Yabwiye abanyamakuru
bari bari muri White House ati: “Ubwo iyi ntambara izaba irangiye... muzabona
ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli bigabanuka bigasubira aho byahoze mbere.”
Tehran yateye ibirindiro vya Amerika mu Kigobe inyuma y'aho ingabo za Amerika zigavye ibitero bishasha kuri Iran
Ahavuye isanamu, US Central command
Insiguro y'isanamu, Ubwato bw’intambara bwa Amerika igihe bwarasa misire zo mu bwoko bwa Tomahawk, mu bitero bishasha vyo mw’ijoro, ku bibanza bitandukanye muri Iran
Iran
yateye ibirindiro vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika
biherereye mu Kigobe, mu kwihora ku bitero bishasha vya Amerika vyagabwe inyuma
y'uko Perezida Donald Trump avuze ko ashobora gukubita “bikomeye” ico gihugu.
Bumwe
mu buyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika buzwi nka CENTCOM bwatangaje ko
bwarangije umusi wa kabiri wikurikiranije w’ “ibitero vyo kwivuna”, bikaba
vyagabwe mw’ijoro inyuma y'uko Trump avuze ko Tehran “yatevye cane gushika ku
masezerano” yo kurangiza intambara.
Mu
kwishura, Iran yavuze ko yateye ibirindiro vya gisirikare vya Amerika biri muri
Bahreïn (Bahrain) na Koweït (Kuwait), ari na vyo nyene yari yatumberejeko
ibitero vyo kwihora umusi umwe imbere y’aha.
Uku
kubandanya kw’ibitero vy’ingere ku yindi kwibonekeza muri iyi misi, gushira mu
kaga agahengwe impande zompi zari zumvikanyeko muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.
Inyuma
y’igitero caheruka ca Amerika, humvikanye uguturika mu bisagara vyo mu bumanuko
bwa Iran, hafi y’umuhora wa Hormuz, aho ingabo za Amerika zatumbereje kandi
ibitero ku buhinga bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere harimwo ama ‘radar’
n’ibindi bikorwa remezo.
Ibi
vyatangajwe n’ibinyamakuru vya reta ya Iran, n’ubwo ata yandi masoko yashotse
avyemeza.
Ivyo
vyabaye inyuma y'uko ibinyamakuru vya reta ya Iran bivuze ko umuhora wa Hormuz
“wugawe burundu ku bwoko bwose bw’amato”. Ariko CENTCOM yo yemeje ko “amato
y’ubudandaji abandanya kurengana, yaba ayinjira canke ayasohoka, mu muhora wa
Hormuz”.