'Nafatiwe ku rugamba mu kigwati ca Ridkodub' - Umurundi afungiwe muri Ukraine

Ahavuye isanamu, RIYAZIMANA EMMANUEL
Riyazimana Emmanuel yari yashitse mu Burusiya itariki 23 z'ukwezi kwa Kigarama(12) 2025 yahenzwe ko agiye gukora akazi muri kompanyi itanga amazi.
Inyuma y'imyimenyerezo ya gisirikare y'akanya gato, yaciye arungikwa kugwana muri Ukraine.
Ku rugamba, yafashwe n'ingabo za Ukraine igenerekezo 24 z'ukwezi kwa Ndamukiza (4) mu 2026 mu kigwati ca Ridkodub, mu buseruko bwa Ukraine
None, yagiye mu Burusiya gute?
Uyu mugabo w'imyaka 33 yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Mu mpera z'umwaka uheze, twahuriye mu kabare n'umugabo yavuga ko yitwa Alain, anyemerera akazi mu Burusiya.
"Yananyemereye ko nzoza ndahembwa 2.000$ (6.000.000 FBU) ku kwezi."
Bitandukanye n'abandi bivugwa ko barungikwa mu Burusiya bahenzwe ko babaronkeye akazi, uwo yitwa Alain nta mahera we yamusavye.
Ati: "Ahubwo ni we yanguriye n'itike y'indege."
Mu Burundi, havugwa imigwi ironderera igisirikare c'Uburusiya imisore yo kurungika ku rugamba babanje kubizeza akazi keza muri ico gihugu, canke amahirwe yo kubandanya bakaja mu bindi bihugu vya Buraya bipfuza.
Muri Nzero (1) uyu mwaka wa 2026, BBC yatangaje ivyo yabonye ku mugore yitwa Polina Alexandrovna Azarnykh akoresha imbuga hwaniro mu guhamagarira urwaruka rwo mu bindi bihugu birimwo n'ivya Afrika kwinjira mu gisirikare c'Uburusiya, arwizeza umushahara ugera ku 3000$ (hafi 9.000.000fbu).
Bamwe mu bo yajanye baguye ku rugamba.
Riyazimana Emmanuel avuga ko bavuye i Bujumbura mu ndege ya kompanyi ya Ethiopian ari kumwe n'abandi barundi batatu; Evariste, Caleb na Desiré.
Bose bashikiye mu gisagara ca Moskva (Moscou).
BBC ntirashobora guhinyuza ukuri ku vyerekeye vyose bivugwa na Riyazimana Emmanuel.
Izina 'Elias' rihurirwako n'abarungikwa mu Burusiya
Riyazimana avuga ko uwitwa Elias ari we yabakiriye bashitse mu Burusiya, kandi ko bigaragara ko akorana na Alain.
Mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) mu 2026, Jean Bosco Akimana, umusore w'imyaka 32 yari yagiye mu Burusiya bamwemereye kuja kwiga 'Civil Engineering' muri ico gihugu, na we yaratangaje ko yafatiwe ku rugamba ari kugwana muri Ukraine.
Na we nyene yavuze ko mu bamujanye harimwo uwitwa Elias.
BBC yabajije kenshi abategetsi b'Uburundi kuri iki kibazo c'Abarundi bajanwa mu Burusiya ariko nta nyishu batanze.
Inyuma y'igitutu ca leta ya Kenya, kubera urwaruka rwa Kenya rwatwarwa n'Uburusiya mu ntambara ya Ukraine, leta ya Moscow yavuze ko abaza mu gisirikare cabo baza ku gushaka kwabo, ariko bemeye guhagarika ibikorwa nk'ivyo.
Mw'ikambi y'igisirikare '26 bava mu Burundi'

Ahavuye isanamu, riyazimana emmanuel
"Twajanywe mu ndaro duhabwa ivyo kurya," uko niko Riyazimana avuga.
Abandanya agira ati: "Mu gitondo gikurikira, twagiye ku munyamategeko gusinya inyandiko z'akazi. Inyandiko zari mu Kirusiya.
"Elias yaraziduhinduriye. Kubera ari umurundi twibaza ko ivyo ariko arahindura mu rurimi ari vyo.
"Yavuze ko ari amasezerano yo gukorera mu ruganda rw'amazi."
Riyazimana avuga ko mu nyuma babajanye mw'ikambi ya gisirikare "twamenye ko ari ububeshi tubonye dushize umukono ku masezerano y'ingabo atari ayo gukora mu mazi."
"Muri iyo kambi hari abantu benshi baturuka mu bihugu bitandukanye. Muri bo 26 bava mu Burundi, " uko ni ko abandanya avuga.
Abo bose ngo ni Elias yari yabazanye kandi ntibasubiye kumubona bahageze.
Baragerageje kumuhamagara bamutabaza ariko ntiyasubiye kubitaba.
Emmanuel avuga ko ikambi babajanyemwo batayibabwiye izina, ariko ati: "twagiye muri bisi igihe kirekire."

Ahavuye isanamu, Riyazimana emmanuel
Avuga ko iyo kambi bayimazemwo indwi zibiri babigisha kurasa no kwinyegeza kuko ngo hari indege nyinshi zitajamwo abadereva (drones).
Abigisha bavuga Ikirusiya gusa. Yemeza ko bakubiswe cane kubera kutumva urwo rurimi.
Emmanuel avuga ko mu nyuma barungitswe ku rugamba, benshi muri bagenzi biwe barapfa, ariko wewe ararokoka.
Mu butumwa bw'amashusho, avuga ko yipfuza ko ivyamushikiye bimenyekana kugira ntihagire urundi rwaruka rubandanya guhendwa.
Amakuru y'abapfuye yatumye hari abahindura ingingo
BBC Gahuzamiryango yaramenye ko hariho abantu babandanya kuryosharyosha urwaruka rw'abarundi babemerera kubaha akazi mu Burusiya.
Havugwa ko hariho n'imigwi ya WhatsApp bahuriramwo.
Mu kugira wandikwe usabwa gutanga amafaranga y'amarundi agera kuri miriyoni 3.5 z'amafaranga y'amarundi (ayarenga gato 1000$).
BBC Gahuzamiryango yaravuganye n'abasore batatu bemeza ko batanze ayo mahera, ariko baza guheba kuja mu Burusiya bamaze kumenya ko mugenzi wabo yari yarungitswe imbere yiciwe ku rugamba.
Babiri muri abo basore bemeza ko amahera bari bayahaye uwitwa Clovis.
Umwe, ubu avuga ko yamaze gusubizwa amahera yiwe yose mu gihe uwundi akiryosharyoshwa ngo agende mu Burusiya aho bivugwa bamurondereye akazi.
Mu butumwa bwa WhatsApp Clovis agira ati: "None muhungu ko abariko baragenda ubu batazoja kugwana, kandi bakaba bazokorera indani mu Burusiya, nta kuntu dosiye yawe yogumamwo?"
Uwundi amwishura ati:"Oya kweli."
BBC Gahuzamiryango yarabajije Clovis ko koko afise uruhara mu kurungika abantu mu Burusiya, yifashishije ubwo butumwa bivugwa ko yanditse, aca yishura ati:"Ibi n'ibiki? Sintahuye."








