Umuhagarikizi w'umupira w'amaguru w'umunya Somalia, Artan, yankiwe kwinjira muri Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Mike Peter
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Omar Artan, yari agiye kuba Umunya Somaliya wa mbere ahagarikira inkino z'igice ca nyuma z'igikombe c'isi, yakuwe ku rutonde rw'abahagarikizi inyuma y'aho yankiwe kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Artan, yatowe n'ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Afrika (CAF) nk'umuhagarikizi mwiza w'umwaka wa 2025, yankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Miami, muri uwu mwanya akaba ari muri Turukiya.
Abategetsi bajejwe igisata c'abinjira n'abasohoka muri Amerika ntibaratanga imvo yatumye Artan asubizwa inyuma. Ariko Somaliya iri mu bihugu ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bwafatiye ingingo zo kutemererwa ingendo zinjira muri Amerika.
Inyuma yo kuganira n'abategetsi ba Amerika, ishirahamwe mpuzamakungu ry'Umupira w'amaguru (FIFA) ryatangaje ko Artan atazokwitabira inkino z'igikombe c'isi.
Mw'itangazo, iryo shirahamwe ryagize riti: "FIFA iremeza ko umuhagarikizi Omar Abdulkadir Artan atazoshobora kwimenyereza no guhagarikira inkino mu mahiganwa y'igikombe c'isi ca FIFA 2026, inyuma y'aho yimwe uburenganzira bwo kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe [za Amerika]."
Ryongerako riti: "FIFA nta ruhara ifise mu bijanye n'abinjira n'abasohoka mu gihugu kigiye kwakira amahiganwa, harimwo n'ugutanga canke kwemeza impusha zizwi nka viza. Kandi abategetsi baratumenyesheje ko uko ibintu vyifashe kuri Artan muri iki gihe bitazohinduka."
"Bijanye n'uko vyagenze mu mahiganwa ya FIFA yabaye imbere y'aha, ni reta y'igihugu cakira amahiganwa ifata ingingo ya nyuma ku muntu ahabwa viza n'uwemererwa kwinjira muri ico gihugu."
Umuhanuzi (umujanama) mukuru mu bushikiranganji bw'urwaruka n'inkino muri Somaliya yemereje BBC ayo makuru. Ariko avuga ko Artan yari afise ivya ngombwa vyose vyemewe vy'urugendo.
Umukozi wa ambasade ya Somaliya i Nairobi yabwiye BBC ko Artan yari yahawe pasiporo y'aba 'diplomate' kugira yoroherezwe mu ngendo, inyuma y'aho yari yagize ingorane zo kuronka viza.
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Somaliya (SFF) ryamaze kwandikira FIFA risaba insiguro zihuta kuri ico kibazo.
Mu kiganiro yahaye BBC World Service, Andrew Giuliani, arongoye umurwi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika ujejwe gutegura inkino z'igikombe c'isi, yagize ati:
"Naho ntoshobora kuvuga mu mvugo icafuza izina ry'uwundi yerekeye iyo dosiye, ndashobora kwemeza ko abajejwe abinjira n'abasohoka bafashe ingingo ibereye, kandi ndashigikiye iyo ngingo."
Artan yari mu bahagarikizi 52 batangajwe na FIFA ko bazohagarikira inkino z'igice ca nyuma z'igikombe c'isi zizobera muri Canada, Mexique na Amerika kuva kw'igenekerezo rya 11 Ruheshi (6) gushika ku wa 19 Mukakaro (7).
Artan asanzwe ari umwe mu bahagarikizi b'ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryo ku rwego rw'igihugu muri Somaliya. Yabaye umuhagarikizi wa FIFA mu 2018 kandi yarahagarikiye inkino no mu mahiganwa y'igikombe c'ibihugu vya Afrika (AFCON/CAN).












