Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko Putin yoba yiyumvira guhagarika intambara muri Ukraine
- Umwanditsi, Steve Rosenberg
- Igikorwa, Umwanditsi ku Burusiya
- Yakoze inkuru ari, Moscou
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Igihe Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yashika kugira ngo ashikirize ijambo Inama Nshingamateka y'Uburusiya ejo ku wa gatatu, yari azi neza ko yategerezwa kwakirwa neza cane.
"Igikorwa kidasanzwe c'Amatora", nk'uko ikinyamakuru kimwe co mu Burusiya cise amatora y'abashingamateka yo mu kwezi guheze, cavuyemwo Duma (Inama Nshingamateka y'Uburusiya) yegamiye Putin ku rugero rutari bwigere ruboneka.
Umugambwe uri ku butegetsi United Russia ubu ufise intebe nyinshi utari bwigere ugira.
Ibi biha Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) akaryo ko kuvuga ko yahawe n'abanyagihugu ububasha bukomeye cane.
Ariko none, ubwo bubasha buzokoreshwa gute? Putin azobukoresha gute?
Hoba hari ikimenyetso na kimwe cerekana ko yiteguriye guhagarika ico yita "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare"? Canke isi ikwiye kwitegura ukwiyongera kw'intambara muri Ukraine hamwe n'icuka kibi hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Bulaya kigiye kwunyuka?
Kugeza ubu, ibintu vyose vyerekana ko Putin ata mugambi afise wo guhagarika intambara y'Uburusiya kuri Ukraine, naho igihugu ciwe kimaze gutakaza abasirikare benshi ku rugamba kandi ubutunzi bwaco bukaba bugeze ahatemba.
Amajambo amaze imisi ashikiriza yerekana ko agifise icizere ko Uburusiya bushobora gutsinda intambara.
Nk'uko ibinyamakuru vy'Uburusiya bibitangaza, Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) iratewe intege n'uko Ukraine ifise ikibazo c'ukubura misile zo kwikingira ibitero vyo mu kirere.
Ikindi kandi, Uburusiya bwizeye ko ibitero buzogaba mu gihe c'ubukonje burenze urugero, bizorushiriza guhohosha abanya-Ukraine.
Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) iravuga ko ifise ingorane zo gutangira misile z'Uburusiya zo mu bwoko bwa ballistique hamwe n'indege nto zitajamwo umudereva zikoresha imoteri, zimaze igihe zigaba ibitero hafi buri musi.
Uburaya na bwo bubonwa gute
JKremlin nta na rimwe yahishije ko yipfuza kubona ibihugu vy'Uburaya bigabanya canke bihagarika imfashanyo ya gisirikare hamwe n'amahera bisanzwe biha Ukraine. Nk'uko Moscou ibivuga, iyo mfashanyo ni yo ituma intambara ibandanya canke ikabuza Uburusiya gushika ku ntsinzi bwipfuza.
Abategetsi b'ibihugu vy'Uburengero bavuga ko kugira ngo Uburusiya bushikire iyo ntumbero, bumaze igihe butanga ubutumwa atari ubwo gufata minenerwe.
Bagiriza Uburusiya gutanguza intambara y'uruvangatirane ku bihugu vya Bulaya biciye mu bitero vyo ku mashini nyabwonko (cyber-attacks), gutoba hamwe n'amadrone y'Uburusiya avogera ikirere c'ibihugu vya Bulaya.
Mu Budagi, nk'akarorero, drone yari itwaye igiturika yaratowe hafi y'indege ya Ukraine yikorera imizigo ku kibuga c'indege ca Leipzig.
Abahinga bavuga ko ibi biri mu vyo bita "grey zone", ni ukuvuga igihe co hagati y'amahoro n'intambara nyayo.
Lavrov: 'Ubulaya buriko buraturwanya'
Muri iyi ndwi, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu, Sergei Lavrov, yabajijwe nimba yemera ko igihugu ciwe kiri mu ntambara y'uruvangatirane n'ibihugu vya Bulaya.
Yishuye ati: "Ushaka kuvuga igihe dusambura drone na misile Ubwongereza n'ibindi bihugu vya Bulaya birungika muri Ukraine kugira bidutere?
"Nimba mwemera ko ibirwanisho vyanyu biriko birakoreshwa mu kudutera, natwe tukabisambura, muvyite uko mushaka. Ariko nta gukeka ko Ubulaya buriko buraturwanya. Ivyo tumaze igihe kirekire tubivuga".
Iyo ni yo mvugo reta y'Uburusiya imaze igihe ikoresha: ko ibiriko bibera muri Ukraine ari intambara Ubulaya bwatanguje ku Burusiya. Ni imvugo yirengagiza ko ari Kremlin yatanguye gutera Ukraine mu ntambara yeruye mu mwaka wa 2022, kandi ko Uburusiya bubandanya n'ibitero vyabwo.
Uburusiya bushobora kugera hehe?
Ikibazo gihambaye ni ukumenya urugero Uburusiya rwoshikako mu kugerageza guca intege Uburaya ngo bureke gushigikira Ukraine.
Ubwo nk'akarorero Moscou yoba iriko iritegurira gutanguza intambara n'igihugu kimwe bigize umuryango wa OTAN/NATO i Bulaya? Ibi benshi babona ko bidashoboka.
Inyuma y'imyaka irenga ine n'igice y'intambara, igisirikare c'Uburusiya ntikirashobora gufata akarere kose ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine kandi kari hafi cane y'imipaka y'Uburusiya.
Naho kurwana n'Uburaya bishobora kuba bitari mu migambi ya Moscou, gutera ubwoba ibihugu vya Bulaya kugira bigabanye imfashanyo biha Kyiv bishobora kuba ari yo ntumbero.
Gukangisha ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara
Umwe mu bahinga bakomeye mu vya politike mpuzamakungu mu Burusiya, Sergei Karaganov, avuga ko ibintu bishobora gufata iyindi ntera, mu gihe Ubulaya bwobandanya gufasha Ukraine.
Yagize ati: "Nimba babandanije iyi ntambara, ni ukuvuga intambara y'Ubulaya bufashijwe na Amerika iriko ibera ku butaka bwa Ukraine, mu kurwanya Uburusiya, hazogera igihe ibintu biyangara".
Abandanya ati: "Uko ndabibona, mu ntango hashobora gukoreshwa ibirwanisho bisanzwe, ariko mu gihe Ubulaya butomanika amaboko, nta kundi, bizoba ngombwa ko dukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara. Hari ibihugu bimwe bimwe vya Bulaya bizocika umunyota".
Yabwiwe ko mu gihe Uburusiya bwokoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, Uburaya na bwo bushobora kwishura ugasanga Uburusiya bucitse umunyota.
Karaganov yishuye ati:"Oya, nta Bulaya bwokwishura. Gute? Ubwongereza bwotera Uburusiya bukoresheje ibirwanishob ruhonyanganda vy'ubumara? Nizigiye ko mutoba abasazi gushika hiyo. Kandi ndazi ko n'Abanyamerika na bo atari abasazi gushika hiyo".
Yabajijwe kandi nimba yemera ko imyaka ine n'igice iheze yabaye iy'amarushwa ku Burusiya, kubera ibitigiri binini vy'abo bwatakaje hamwe n'ibintu bigenda biba nabi mu vy'ubutunzi n'umutekano.
Yishuye ati: "Ego, twatakaje abantu benshi, kandi ndanegura cane ubutegetsi bwacu kubona budahasha umwansi. Ariko ubu turiko turahasha bikomeye Ukraine. Turiko turasenyura ubushobozi bwa Ukraine bwo kubandanya ibaho nk'igihugu cishoboye".
Rero nimba koko intumbero ya Moscou ari "ukusenyura ubushobozi bwa Ukraine bwo kubaho nk'igihugu cishoboye", biragoye kwiyumvira ko iyo ntambara yorangira vuba.
Hagati aho, Uburusiya bubandanya bunegura ico bufata nk'uguhengama kw'ibihugu vy'Uburengero. Mw'ijambo aheruka kuvugira mu Nama ya bose y'Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Sergei Lavrov yagirije ibihugu vy'Uburengero gukoresha "inguvu z'ubugome" mu bice bitandukanye vy'isi.
"Ivyo bakoze muri Venezuela, hakoreshejwe inzira zibereye cane hakoreshejwe inguvu z'ubugome?" ni ko umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu abaza. Afatira ku gikorwa ca gisirikare Amerika yakoze i Caracas muri Nzero (1) kugira ifate umukuru w'igihugu ca Venezuela Nicolas Maduro.
"Kubona Amerika irekura ibibombe ikica indongozi za Iran hamwe n'imiryango yazo, harimwo n'abana, mbega ivyo si inguvu z'ubugome?"
Ariko na we yabajijwe nimba Uburusiya na bwo butariko bukoresha ubwo bugome nyene buri munsi muri Ukraine.
"Nimba muvuga gusambura ibikorwa remezo bikoreshwa n'ubutegetsi bw'aba-Nazi, bushigikiwe n'Uburengero kugira burwanye igihugu c'Uburusiya, rero ni vyo, turiko dukoresha inguvu z'ubugome kugira dukureho aka kaga katugeramiye".
Aya ni ayandi majambo ari mu mvugo isanzwe y'intwaro y'Uburusiya, aho ifata Ukraine ko ari igihugu c'aba-Nazi bo muri iki gihe kugira ironke icitwazo mu gusigura ibikorwa vya gisirikare vy'Uburusiya.
Ariko kandi, kubona Uburusiya bwemera ko buriko bukoresha "inguvu z'ubugome" muri Ukraine, ni ikindi kimenyetso ko Moscou itariko yiyumvira ivyo guhagarika intambara.