Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Ethiopia: Intambara zo muri Tigray zahitanye abanyagihugu 52 mu misi itatu

Abanyagihugu n’imiburiburi 52 barapfuye inyuma y'iminsi itatu y’intambara zikomeye mu gisagara ca Alamata no mu micungararo yaco, mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia, nk’uko abaganga babibwiye BBC.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Ivyo tumaze kumenya ku mudereva yacumise mugenzi we mu ndege ya Flydubai yariko ija muri Israel

    Indege yari mu rugendo rusanzwe iva i Dubai ija i Tel Aviv yarahatswe gukora isanganya rikomeye ku wa gatatu, mu vyabaye abategetsi ba Israel bo bavuga ko ari igitero c’iterabwoba.

    Ng’ibi ivyo tumaze kumenya:

    • Benjamin Netanyahu yatangaje ko amatohoza yatanguye kandi ko umudereva yafatiwe muri Arabia Saoudite ariko arabazwa ibibazo. Yavuze ko mu nyuma azoshikirizwa Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu, aho indege ya Flydubai yari yavuye.
    • Flydubai yavuze ko indege FZ 1073 yahuye n’“ikibazo” haciye amasaha abiri n’igice ihagurutse.
    • Netanyahu yavuze ko umwe mu badereva yacumise mugenzi we imbugita, ashaka gutuma indege igwa. Amakuru y’urugendo yerekana ko iyo ndege yamanutse imetero nka 5.200 mu minota ibiri.
    • Abakozi bo mu ndege n’ingenzi barashoboye kwinjira aho abadereva bicara, bafata uwagavye igitero, baca basubira kugenzura indege. Yahavuye imanuka vyihutirwa ariko ata nkomanzi muri Arabia Saoudite.
    • Ubuserukizi bw’Ubuhindi muri Arabia Saoudite bwavuze ko umudereva yakomeretse yitwa Samit Machchar. Ubu ariko aravurirwa mu bitaro vy’i Tabuk, aho indege yamanukiye. Netanyahu yamwise “intwari nyakuri”, amushimira ubutwari budasanzwe yerekanye.
    • Izina ry’uwundi mudereva ntiriramenyekana. Netanyahu yavuze ko reta yiwe izogira uruhara mu matohoza, ariko igituma uwo mudereva yoba yagavye ico gitero ntikiramenyekana.
    • Flydubai yarungitse iyindi ndege kugira itware izo ngenzi gushika i Tel Aviv. Ku kibuga c’indege Ben Gurion, imiryango yazakiriye n’amarira y’umunezero.
    • Abategetsi ba Israel bavuze ko bagiye gusuzuma cane abadereva b’indege zinjira muri Israel, inyuma y’itegeko rya Netanyahu ryo gukomeza ingingo z’umutekano.
    • Ivyo vyatumye haba ugukorana kudasanzwe hagati ya Arabia Saoudite na Israel, naho ivyo bihugu bitagira imigenderanire yemewe hagati ya reta zavyo. Abaganga bo muri Arabia Saoudite baravuye ingenzi zari zakomeretse zerekeza muri Israel. Umushikiranganji wo muri Israel yarashimiye Arabia Saoudite kuri iyo mfashanyo.
    • Donald Trump na we yise umudereva wa kabiri w’iyo ndege “intwari”, mu kiganiro co kuri telefone yagiranye na Benjamin Netanyahu.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Ethiopia: Intambara zo muri Tigray zimaze guhitana abanyagihugu 52 mu misi itatu

    Abanyagihugu n’imiburiburi 52 barapfuye inyuma y'iminsi itatu y’intambara zikomeye mu gisagara ca Alamata no mu micungararo yaco, mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia, nk’uko abaganga babibwiye BBC.

    Biboneka ko igisirikare ca reta camaze kwigarurira Alamata yari mu minwe y’abarwanyi bo muri Tigray. Amashusho yasohowe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ibimodoka bikomeye vy’igisirikare mu mabarabara y’ico gisagara.

    Umuganga wo ku bitaro bikuru vya Alamata yavuze ko izo nrwano zabaye hagati yo ku wa gatandatu no ku wa mbere. Yavuze ko ibisasu bimwe vyaguye ku mazu y’abanyagihugu.

    Mu bapfuye harimwo uruhinja rw’imisi itatu hamwe n’abakenyezi. Abantu 12 bapfiriye rimwe igihe igisasu cagwa mw’isoko ry’i Alamata.

    Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF, rivuga ko abantu bakiriwe bakomeretse barenga 700.

    Inrwano zasubiriye mu ndwi iheze inyuma y’amezi y’ukutumvikana hagati ya reta ya Ethiopia n’umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray. Impande zompi zagirizanya kurenga ku masezerano yo mu 2022 yahagaritse intambara yari imaze imyaka ibiri.

    Imihora ya telefone na internet yarahagaritswe muri Tigray, hamwe n’ibikorwa vy’ama banki, bituma abanyagihugu badashobora kurungika canke kuronka amafaranga.

    Inrwano zarashitse no mu ntara ya Amhara, aho ingenzi 33 zimaze indwi zidashobora kuva i Lalibela kuva ikibuga c’indege caho cugariwe. Ingenzi 14 zo muri Israel zarakuweyo n’indege ya kajugujugu y’igisirikare.

    Menya neza, BBC ntishobora gukorera inkuru muri Tigray kandi biragoye kumenya neza uko ibintu vyifashe kubera ihagarikwa ry’uguhanahana amakuru.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.