Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, ONU: Intambara iracabandanya mu buseruko bwa Congo naho hari utwigoro two kugarukana amahoro

Mu kiganiro Umukuru w’igisirikare ca ONU gicungera amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, MONUSCO, James Swan yahaye Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ari i Kinshasa, Swan yavuze ko hari intambwe zimaze guterwa biciye ku migambi y’amahoro ishigikiwe na Amerika, Qatar n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Muyashikirizwa na Chançard Abimana

  1. Maroc: Iryambere mu mateka, umugore yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere inyuma yo gutsinda amatora

    Umwami Mohammed VI wa Maroc yagenye Fatima Ezzahra El Mansouri ngo abe umushikiranganji wa mbere. Ni we mugore wa mbere agiye kurongora reta y’ico gihugu. Umwami yamushinze kandi gushinga reta nshasha.

    El Mansouri, afise imyaka 50, yagenywe inyuma y’uko umugambwe wiwe, Parti authenticité et modernité (PAM), uronse ivyicaro vyinshi kurusha iyindi migambwe mu matora y’abashingamateka yo ku wa 23 Nyakanga (9).

    Ni umugore agira kabiri ahawe kurongora reta mu bihugu vy’Abarabu, inyuma ya Najla Bouden yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Tunisie.

    El Mansouri ni umushingwamanza. Yarize muri kaminuza Mohammed V i Rabat, aca abandanya amashure mu Bufaransa no muri Amerika, aho yize amategeko y’ubudandaji n’ay’amashirahamwe.

    Yinjiye muri politike umugambwe PAM umaze gushingwa mu 2008. Mu 2009, yabaye umugore wa mbere yatowe ngo arongore igisagara ca Marrakech. Yarasubiriye gutorwa muri ico kibanza inyuma y’amatora yo mu 2021.

    Muri reta iheruka, yari umushikiranganji ajejwe gutunganya amatongo, ibisagara n’uburaro. Kuva muri Ruhuhuma (2) 2024, ni we yari ajejwe guhuza abakuru ba PAM.

    Imbere y’uko agenwa, yabajijwe nimba kuba ari umugore bitazohindura ingene umukuru wa reta yitaba imigirwa y’idini rya Isilamu ari kumwe n’umwami, harimwo amasengesho yo ku wa gatanu n’ayo ku misi mikuru, aho abagabo n’abagore basengera mu bibanza bitandukanye.

    El Mansouri ntiyishuye ico kibazo, ariko yavuze ko Umwami Mohammed VI ari we “ashigikira cane abakenyezi” muri Maroc.

    PAM yaronse ivyicaro 97 ku 395 bigize Inama Nshingamateka. Kugira ishinge reta, ikeneye ivyicaro 198. Izobwirizwa rero kwifatanya n’iyindi migambwe.

    Umugambwe PJD ushingiye ku vyiyumviro vya kisilamu waronse ivyicaro 54, uvuye kuri 13 wari ufise. Umukuru wawo, Abdelilah Benkirane, yavuze ko utazokorana na PAM kandi ko uzoguma mu ruhande rutavuga rumwe na reta.

    Maroc ni igihugu kirongowe n’umwami kandi gifise ibwirizwa nshingiro. Ariko umwami aracarafise ububasha bwinshi, cane cane ku bijanye n’ukwivuna abansi, imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’izindi nzego zihambaye.

    Izindi nkuru wosoma :

  2. Amerika yashizeho agashimwe k’imiriyoni 15 z’amadolari kuwotanga amakuru yerekeye abakuru 3 bo muri Iran

    Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwemeye gutanga gushika ku miriyoni 15 z’amadolari ku muntu yotanga amakuru yofasha guhagarika uburyo IRGC ironkamwo ikanatanga amafaranga.

    IRGC ni Igisirikare c’Abacungera Revolisiyo ya Iran.

    Mw’itangazo ry’umugambi wa Amerika witwa Rewards for Justice, Amerika yavuze ko irondera cane cane amakuru ku bikorwa vy’amafaranga vy’abakuru batatu b’igisata ca IRGC kijejwe indege n’ibigendajuru.

    Uwa mbere ni Général de Brigade Abdollah Mehrabi, arongoye ikigo ca IRGC c’ubushakashatsi no kwihingurira ibikoresho vya gisirikare. Amerika ivuga ko yagize uruhara mw’iterambere ry’amasaterite y’igisirikare n’utudege tutajamwo abadereva twa Irani.

    Uwa kabiri ni Ahmed Ja’farabadi, umwe mu bakuru b’ico gisata. Afise uruhara mu kurongora ibikorwa vyaco no mu gutunganya ibikoresho gikenera.

    Uwa gatatu ni Ali Asghar Norouzi, arongoye ishirahamwe ry’ubutunzi rya IRGC. Amerika ivuga ko yagize uruhara mu kurungikira amafaranga n’ibirwanisho imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na Irani muri Aziya yo Hagati.

    Itangazo rivuga ko agashimwe kazohabwa uwutanga amakuru ashobora guhagarika uburyo IRGC ironka canke ikoresha amafaranga.

    Ku wa kabiri nyene, Ubushikiranganji bw’ikigega ca Amerika bwarafatiye ibihano abantu n’amashirahamwe 10 bagirizwa kuronderera ubushikiranganji bwa Irani bujejwe kwivuna abansi ibirwanisho n’ibindi bikoresho bikoreshwa mu kubihingura.

    Abafatiwe ivyo bihano bari muri Irani, Ubushinwa, Pakistan, Arabia Saoudite na Türkiye.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. ONU: Intambara iracabandanya mu buseruko bwa Congo naho hari utwigoro two kugarukana amahoro

    Umukuru w’igisirikare ca ONU co kugarukana amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, MONUSCO, James Swan, yavuze ko utwigoro two guhagarika intambara yo mu buseruko bw’ico gihugu turiko turatera intambwe, ariko ko inrwano, ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu n’ibibazo vy’abanyagihugu vyo bikibandanya.

    Mu kiganiro yahaye Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ari i Kinshasa, Swan yavuze ko hari intambwe zimaze guterwa biciye ku migambi y’amahoro ishigikiwe na Amerika, Qatar n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

    Yavuze ko umugambi wo gufasha abarwanyi ba FDLR gushira hasi ibirwanisho ku bushake wamaze gutangura. Kuva muri Nyakanga (9), MONUSCO imaze gusubiza mu Rwanda abantu 122, barimwo abahoze muri FDLR n’abo mu miryango yabo.

    Swan yavuze kandi ko ibiganiro hagati ya reta ya Congo na AFC/M23 vyasubiriye kuba maze bibera mu Buswise, impande zompi zemeranya ingene bizobandanya. Imigwi ijejwe gukurikirana ihagarikwa ry’intambara na yo yaratanguye kuja muri Kivu ya Ruguru no muri Kivu y’Epfo.

    Ariko yagabishije ko inrwano zigikomeye. AFC/M23 iracagenzura ibice binini vya Kivu ya Ruguru, cane cane muri Masisi na Walikale. Inrwano zo mu micungararo ya Minembwe muri Kivu y’Epfo na zo zaratumye abanyagihugu bahunga, zihagarika imfashanyo n’ibikorwa vya nkenerwa.

    Muri Ituri, ONU ivuga ko ADF, umuhari ufitaniye imigenderanire n’umurwi wa Leta ya Kisilamu, warushirije kugaba ibitero ku basivile.

    ONU ivuga ko kuva muri Ruheshi (6) yanditse abahohotewe bagera ku 1.537, ibice 88% vyabo bikaba vyabereye mu buseruko bwa DR Congo. Abantu 382 barakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina, harimwo abakenyezi 257 n’abakobwa 122.

    Swan yongeyeko ko abantu imiriyoni 26,5 babuze ibifungurwa bikwiye, abandi imiriyoni 6,1 bakaba barateshejwe izabo. Umugambi wa ONU wo gutanga imfashanyo umaze kuronka ibice 50,5% gusa vy’amafaranga ukeneye.

    Yasavye impande zose kworohereza abatanga imfashanyo gushikira abazikeneye ata nkomanzi, asaba amakungu kubandanya ashigikira utwigoro tw’amahoro n’imfashanyo.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.