Ukraine: Umwana ari muri batatu bishwe mu bitero vya misire vy'Uburusiya hafi y'umugwa mukuru Kyiv
- Umwanditsi, Harry Sekulich
- Umwanditsi, Dan Johnson
- Igikorwa, Umunyamakuru ari Ukraine
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
N'imiburiburi abantu batatu, harimwo n'umwana umwe, baraye bishwe mu bitero vy'Uburusiya vyabaye mw'ijoro ryakeye hafi y'umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, nk'uko vyatangajwe n'ubutegetsi.
Mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatandatu, ibisasu vya misire vyarashwe mu buseruko bw'umugwa mukuru, aho abavyiboneye bavuga ko bumvise ibiturika bikomeye, hakaba hari haciye imisi mikeyi gusa ibindi bitero vyabereye hirya no hino muri Ukraine bihitanye abantu 21.
Umukuru w'akarere ka gisirikare, Timur Tkachenko, avuga ko ivyo bitero vya misire zo mu bwoko bwa balistique vyahitanye abantu batatu, bikomeretsa abandi batatu, hanyuma ibisigarira vyavyo bikagwa ku mazu y'uburaro no ku mamodoka vyononekaye, hanyuma hakaduka n'umuriro mu yindi nyubakwa.
Abajejwe ubutabazi kandi bari bahanganye n'umuriro mu nyubakwa imwe no ku kigega c'igitoro i Kyiv, nk'uko Umukuru w'igisagara, Vitaly Klitchko, yavyanditse ku rubuga rwa Telegram.
Igisirikare c'Uburusiya catangaje muri iki gitondo ko ikigo Kiev-111, cegukira kompanyi Fire Point LLC (Fire Point OOO), kikaba gihingura ibice vy'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa FP-5 Flamingo n'imitwe yavyo, carashwe muri ivyo bitero.
Kivuga kandi ko cateye n'ikigo c'ububiko bw'igitoro n'amavuta akoreshwa mu mamashini.
Ikigo c'igihugu kijejwe ubutabazi muri Ukraine (DSNS) casohoye amafoto yerekana amagaraje, amaduka hamwe n'inyubakwa biriko birasha i Kyiv, kikongerako kiti: "Ibitigiri vy'abapfuye biracariko biratohozwa".

Ahavuye isanamu, Ukraine state emergency service DSNS
Ni mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky yashitse ku mugwa mukuru wa Serbia, Belgrade, mu rugendo rwiwe rwa mbere muri ico gihugu, urugendo agize inyuma y'aho yerekanye impungenge ku bushobozi bwa Ukraine bwo kwikingira ibitero vya misire vy'Uburusiya kubera igabanuka ry'ibikoresho vyo kuzitangira.
Zelensky ariko aragerageza kuronderera Ukraine ubufasha bwagutse, ariko Perezida Aleksandar Vučić wa Serbia yaranse gufatira ibihano Uburusiya.
Serbia iriko irarondera kwinjira mu Muryango w'Ubumwe bwa Buraya (EU), kandi yarahaye imfashanyo Ukraine, iniyemeza kuzofasha mu kwiyubaka inyuma y'intambara.
Abo bategetsi babiri bari biteze kuganira ku migenderanire ishingiye ku butunzi, imigenderanire n'Ubumwa bwa Buraya hamwe n'ibibazo vy'umutekano i Belgrade.
Mu ntango z'iyi ndwi, Zelensky yavuze ko kubera incuti zayo zikwega ibirenge mu guha igihugu ciwe uburyo bwo kuzibira misire za balistique bituma Ukraine "ihababarira bikomeye, igatakaza abantu n'ibintu". Avuga kandi ko iyo akaba yarahawe uburyo bukomeye bwo kuzibira izo misire "bwari gukiza ubuzima bw'abantu" mu bitero biheruka vyahitanye abantu benshi.
Mu nyuma, Perezida Zelensky yavuze ko itangwa ry'ibikoresho vyo gutangira misire bivuye ku bihugu vy'incuti "ryagabanutse cane" muri uyu mwaka.
Ivyo vyabaye inyuma y'aho Ukraine ikoreye ibitero ku nganda zibiri zitunganya igitoro ziri imbere cane mu Burusiya, hamwe n'amato afitaniye isano na Moscow yari mu Kiyaga Cirabura, akavuga ko ivyo vyari bigamije kugabanya amafaranga ava mu gitoro Uburusiya bukoresha mu ntambara yabwo muri Ukraine.
Ibiganiro biheruka vyo guhagarika intambara vyarahagaze, bituma impande zompi zisubira kwongereza akariro mu bitero hagati yazo.














