Umuganga yarengukishijwe imbere ya sentare yo mu Bwongereza ku vyaha vya jenoside yo mu Rwanda

Igicapo ca Dr Vincent Brown
    • Umwanditsi, Tom Symonds
    • Igikorwa, Umunyamakuru
    • Yakoze inkuru ari, Kuri Sentare ya Westminster
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Umuganga w'imyaka 65 yarengukishijwe muri sentare, akaba ari we muntu wa mbere mu Bwongereza yagirizwa ivyaha bijanye jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Dr Vincent Brown, yahoze yitwa Dr Vincent Bajinya ubu akaba ari mw'ibohero, yemeje amazina yiwe n'aho aba imbere y'abacamanza ba sentare ya Westminster.

Yarengukishijwe inyuma y'amatohoza yari amaze imyaka indwi akorwa n'Ubwongereza ku bwicanyi bwabaye muri ico gihe.

Yamenyeshejwe ko yagirizwa uruhara mu bikorwa vyashigikiye jenoside, hamwe n'ibindi vyaha bitandatu bijanye no kugira uruhara mu bwicanyi, vyose bifatwa nk'ivyaha bikorerwa kiremwa muntu.

Urubanza rwarungitswe muri sentare ya Old Bailey, aho ruzokwumvirizwa ku wa 9 Gitugutu (10).

Ubwicanyi bwabaye mu Rwanda mu 1994 bwamaze iminsi 100. Muri ico gihe, intagondwa zo mu bwoko bw'Abahutu zakoze isekeza ryo kugandagura Abatutsi hamwe n'abandi Bahutu bari bafise ivyiyumviro biciriritse.

Brown yagirizwa ivyaha bifitaniye isano n'ubwicanyi buvugwa ko bwabereye mu karere ka Rugenge i Kigali, hagati y'itariki 6 na 13 Ndamukiza (4) 1994.

Brown yagirizwa "kwica, gutegeka canke guhimiriza" igandagurwa ry'abo mu bwoko bw'Abatutsi, hamwe no kuba yari afise umugambi wo gufuta ubwo bwoko "bwose canke igice cabwo".

Abashikirizamanza bavuze ko yagirizwa jenoside hisunzwe itegeko ryo mu 2001 ry'Ubwongereza ryerekeye Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (International Criminal Court Act). Bavuze kandi ko ubwo bwicanyi bwari "igice c'igitero cagutse kandi categuwe neza, cakozwe ku banyagihugu basanzwe, kandi akaba yari azi ico gitero".

Abantu batatu bo mu nzu imwe bivugwa ko bishwe, hamwe n'umushoferi wa taxi, umuvyeyi n'umwana wiwe muto.

Aba bantu bavugwa ko bishwe ni Dominique Mukurarinda, Immaculée Mukankusi, Gerasi Rurangirwa, Leandre Mbogoye, Charlotte Kamaguja na Olivier Tuyishime.

Sentare ya Westminster

Ahavuye isanamu, Getty Images

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Brown ni umuganga yaronse urupapuro rw'umutsindo mu Rwanda mu myaka ya 1980. Mu nyuma, yabaye umuyobozi w'Urwego rw'Igihugu rujejwe Ubuzima bw'imiryango i Kigali, aho yaba n'umugore wiwe n'umwana wabo w'umuhungu.

Mu 2006, yakorera ishirahamwe Praxis rikorera i Londres, rifasha impunzi zavuye mu bihugu nk'Urwanda.

Yaranabaye umwe mu bagize Refugee Nurses Task Force, umurwi washinzwe mu 2003 kugira ngo ugire inama Reta y'Ubwongereza ku bibazo bijanye n'amagara y'abantu mu mpunzi.

Abakuru b'igipolisi c'Ubwongereza barigeze gushimangira ko Ubwongereza budakwiye kuba amahungiro y'abakekwa kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara. Abakora amatohoza ni abantu bigishijwe amategeko mpuzamakungu agenga ivyaha vyo mu ntambara.

Sam Blom-Cooper, umushingwamanza aburanira Brown, yabwiye sentare ko umukiriya wiwe ahakana ivyo yagirizwa kandi ko yipfuza kurenguka imbere y'umurwi w'abacamanza kugira ngo yikureko "ivyo birego biteye ubwoba".

Yavuze ko uwo mugabo yari amaze hafi imyaka 20 yizigiye, yipfuza kandi asenga asaba ko uwo musi woshika.

Yongeye ati: "Ibi ni ivyaha biteye ubwoba, ni ubwicanyi buteye agahinda bwakozwe mu 1994, ariko iyi ni intango y'iherezo kuri Dr Brown".

Amatohoza arabandanya ku bindi vyaha bijanye na jenoside ryo mu Rwanda.