Abantu 27 bishwe mu bitero bibiri vy'abagabo bitwaje inkoho muri Afrika y'Epfo

Abagabo bitwaje inkoho baturiye amamodokari igihe bahunga ahabereye igitero ku kabare hafi y'igisagara ca Johannesburg
Insiguro y'isanamu, Abagabo bitwaje inkoho baturiye amamodokari igihe bahunga ahabereye igitero ku kabare hafi y'igisagara ca Johannesburg
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Abantu 17 baraye bishwe abandi 15 barakomereka mu gitero c'inkoho cabereye mu kabare kari mu bumanuko bushira uburengero bw'igisagara ca Johannesburg muri Afrika y'Epfo, ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu.

Mu kindi gitero mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu, abantu cumi ni bo bishwe hanze y'inzu y'imyidagaduro mu gace kari hafi y'igisagara ca Cape Town, abandi 11 bakaba bakomeretse.

Afrika y'Epfo ni kimwe mu bihugu bibangamiwe n'ubwicanyi kw'isi, muri iyi myaka ya vuba ikaba yaratanguje isekeza ryo kuburwanya ariko ntivyoroshe.

Igipolisi ntikiratangaza imvo zateje ibi bitero vyompi.

Nk'uko igipolisi kibivuga, abantu bari mu kabare hafi ya Johannesburg, bamwe banywera mu nzu abandi hanze, igihe abo bagabo bitwaje inkoho bashika bagatangura kurasa aba bari hanze.

Abikekwa gukora iryo bara baraninjiye muri ako kabare, babandanya kurasa abantu bari mu nzu.

Bivugwa ko abo barashe bari bitwaje inkoho nini na ntoya. Igipolisi kivuga ko abakoze iki gitero banasatse bamwe mu bari aho, bakabaka amaterefone ngendanwa, imbere y'uko bahunga bakoresheje imiduga ibiri itaramenyekana.

Muri ico gitero, imiduga ibiri yaraturiwe.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abagabo 13 n'abagore bane ni bo bishwe. Abajejwe ubutabazi bashitse ahabereye iki gitero batangaje ko abo bantu bose 17 biciwe ngaho nyene.

Kugeza ubu, imvo zatumye haba iki gitero ntiziramenyekana.

Igipolisi c'ico gihugu gitangaza ko catanguye uruhigi kirondera abagabo umunani bitwaje inkoho bikekwa ko ari bo bakoze iki gitero.

Kivuga ko umurwi w'abajejwe amatohoza hamwe n'izindi nzego zabigenewe zatanguye igikorwa co gukurikirana no gufata abo bikekwa.

Na yo muri ico gitero cabereye muri Cape Town mu gaturuturu k'uno wa Mungu, batanu bapfiriye ahabereye ico gitero, abandi batanu bakaba bagiye gupfira mu bitaro.

Nta muntu n'umwe arashobora guhagarikwa muri ibi bitero vyompi.

Ibi bitero bibiri bibaye inyuma y'imisi abantu 11 bishwe mu gisagara ca Durban, igihe abantu bitwaje ibirwanisho batera mu nzu iri mu gisagara ca KwaMakhutha.

Ibirwanisho bitunzwe mu buryo buteye kubiri n'amategeko birarwiriye muri Afrika y'Epfo, mu gihe intureka ziturutse ku nkoho ari ikibazo kimaze imyaka mirongo, aho abantu bababa 60 bicwa muri iki gihugu gifise abantu imiriyoni 62.

Mu gihe ibitero nk'ibi bigenda vyiyongera, Perezida Cyril Ramaphosa mu kwa kabiri yavuze ko ubugizi bwa nabi butegurwa n'imirwi y'inkozi z'ikibi ari ko "kaga gakomeye kuri demokarasi yacu, ku gihugu cacu no kw'iterambere ryacu".

Mu ntango z'uno mwaka, igisirikare cararungitswe gufasha igipolisi mu turere twarangwamwo ubwicanyi bwinshi, mu ntumbero yo kugabanya ubugizi bwa nabi bukorwa bukoreshejwe hakoreshejwe ibirwanisho.