Umuririmvyikazi rurangiranwa azwi mu mudiho wa Rap, Nicki Minaj, yakeje
Perezida wa amerika Donald Trump kw’isabukuru y’amavuko y’imyaka 80.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa X, bwarabwe n’abantu barenga
imiriyoni zitanu, Nicki Minaj yanditse ati: “Isabukuru nziza y'imyaka 80, Bwana
Perezida!”, aca ashirako ifoto ari kumwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump.
Isabukuru ya Donald Trump ihuriranye n’amasezerano y’ibanze yo kurangiza
intambara Amerika na Israel zari zatanguje kuri Iran mu kwezi kwa kabiri, uwu
mwaka.
Kuwa mungu Trump yabaye prezida wa kabiri wa Amerika agize imyaka 80 ari ku butegetsi inyuma y'uwo yasubiriye Joe Biden.
Trump
yahimbaje iyo sabukuru kuri uyu w’Imana, aho yagiye kurorera umukino wo
guterana ingumu, kunagana no gukubitana imigere [UCF], wabereye ku kibuga kiri
ku kirimba c’umukuru w’igihugu [White House].
Amasaha
make imbere y’uko uwo mukino utangura, yarashimagije amasezerano y’ibanze yo
guhagarika intambara muri Iran.
Yavuze
ko amasezerano “ubu yamaze gutungana” aca atangaza ko Reta Zunze Ubumwe za
Amerika zigiye gukuraho ingingo zari zafashe yo kwugara ibivuko vya Iran. Yanashimangiye
ko umuhora wa Hormuz ugiye kwugururwa.
Imbere
y’uko intambara yaduka, uwo muhora wacamwo ibice birenga 20 kw’ijana vy’igitoro
na gaz bikoreshwa kw’isi.
Ariko
Iran mu kwihora ku bitero, yaciye itangira canke iragabanya cane uruja n’uruza
rw’amato awucamwo.
Igihe
uwo Trump yasubiriye ku butegetsi, Joe Biden, yashikana imyaka 80 muri Munyonyo
(11) 2022, habaye ibirori bisanzwe muri White House vyatumiwemwo abo mu
muryango wiwe gusa.
Uburyo Trump ariko arahimbazamwo isabukuru yiwe bwerekana neza urugero
ibintu vyahindutseko n'ingene vyahindutse n'ingoga.
Abajijwe ico avuga kw’itandukaniro riri hagati y'ubwo buryo bubiri bwo
guhimbaza isabukuru, umuvugizi wa White House, Allison Schuster, yishuye ko iyo
mirwano (UFC) ari rimwe mu majoro y'imyidagaduro adasanzwe mu mateka ya Amerika.
Ku bwa Schuster, kuba ico gikorwa kibereye mu nyubakwa
z’ibiro vy’umukuru w’igihugu, ku musi wahariwe ibendera ry'igihugu, kandi mu
gihe Amerika iriko yitegurira imyaka 250 iheze kuva ibayeho nk'igihugu, ni “bwo
buryo bubereye bwo guhimbaza".