Ibitero vy’Uburusiya vyahitanye abantu icenda vyongera biraturira urusengero i Kyiv
Nimiburiburi abantu icenda barapfuye mu ruhererekane rw’ibitero vy’Uburusiya kuri Ukraine. Ivyo bitero bikaba vyanaturiye ahantu hakomeye h’ivy’idini i Kyiv, nk’uko abategetsi babivuze.
Abantu bane bishwe n’ibitero vyagabwe ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu gihe abakozi batanu b’ubutabazi bapfuye bariko bazimya umuriro watewe n’igitero cahitanye inyubakwa mu gisagara ca Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ico gihugu.
Katedrale ya Dormition, yubatswe mu kinjana ca 11, yarononekaye cane. Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko ari “kimwe mu vyaha bikomeye cane Uburusiya bukoreye umuco w’Abakirisitu muri iki gihe”. Uburusiya bwo bwahakanye ko bwateye ico kibanza.
Hagati aho, igitero c’indege zitajamwo abadereva (drones) za Ukraine mu gisagara ca Tula mu Burusiya cahitanye abantu batatu, gikomeretsa abandi batatu harimwo umwana afise umwaka umwe gusa, nk’uko abategetsi baho babitangaje.
Ibitero vya drones n’ibisasu vya misile vyateye umuriro mu nyubakwa no mu modoka nyinshi, kandi vyasize abantu barenga 140.000 bo mu gisagara ca Kyiv badafise umuyagankuba, nk’uko umukuru w’ico gisagara, Vitali Klitschko, yabivuze.
Mu gitondo co kuri uyu wa mbere, hafi igihugu cose ca Ukraine humvikanye amajwi y’imburi ko hashobora kuba ibitero.
Ico gitero ca Kyiv cahitanye inyubakwa nyinshi z'abantu, cakomerekeje n'imiburiburi abantu 23, abandi batanu barakomereka i Kharkiv.