Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Samia yagiye i Moscow atumiwe na Putin
Samia yavuze ko abaye perezida wa kabiri wa Tanzania ugiye gusura Uburusiya nyuma ya Mwalimu Julius Nyerere, wagendereye icyo gihugu mu 1969.
Incamake
- Papa Leo yashize umugore w'umulayiki mu mabanga yo ku rwego rwo hejuru i Vatikano
- Video: Reba imvura y'urubura 'rw'amabuye' i Denver mu nkubi y'umuyaga ikomeye
- Kenya: Abanyeshuri bashinjwa gutwika 'dortoire' bagenzi babo bagapfiramo bagejejwe imbere y'urukiko
- "Tuzi ibyo turimo gukora" – Ruto ku kigo cya Ebola cy'abanyamerika muri Kenya
- Kenya : Babiri barishwe barashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa Amerika wo kwubaka ikigo ca Ebola
- Iran: Abagabo batatu bishwe nyuma yo guhamwa n'icyaha cyo gusambanya abana ku ngufu
- Samia yagiye i Moscow atumiwe na Putin
- Ebola: Diyoseze ya Bunia yashizeho ingingo zikomeye zo kwirinda mu maparuwase
- Washington igiye kugabanya cyane ambasade zayo muri Afurika zisabirwaho visa
- Iowa – US : Abantu batandatu 'bo mu muryango umwe' bishwe barashwe mu matati yo mu muryango
- Ebola Bundibugyo: Inkingo eshatu zirimo gukorwa mu gihe hari impungenge ko yakomeza kwiyongera
- DR Congo: M23 'yafashe izindi ngamba' ku bitero ivuga ko FARDC yateguye
- Ibitero bikomeye vy'Uburusiya kuri Ukraine vyishe abantu 13
- Liban ivuga ko Hezbollah na yo yemeye guhagarika ibitero kuri Israel
Amakuru y'ikibiriraho
Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Papa Leo yashize umugore w'umulayiki mu mabanga yo ku rwego rwo hejuru i Vatikano
Papa Leo yagenye umuyobozi mukuru wa mbere w’umugore ngo arongore igisata kijejwe kumenyesha amakuru ca Vatikano.
Maria Montserrat Alvarado abaye umugore wa mbere w'umulayike ahawe amabanga yo ku rwego rwo hejuru muri Eleziya Katorika.
Maria Alvarado ubu arongoye ikinyamakuru EWTN, ikinyamakuru ca Katolika gikunze gutumira Donald Trump incuro zitari nke.
Ikinyamakuru Vatican News kivuga ko iri genwa ari ari umugambi ubandanya w'impinduka.
Uno mugore yavukiye mu gisagara ca Mexico, agiye guhagararira ibikorwa vyose vy’itangazamakuru vya Vaticano, harimwo ibinyamakuru vyandikwa, iradiyo na televiziyo, hamwe n’ibiro vy’itangazamakuru vya Vatikano.
Maria Alvarado azotangura amabanga yiwe muri Munyonyo(11) uyu mwaka.
Izindi nkuru wasoma:
Video: Reba imvura y'urubura 'rw'amabuye' i Denver mu nkubi y'umuyaga ikomeye
Imiyaga ikomeye, imvura nyinshi n'amabuye y'urubura angana n'imipira ya golfe byakubise i Denver, muri Colorado muri Amerika mu gihe cy'imvura y'urubura ikomeye kuwa mbere.
Iyi nkubi y'umuyaga yibasiye umujyi n'uturere tuwukikije nyuma ya saa sita Ku wa mbere, itera impagarara mu mihanda byatume abantu batinda ku kibuga cy'indege mpuzamahanga cya Denver.
Amashusho agaragaza amabuye manini y'urubura - agera kuri santimetero imwe cyangwa ebyiri z'umurambararo - asenya imodoka n'inzu hirya no hino mu karere.
Kenya: Abanyeshuri bashinjwa gutwika ‘dortoire’ bagenzi babo bagapfiramo bagejejwe imbere y’urukiko
Abanyeshuri icyenda bo muri Kenya bashinjwa gutwika inyubako bararamo irimo bagenzi babo hagapfa 16, bagejejwe imbere y’urukiko kuri uyu wa kabiri.
Abo bakobwa barashinjwa gucura no gushyira mu bikorwa uwo mugambi ku ishuri ryabo rya Utumishi Girls School riherereye ahitwa Gilgil hagati muri Kenya.
Urukiko rukuru rwo mu gace ka Naivasha rwatangaje ko ku wa gatatu ari bwo ruzafata icyemezo ku gukomeza kubafunga cyangwa kubarekura by’agateganyo mu gihe iperereza rikomeje.
Ibyaha bishinjwa aba banyeshuri n’imyifatire yo gutwika inzu iryamyemo bagenzi babo hagati mu ijoro ni inkuru ikirimo kugarukwaho cyane muri Kenya.
Abakora iperereza basabye indi minsi 30 yo gukomeza akazi kabo kuri iki gikorwa bakekwa ko cyaba cyarimo n’abandi bantu.
Umuriro mu nyubako iraramo abannyeshuri (dortoire) kuri icyo kigo watwitse igice cy’iyo nzu cyarimo ibitanda 135 kiraramo abanyeshuri 202.
Abakora iperereza bavuga ko abashinzwe ishuri bananiwe gufungura umuryango w’ubutabazi (emergency exit) w’iyo nzu bigatuma abanyeshuri babyiganira mu muryango umwe bahunga umuriro.
Abanyeshuri icyenda(9) bashinjwa bamaze iminsi itanu bafunze.
Abakora iperereza bavuga ko umuriro wavuye ku gukongeza umufariso/imatera ku gitanga kiri hafi y’umuryango usohoka, hakoreshejwe peteroli n’ikibiriti.
Amashusho ya CCTV yo muri iyo ‘dortoire’ yarekanye abanyeshuri batandatu bagize uruhare mu gucana uwo muriro bo bagahita basohoka.
Uretse abapfuye uwo muriro wakomerekeke abandi 79.
Kugeza ubu ntiharamenyekana impamvu yateye aba banyeshuri gukora ibi.
Hagati aho, abapfuye bamwe barahiye ku buryo batamenyena imyirondoro, hitabajwe ibipimo bya DNA ibisubizo byabyo bikaba bitegerejwe ku wa gatatu.
Izindi nkuru wasoma:
“Tuzi ibyo turimo gukora” – Ruto ku kigo cya Ebola cy’abanyamerika muri Kenya
Perezida William Ruto yatangaje ko ikigo giteganyijwe muri Kenya cyo gukurikirana abanyamerika barwaye n’abakekwaho Ebola “kizabaho kugira ngo gifashe abaturage ba Kenya, n’inshuti zacu zirimo abanyamerika”.
Ruto yavuze ibi mu gihe kuri uyu wa kabiri, ku nshuro ya kabiri, urukiko rwongeye gutegeka leta guhagarika iyubakwa ry’icyo kigo cyateye imyigaragambyo imaze gupfiramo abantu babiri mu mujyi wa Nanyuki aho bategenya kugishyira.
Mu ijambo yavuze mu ijoro ryo ku wa mbere ari mu burasirazuba bwa Kenya, Ruto yagize ati: “Tuzi neza ibyo turimo gukora nk’igihugu.
“Nakwizeza abanyakenya ko kumvikana kwa leta ya Kenya na leta ya Amerika ari ku bw’ineza y’igihugu cyacu no ku bufatanye n’inshuti zacu nk’abanyamerika batweretse mu mu myaka myinshi aho batanze ibintu byinshi”.
Mu mpera z’icyumweru gishize leta ya Amerika yatangaje ko yemeye guha Kenya miliyoni 13 z’amadorari yo kuyifasha mu bikorwa byo kwitegura kurwanya Ebola. Iyi virus ntabwo iragera muri iki gihugu.
Abarwanya iyubakwa ry’icyo kigo bavuga ko leta ya Nairobi yahisemo amafaranga ya Amerika ikemera gushyira ubuzima bw’abaturage bayo mu kaga ka virus ya Ebola.
Amakuru avuga ko leta ya Washington itifuza kwakira abanyamerika bivugwa ko bageze cyangwa bari bari mu gace karimo Ebola muri DR Congo na Uganda, bityo ishaka kubaka icyo kigo cy’ibitanda 50 by’abarwayi muri Kenya bakaba ari ho babanza gukurikiranirwa.
Nubwo inkiko muri Kenya zatambamiye iyubakwa ryacyo, mu mpera z’icyumweru gishize indege y’igisirikare cya Amerika yagejeje ibikoresho n’abakozi ku kigo cya Laikipia Airbase muri Nanyuki, nk’uko ibiro ntaramakuru Reuters bibivuga.
Izindi nkuru wasoma:
Kenya : Babiri barishwe barashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa Amerika wo kwubaka ikigo ca Ebola
Abantu babiri barishwe barashwe ku wa mbere, mu gisagara ca Nanyuki [muri Laikipia] hagati muri Kenya, igihe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika wo kwubaka muri ako karere ikigo kizotaramurirwamwo kikanavurirwamwo abarwayi ba Ebola.
Amakuru BBC yamenye avuga ko umwe muri bo yarasiwe hafi y’ikigo c’ingabo zirwanira mu kirere ca Laikipia, aho imyiyerekano yariko irabera. Ayo makuru yemeza ko yaciye apfa bagenzi we bamushikanye kwa muganga.
Ayo makuru abandanya avuga ko uwundi yitavye Imana imbere y’uko abasirikare bamushikana kwa muganga.
Uko abo bantu bapfuye ntikuramenyekana neza. Umuvugizi w’igipolisi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko atari azi ko hari abantu bapfuye.
Ku wa mbere, amajana y’abanyagihugu bari mu myiyerekano barihereje amabarabara yo mu gisagara ca Nanyuki, barayazibira bongera baraturira amapine.
Igipolisi cakoresheje imyuka ikoroza amosozi kugira kibashwiragize.
Umutegetsi wo ku rwego rwo hasi, Patrick Wahome, yabwiye BBC ko umwe mu bapfuye yarashwe igihe “yari atashe ahejeje kwugara imangazini yiwe”.
BBC ntirashobora kugenzura neza ukwo uwa kabiri yapfuye.
Ibiziga vy’abo bompi biri mu buruhukiro bw’ibitaro, kandi bisa n’ibifise ibikomere vy’amasasu. Umwe yarashwe mu gikiriza, uwundi mu bitugu.
Umugambi wa Amerika wo gushinga ikigo co kuvuriramwo Ebola muri Kenya watumye abantu benshi bagira amakenga ko iyo ndwara yoshobora kurenga imbibe zaco ikandukira abantu.
Ico kigo kizoba gifise ibitanda 50, kizokorerwamwo n’abaganga b’Abanyamerika. Kandi, kizoba kigenewe kuvura Abanyamerika bazoba banduye Ebola mu gihe c’iki kiza kiri mu Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Gushika ubu, nta murwayi n’umwe wa Ebola arigera atorwa muri Kenya.
Ku wa gatanu uheze, sentare nkuru y’iki gihugu yafashe ingingo yo kuba irahagaritse umugambi wo gushinga ico kigo mu kurindira ko iburanisha urubanza rwashingishijwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu.
Iryo shirahamwe ryiyamiriza ishingwa ry’ico kigo kubera, ku bwaryo, cogira “ingaruka zikomeye kandi zishobora gushika vuba ku magara y’abanyagihugu”.
Mu majambo yiwe ya mbere kuri iyo ngingo ku mugoroba wo ku wa mbere, Perezida wa Kenya William Ruto yarashigikiye uwo mugambi, avuga ko Kenya “yafashe ingingo zose zikenewe” kugira ikingire igihugu.
Izindi nkuru wosoma:
Iran: Abagabo batatu bishwe nyuma yo guhamwa n’icyaha cyo gusambanya abana ku ngufu
Ubucamanza bwa Iran bwatangaje ko abagabo babiri bishwe kubera “icyaha cyo gufata ku ngufu umwana w’imyaka 14” mu mujyi wa Qorveh nk’uko bivugwa n’ishami rya BBC ry’Igiperse.
Amakuru iryo shami rikesha ikinyamakuru Mizan cy’ubucamanza, avuga ko abo bagabo “bemeye ko bakoze icyo cyaha” kandi igihano cyabo cyagumishijweho n’Urukiko rw’Ikirenga.
Itariki n’igihe urubanza rw’abo bagabo rwabereye ntabwo byatangajwe.
Mu rubanza rutandukanye n’uruzu, Mizan ivuga ko undi mugabo nawe yishwe mu mujyi wa Rasht kubera gufata ku ngufu, kwica, no guta umurambo w’umwana w’imyaka 10 muri Kanama(8) umwaka ushize wa 1404 ku kirangaminsi cya Iran (2025 ku kirangaminsi dukoresha).
Mizan ivuga ko uwo mugabo na we yemeye icyo cyaha kandi ko igihano cye cyagumishijweho n’Urukiko rw’Ikirenga.
Imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu ivuga ko Iran ari cyo gihugu gifite umubare munini w’abantu bahabwa igihano cy’urupfu ku isi nyuma y’Ubushinwa.
Umubare w’abahabwa icyo gihano wariyongereye kuva iki gihugu cyaterwa na Israel na Amerika.
Ibi bigo bivuga ko kuva mu myaka za mirongo ishize abenshi bahabwa iki gihano bicwa bamanitswe mu mugozi, nubwo amategeko ahana ya Kisilamu agenderwaho anemera ko uwahawe icyo gihano ashobora kwicwa arashwe urufaya, atewe amabuye, cyangwa abambwe – nubwo ubwo buryo busa n’aho butagikoreshwa, nk’uko bivugwa n’ikigo Iranhr.
Izindi nkuru wasoma:
Samia yagiye i Moscow atumiwe na Putin
Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania yatangaje ko yerekeje mu Burusiya ku butumire bwa mugenzi we Vladimir Putin mu ruzinduko rwo “gukomeza ubufatanye mu nzego zireba ubuzima bw’abaturage”, nk’uko yabivuze.
Samia yavuze ko abaye perezida wa kabiri wa Tanzania ugiye gusura Uburusiya nyuma ya Mwalimu Julius Nyerere, wagendereye icyo gihugu mu 1969.
Mu Burusiya, Samia yavuze ko azaganira na mugenzi we Putin kandi azitabira inama z’ubucuruzi n’ishoramari kandi ko azamamaza amahirwe aboneka muri Tanzania, no gufungurira ibicuruzwa bya Tanzania isoko ryo mu Burusiya.
Nta perezida uri ku butegetsi mu Burusiya urasura Tanzania kugeza ubu, ariko ibihugu byombi bifitanye umubano kuva mu 1961, na ambasade z’ibi bihugu mu mirwa mikuru yombi.
Mu rugendo rwe, ibiro bya perezida wa Tanzania bivuga ko hazasinywa amasezerano y’ubufatanye bw’ibi bihugu muri siyanse, uburezi, ikoranabuhang, n’ikoranabuhanga mu itumanaho.
Samia azitabira kandi Tanzania – Russia Investment Forum izahuriza hamwe abashoramari n’ibigo byo guteza imbere ishoramari byo mu bihugu byombi.
Ubucuruzi hagati ya Tanzania n’Uburusiya ubu bugeze ku rugero rwa miliyoni 307$ ku mwaka, nk’uko ibiro bye bibitangaza.
Uburusiya bumaze igihe burushaho kwiyegereza ibihugu bya Afurika cyane cyane kuva ku butegetsi bwa Donald Trump wa Amerika bwagaragaje kugabanya umubano n’inkunga bahaga ibihugu bya Afurika.
Uburusiya ubu bufite ijambo n’ingufu mu bihugu bimwe byo mu burengerazuba bwa Afurika kandi bugaragaza ubushake bwo kwagura imikoranire n’ibindi bice bya Afurika.
Izindi nkuru wasoma:
Ebola: Diyoseze ya Bunia yashizeho ingingo zikomeye zo kwirinda mu maparuwase
Diyoseze ya Bunia mu ntara ya Ituri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yatangaje ingingo zikomeye zigamije gukingira abakirisu no kugabanya iradangata ry’umugera wa Ebola, nk’uko vyandikwa n’urubuga rwa Radio Okapi y'ishirahamwe ONU, ikorera muri ico gihugu.
Ekleziya Katolika i Bunia ivuga ko ivyo biri mu ntumbero yo guhangana n’ikiza ca Ebola kiriko kirakwiragira mu buseruko bwa RDC.
Mw'itangazo ryashizweko umukono n'Umwepiskopi w’iyo Diyoseze, Musenyeri Dieudonné Uringi, Ekleziya ihamagarira abakirisu bose, abapatiri, abihebeye Imana n'ababikira kugira uruhara rudasanzwe mu gukinga iyo ndwara.
Uwo Mwepiskopi yibutsa ko umugera wa Ebola urandagata cane kandi ko uburyo bwo kuwuhagarika butaragenzurwa neza.
Gushika ubu, n’imiburiburi abantu 246 vyibazwa ko ari bo bamaze gupfa bahitanywe n’iyo ndwara mu gihe abarenga 1100 bikekwa ko bayanduye mu ntara ya Ituri, nk’uko bimenyeshwa na Africa CDC, ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura no gukinga indwara.
Mu ngingo nyamukuru zafashwe na Diyoseze ya Bunia, harimwo gushira ku bwinjiriro bw'amaparuwase, ku masengero mato, n'ahandi hose abakirisu bahurira, ibikoresho vyo gukaraba.
Diyoseze itegeka kandi ko abantu bokurikiza, mu buryo bwuzuye, amabwirizwa yo kwikingira mu kutegerana iyo bari mu misa no mu bindi birori mpimbazamana.
Guhoberana, kuramukanya mu guhana amaboko n'ubundi buryo bwose bwo gukoranako birabujijwe.
Izo ngingo zose zafashwe mu ntumbero yo gukinga no kurwanya irandagata rya Ebola rishobora guca mu mirimo y'Imana.
Muri iyo ntumbero nyene, ibikorwa vyo kubatiza, gutanga ubusaseredoti, vyari bitegekanijwe mu ndwi zibiri za mbere z’uku kwezi kwa gatandatu vyimuriwe ikindi gihe kitaramenyekana.
Ku bw’abarongoye Ekleziya i Bunia, ivyo bizotuma hirindwa amakoraniro manini ashobora gutuma Ebola ikwiragira.
Ikindi, kugendera abarwayi bari mu mavuriro vyabaye birahagarikwa.
Diyoseze inasaba ko hokwirindwa gutunganya ibikorwa nk'amasengesho y'igihe kirekire, imyiherero, n'ibindi vyose bishobora gutuma abantu benshi bakoranira hamwe.
Izindi nkuru wosoma:
Washington igiye kugabanya cyane ambasade zayo muri Afurika zisabirwaho visa
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zigiye kugabanya ambasade zayo muri Afurika zemerewe kwakira ubusabe, kwiga no gutanga visa z’icyo gihugu, nk’uko ibiro ntaramakuru Associated Press bibivuga bibikesha amasoko y’amakuru muri leta.
Ayo mabwiriza yemejwe na Marco Rubio ushinzwe ububanyi n’amahanga mu cyumweru gishize, avuga ko ibyo bikorwa bya visa bizakurwa kuri ambasade 50 muri Afurika hagasigara 20 gusa ari zo zibikora, nk’uko AP ibivuga.
Ntabwo hatangajwe igihe ibi bizatangira gushyirwa mu bikorwa.
Kuva kuri manda ye ya mbere, Perezida Donald Trump yashyize imbere impinduka mu bijyanye n’abimukira bajya muri Amerika no kwakira abajya muri icyo gihugu.
Kuri manda ye ya mbere, yagereranyije abimukira bava mu bihugu bya Afurika na Haiti nk’abantu bava mu bihugu yise “imisarane”.
Icyo cyemezo gishya kivugwa n’ibiro ntaramakuru AP gisobanuye ko umubare w’abava mu bihugu bya Afurika bajya muri Amerika ushobora kugabanuka kubera izo ngorane mu gusaba visa.
Ubutegetsi bwa Trump bwagiye buvuga ko bugomba kurwanya abantu bajya muri Amerika bafite visa y’igihe gito ariko bakarenga bakagumayo.
Associated Press ivuga ko ku makuru icyesha inyandiko y’ubutegetsi ambasade za Amerika muri iyi mijyi 20 ya Afurika ari zo zizakomeza gusabirwaho visa y’iki gihugu, iyo ni;
- Abidjan - Ivory Coast
- Accra – Ghana
- Addis Ababa – Ethiopia
- Cape Town – Afurika y’Epfo
- Dakar – Senegal
- Dar-Es-Salaam - Tanzania
- Djibouti – Djibouti
- Johannesburg - Afurika y’Epfo
- Kampala – Uganda
- Kigali – Rwanda
- Kinshasa – DR Congo
- Lagos – Nigeria
- Lome – Togo
- Luanda – Angola
- Malabo - Equatorial Guinea
- Monrovia – Liberia
- Nairobi – Kenya
- Port Louis – Mauritius
- Praia - Cape Verde
- Na Yaoundé muri Cameroon
Izindi nkuru wasoma:
Iowa – US : Abantu batandatu 'bo mu muryango umwe' bishwe barashwe mu matati yo mu muryango
Igipolisi co muri reta ya Iowa, muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, catangaje ko abantu batandatu bishwe muri iyo reta, inyuma y'uruhererekane rw'amasasu rwatewe n'amatati yo mu muryango.
Uwukekwa kurasa abo bantu na we nyene yasanzwe yapfuye inyuma yo kwirasa, nk'uko igipolisi co mu gisagara ca Muscatine, muri Iowa, cabitangaje.
Nk’uko ico gipolisi kibivuga, vyibazwa ko abishwe ari abo mu muryango w'uwo akekwa kubarasa, yamenyekanye kw’izina rya Ryan Willis McFarland, imyaka 52, akaba yaba i Muscatine.
Umukuru w’igipolisi c’i Muscatine, Anthony Kies, yadondoye urwo rukurikirane rwo kurasa rwabereye ahantu hatandukanye, ku wa mbere, nk’ "igikorwa c’ubugome."
Abapolisi baronse amakuru avuga ko hari amasasu yarashwe ku wa mbere, inyuma gato ya sasita. Bageze mu nzu imwe, bahasanze abantu bane barashwe. Abo bose vyemejwe ko bapfiriye aho nyene.
McFarland yari yavuye muri iyo nzu imbere y’uko abapolisi bahashika. Ariko inyuma y’igihe gito, bamusanze ku nzira iri ku nkengera z'uruzi hafi y'ikiraro c'abagenda n'amaguru.
Abapolisi bavuga ko yari yirashe, kandi ko bagerageje kumuha ubutabazi. Yamara, vyahavuye vyemezwa ko yapfiriye aho bamusanze.
Mu nyuma, abahinga mu gutohoza basanze uwundi mugabo yapfiriye mu yindi nzu, na we nyene bikekwa ko yari yarashwe.
Babandanije amatohoza, barashitse ku kibanza c'ubudandaji, aho basanze uwundi muntu yapfuye, na we nyene bigakekwa ko yari yarashwe.
Mw’itangazo, igipolisi cavuze kiti:
"Ibimenyetso vya mbere vyerekana ko urwo rukurikirane rwo kurasa rwatewe n'amatati yo mu muryango”.
“Abishwe bose vyibazwa ko ari abo mu muryango wa nyakwigendera akekwa kubarasa."
Anthony Kies ntatanga amazina canke imyaka y'abishwe, ariko avuga ko amatohoza akibandanya.
Izindi nkuru wosoma:
Ebola Bundibugyo: Inkingo eshatu zirimo gukorwa mu gihe hari impungenge ko yakomeza kwiyongera
Inkingo eshatu nshya zirimo gukorwa ngo zihangane n’ubwoko budakunze kuboneka bwa Ebola bicyekwa ko bumaze kwica abantu hafi 250 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).
Ikigo mpuzamahanga kigamije kwihutisha inkingo za SIDA (IAVI), kiri mu gikorwa cyo gukora urukingo rumwe, cyavuze ko iki kiza giteje inkeke zo kuba icya mbere kibi cyane kibayeho ku isi.
Kaminuza ya Oxford yo mu Bwongereza hamwe na kompanyi Moderna ikora imiti, na bo barimo gukora ubushakashatsi ku nkingo z’ubu bwoko bwa Ebola bwitwa Bundibugyo.
Ihuriro ryo guhanga udushya mu kwitegura ibyorezo (CEPI), ririmo gutera inkunga buri tsinda muri ayo, ryavuze ko “buri munsi urabara” [“ufite agaciro”].
Kugeza ubu hamaze kugaragara abantu barenga 1,000 bacyekwa ko banduye Ebola muri DRC, mu gihe mu gihugu gituranyi, Uganda, abantu icyenda kugeza ubu bemejwe ko bayanduye.
Impungenge zikomeje kwiyongera ko iki kiza – cyatahuwe gusa nyuma yuko gikwirakwiriye mu gace karangwamo umutekano mucye gafite ubushobozi bucye bw’ubuvuzi – gishobora kugera ku rwego rw’ikiza cya mbere gikomeye cyane cya Ebola cyabayeho mu Afurika y’uburengerazuba kuva mu mwaka wa 2014 kugeza mu 2016.
Icyo gihe, abantu hafi 29,000 baranduye naho abarenga 11,000 barapfa.
Izindi nkuru wasoma:
DR Congo: M23 ivuga ko yafashe izindi ngamba ku bitero bishya ivuga ko FARDC yateguye
Umutwe wa AFC/M23 watangaje ko “ikindi gitero cyose gishya” cy’ingabo za leta kizagabwa ku butaka bagenzura kizasubizwa n’ingamba zirimo gusubiza inyuma izo ngabo zikarenga aho zaturutse zitera.
Mu itangazo, Lawrence Kanyuka uvugira uyu mutwe ubu ugenzura ibice bitandukanye by’intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo, yavuze ko ukwezi gushize kwa Gicurasi kwaranzwe no “kwongera ibitero byo ku butaka no mu kirere” kw’ingabo za Kinshasa ku bice bagenzura.
Yongerako M23 itewe impungenge n’uko Kinshasa “yohereza ingabo nyinshi, intwaro ziremereye n’ibikoresho bya gisirikare” ku mirongo y’urugamba “mu kwitegura ibitero bishya” avuga ko bigabwa ku duce dutuwe n’abasivile n’ibirindiro.
Igisirikare cya DR Congo ntacyo kiravuga ku bitangazwa na M23.
Kanyuka avuga ko ibyo bitero bishya bigiye gukorwa kubisubiza bitazagarukira gusa ku “kurinda” ibice bagenzura ahubwo bazabisubiza inyuma kugeza inyuma y’aho byaturutse.
Kuva mu ntangiriro z’umwaka ushize umutwe wa M23 ntabwo wongeye kwagura aho wafashe, ahubwo ku gitutu cy’abahuza warekuye ahatandukanye mu ntara ya Kivu y’Epfo harimo umujyi wa Uvira n’uduce twa teritwari ya Uvira kugera i Kamanyola muri Walungu.
Umutwe wa Twirwaneho, ukorana na M23, uracyagenzura centre ya Minembwe muri teritwari ya Fizi, centre yahindutse isibanira ry’ibitero by’indege za drones z’ingabo za leta kuva mu mezi ashize.
Impande zihanganye zimaze igihe kinini zumvikanye ku ngingo zitandukanye zirebana n’agahenge no guhagarika imirwano ariko ku rubuga rw’intambara imirwano ya hato na hato iracyakomeje.
Izindi nkuru wasoma:
Ibitero bikomeye vy’Uburusiya kuri Ukraine vyishe abantu 13
N'imiburiburi abantu 13 ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye, abandi benshi barakomereka inyuma y'ibitero Uburusiya bwagavye mu bucagucagu bw’uwu wa kabiri ku bisagara bitandukanye vya Ukraine.
Icenda (9) biciwe mu gisagara ca Dnipro, mu gihe 25 bahakomerekeye.
Ku murwa mukuru Kyiv hapfuye abantu bane, abandi n'imiburiburi 51 barakomereka.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bahungiye mu bibanza bibakingira ibitero ku murwa mukuru, mu gihe umwotsi mwinshi wariko urafumba ushwara igisagara.
Inzamba zo kugabisha ku bitero zagumye zisamirana mu bice vyinshi vya Ukraine.
Mu ndwi iheze, Moscou yari yaburiye ko igiye gutangura kugaba "ibitero vy’urukurikirane kandi biteguwe" kuri Ukraine, nk'inyishu ku gitero cagabwe na Ukraine ikoresheje ‘drones’ ku buraro bw’abanyeshure mu karere ka Luhansk kagenzurwa n'Uburusiya, kikaba cahitanye abantu 21.
Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, yahamagariye abanyagihugu kuguma mu bibanza bibakingira ibitero.
Klitschko yavuze kandi ko inyubakwa zibiri ndende z'amagorofa zakubiswe n'ivyo bitero, kandi ko hari impungenge z'uko hari abantu bashobora kuba bazibiriwe munsi y'ibibomoke.
Umukuru w’akarere ka gisirikare ku rwego rwa Kyiv, Tymur Tkachenko, yavuze ati: "Umwansi ariko aradutera akoresheje misire zo mu bwoko bwa balistique."
Izindi nkuru wosoma:
Liban ivuga ko Hezbollah na yo yemeye guhagarika ibitero kuri Israel
Libani ivuga ko umutwe wa Hezbollah, ufashwa na Iran, wemeye gahunda y’Amerika yuko uhagarika ibitero kuri Israel ndetse na Israel igahagarika ibitero ku murwa mukuru Beirut wa Liban.
Ambasade ya Liban muri Amerika yavuze ko yakiriye “ukwemera kwa Hezbollah kw’icyifuzo cy’Amerika cyo guhagarika ibitero ku mpande zombi”.
Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yemeje ayo masezerano, ariko aburira ko ibitero kuri Beirut bizakomeza “niba Hezbollah idahagaritse kugaba ibitero ku mijyi yacu no ku basivile”.
Ayo matangazo yagiye ahagaragara nyuma yuko Perezida w’Amerika Donald Trump avuganye na Netanyahu hamwe n’abahagarariye Hezbollah ndetse “bemeranyije ko kurasa kose kuzahagarara”, nyuma yuko Iran iburiye ko ibikorwa by’ingabo za Israel muri Liban biteje inkeke ku gahenge kariho ubu hagati y’Amerika na Iran.
Mu itangazo yasohoye ku mugoroba wo ku wa mbere, ambasade ya Liban yavuze ko “muri ubu buryo bwifujwe, ibitero bya Israel ku nkengero zo mu majyepfo ya Beirut bizahagarara nk’ingurane yuko Hezbollah [na yo] yifashe ku kugaba ibitero kuri Israel”. Yongeyeho ko ako gahenge “kagiye kongerwa kajyemo n’ubutaka bwose bwa Libani”.
Ariko Netanyahu yagize ati: “Icyarimwe, IDF [ingabo za Israel] izakomeza gukorera mu majyepfo ya Liban nkuko byari biteganyijwe.”
Nyuma yuko Trump avuze ko impande zombi zemeranyije guhagarika imirwano, hari ugukozanyaho kwakomeje.
Hezbollah yavuze ko yagabye ibitero bitatu ku bifaru bya Israel no ku basirikare bayo hafi y’ibyaro bibiri byo mu majyaruguru ya Israel, ikoresheje indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone) hamwe n'"urukurikirane rw’ibisasu bya rutura".
Ingabo za Israel zavuze ko zasamye ibisasu bibiri byari byarasiwe muri Libani. Nta bakomeretse batangajwe.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.