Putin arahiga ko ategerezwa kwihora inyuma yo kwagiriza Ukraine igitero ku nzu y'uburaro bw'abanyeshure

    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko ategerezwa kwihora inyuma yo kwagiriza Ukraine igitero cahitanye abantu ku nyubakwa y'uburaro bw'abanyeshure mu karere kigaruriwe n'Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine.

Abantu batandatu bishwe abandi 39 barakomereka muri iki gitero cabaye mw'ijoro ryakeye mu gisagara ca Starobilsk kiri mu ntara ya Luhansk, nk'uko Putin we nyene abitangaza. Abandi 15 na bo baburiwe irengero.

Igisirikare ca Ukraine coco kivuga ko cakubise ibiro bikuru vy'ingabo z'Uburusiya z'umurwi w'ingabo zidasanzwe uzwi nka Rubicon, ukoresha za ndege zitajamwo abadereva (drone) i Starobilsk. Gusa ntikivuga nimba cateye inyubakwa yerekanwa n'Uburusiya.

"Nta bibanza vy'igisirikare, ibibanza vy'igendereza, canke ibibanza bifitaniye isano n'izi nzego biri muri iyo micungararo", ni ko Putin yavuze ari i Moscou.

"Rero nta shingiro rihari na gato ryo kuvuga ko ibi bisasu vyakubise kuri iyi nyubakwa ari ingaruka z'ubuhinga bwacu bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere canke z'ubuhinga bwacu bwa elektroniki", niko yavuze ari mu birori i Kremlin nijoro ku wa gatanu.

Yategetse igisirikare c'Uburusiya gushiraho"integuro" y'ukungene bokwihora.

Uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya avuga ko iki gitero ca Ukraine cakozwe mu mipfunda itatu hakoreshejwe amadrone 16.

Imboneshakure ya reta y'Uburusiya yerekanye uwo ivuga ko ari umwe mu banyeshure bakomeretse, ivuga ko yitwa Diana Shovkun, w'imyaka 19.

Yari afise ibikomere mu mutwe inyuma y'uko aguweko n'igipande c'igihome, nk'uko iyo mboneshakure yabitangaje.

Nta mafoto canke amavidewo y'abo Moscou ivuga ko bishwe yashizwe ahabona.

Mu gaturuturu ko kuri uno wa gatandatu, abategetsi b'Uburusiya bavuze ko abantu babiri bakomeretse inyuma y'uko ibisigarira vy'amadrone bitereje umuriro ku bubiko bw'igitoro ku kivuko c'Uburusiya ca Novorossiysk kiri ku Kiyaga Cirabura.

Ibiro bikuru vyo mu ntara ya Krasnodar iri mu bumanuko bw'Uburusiya bivuga ko "inyubakwa z'ubutegetsi zitari nke zafashwe n'umuriro" kandi ko ibisigarira vy'amadrone vyaguye ku kibanza c'igitoro. Abantu babiri bakomeretse ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro, nk'uko ibi biro bikuru bibivuga. Ntibivugwa ko hari abapfuye.

Ibi biro bikuru bivuga kandi ko amadrone yononye amazu atuwemwo n'abantu mu gisagara ca Anapa hirya mu buraruko.

Mu masaha yitereye y'ejo ku wa gatanu, igisirikare ca Ukraine cavuze ko igitero ca nijoro mw'ijoro cakozwe ku kigo ca Rubicon i Starobilsk. Cagiriza ingabo c'uno murwi udasanzwe ukoresha amadrone ko zikunze gutera abasivire n'ibibanza vya gisivire muri Ukraine.

Iri tangazo rivuga kandi ko ingabo za Ukraine "ziriko zironona ibibanza n'ibigo bikoreshwa mu bikorwa vya gisirikare, hitwararitswe amategeko mpuzamakungu agenga agateka ka muntu mu bihe vy'intambara, amategeko n'imigenzo y'intambara".

Ku wa kane, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko ibiro bikuru vy'igisata c'igendereza c'Uburusiya FSB vyakubiswe mu karere k'intara ya Kherson kigaruriwe n'Uburusiya mu bumanuko bwa Ukraine.

Yongerako y'uko Abarusiya bababa 100 bari mu "bigaruriye ubutaka" bishwe canke bagakomereka.

Igisirikare c'Uburusiya ntaco kiravuga kuri iki, ariko umuhora umwe wa Telegram wegamiye kuri Kremlin wavuze ko hari "abapfuye n'abakomeretse" inyuma y'ico wavuze ko cari "igitero gikomeye ca drone".

Ukraine ntihengeshanya kwagiriza igisirikare c'Uburusiya gutera n'ibigirankana abasivire kuva Moscou itanguje intambara yuzuye mu 2022 - ikirego Moscou yama ihakana.

Mu ndwi iheze, abategetsi ba Ukraine bavuze ko abantu 24 bishwe – harimwo abakobwa babiri – igihe igisasu ca misire c'Uburusiya casambura uruhande rw'igorofa ituwemwo n'abantu ku mugwa mukuru Kyiv.