Kenya : Babiri barishwe barashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa Amerika wo kwubaka ikigo ca Ebola

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
Abantu babiri barishwe barashwe ku wa mbere, mu gisagara ca Nanyuki [muri Laikipia] hagati muri Kenya, igihe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika wo kwubaka muri ako karere ikigo kizotaramurirwamwo kikanavurirwamwo abarwayi ba Ebola.
Amakuru BBC yamenye avuga ko umwe muri bo yarasiwe hafi y’ikigo c’ingabo zirwanira mu kirere ca Laikipia, aho imyiyerekano yariko irabera. Ayo makuru yemeza ko yaciye apfa bagenzi we bamushikanye kwa muganga.
Ayo makuru abandanya avuga ko uwundi yitavye Imana imbere y’uko abasirikare bamushikana kwa muganga.
Uko abo bantu bapfuye ntikuramenyekana neza. Umuvugizi w’igipolisi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko atari azi ko hari abantu bapfuye.
Ku wa mbere, amajana y’abanyagihugu bari mu myiyerekano barihereje amabarabara yo mu gisagara ca Nanyuki, barayazibira bongera baraturira amapine.
Igipolisi cakoresheje imyuka ikoroza amosozi kugira kibashwiragize.
Umutegetsi wo ku rwego rwo hasi, Patrick Wahome, yabwiye BBC ko umwe mu bapfuye yarashwe igihe “yari atashe ahejeje kwugara imangazini yiwe”.
BBC ntirashobora kugenzura neza ukwo uwa kabiri yapfuye.
Ibiziga vy’abo bompi biri mu buruhukiro bw’ibitaro, kandi bisa n’ibifise ibikomere vy’amasasu. Umwe yarashwe mu gikiriza, uwundi mu bitugu.
Umugambi wa Amerika wo gushinga ikigo co kuvuriramwo Ebola muri Kenya watumye abantu benshi bagira amakenga ko iyo ndwara yoshobora kurenga imbibe zaco ikandukira abantu.
Ico kigo kizoba gifise ibitanda 50, kizokorerwamwo n’abaganga b’Abanyamerika. Kandi, kizoba kigenewe kuvura Abanyamerika bazoba banduye Ebola mu gihe c’iki kiza kiri mu Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Gushika ubu, nta murwayi n’umwe wa Ebola arigera atorwa muri Kenya.
Ku wa gatanu uheze, sentare nkuru y’iki gihugu yafashe ingingo yo kuba irahagaritse umugambi wo gushinga ico kigo mu kurindira ko iburanisha urubanza rwashingishijwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu.
Iryo shirahamwe ryiyamiriza ishingwa ry’ico kigo kubera, ku bwaryo, cogira “ingaruka zikomeye kandi zishobora gushika vuba ku magara y’abanyagihugu”.
Mu majambo yiwe ya mbere kuri iyo ngingo ku mugoroba wo ku wa mbere, Perezida wa Kenya William Ruto yarashigikiye uwo mugambi, avuga ko Kenya “yafashe ingingo zose zikenewe” kugira ikingire igihugu.
Izindi nkuru wosoma:











