Igipolisi ca Israel cahagaritse umugabo yakubise hasi umubikira i Yeruzalemu

    • Umwanditsi, Yolande Knell
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu Buseruko bwo Hagati
    • Yakoze inkuru ari, Jerusalem
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Hari video ibabaje cane yahanahanywe yerekana umubikira w'Umufaransakazi akubitwa hasi - n'uwushobora kuba ari umunyadini y'Abayahudi – mu karere k'Ubuseruko bwa Yeruzalemu kigaruriwe n'Abayahudi muri Israel muri ino ndwi.

Yerekana uno mugabo aturuka inyuma uno mubikira maze aramusunura n'inguvu aca akubita umutwe ku gisimasima c'amabuye. Ahejeje kumukubita hasi, uno mugabo yari yambaye imyambaro izwi nka kippah na tzitzit – imyambaro y'imigirwa y'idini y'Abayahudi – aboneka amuva iruhande ariko mu nyuma agasubira inyuma maze amutera umugere aryamye hasi.

Iki ni igitero kibaye mu gihe haherutse kwibonekeza ikubagurwa ry'abarongoye Ekleziya hamwe n'abari mu ngendo nyeranda mu gisagara ca Yeruzalemu, ikubagurwa rikorwa n'abayahudi bagendera ku vyiyumviro bikaze.

Igipolisi ca Israel caciye gihagarika uno mugabo w'imyaka 36 kimwagiriza igitero gishingiye kw'ivangura ruhu, ariko gushika ubu nta rubanza aracirirwa.

Patiri Olivier Poquillon arongoye ishure ry'Abafaransa ryigisha Bibiliya, French Biblical and Archaeological School, ari na ho uno mubikira asanzwe akorera nk'umushakashatsi, yanditse ku rubuga rwa X ko uno mubikira "yakorewe iki gitero kitagira ishingiro" ku muhingamo wo ku wa Kabiri.

Yongeyeko ati: "Turiyamirije twivuye inyuma ubu bugizi bwa nabi bushingiye kw'idini, tukizera ko vuba abategetsi bazofata ingingo ruhasha".

Igipolisi ca Israel cahagaritse uno mugabo ku wa gatatu gica gisohora videwo imwerekana ariko yambikwa amapingu.

Mw' itangazo ryacishijwe ku mbuga hwaniro, igipolisi ca Israel kivuga ko gifata "igitero ico ari co cose gikozwe ku barongoye amadini n'imiryango y'amadini nk'ikibi gikomeye cane" kandi ko gishira mu ngiro "poritike yo kutihanganira na gato ibikorwa vyose vy'ubugizi bwa nabi".

Harasohowe ifoto y'uno mubikira imwerekana yakubaguritse mu maso.

Ubuserukizi bw'Ubufaransa i Yeruzalemu buvuga ko bwiyamirije bwivuye inyuma "iki gitero".

Mu nyuma ubushikiranganji bwa Israel bujejwe imigenderanire bwanditse kuri X buti: "Iki gikorwa giteye isoni giteye kubiri n' indangagaciro yo kwubahana, kubana neza be n'umwidegemvyo mu vyo kwemera ari na vyo Israel yubakiyeko kandi yubahiriza cane.

"Israel irabandanya gukingira umwidegemvyo mu vyo amadini no mu vyo kwemera mu madini yose, kandi igakora uko ishoboye kwose kugira ngo Yeruzalemu igume ari igisagara kibamwo abantu, bagasenga kandi bakagendera ukwemera kwabo mw'iteka n'itekane".

Mu gihe ubu bugizi bwa nabi kuri uno mubikira ari ikintu kidakunze kwibonekeza, mu myaka iheze mu Gisagara ca Kera ca Yeruzalemu hagiye habaho ibihe vyinshi, aho Abayahudi bagendera ku migenzo y'idini yabo bacira amate banakubagura abantu bambaye umwambaro canke ibimenyetso vya gikristu.

Amashengero avuga ko ibigo vyayo biriko biraterwa vyongera vyigarurirwa, akagiriza Israel ko iriko irondera guhindura amasezerano asanzwe ahari kuva kera akingira uburenganzira bwayo ku bibanza vyeranda.

Raporo yo mu 2025 y'Ikigo Rossing gikorera i Yeruzalemu kigamije guteza imbere umubano mwiza hagati y'amadini mu gihugu, yerekanye 'ukwiyongera kw'urwanko ku mugaragaro kw'idini rya gikirisitu'.

Mu kwezi kwa gatatu, amakungu yariyamirije abapolisi ba Israeli igihe babuza umuyobozi mukuru wa Ekleziya Katorika i Yeruzalemu kwinjira mu rusengero rw'Imva Nyeranda kugira ngo aremeshe Imisa ku musi w'Imana w'Ibisandasanda. Uno muyobozi yavuze ko ari "ubwa mbere mu binjana" ivyo vyabaye.

Igipolisi cavuze ko cabikoze ku mvo z'umutekano kubera intambara ya Irani. Ariko amategeko ico gihe yaremera amakoraniro mato mato.

Mu kwezi guheze, isanamu yerekana umusirikare wa Israel akubita igishusho ca Yezu n'inyundo mu gisagara c'Abakristu b'Abamaronite mu bumanuko bwa Liban yarakwiragijwe ku mbuga hwaniro, ivyateje uburakari burenze. Abategetsi ba Israeli barasavye imbabazi, abasirikare babiri babigizemwo uruhara bahanishwa umunyororo w'imisi 30 mw'ibohero rya gisirikare bongera bakurwa mu bikorwa vy'intambara.

Uno mubikira yakozweko iki gitero igihe yari aciye hafi y'i Cenacle iri ku musozi wa Siyoni, hafi y'impome z'Igisagara ca kera ca Yeruzalemu. Iki ni ikibanza ceranda ku bakristu – gifatwa ko ari ikibanza c'Ifunguro rya nyuma rya Yezu Kristu – mu gihe Abayahudi nabo bagifata ko ari co kibanza c'imva y'Umwami Dawudi avugwa muri Bibiliya.