Uno musi imyaka itandatu irarumanye kuva Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi apfuye.
Mu kumwibuka, umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza
yashinze intahe abicishije muri videwo yatangaje ku rubuga rwa Facebook, aho agaruka ku
buzima bwabo mu muryango, igihe Perezida Nkurunziza yari akiriho.
Denise Nkurunziza avuga ko umugabo wiwe yakunda rwose kwicarana
n’umuryango harimwo n’abana bagatera inkuru.
Agira ati: “Burya yaranatwenza. Akadutera inkuru tukanezerwa.”
“Muri uwo mutima wa kivyeyi, yarakara aho ategerezwa
gukara, mugabo ahandi naho yarakunda gutera inkuru abana.”
Perezida Pierre Nkurunziza yapfuye ari kuwa mbere itariki nk'iyi ya 8 Ruheshi mu mwaka
wa 2020, inyuma y’umutaga. Inkuru yatangajwe bukeye bwaho, mw’itangazo rya reta
ryavuga ko yahitanywe
n'indwara yatumye umutima uhagarara.
Mu 2003 ni ho umuhari CNDD-FDD, wahoze urwanya ubutegetsi bw’ico gihe, washira
umukono ku masezerano y’amahoro ya Arusha. Pierre Nkurunziza ni we yari
awurongoye, aca agirwa umushikiranganji w'intwaro ibereye.
Igenekerezo rya 19 Myandagaro (8) mu 2005, yatowe ku rugero runini n'abari bagize inama nshingamateka, aca arahira ku wa 26 z'uko kwezi nyene, aba umukuru w'igihugu agira umunani w'Uburundi.
Mu 2015, yitoreje ikiringo kigira gatatu, ingingo yateye impari n’intureka za politike ziciwemwo abantu, bituma amakungu afatira Uburundi ibihano. Inyuma y'umwaka wa 2020, vyarakuweho.
Itariki ya 8, reta y’Uburundi yahavuye iyigira umusi wahariwe kugunda igihugu, igasigura ko ari mu ntumbero yo gutsimbataza iragi Pierre Nkurunziza yasigiye igihugu.
Kuri uyu musi, mu butumwa yatangaje ku rubuga rwa X, Perezida Évariste Ndayishimiye yasavye indongozi kuba hafi abanyagihugu no kubabera "umuco umurikira ku mbonakazoza y'Uburundi".