Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Rwanda: Ibicuruzwa byahiriye mu isoko rya GOICO bifite agaciro ka miliyari 30 FRW – Guverineri

Guverineri Maurice Mugabowagahunde yavuze ko nubwo hari ibyangiritse, yishimira ko nta muntu wapfiriye muri iyo nkongi no kuba igice cyo hasi cy'iryo soko kitarahiye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana

  1. Aha ni ho amakuru y’ikibiriraho agarukiye, ni ah’ubutaha.

  2. Abarwanyi ba Erik Prince, Somambike wa Trump, bagiriye uruhombo muri RD Congo - Amasoko atandukanye

    Abarwanyi ba Erik Prince, yashinze ishirahamwe ry’abikorera ku giti cabo mu vy’umutekano ryitwa Blackwater, baherutse kugirira uruhombo mu ntambara zibera mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo, nk’uko vyemezwa n’ibinyamakuru bitandukanye harimwo itororokanirizo ry’amakuru Reuters hamwe na New York Times.

    Ivyo binyamakuru bimenyesha ko hagati mu kwezi kw’icenda guheze, abo barwanyi baguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho, mu bantu 20 bakozweko bamwe bakaba barapfuye abandi barakomereka. Mu bakomeretse harimwo uwahoze ari umurwanyi rurangiranwa wa UFC (Ultimate Fighting Championship), ishirahamwe risanzwe ritunganya amahiganwa ajanye n’ubuhinga bwo kurwana ryo muri Amerika.

    Nk’uko Reuters na New York Times bibivuga, ayo makuru yatanzwe n’abantu bafitaniye imigenderanire ya hafi na reta ya Congo hamwe n’ishirahamwe rya Prince.

    Izo ntambara ziherutse guhitana canke gukomeretsa abo barwanyi zirerekana ingene Prince, ashigikiye kandi afitaniye imigenderanire na Perezida Donald Trump, yagize uruhara rwagutse mu ntambara zo muri RD Congo biciye mw’ishirahamwe ryiwe Vectus Global.

    Iryo shirahamwe rikora kandi muri Haiti no mu bindi bice bimwe bimwe vya Afrika, ritanga impanuro n’ubuhinga mu bijanye n’umutekano. Imbere y’aho, ryari ryarafashije ingabo za Congo gukingira igisagara ca Uvira, muri Kivu y’Ubumanuko, kugira ntigifatwe n’abarwanyi b’umuhari M23 ushigikiwe n’Urwanda, bakaba banagenzura ibice binini vy’ubuseruko bwa Congo.

    Uwahoze ari umusirikare w’inzobere mu bikorwa bidasanzwe ni we yatangaje, abicishije kuri Podcast, ko Tim Kennedy, uwahoze ari umusirikare w’ingabo zidasanzwe za Amerika zizwi nka ‘Green Berets’, akaba kandi yarigeze kurwana mu mahiganwa ya ‘Ultimate Fighting Championship’ (UFC), yakomerekeye muri Congo.

    Abantu babiri bakorana na reta ya Congo bavuze ko igitero cabereye muri Kivu y’Ubumanuko kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga (9), cakoze ku bantu bagera kuri 20, bamwe muri bo barapfa abandi barakomereka. Abapfuye harimwo Abanyekongo n’imiburiburi indwi hamwe n’uwahoze ari umunyamuryango w’ingabo zidasanzwe za Nouvelle-Zélande. Mu bakomeretse harimwo Kennedy hamwe n’uwundi munyamahanga atavugwa izina ariko akora mu vy’umutekano, nk’uko abo bantu babivuze.

    Umuserukizi wa Vectus Global ntiyashimye kugira ico abivuzeko.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Arabia Sawudite: Ikibuga c’indege ca Riyadh cahagaritse ingendo z’indege mu gihe ibitero vy’Abahouthi bikomeje

    Mu gihe ibitero vy’Abahouthi kuri Arabiya Sawudite bibandanya, ingendo z’indege zinjira n’izisohoka muri ico gihugu zasubiriye guhungabana cane.

    Nk’uko bimenyeshwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse, ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Riyadh cahagaritse ingendo nka zose z’indege ku musi ugira kabiri wikurikiranya, inyuma y’ibitero bitatu vyahitanye abantu mu misi iheze.

    Umuvugizi w’urunani rwa gisirikare ruyobowe na Arabiya Sawudite yavuze ko bariko bakurikiranira hafi akaga gashobora guturuka ku mamisire n’ama drone. Imbere y’aho, vyari vyatangajwe ko misire yo mu bwoko bwa ‘balistique’ yarashwe yerekezwa ku gisagara ca Khamis Mushait, mu bumanuko bushira uburengero bwa Arabiya Sawudite, yatangiriwe yongera irasamburwa itarashika iyo yariko irerekeza.

    Hagati aho, amakuru ava muri Yemen amenyesha ko intambara ziriko zirongerekana mu micungararo ya Taiz, igisagara cari kimaze igihe kigoswe n’abarwanyi b’Abahouthi.

    Kubera ko ibifungurwa biriko birabura, imfashanyo n’ibindi bikoresho vya nkenerwa bikaba bidashika muri Taiz ku rugero rukwiye, ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’imfungurwa (PAM/WFP) ryagabishije ko ico gisagara gishobora gushikirwa n’ivyago bikomeye vy’ubutabazi.

    Ryasavye ko ryohabwa uburenganzira bwo gushikana imfashanyo muri Taiz.

    Abanyagihugu baba muri Taiz ubu barongerekanye gushika kuri miliyoni zibiri, inyuma y’uko abantu baharurwa mu bihumbi mirongo bahunze ingwano bakaza kuba muri ico gisagara.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Ukraine ntikwiye “agahengwe” kozanwa n’ihagarikwa ry’ingwano – Lavrov

    Umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergey Lavrov, yavuze ko Ukraine idakwiye “agahengwe” kozanwa no guhagarika ingwano.

    Ivyo abivuze inyuma y’uko Perezida Volodymyr Zelensky, ku musi w’Imana, amenyesheje ko uguhagarika ingwano mu kiringo c’imisi 60 vyotuma igihugu ciwe gishobora gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu. Ibi, Zelensky yabishikirije inyuma y’amajambo yavuzwe na Perezida wa Amerika Donald Trump ko “igihe kigeze ngo Ukraine ironke Perezida mushasha.”

    Afatiye ku kungene umutekano wifashe muri iki gihe, Zelensky yavuze ko gutunganya amatora ari “ikintu kidashoboka na gato”, ngo kuko ibitero bibandanya “ijoro n’umurango”. Yaciye asaba ko intambara ihagarikwa burundu.

    Perezida wa Ukraine avuga kandi ko yaguye mu gahundwe yumvise itangazo rya Trump, aho uno mutegetsi wa Amerika yavuze ko impande zompi (Uburusiya na Ukraine) zumvikanye ko zihagaritse ibitero ku bikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu. Mu kiganiro cabereye i Warsaw, uno musi mu gitondo, yavuze ko yavyumviye mu binyamakuru.

    Mu kwishura ku majambo ya Zelensky, mu kiganiro n’abanyamakuru, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Lavrov, yavuze ko igihe cose hoba habaye ihagarikwa ry’intambara, ibihugu vya Buraya vyoba bironse akaryo ko kubandanya “bisukira ibindi birwanisho kuri Ukraine”, kugira ibandanye intambara.

    Yavuze ko ukuntu Zelensky yerekanye ko “yatangaye” yumvise itangazo rya Trump “atari ukuri”, kandi ko uwo mutegetsi wa Ukraine “azokoresha amajambo yose n’ivyitwazo vyose bishoboka ... kugira aronke agahengwe”.

    “Sinibaza ko akwiye guhabwa agahengwe.” Niko Lavrov yavuze, imbere yo kwongerako ati: “Sinibaza kandi ko tuzosubira kwemera amajambo yo kuturyosharyosha no kutwizeza.”

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Zelensky avuga ko kugira amahoro aboneke ari ugutera igitsure Uburusiya aho kubworohereza

    Umukuru w'igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko ashigikiye umugambi wo guhagarika ibitero ku bigo ntanganguvu hagati ya Ukraine n'Uburusiya, umugambi watangajwe na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko ko Kyiv itari yamenyeshejwe imbere y’igihe uwo mugambi kandi ko ikirindiriye insiguro ziwerekeye zivuye i Washington.

    Mw’ijambo yashikirije mu nama y'umutekano yabereye i Varsovie/Warsaw no mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Axios co muri Amerika, Zelensky yavuze ko Ukraine yokwubahiriza amasezerano ayo ari yo yose yoba yarumvikanyweko mu buryo bwemewe hagati ya Donald Trump na Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin.

    Ariko, Zelensky ashimangira ko amasezerano ayo ari yo yose yo guhagarika ibitero ategerezwa kwubahirizwa n'impande zompi, agatera akamo Amerika gutera igitsure Uburusiya aho kugira ivyo babuhebeye.

    Avuga ko guhagarika ibitero ku bigo ntanganguvu bishobora kuba intambwe ikomeye yo kurangiza intambara, mu gihe Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) yokwubahiriza ayo masezerano.

    Donald Trump yavuze ko aya masezerano yategerezwa kwubahirizwa ubwo nyene kandi ko impande zompi zamaze kuyemera. Ariko gushika ubu Moscou ntavyo iremeza ku mugaragaro, mu gihe mu ntango Zelensky yavuze ko atari yamenyeshejwe ivy’uwo mugambi.

    Ibi bibaye mu gihe hari ukutumvikana hagati ya Washington na Kyiv inyuma y'aho ubutegetsi bwa Trump bufatiye ingingo yo kugura mazutu iva mu Burusiya. Trump kandi yaneguye Ukraine kubera ibitero igaba ku nganda zo mu Burusiya zitunganya igitoro, mbere anavuga ko Ukraine ikwiye gutora uwundi mukuru w'igihugu.

    Zelensky yaciye yamirira kure ayo majambo, avuga ko gutora umukuru w'igihugu ari inshingano z’abanyagihugu ba Ukraine. Yongeye kwibutsa ko umugambi usa n'uyu wo guhagarika ibitero ku bigo ntanganguvu watangajwe na Trump muri Nyakanga (9) utigeze ushirwa mu ngiro.

    Avuga ko nimba Uburusiya bushaka ko Ukraine ihagarika ibitero ku nganda zabwo zitunganya igitoro, Moscou na yo nyene itegerezwa guhagarika kwica Abanya-Ukraine no kugaba ibitero ku bikorwa remezo vya Ukraine.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza avuga ko bigaragara ko Uburusiya bwivanze mu matora yo kuva mu Bumwe bw'Uburayi

    Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Andy Burnham yavuze ko Uburusiya rwose bwivanze mu matora ya kamarampaka ku kuva mu muryango w’Ubumwe bw’Uburayi azwi nka Brexit, ndetse yaburiye ko ibikorwa nk’ibyo birimo kuba mu Bufaransa no mu Budage.

    Avugira mu kiganiro cya ‘podcast’ cyitwa ‘The Rest is Politics’, Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza yavuze ko ubwo yageraga ku butegetsi muri No 10 – nkuko ibiro bya Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza byitwa – yasabye kumenya niba Uburusiya bwaba bwarivanze muri ayo matora yabaye mu 2016, yongeraho ati: “Nabonye igisubizo gisobanutse ko, yego, byarabaye.”

    Yongeyeho ati: “Ntekereza ko mu by’ukuri tumaze igihe kirekire cyane turi mu byo kwirwanaho kuri ibyo ndetse ntitwamenyesheje abaturage bihagije ikigero cy’ukuntu abantu barimo gushaka guhungabanya imigendekere ya politike babikoreye mu mahanga.”

    Burnham nta yandi makuru yatanze ku bwoko cyangwa ikigero cy’ibikorwa by’Uburusiya muri ayo matora ya kamarampaka kuri Brexit.

    Britain Unbound, umuryango w’impirimbanyi ushyigikiye ibyavuye mu matora kuri Brexit, wavuze ko amagambo ya Burnham ari “irindi gerageza rikozwe nabi ryo gutesha agaciro icyemezo Abongereza bafashe mu 2016”.

    Uwo muryango wavuze ko ukwivanga kw’amahanga mu matora mu Bwongereza “birumvikana ntibishobora kwihanganirwa” ariko wongeyeho uti: “Nta mpamvu n’imwe ihari yo kwemera ko uruhare rw’Uburusiya rwagennye ibyavuye muri kamarampaka mu 2016.

    “Ni n’igitutsi kumvikanisha ko abatoye bashutswe mu buryo bworoshye cyane [gutyo].”

    Ni bwo bwa mbere minisitiri w’intebe w’Ubwongereza avuze ko Uburusiya bwashatse kugena ibyavuye muri ayo matora ya Brexit yo mu 2016 ariko hashize igihe kirekire hari ukuburira ku bikorwa by’Uburusiya byo gushaka kugira ijambo kuri politike y’Ubwongereza.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Sahwanya – FRODEBU y''Incungu ya Demokarasi' ivuga ko nta mukandida izatanga mu matora ya perezida yo mu 2027

    Ishyaka Sahwanya – FRODEBU ritavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi rivuga ko nta mukandida rizatanga mu matora ya perezida yo mu 2027, kubera inenge nyinshi rivuga ko ziri mu myiteguro yayo zituma nta ho azatandukanira n'ayayabanjiriye yo mu 2025.

    Ayo matora yo mu mwaka ushize y'abadepite, abasenateri, abakuru b'uturere (ama komine) n'imirenge (imitumba) cyangwa imirenge yo mu mijyi (ama kartiye), yatsinzwe n'ishyaka CNDD – FDD rya Perezida Évariste Ndayishimiye ku majwi hafi 100%. Ubu mu mitwe yombi y'inteko ishingamategeko nta shyaka rindi rifitemo abarihagarariye.

    Inkuru irambuye hano

    Izindi nkuru wasoma:

  8. ONU ivuga ko abantu 139 barimo n'abana bapfuye nyuma yuko ubwato burohamye hafi y'inkombe ya Djibouti

    Ibiro by’Umuryango w’Abibumbye bishinzwe abimukira (IOM) bivuga ko abimukira nibura 139 barimo n'abana 15 bapfuye naho abandi babarirwa muri za mirongo baracyaburiwe irengero, nyuma yuko ubwato bari barimo burohamye hafi y’inkombe ya Djibouti.

    Ubwo bwato bwari burimo kuva muri Djibouti bujya muri Yemen burimo abantu 305, ubwo bwarohamaga mu ijoro ryo ku wa kane ushize, hafi y’umujyi uri ku cyambu wa Obock. IOM yavuze ko abantu bagera kuri 82 batabawe.

    Alexandre Coissac, umukuru w’ibiro bya IOM muri Djibouti, yavuze ko ibyabaye "byibutsa mu buryo bubabaje" ibyago abimukira bahura na byo iyo barimo kujya gushaka ubundi buzima ahandi hantu.

    IOM ivuga ko buri mwaka abimukira babarirwa mu bihumbi za mirongo bo mu karere k’Ihembe ry’Afurika bakora urwo rugendo ruteje akaga cyane, bizeye kugera mu bihugu byo mu Kigobe cy’Abarabu ngo bahabone umutekano n’akazi.

    Ku cyumweru, IOM yasubiyemo umubare yari yatangaje mbere w’abantu 109 bapfuye, nyuma yuko habonetse indi mirambo 30.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Rwanda: Ibicuruzwa byahiriye mu isoko rya GOICO bifite agaciro ka miliyari 30 FRW – Guverineri

    Guverineri w’intara y’amajyaruguru y’u Rwanda avuga ko imibare y’ibanze igaragaza ko ibicuruzwa byahiriye mu nyubako y’amagorofa ane y’isoko rya GOICO Plaza ku gicamunsi cyo ku wa gatandatu bifite agaciro ka miliyari 30 z’amafaranga y’u Rwanda.

    Mu kiganiro n’igitangazamakuru cya leta, Guverineri Maurice Mugabowagahunde yavuze ko iperereza rigikomeje kugira ngo hamenyekane “imibare nyayo” y’ibyangiritse, anavuga ko iyo nyubako ubwayo bigereranywa ko yari ifite agaciro ka miliyari 17 FRW.

    Leta y'u Rwanda yijeje "ubufatanye mu gusana iri soko kugira ngo ibikorwa by'ubucuruzi bisubukurwe".

    Kugeza ubu icyeteye iyo nkongi y’umuriro yatwitse iryo soko rinini ryo mu mujyi wa Musanze ntikiramenyekana.

    Guverineri Mugabowagahunde yavuze ko nubwo hari ibyangiritse, yishimira ko nta muntu wapfiriye muri iyo nkongi no kuba igice cyo hasi cy’iryo soko kitarahiye.

    Yihanganishije imiryango y’abantu 17 bagiye kwa muganga, barimo babiri bakomerekeye muri uwo muriro, n’abandi 15 bahuye n’ibibazo by’ihungabana. Yavuze ko kuri ubu abo bose “bameze neza”, abantu babiri bakaba ari bo basigaye mu bitaro.

    Uwo Guverineri w’intara y’amajyaruguru yavuze ko iperereza rikomeje kugira ngo hamenyekane icyateye iyo nkongi, rikaba ririmo gukorwa ku bufatanye bw’urwego rw’ubugenzacyaha, ikigo cy’igihugu gishinzwe imiturire, minisiteri y’ibikorwa-remezo hamwe n’urugaga rw’aba enjeniyeri (ingénieurs) mu bwubatsi mu Rwanda.

    Inkongi zangiza byinshi zikunze kubaho mu Rwanda, akenshi zikegekwa ku myubakire irimo inenge no ku bibazo bifitanye isano n'amashanyarazi.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.