'Guhemukira igihugu' vyoba bikoreshwa mu kunumya abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Afrika?

    • Umwanditsi, Abimana Chançard
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru
    • Yakoze inkuru ari, BBC Gahuza
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Imanza zitari nke zijanye n'ivyaha vyo guhemukira igihugu canke kubangamira umutekano waco, ziregwamwo abanyapolitike bazwi muri Afrika, zituma hibazwa nimba abari ku butegetsi baba bakingira igihugu vy'ukuri canke bariko barakoresha ubutungane mu guca intege abo batavuga rumwe canke ababa bababangamiye.

Muri izo manza abaregwa canke ababashigikiye akenshi bavuga ko bakurikiranwa ku mvo za politike, bakanahakana ivyo bagirizwa. Abategetsi bo bavuga ko ubutungane bwigenga mu gukurikirana uwo bubona ko bikenewe.

Ng'izi imanza ndwi za vuba z'abagirijwe guhemukira igihugu.

1. Burundi: Alain-Guillaume Bunyoni

Alain-Guillaume Bunyoni, yahoze ari Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, yaciriwe umunyororo wo guherayo mu kwezi kw'icumi na kabiri mu 2023. Yagirijwe kugerageza kwica umukuru w'igihugu akoresheje amangetengete, gutembagaza inzego zatowe n'abanyagihugu, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu hamwe no kurya ibiturire.

Yaburanye ahakana ivyo yagirizwa, avuga ko ata vyemezo umushikirizamanza yerekanye vy'ingene yabikoze.

Icaha kimwe mu vyo yagirizwa -kugerageza kwica umukuru w'igihugu hakoresshejwe amangetengete- caburanishijwe mu mwiherero.

Ariko igihano ciwe congeye kwemezwa mu rubanza rwo kwunguruza mu kwezi kwa gatandatu mu 2024. Bunyoni yarekuwe vy'agateganyo kubera impamvu z'amagara mu kwezi kwa gatatu mu 2026.

Gushika General Alain Guillaume Bunyoni afatwe, yari umwe mu bari bamaze imyaka mynsihi bama mu bibanza bikomakomeye muri reta ya CNDD FDD, umugambwe yarwaniye ukiri umuhari warwanya reta mu kiringo c'imyaka 10 gushika mu 2003.

Ifatwa ry'iwe hari abibajije niba ata sano ryari rifitaniye n'ukunyinyanira ubutegetsi imbere muri uwo mugambwe.

2. Rwanda: Victoire Ingabire

Umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Victoire Ingabire yongeye gufungwa kuva mu kwezi kwa gatandatu mu 2025.

Ubushikirizamanza bumwagiriza ivyaha birimwo gushinga umugwi w'abagizi ba nabi no gutegura imigambi yo gutera imigumuko mu banyagihugu. Ingabire arabihakana, akavuga ko urubanza rwiwe rufise intumbero za politike. Abategetsi b'Urwanda bavuga ko akurikiranwa ku vyaha yagirizwa, atari kubera ivyiyumviro vyiwe vya politike.

Victoire Ingabire yari yarekuwe mu kwezi kw'icenda mu 2018 inyuma y'imyaka umunani yari amaze apfunzwe mu gihano co gupfungwa imyaka 15 yakatiwe inyuma yo kwagirizwa kugumurira abanyagihugu kugwanya ubutegetsi, gutunganya umugwi w'inyeshamba wotera igihugu hamwe no gufata minenerwe ihonyabwoko ryo mu 1994.

3. RD Congo: Joseph Kabila

Sentare ya gisirikare muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo yaciriye urwo gupfa Joseph Kabila, yabaye umukuru w'ico gihugu imyaka 18. Ni urubanza rwaciwe impaga (rwaciwe atahari) mu kwezi kwicenda mu 2025.

Yagirijwe ivyaha birimwo guhemukira igihugu, ivyaha vyo mu ntambara, ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu no kugira uruhara mu mugambi wo kugarariza ubutegetsi. Ubushikirizamanza bwamwagirije gushigikira umugwi witwaje ibirwanisho wa M23 ugwanya reta ya Congo mu buseruko bw'ico gihugu.

Kabila yarahakanye ivyo yagirizwa, avuga ko urubanza rwiwe rufise intumbero za politike. Ntiyitavye urubanza kandi nta mwunganizi yari afise.

4. Tanzania: Tundu Lissu

Tundu Lissu, umwe mu ndongozi zikomeye z'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tanzaniya, yafashwe mu kwezi kwa kane mu 2025, yagirizwa guhemukira igihugu. Ivyo vyakurikiye akamo yateye asaba ko amategeko y'amatora ahindurwa, avuga ngo: "ata mpinduka, nta matora."

Ubushikirizamanza buvuga ko ayo majambo yari afise intumbero yo gutuma abantu bagarariza ubutegetsi. Lissu arabihakana, akavuga ko urubanza rwiwe rugamije kunumya abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Abategetsi na bo barahakana ko urwo rubanza rufise imvo za politike.

Yagarutse mu gihugu mu 2020 inyuma y'imyaka itatu asimvye urupfu mu gitero yarashwemwo incuro 16 aho mu kumuvura vyabaye ngombwa ko abagwa incuro zirenga 20 muri Kenya no mu Bubirigi.

5. Uganda: Kizza Besigye

Kizza Besigye, umunyapolitike amaze igihe kirekire atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda, yagirijwe guhemukira igihugu mu kwezi kwa kabiri mu 2025.

Ubushikirizamanza bumwagiriza, ari kumwe n'abandi, gutegura umugambi wo gukura ku butegetsi Perezida Yoweri Museveni hakoreshejwe inguvu.

Besigye, amaze guhiganwa na Museveni mu matora y'umukuru w'igihugu incuro zine, arahakana ivyo yagirizwa. Abamwunganira n'abamushigikiye bavuga ko ariko akurikiranwa kubera politike, mu gihe abategetsi ba Uganda bavuga ko ari urubanza rw'ivyaha.

6. Zambia: Brian Mundubile

Brian Mundubile, indongozi y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Zambia, hamwe n'uwo barikumwe mu matora , Makebi Zulu, bagirijwe guhemukira igihugu mu kwezi kw'umunani mu 2026, nk'uko vyatangajwe n'umwunganizi wabo.

Ivyo vyaha vyakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu yavuzwemwo impari, aho Mundubile yabaye uwa kabiri inyuma ya Perezida Hakainde Hichilema.

Mu ntango, abategetsi ntibatanze amakuru menshi ku caha nyenizina bagirizwa. Mundubile yaranse kwemera ivyavuye mu matora, avuga ko ivyo yagirizwa navyo vyarementanijwe kugira bamuhane.

7. Sudan y'Epfo: Riek Machar

Riek Machar, indongozi y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Sudani y'Epfo, yagirijwe mu kwezi kw'icenda mu 2025 ivyaha birimwo guhemukira igihugu, ubwicanyi n'ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu.

Leta imwagiriza kugira uruhara mu gitero cakozwe n'umugwi w'abarwanyi bo mu bwoko bw'aba-Nuer ku ngabo za leta i Nasir.

Umugambwe wiwe urahakana ko yari afise ububasha kuri abo barwanyi, ukavuga ko urwo rubanza rushobora guhungabanya amasezerano y'amahoro y'igihugu asanzwe abangamiwe.

Ivyaha vyo guhemukira igihugu ntibivugwa muri Afrika gusa. Imanza zijanye no guhemukira igihugu canke kubangamira umutekano waco zagiye zirakoreshwa muri Asia, Buraya no muri Amerika.

Intwaro zivuga ko ayo mategeko akenewe kugira hakingirwe inzego n'amategeko vy'igihugu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu na yo agabisha ko ivyaha bijanye n'umutekano w'igihugu, iyo bidasiguwe neza mu mategeko, bishobora gukoreshwa mu kubuza abanyapolitike gukora ibikorwa vyabo mu mahoro.