Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Keir Starmer yeguye ku mwanya wa Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza n'umukuru w'ishyaka rya Labour

Starmer azakomeza kuba Minisitiri w'intebe kugeza ishyaka rya Labour ritoye umuyobozi mushya waryo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. DR Congo: Abanduye Ebola bamaze kurenga 1000

    Ikiza cya Ebola mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) cyageze ku rundi rwego, ubu abamaze kwemezwa ko banduye iyi virusi bakaba barenze 1,000 mu ntara za Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo.

    Imibare yatangajwe na leta ku wa gatandatu igaragaza ko abantu 1,003 bemejwe ko banduye, 254 barapfuye, naho 100 bakize Ebola. Abandi barwayi 365 bashyizwe mu kato cyangwa barimo kwitabwaho mu bitaro, mu gihe igipimo cyo kwica cy’iyi virusi kiri kuri 25.3%.

    Abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi bavuga ko umubare w’abakira Ebola urimo kwiyongera, abandi barwayi umunani bakaba barasezerewe mu bitaro nyuma yuko bagaragaje ko nta Ebola bakirwaye – barimo batandatu bo mu ntara ya Ituri na babiri bo mu ntara ya Kivu y’Epfo.

    Ibyo byatumye umubare wose hamwe w’abamaze kurokoka Ebola ugera ku bantu 100, kuva iyi virusi ya Ebola y’ubwoko bwa Bundibugyo itangajwe ko yadutse mu gihugu ku itariki ya 15 Gicurasi (5) uyu mwaka.

    Ariko ikigero cyo gutahura abagize aho bahurira n’abanduye cyaragabanutse kigera kuri 58%, hasi cyane y’intego yo kugera ku kigero cya 95%.

    Ibikorwa by’ubukangurambaga mu baturage, serivisi zo gusuzuma Ebola no kwita ku barwayi birimo kongerwa, mu gihe amatsinda y’abahanganye n’iki kiza akomeje gukurikiranira hafi iki kiza no gushyiraho ingamba zo kucyirinda mu turere cyagaragayemo.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Keir Starmer yeguye ku mwanya wa Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza n'umukuru w'ishyaka rya Labour

    Sir Keir Starmer avuga ko azegura ku mwanya w’umukuru w’ishyaka rya Labour no ku wa Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza, nyuma yo kwemera ko ishyaka rye ritemera ko ari we uri mu mwanya mwiza cyane wo kuyobora iki gihugu kugeza ku matora rusange ataha.

    Mu ijambo yavuze kuri uyu wa mbere hanze y’ibiro bye bya No 10 Downing Street, Minisitiri w’intebe yavuze ko icyemezo cyose yafashe ari ku butegetsi cyari kigamije “gushyira imbere iki gihugu nkunda”.

    Keir Starmer, byagaragaraga ko afite imbamutima ubwo yavugaga iryo jambo, yashimiye umugore we Victoria “w’igitangaza”, avuga ko yamubereye “urutare” ndetse avuga ko ashaka kuba “umupapa mwiza cyane ushoboka ku bana beza bacu”.

    Ikigiye gukurikiraho ni uko Starmer azaguma muri uwo mwanya kugeza ishyaka rya Labour rihisemo umukuru mushya waryo. Yasabye urwego ruyobora ishyaka gukora kuburyo ibyo biba “mbere yuko Inteko ishingamategeko igaruka [mu mirimo] muri Nzeri [9]”.

    Andy Burnham – ushobora gusimbura Minisitiri w’intebe – kuri uyu wa mbere araza kuba ari i Westminster aho leta ikorera, rwagati mu murwa mukuru London, kugira ngo arahizwe nka Depite uhagarariye akarere ka Makerfield, ko mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bw’igihugu, nyuma yuko atsinze amatora yo kuziba icyuho cy’ubuyobozi bwako yabaye mu cyumweru gishize.

    Burnham yemeje ko azahatanira kumusimbura, anashimira Keir kuri byinshi cyane yakoreye igihugu no ku bw'ubuyobozi bwe n'ubwitange "mu gihe kigoye".

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Perezida Ndayishimiye mu rugendo i Kinshasa rwitezwe kuganirwamwo umutekano n'ikiza ca Ebola

    Umukuru w’Uburundi Evariste Ndayishimiye aritezwe gushika kuri uwu wa mbere i Kinshasa muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (DRC), mu rugendo rw’imisi ibiri.

    Nk’uko vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu vya DRC, bibicishije ku rubuga rwa X, vyitezwe ko aza kubonana na mugenzi we Félix Tshisekedi, aho baganira "ku bibazo vy'inyungu rusangi", harimwo ikibazo c’umutekano muke n’ikiza ca Ebola birangwa mu buseruko bw’ico gihugu.

    Mu bijanye na Ebola, ico kiza gisanzwe kiri ku murindi uhangayikishije ibihugu bibanyi vya DRC n’amakungu. Ni mu gihe abantu barenga 1.000 bamaze kwemezwa ko bacanduye mu ntara za Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo.

    Uburundi na DRC bisanzwe kandi bifitaniye amasezerano yo gufashanya mu gisata c'umutekano.

    Ku bw'ayo masezerano, Uburundi bwararungitse ingabo zabwo mu buseruko bw'ico gihugu gufashanya n’igisirikare ca DRC (FARDC) kurwanya umuhari witwaje ibirwanisho M23, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'abahinga ba ONU bavuga ko ushigikiwe n'Urwanda, ariko rurabihakana, rukavuga ko rwashizeho gusa “ingamba z’ubwirinzi”.

    Ibiro vy'umukuru wa DRC vyatangaje ko Perezida Tshisekedi aza kuja ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca N'djili kwakira Perezida Ndayishimiye, ubu anarongoye Ubumwe bwa Afrika, mu nyuma bakaza kugirana ibiganiro vya bonyene.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Ukraine: Ukwiyegeranya kw'ingabo z'Uburusiya gusugereje igisagara gishobora gushikana kw'ifatwa ryuzuye rya Donbas

    Ingabo z’Uburusiya zaracwengetereye mu gisagara gifise akamaro kanini ca Kostyantynivka kiri mu buseruko bwa Ukraine, ubu zikaba ziriko ziragerageza kukizunguruka.

    Abasirikare ba Ukraine babwiye BBC ko ico gisagara cose ubu kiri "mu madidane", bisigura ko ata ruhande na rumwe rukigenzura.

    Umusirikare wa Ukraine akoresha ‘drone’ muri ako karere, adashima ko amazina yiwe amenyekana, yavuze ati: “Binjirira mu burere buri inyuma yacu, kandi ahantu mu bisagara biragoye cane kubakurayo.”

    Kostyantynivka ni irembo ryerekeza mu bindi bice bisigaye vya Donbas.

    Ico gisagara nicarwa mu minwe y’Uburusiya, ingabo zabwo zizoca zoroherwa mu kwerekeza mu bisagara vya nyuma bikomeye vya Ukraine biri mu buseruko, ari vyo Kramatorsk na Sloviansk.

    Ivyo vyotuma begereza cane kwigarurira mu buryo bwuzuye intara ya Donbas, umwe mu migambi ikomeye y'ubutegetsi bw'Uburusiya muri iyi ntambara.

    Mu mezi aheze, intambara y’Uburusiya muri Ukraine yari yakwamye ku rwasiro, kandi abategetsi b’igisirikare ca Ukraine bavuga ko muri uyu mwaka bisubije ibice vy’ubutaka bisumba ivyo batakaje.

    Abo bategetsi bavuga ko ivyo vyahungabanije amayira akomeye Uburusiya bucishamwo ibikoresho hagati y’umupaka wabwo na Crimée, intara ya Ukraine igenzurwa n’Uburusiya.

    Ku wa Mungu, abategetsi b’iyo ntara bashizweho n’Uburusiya bahagaritse igurishwa ry’igitoro ku banyagihugu kubera ikibazo c’ikena ryaco.

    N’ibitero vya Kyiv imbere mu Burusiya vyatumberejwe ku bigo bitunganya ibitoro i Moscou, i St Petersburg n’ahandi, vyarondera kwumvisha ingaruka z’iyi ntambara Abarusiya bari kure cane y’urwasiro.

    Ariko i Kostyantynivka, abasirikare b’Uburusiya binjiye baturutse mu bumanuko, ariko baramaze no kugaragara ku rundi ruhande rw’igisagara, ku mpande zo mu buraruko.

    Moscou ivuga ko ingabo zayo ziriko zitera intambwe ningoga mu bumanuko bushira uburengero bwa Kostyantynivka kandi ko zazingiriye ibice vy’ingabo za Ukraine.

    Ariko Kyiv irabihakana. Général Oleksandr Bakulin, arongoye umurwi w’ingabo za Ukraine wa 19 ujejwe gucungera ico gisagara n’ibindi bice bigikikuje, avuga ko “ibintu bikiri mu minwe” kandi “umwansi ntarashika ku ntsinzi”.

    Naho biri uko, yemeza ko hari abasirikare b’Uburusiya bagera ku 130 bakiri muri ico gisagara.

    Umwe mu basirikare ba Ukraine bakorera muri Kostyantynivka yabwiye BBC ko ukwo ibintu vyifashe ku rubuga bishobora kuba bitaraba bibi ku rugero Moscou ibivugako, ariko bisa n’aho ari bibi gusumba ukwo abategetsi ba Ukraine biteguriye kuvyemanga ku mugaragaro.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Ibihe bibi bya Salah mu gikombe cy'isi byarangiye ahesha Misiri intsinzi yanditse amateka

    Ibihe bibi bya Mohamed Salah – n’ibya Misiri – mu gikombe cy’isi byashyize birarangira.

    Iki gihangange cya Misiri cyitwaye neza cyane mu gice cya kabiri cy’umukino wahuje Misiri na New Zealand (Nouvelle-Zélande), bigahesha Misiri intsinzi ya mbere mu gikombe cy’isi, ku igerageza rya cyenda, hakaba hanabura gato ngo iyi kipe ibe yabona itike yo gukina imikino ya 1/16 cy’irangiza.

    Igitego cya Salah cyo ku munota wa 67 cyatumye Misiri iba imbere mu bitego – nyuma yuko yari yamaze kwishyura igitego New Zealand yari yayibanje bitunguranye ku munota wa 15.

    Nuko Trézéguet ashyiramo icy’agashinguracumu cy’umutwe ku munota wa 82 kuri koruneri yari itewe na Salah, birangira Misiri yanditse amateka itsinze New Zealand ibitego 3-1.

    Salah yari yatangiye gahoro muri iri rushanwa, ntiyatanga umusaruro ubwo Misiri yagwaga miswi y’igitego 1-1 ku mukino ubanza yakinnye n’Ububiligi, bikurikirwa n’igice cya mbere yakinnye mu buryo budashamaje muri uwo mukino wa Misiri na New Zealand.

    Ariko, ubwo byasaga nkaho ukudahirwa kwe mu gikombe cy’isi kuri hafi gukomeza, uyu mukinnyi w’imyaka 34 yabaye ikindi gihangange cyigaragaje muri iri rushanwa, nyuma ya Lionel Messi, Kylian Mbappé, Erling Haaland na Harry Kane.

    Nyuma y’igikombe cy’isi cyo mu 2018 yitwayemo nabi hamwe no kunanirwa kwitabira icyo mu 2022 cyabereye muri Qatar, uyu mukinnyi wa mbere ukomeye cyane wa Misiri amaherezo yashyize arigaragaza ku ruhando mpuzamahanga.

    Ndetse arabizi ko inota rimwe mu mukino na Iran rizatuma igihugu cye kibona itike yo gukina mu cyiciro gikurikiyeho – ndetse hari n’ubwo Misiri itaricyenera.

    Salah yagize ati: “Ni ikintu gikomeye cyane ku bakinnyi bose [ba Misiri]. Ni intsinzi ikomeye cyane. Bimeze neza cyane. Umukino ukurikiyeho ni ingenzi cyane.”

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Ingunga ya mbere y'ibiganiro hagati ya Amerika na Iran yarangiriye 'ku ntambwe itanga umwizero' – Abahuza

    Abahuza bo muri Qatar na Pakistan bavuze ko ingunga ya mbere y'ibiganiro hagati ya Amerika na Iran bigamije gushika ku masezerano ya nyuma yo guhagarika intambara yarangiriye ku "ntambwe itanga umwizero".

    Ivyo biganiro vyatanguye ku wa Mungu mu Buswisi, inyuma y’amasezerano y’ibanze ibihugu vyompi vyashitseko mu ndwi iheze.

    Mw’itangazo bihuriyeko, Qatar na Pakistan vyavuze ko “komite yo ku rwego rwo hejuru” yumvikanye ku “rutonde rw’ingingo zizokwisungwa kugira hashikwe ku masezerano ya nyuma mu kiringo kitarenze iminsi 60”.

    Ibiganiro vy’ubuhinga (tekinike) bizobandanya muri iyi ndwi yose.

    Imbere y’aho, umu ‘diplomate’ wa Amerika yari mu biganiro yari yavuze ko ibiganiro vyibanze ku “gusobanura neza ubutumwa butari butahuritse neza bwavuye kuri Iran”, ku bijanye no kwugurura umuhora wa Hormuz no gushira mu ngiro agahengwe muri Liban.

    Itangazo abahuza bahuriyeko ryavuze ko hashizweho “umurongo w’itumatumanako” kugira ngo “hirindwe impanuka n’ukudatahurana, mu ntumbero yo kworohereza uruja n’uruza rutekanye rw’ubwato mu muhora wa Hormuz”.

    Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mu ‘diplomate’ wa Amerika, ibiganiro vyibanze kandi ku “bice bimwe bimwe” vy’amasezerano yerekeye umugambi wa nikleyere. Yongeyeko ko intumwa z’impande zompi, zariko zibonanira mu gisagara ca Lucerne mu Buswisi, zizokoresha “igikorwa c’uno musi nk’intango y’ibiganiro vy’ubuhinga bizobandanya mu minsi iza”.

    Amasezerano y’ibanze yashitsweko mu ndwi iheze ategekanya ko hoba habonetse ayandi ya nyuma mu kiringo kitarenze imisi 60, guhagarika intambara mu “bice vyose vy’urwasiro” harimwo no muri Libani, hamwe no gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz.

    Ariko kuva ico gihe, intambara hagati y'umurwi wa Hezbollah, ufashwa na Iran, n’ingabo za Israel mu bumanuko bwa Libani zagiye ziyongera. Hari n’ibitero vy’indege vya Israel vyahitanye Abanyalibani benshi, harimwo abagore n’abana, nk'uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabivuze.

    Ukwiyongera kw’iyo ntambara kwatumye ku wa gatanu Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza agahengwe gashasha hagati ya Israel na Hezbollah.

    Kubandanya kw’intambara n’ibitero vy’indege kwatumye Iran ku wa gatandatu itangaza ko yugaye umuhora wa Hormuz - n’ubwo amakuru ajanye no gukurikirana ingendo z’ubwato yerekana ko ubwato bubandanya kurengana.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza ari gutekereza kuri ejo hazaza he muri politike mu gihe igitutu cyo kwegura cyiyongereye

    Minisitiri w’intebe w’UbwongerezaSir Keir Starmer arimo gupima ejo hazaza he muri politike mu gihe igitutu cyo kwegura kirimo kwiyongera kuri we.

    Bibaye nyuma yuko inshuti ye muri leta, Peter Kyle, ivuze ko Minisitiri w’intebe arimo gutekereza ku “kuri kw’uko ibintu bimeze muri politike” nyuma y’intsinzi ya Andy Burnham mu matora yo mu cyumweru gishize yo kuziba icyuho mu karere ka Makerfield, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bw’Ubwongereza, bikamuharurira inzira yo guhatana ku mwanya w’ubuyobozi bw’ishyaka rya Labour.

    Nyuma y’ibyo byavuye muri ayo matora, Minisitiri w’intebe yongeye kwingingwa n’abaminisitiri bo ku rwego rwo hejuru kugira ngo urebye ahe inzira Burnham, binyuze mu gushyiraho ingengabihe y’igihe azegurira.

    Ndetse mu kundi gushegesha uyu mukuru w’ishyaka rya Labour uri mu bibazo, Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko Sir Keir “azegura nka minisitiri w’intebe”, ubwo yamwibasiraga ku kuntu yitwaye ku butegetsi.

    Mu butumwa yatangaje ku mbuga nkoranyambaga, Trump yavuze ko Sir Keir “yananiwe mu buryo bubi cyane” ku binjira mu gihugu no ku igenamigambi ryo mu rwego rw’ingufu, yongera kumusaba “gufungura ibikomoka kuri peteroli byo mu Nyanja y’Amajyaruguru [mu majyaruguru y’Uburayi]”.

    Yongeyeho ati: “Mwifurije ishya n’ihirwe!”

    Ibiro bya Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza – byitwa No 10 – byabwiye BBC ko abo bategetsi bombi, baheruka guhurira mu nama y’itsinda ry’ibihugu bikize cyane ku isi rya G7 yabereye mu Bufaransa mu cyumweru gishize, batavuganye mu mpera y’icyumweru gishize.

    Ako kanya nyuma y’intsinzi ya Burnham, Sir Keir yakomeje gushimangira ko azahatanira ubuyobozi bw’ishyaka mu matora yabaho ayo ari yo yose, bisobanuye ko hazacyenerwa ko habaho ihatana mu barwanashyaka b’ishyaka rya Labour hamwe n’imiryango iharanira inyungu z’abakozi irishamikiyeho kugira ngo hafatwe icyemezo kuri ejo hazaza haryo.

    Ariko mu guhindura imvugo, Minisitiri w’ubucuruzi Kyle yabwiye ikiganiro cya BBC cyitwa Sunday with Laura Kuenssberg ko Minisitiri w’intebe arimo “gufata igihe cyo gutekereza ku kuri kw’uko ibintu bimeze muri politike uyu munsi, ugereranyije no mu cyumweru gishize ndetse no mu cyumweru cya mbere yaho”.

    Yavuze ko yavuganye na Sir Keir ku wa gatanu kandi ko abizi neza ko “icyemezo icyo ari cyo cyose afata uyu munsi” kuri ejo hazaza ha Labour kizaba kijyanye n'"ikiri mu nyungu nziza cyane z’igihugu".

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Ethiopia: Umugambwe wa Abiy Ahmed waronse intsinzi ikomeye mu matora mu gihe ubwoba bw’iyindi ntambara buriko buriyongera

    Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, ni we yaronse intsinzi ikomeye inyuma y’amatora rusangi aherutse kuba muri ico gihugu.

    Umugambwe wiwe wagumanye ubwiganze bwinshi cane mu nama nshingamateka, n’ubwo ayo matora yari yaranzwemwo intambara, ukwagirizwa guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’uko urugero rw’abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bayitavye ruri hasi.

    Umugambwe Prosperity Party watsindiye intebe 438 ku 501 zariko zirahiganirwa, ukaba ari wo ugiye gushinga reta nshasha. Vyitezwe kandi ko Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed azorahirira ikindi kiringo mu ntango za Gitugutu (10).

    Iyi ntsinzi ni inkuru nziza ku bamushigikiye. Bizeye ko azobandanya guteza imbere urugero rw’ubutunzi igihugu cashitseko ku ntwaro yiwe.

    Ariko abandi batinya ko ugucanamwo imbere mu gihugu hamwe n’ingorane z’umutekano iki gihugu ca kabiri muri Afrika gifise abanyagihugu benshi kirimwo, bishobora kurushiriza kwunyura ibintu hamwe Abiy yoguma ku butegetsi.

    Uyu munyapolitike w’imyaka 49 yashitse ku butegetsi mu 2018, inyuma y’imyiyerekano yarwanya reta. Mu ntango yarashimagijwe kubera umugambi yari afise wo gusubiza hamwe Abanya Ethiopia no gutorera inyishu ingorane y’amacakubiri yari yasinzikaje igihugu – n’ubwo yahavuye arakaza abanyapolitike bo mu karere ka Tigray, kari kamaze imyaka irenga 20 kiganje muri reta.

    Umwaka umwe gusa inyuma y’aho, yararonse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, ahanini kubera uruhara yagize mu guhagarika intambara hagati ya Ethiopia n’igihugu kibanyi ca Eritrea.

    Ariko abahinga mu vy’umutekano bavuga ko igihugu gishobora kuba kiriko cerekeza mu ntambara, mu gihe imigumuko yitwaje ibirwanisho ibandanya guhitana abantu no guteza umutekano muke mu turere twa Amhara na Oromia, kandi ata n’ikimenyetso cerekana ko izohagarara vuba.

    Ku munsi w’amatora, ibibanza 143 vyo gutoreramwo ntivyashoboye kwugurura muri utwo turere tubiri dufise abanyagihugu benshi kuruta utundi, kubera impungenge z’umutekano zatewe n’imirwi yitwaje ibirwanisho irwanya reta.

    Imirwi ya Fano yo muri Amhara hamwe na Oromo Liberation Army (OLA), ubujijwe n’amategeko muri Oromia, yose yipfuza ubwigenge budasanzwe mu bijanye no kurongora uturere twayo, yariyamirije ayo matora n’ivyayavuyemwo.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.