Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inkuru itangaje y'ano mahasa yakurikiranye mu kuvuka, ariko bafise ba se batandukanye
- Umwanditsi, Jenny Kleeman
- Igikorwa, Aremesha ikiganiro The Gift
- Igihe co gusoma: iminota 6
Amahasa (impanga mu Kinyarwanda) Michelle na Lavinia Osbourne bamye bafitaniye ubucuti budasanzwe.
Ariko igihe Lavinia yugurura ubutumwa muravyo (email) bwarimwo ivyavuye mu bipimo vya ADN vyakorewe muhira muri Nyakanga (9) 2022, yaragize ubwoba.
Ati: "Kumbure nari ndabizi ntabizi".
Ibipimo vyiwe vyerekanye ikintu gitangaje: amahasa Lavinia na Michelle ntibasangiye se.
Basamwe imbanyi mu buryo kama, bakurira mu gitereko kimwe, kandi bavyarwa na nyina umwe, haciye iminota mike hagati yabo – ariko ntibari basangiye abavyeyi bompi.
Michelle na Lavinia, bompi bafise imyaka 49, bariho kubera uburyo nyubaka buzima budasanzwe na gato buzwi nka superfétation hétéropaternelle/heteropaternal superfecundation. Kugira ngo ubu buryo bubeho, umugore ategerezwa gusohora amagi arenze rimwe mu gihe kimwe, aya magi agahura n'intanga z'abagabo batandukanye, hanyuma insoro (embryons) zigategerezwa kuzovukamwo abana.
Kw'isi yose, bimaze gushika incuro zababa 20 gusa. Inyuma y'amezi namaze ndondera amakuru kuri bo igihe nategura ikiganiro The Gift ca BBC Radio 4, nahavuye ntora ko Lavinia na Michelle ari yo mahasa yonyene amaze kumenyekana mu Bwongereza afise ba se batandukanye.
Kuri Lavinia, iyi nkuru yabaye igitangaza. We na Michelle basangiye ibihe vyari bigoye mu bwana bwabo, aho bagenda bahererekanwa hagati y'imiryango y'irerero. Ikintu kimwe gusa c'ukuri bari bafise ni uko bari kumwe.
"Yari ikintu kimwe cari rwanje, ikintu kimwe nari nizeye, ikintu kimwe nari nzi neza," niko Lavinia avuga. "Ariko hanyuma ntiyabaye akiri co."
Ariko igihe Lavinia yaterefona ihasa ryiwe amubwira iyi nkuru, Michelle yabifashe ukundi.
Michelle ati: "Nta kintu cantangaje, gusa ndacibaza ukungene ibi bishobora kubaho - ni ibintu bitangaje cane, bidasanzwe na gato, bidakunze kuba – ariko birumvikana."
Nyina wa Michelle na Lavinia yari yaratuntujwe igihe yabavyara afise imyaka 19 ahitwa Nottingham mu mwaka wa 1976.
Michelle ati: "Umugabo wa nyina yaramuhohotera bikomeye. Mama yamaze igihe cose c'ubwana bwiwe ahanahanwa mu miryango no mu bigo vy'irerero".
Igihe cose aya mahasa yabaza se wabo, nyina yababwira ko yari umuntu yitwa James. Michelle ati: "Ntiyigeze aba mu buzima bwacu".
Mu gihe kitari gito c'ubuzima bwabo, na nyina nyiyababaye hafi. Igihe bari bashikanye imyaka itanu, nyina yaronse ikibanza kw'ishure kaminuza i Londres, aca abasigira umugenzi wa nyina wiwe i Nottingham, ari na we aya mahasa yahamagara ngo "nyokuru".
"Nyokuru yari umuntu akaze – nta kinya canke igishika yari afise. Ikintu kimwe conyene nari mfise yari Michelle," niko Lavinia avuga.
Michelle na we avuga ko igihe cose yaba afise ihasa ryiwe, yumva atekaniwe.
Ati: " Twari twebwe babiri duhanganye n'isi yose."
Bashikanye imyaka cumi, aba bakobwa bahambije nyina wabo i Londres. Ariko inyuma y'imyaka mike, Lavinia na Michelle bongeye kurungikwa, baza kuba mu nzu imwe y'irerero mu mazu y'irerero nyina yari yarakuriyemwo. Ntibashobora gutahura igituma nyina atashaka kubagumya iruhande yiwe.
"Ku mubiri no ku mutima, yama ari ari kure yacu," niko Lavinia avuga.
Inyuma y'igihe kinini James ataboneka mu buzima bwabo, basubiye kumwiyumvamwo igihe ano mahasa yari mu myaka y'ubuyabaga. Lavinia yarashoboye kumurondera – hanyuma igihe yibaza ko yatoye James no kumwibonamwo, Michelle wewe ntiyigeze yizera ko ari se wiwe. Mu mutima, yagumanye amakenga.
Gushika mu mpera za 2021, nyina wabo yari yamaze gufatwa n'indwara yo mu mutwe itera kwibagira, akaba atari agishoboye kwishura ibibazo. Michelle yabonye ifoto ya James, ari ho yaca yemeza neza ko atashobora kuba ari se wiwe.
Ati: "Muri jewe nagira nti, nta kintu na kimwe cerekana ko usa nanje. Naciye nigurira ibikoresho vyo gupima ADN".
Iyo wipimishije ADN, ni ho ushobora kumenya ukuri ku muryango wawe no kuri wewe nyene. Ariko Michelle ntiyari yitaye ku kuntu ivyavuye muri ivyo bipimo vyari gushobora kugira ingaruka kuri Lavinia igihe yarungika amaraso kugira ngo apimwe. Ivyavuye muri ibi bipimo vyashitse ku wa 14 Ruhuhuma (2) 2022 — umunsi nyene nyina wa Michelle na Lavinia yapfa.
Izina ry'umuryango rya James ntiryagaragara ku ruhande rwa se wa Michelle — si we yari se wiwe.
Inyuma y'amayinga akora amatohoza, Michelle yahavuye atora ko se wiwe yari Alex, musaza w'umugore yigeze kuba ari umugenzi wa nyina wabo. Michelle yavuganye na bamwe mu muryango wa Alex, bagiye kumugabisha ko se wiwe yari amaze imyaka myinshi yiziziwe n'inzoga kandi ko yaba mw'ibarabara.
Michelle na Lavinia bahavuye bahura n'umugore yitwa Olivine, Michelle yemeza ko ari we muvyara wa mbere w'ano mahasa. Michelle yaciye yumva ako kanya ko bafitaniye amaraso.
Ati: "Narumvise ko ari amaraso yacu". Ariko Lavinia we ntiyabibonye uko. Igihe Olivine yerekanye amafoto y'umuryango wiwe, Lavinia ntiyigeze yibona mu maso yabo.
Lavinia na we nyene yaciye afata ingingo yo gupimisha ADN. Ntiyari yiteze ko yari kuronka ibipimo bitandukanye n'ivya Michelle, ariko yari akeneye gukora ikintu ku kibazo c'uko yama yumva ko umuryango wa Alex utari uwiwe.
Ati: "Nashaka gusa icemezo".
Igihe yugurura ivyavuye mu bipimo, yabonye ukuri gutangaje ko ihasa ryiwe yari mwenewabo badasangiye se. Lavinia yarababaye cane – kandi ararakara.
Ati: "Narashavuriye cane Michelle kubona yatumye nja muri ibi, kuko sinashaka kumenya uku kuri".
Eka hari n'ibindi vyahavuye bimenyekana. Igihe Lavinia yihweza neza ivyavuye mu bipimo, yahavuye atora ko na James atari se wiwe.
Lavinia nta kamaro yabona ko kumenya uwari se wiwe, ariko Michelle wewe yari yariyemeje kurondera inyishu. Amaze gusoma ivyavuye mu bipimo vy'ihasa ryiwe, Michelle yahavuye atora Arthur, se w'amaraso wa Lavinia. Ano mahasa yahavuye aja kumuramutsa muhira iwe mu Burengero bwa Londres.
"Yaragize ubwoba gato, ariko ni umuntu afise akamwemwe – nkanje", niko Lavinia avuga. Bahejeje umubonano wabo, yaramusomye kw'itama.
"Numvise ari ngombwa, ko nategerezwa kubikora".
Kuva ico gihe, Lavinia na Arthur bagumanye imigenderanire ya hafi cane, bakama babonana incuro zitari nke buri kwezi, kenshi bari kumwe na Michelle.
"Numva ko naronse aho namuka, aha naho hakaba ari kwa data," niko Lavinia avuga. Arthur yabwiye Michelle ko na we ashobora kumuhamagara Data.
Igihe kimwe basubira kubonana, ano mahasa yabajije Arthur ico yoba azi ku kungene basamwe imbanyi.
"Yavuze ati, 'Mama wanyu yaradodoye ku muryango wanje. Yari ababaye cane. Yariko ararira'," niko Michelle avuga. "Yagiye iwe kuko ata mutekano yari afise, kandi yari mu gahinda".
Nyina wa Michelle na Lavinia ntari hano kugira ngo atubwire neza na neza ingene vyagenze, ariko Arthur avuga ko yagiye iwe mu gihe yari akeneye ubufasha.
Michelle na we nyene yahavuye abonana na se wiwe w'amaraso, Alex, biciye ku bandi banyamuryango bashasha yatoye.
"Vyaragaragaye ko yari yiziziwe n'inzoga", ni ko Michelle avuga.
Agashusho bafitaniye ni ntamakemwa.
Ati: "Ni uwanje, ndi uwiwe, ariko sinigeze numva ko yari umuntu nari nkeneye kugira muri kazoza kanje.
"Nari nkeneye gusa kubimenya".
Amahasa ntazokwigera amenya nimba nyina wabo yoba yarigeze yikeka ko boba bafise ba se batandukanye.
Lavinia ati: "Bitegerezwa kuba vyaramubujije amahoro. Ategerezwa kuba hari ico yabonye, hari ico yiyumvisemwo.
Michelle ati: "Nibaza ko mu mutwe wa mama yari abizi, ariko ko atavyemera na gato".
Nk'amahasa, Lavinia na Michelle bamye bazi ko hari ivyo batandukanyeko. Ukuri kwagaragajwe n'ivyipimo vya ADN vyatumye ibi bibatandukanya bigaragara cane, mu ntango. Ariko bazokwama bafitaniye ubucuti budasanzwe.
"Turi ibitangaro," niko Lavinia avuga. "Ubu tugiye kwubaka ubucuti butazokwigera busambuka".
Michelle na we ati: "Ni ihasa ryanje. Nta kintu na kimwe gishobora kuzobihindura".