IKIBIRIRAHO, Ethiopia: Umugambwe wa Abiy Ahmed waronse intsinzi ikomeye mu matora mu gihe ubwoba bw’iyindi ntambara buriko buriyongera

Umugambwe wa Abiy Ahmed wagumanye ubwiganze bwawo bukomeye cane, n’ubwo mu bice bitandukanye vya Ethiopia harangwa umutekano muke n’intureka, hamwe n’icuka kitameze neza hagati y’ico gihugu n’ibihugu bibanyi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Ingunga ya mbere y'ibiganiro hagati ya Amerika na Iran yarangiriye 'ku ntambwe itanga umwizero' – Abahuza

    Uwurongoye umurwi ujejwe ibiganiro wa Iran, Mohammad Bagher Ghalibaf, yambaye ikote, ikiganza ciwe gifashe mu gatuza ahagana mu nda

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Abahuza bo muri Qatar na Pakistan bavuze ko ingunga ya mbere y'ibiganiro hagati ya Amerika na Iran bigamije gushika ku masezerano ya nyuma yo guhagarika intambara yarangiriye ku "ntambwe itanga umwizero".

    Ivyo biganiro vyatanguye ku wa Mungu mu Buswisi, inyuma y’amasezerano y’ibanze ibihugu vyompi vyashitseko mu ndwi iheze.

    Mw’itangazo bihuriyeko, Qatar na Pakistan vyavuze ko “komite yo ku rwego rwo hejuru” yumvikanye ku “rutonde rw’ingingo zizokwisungwa kugira hashikwe ku masezerano ya nyuma mu kiringo kitarenze iminsi 60”.

    Ibiganiro vy’ubuhinga (tekinike) bizobandanya muri iyi ndwi yose.

    Imbere y’aho, umu ‘diplomate’ wa Amerika yari mu biganiro yari yavuze ko ibiganiro vyibanze ku “gusobanura neza ubutumwa butari butahuritse neza bwavuye kuri Iran”, ku bijanye no kwugurura umuhora wa Hormuz no gushira mu ngiro agahengwe muri Liban.

    Itangazo abahuza bahuriyeko ryavuze ko hashizweho “umurongo w’itumatumanako” kugira ngo “hirindwe impanuka n’ukudatahurana, mu ntumbero yo kworohereza uruja n’uruza rutekanye rw’ubwato mu muhora wa Hormuz”.

    Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mu ‘diplomate’ wa Amerika, ibiganiro vyibanze kandi ku “bice bimwe bimwe” vy’amasezerano yerekeye umugambi wa nikleyere. Yongeyeko ko intumwa z’impande zompi, zariko zibonanira mu gisagara ca Lucerne mu Buswisi, zizokoresha “igikorwa c’uno musi nk’intango y’ibiganiro vy’ubuhinga bizobandanya mu minsi iza”.

    Amasezerano y’ibanze yashitsweko mu ndwi iheze ategekanya ko hoba habonetse ayandi ya nyuma mu kiringo kitarenze imisi 60, guhagarika intambara mu “bice vyose vy’urwasiro” harimwo no muri Libani, hamwe no gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz.

    Ariko kuva ico gihe, intambara hagati y'umurwi wa Hezbollah, ufashwa na Iran, n’ingabo za Israel mu bumanuko bwa Libani zagiye ziyongera. Hari n’ibitero vy’indege vya Israel vyahitanye Abanyalibani benshi, harimwo abagore n’abana, nk'uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabivuze.

    Ukwiyongera kw’iyo ntambara kwatumye ku wa gatanu Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza agahengwe gashasha hagati ya Israel na Hezbollah.

    Kubandanya kw’intambara n’ibitero vy’indege kwatumye Iran ku wa gatandatu itangaza ko yugaye umuhora wa Hormuz - n’ubwo amakuru ajanye no gukurikirana ingendo z’ubwato yerekana ko ubwato bubandanya kurengana.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza ari gutekereza kuri ejo hazaza he muri politike mu gihe igitutu cyo kwegura cyiyongereye

    Ifoto igaragaza Keir Starmer yambaye ishati y’umweru n’ikositimu yijimye

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Minisitiri w’intebe w’UbwongerezaSir Keir Starmer arimo gupima ejo hazaza he muri politike mu gihe igitutu cyo kwegura kirimo kwiyongera kuri we.

    Bibaye nyuma yuko inshuti ye muri leta, Peter Kyle, ivuze ko Minisitiri w’intebe arimo gutekereza ku “kuri kw’uko ibintu bimeze muri politike” nyuma y’intsinzi ya Andy Burnham mu matora yo mu cyumweru gishize yo kuziba icyuho mu karere ka Makerfield, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bw’Ubwongereza, bikamuharurira inzira yo guhatana ku mwanya w’ubuyobozi bw’ishyaka rya Labour.

    Nyuma y’ibyo byavuye muri ayo matora, Minisitiri w’intebe yongeye kwingingwa n’abaminisitiri bo ku rwego rwo hejuru kugira ngo urebye ahe inzira Burnham, binyuze mu gushyiraho ingengabihe y’igihe azegurira.

    Ndetse mu kundi gushegesha uyu mukuru w’ishyaka rya Labour uri mu bibazo, Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko Sir Keir “azegura nka minisitiri w’intebe”, ubwo yamwibasiraga ku kuntu yitwaye ku butegetsi.

    Mu butumwa yatangaje ku mbuga nkoranyambaga, Trump yavuze ko Sir Keir “yananiwe mu buryo bubi cyane” ku binjira mu gihugu no ku igenamigambi ryo mu rwego rw’ingufu, yongera kumusaba “gufungura ibikomoka kuri peteroli byo mu Nyanja y’Amajyaruguru [mu majyaruguru y’Uburayi]”.

    Yongeyeho ati: “Mwifurije ishya n’ihirwe!”

    Ibiro bya Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza – byitwa No 10 – byabwiye BBC ko abo bategetsi bombi, baheruka guhurira mu nama y’itsinda ry’ibihugu bikize cyane ku isi rya G7 yabereye mu Bufaransa mu cyumweru gishize, batavuganye mu mpera y’icyumweru gishize.

    Ako kanya nyuma y’intsinzi ya Burnham, Sir Keir yakomeje gushimangira ko azahatanira ubuyobozi bw’ishyaka mu matora yabaho ayo ari yo yose, bisobanuye ko hazacyenerwa ko habaho ihatana mu barwanashyaka b’ishyaka rya Labour hamwe n’imiryango iharanira inyungu z’abakozi irishamikiyeho kugira ngo hafatwe icyemezo kuri ejo hazaza haryo.

    Ariko mu guhindura imvugo, Minisitiri w’ubucuruzi Kyle yabwiye ikiganiro cya BBC cyitwa Sunday with Laura Kuenssberg ko Minisitiri w’intebe arimo “gufata igihe cyo gutekereza ku kuri kw’uko ibintu bimeze muri politike uyu munsi, ugereranyije no mu cyumweru gishize ndetse no mu cyumweru cya mbere yaho”.

    Yavuze ko yavuganye na Sir Keir ku wa gatanu kandi ko abizi neza ko “icyemezo icyo ari cyo cyose afata uyu munsi” kuri ejo hazaza ha Labour kizaba kijyanye n'"ikiri mu nyungu nziza cyane z’igihugu".

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Ethiopia: Umugambwe wa Abiy Ahmed waronse intsinzi ikomeye mu matora mu gihe ubwoba bw’iyindi ntambara buriko buriyongera

    Abiy Ahmed yambaye ikositime y'ubururu, ishati yera, n'amarori y’izuba, ariko aramwenyura mu gihe ariko ashira ikarata y’itora mw’isandugu

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, ni we yaronse intsinzi ikomeye inyuma y’amatora rusangi aherutse kuba muri ico gihugu.

    Umugambwe wiwe wagumanye ubwiganze bwinshi cane mu nama nshingamateka, n’ubwo ayo matora yari yaranzwemwo intambara, ukwagirizwa guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’uko urugero rw’abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bayitavye ruri hasi.

    Umugambwe Prosperity Party watsindiye intebe 438 ku 501 zariko zirahiganirwa, ukaba ari wo ugiye gushinga reta nshasha. Vyitezwe kandi ko Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed azorahirira ikindi kiringo mu ntango za Gitugutu (10).

    Iyi ntsinzi ni inkuru nziza ku bamushigikiye. Bizeye ko azobandanya guteza imbere urugero rw’ubutunzi igihugu cashitseko ku ntwaro yiwe.

    Ariko abandi batinya ko ugucanamwo imbere mu gihugu hamwe n’ingorane z’umutekano iki gihugu ca kabiri muri Afrika gifise abanyagihugu benshi kirimwo, bishobora kurushiriza kwunyura ibintu hamwe Abiy yoguma ku butegetsi.

    Uyu munyapolitike w’imyaka 49 yashitse ku butegetsi mu 2018, inyuma y’imyiyerekano yarwanya reta. Mu ntango yarashimagijwe kubera umugambi yari afise wo gusubiza hamwe Abanya Ethiopia no gutorera inyishu ingorane y’amacakubiri yari yasinzikaje igihugu – n’ubwo yahavuye arakaza abanyapolitike bo mu karere ka Tigray, kari kamaze imyaka irenga 20 kiganje muri reta.

    Umwaka umwe gusa inyuma y’aho, yararonse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, ahanini kubera uruhara yagize mu guhagarika intambara hagati ya Ethiopia n’igihugu kibanyi ca Eritrea.

    Ariko abahinga mu vy’umutekano bavuga ko igihugu gishobora kuba kiriko cerekeza mu ntambara, mu gihe imigumuko yitwaje ibirwanisho ibandanya guhitana abantu no guteza umutekano muke mu turere twa Amhara na Oromia, kandi ata n’ikimenyetso cerekana ko izohagarara vuba.

    Ku munsi w’amatora, ibibanza 143 vyo gutoreramwo ntivyashoboye kwugurura muri utwo turere tubiri dufise abanyagihugu benshi kuruta utundi, kubera impungenge z’umutekano zatewe n’imirwi yitwaje ibirwanisho irwanya reta.

    Imirwi ya Fano yo muri Amhara hamwe na Oromo Liberation Army (OLA), ubujijwe n’amategeko muri Oromia, yose yipfuza ubwigenge budasanzwe mu bijanye no kurongora uturere twayo, yariyamirije ayo matora n’ivyayavuyemwo.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.