'Nta kamaro' ko guhura na Zelensky kugira intambara ihagarare muri Ukraine - Putin

    • Umwanditsi, Dan Sales
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko ata kamaro abona ko kubonana na Volodymyr Zelensky inyuma y'uko uno mukuru w'igihugu ca Ukraine amusavye ko bobonana amaso mu yandi mu biganiro vyo kurangiza intambara hagati y'ibi bihugu bibiri.

Ku wa kane, Zelensky yarungikiye ikete Putin, amusaba ibiganiro bitaziguye, aho yanditse ko ari "ikosa kuguma turindiriye gusa" ko intambara iyi ntambara yatangujwe n'igitero c'Uburusiya kuri Ukraine mu 2022, yosubira kuba ikintu Amerika yitaho cane.

Umukuru w'igihugu ca Ukraine yasavye kandi ko haba ihagarikwa ry'intambara, ariko kandi mu mvugo yo kwerekana akagagazo mbere rimwe na rimwe ko atagugumwa.

Putin yavuze ko iryo kete "ritarimwo urupfasoni", aca yanka uno mubonano, ashimangira ko hakwiye kubanza kuba ibiganiro vy'amahoro imbere y'uguhagarika intambara.

"Ubu nta kamaro ndabibonamwo", ni ko yavuze igihe yabazwa nimba yokwemera ivyo Zelensky yamusavye, hari mw'ijambo yariko arashikiriza mu nama y'umwaka y'ubutunzi y'Uburusiya yabereye mu gisagara ca St Petersburg ejo ku wa gatanu.

"Ubwo ubu bwari uburyo bwo gutegura inzira yo kubonana amaso mu yandi canke bwari uburyo bwo kuzibiria inzira yo kubonana amaso mu yandi? Nibaza ko ari iki ca kabiri."

Inyuma yo kwumva inyishu ya Putin, Zelensky yavuze ko Uburusiya "bwasubiye guhitamwo intambara".

Yanditse kuri Telegram ati: "Nta gushaka afise kwo kurangiza intambara. Nibaza ko abantu benshi kw'isi batanezerejwe n'iyi nyishu."

Mu majambo yavuze kuri iri kete rya Zelensky, Putin yongeye gusubiramwo ivyo asanzwe avuga ko agahengwe ata kindi kozana atari uguha akaryo Ukraine ko gusubira kwisuganya, mu gihe ivyo Moscou isaba i Kyiv bitarashikwako.

Ati: "Ikintu conyene Ukraine irondera ni uguhagarika ingabo zacu ngo ntizibandanye zitera intambwe. Ariko dukeneye amasezerano—atari ay'amezi atandatu canke atatu gusa, ahubwo ay'igihe kirekire".

Yongeye ati: "Reka abahinga batangure bakore maze bazane inyishu zimwezimwe. Inyuma y'aho, turashobora kubonana".

Putin avuga ko azohagarika intambara gusa igihe Uburusiya buzoba bushitse ku ntego yabwo.

"Intambara izorangira umunsi umwe, turavyizera. Nta gukekeranya, izorangira igihe tuzoba tumaze gushika ku ntego twihaye."

Ikintu Uburusiya burondera kuva kera ni uko Ukraine yova mu ntara za Donetsk, Luhansk, Kherson na Zaporizhzhia, igahagarika n'umugambi wo kwinjira muri OTAN/NATO.

Ariko Kyiv ntiyerekwa ivyo guheba ubutaka na bumwe, ikavuga ko kwemera ivyo Moscou isaba kwoba ari ukuyiha impigi yo kuzosubira gutera muri kazoza, akavuga kandi ko igitero cabwo ceruye cabaye inyuma y'imyaka umunani Uburusiya bwihagiye akarere ka Crimea.

Mw'ikete ryiwe, Zelensky yavuze ko "inyuma y'imyaka 26 [Putin] ari ku butegetsi, imyaka itanguye kumuremera" , anibutsa n'ibitero biherutse gukorwa na Ukraine ku butaka bw'Uburusiya - harimwo n'icabereye i St Petersburg ku wa kane yavuze ko yari "indamukanyo".

Putin yavuze ko iryo kete ririmwo "amajambo amwe amwe atabereye na gato".

Ibiri muri iri kete rya Zelensky vyari vyatumye bamwe bizigira ko hashobora kuba amahoro, harimwo n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika.

Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko "vyoba ari vyiza cane" ari nka hamwe aba bategetsi babiri bohura.

Ku wa gatanu, Ukraine yavuze ko yarashe amato atanu yari atwaye imizigo itemewe mu kiyaga ca Azov no mu mazi yegereye uturere twigaruriwe n'Uburusiya.

Robert Brovdi, umukuru w'igisirikare ca Ukraine gikoresha za ndege zitajamwo abadereva (amadrone), yavuze ko ayo mato yari afise uruhara mu "kwiba" intete za Ukraine, hamwe no gutwara igitoro n'ibikoresho vya gisirikare.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu bwa Azerbaijani bwavuze ko abantu batanu bishwe mu bitero vyakozwe ku mato abiri muri ico kiyaga ca Azov. Ntibwavuze uwakoze ivyo bitero, kandi bwavuze ko ayo mato atari ay'igihugu ca Azerbaijani.

Drone imwe ya Ukraine yaraturitse ku kivuko ca Constanta kiri ku kiyaga cirabura muri Romania. Abayikoresha bavuga ko yataye inzira kubera yinjiriwe n'ubuhinga bwa elektroniki bw'Uburusiya.

Hagati aho, impande zompi zirabandanya zirasana, aho Ukraine yatangaje ko abanyagihugu bayo 13 bishwe abandi 70 nabo barakomereka mu rukurikirane rw'ibitero vy'Uburusiya ku musi w'ejo ku wa gatanu.

Ni mu gihe Uburusiya nabwo buvuga ko gushika uno mwanya amadrone 141 ya Ukraine amaze gukororerwa mu kirere c'intara ya Leningrad, nk'uko buramatari wayo abivugsa. Avuga ko ibisigarira vyayo vyakorokeye mu turere twa Luzhsky, Volosovsky, na Lomonosovsky.

Nayo mu gisagara ca St. Petersburg, umukuru waco Alexander Beglov yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Telegram avuga ko "mu gatondo ko kuri uno wa 6 Ruheshi (6), St. Petersburg yatewe n'indege nyinshi za gisirikare zitajamwo abadereva", yongera asaba ababa muri ico gisagara "kuguma mu mazu yabo ntibasohoke".