IKIBIRIRAHO, N'imiburiburi abantu 132 bahitanywe na nyamugigima ya mbere ikomeye yaraye ikubise Colombia inyuma y'imyaka itari mike

Nibura abantu 132 bamaze gupfa muri Colombia, reta ikaba yatangaje amategeko yo mu buhe bidasanzwe kubera nyamugigima iteye ubwoba yaraye ibaye muri iki gihugu inyuma y’imyaka itari mike.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Latifa Mutesi

  1. Trump avuga ko ryoba ari ‘ikosa rikomeye cane’ gukura Infantino ku burongozi bwa FIFA

    Perezida Donald Trump wa Amerika yahawe na Infanito agashimwe ka FIFA ktiriwe amahoro mu 2025.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump wa Amerika yahawe na Infanito agashimwe ka FIFA ktiriwe amahoro mu 2025

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ryoba ari “ikosa rikomeye cane” mu gihe umukuru wa FIFA, Gianni Infantino, yokurwa ku mabanga yiwe bivuye ku gitsure ariko araterwa.

    Trump avuze aya majambo inyuma y’uko amashirahamwe y’umupira w’amaguru UEFA rya Bulaya, CONCACAF yo muri Amerrika y’uburaruko, hagati no mu mazinga ya Karayibe, hamwe na AFC ryo muri Aziya (AFC), arungikiye urwandiko rwagiriza Infantino kuba yaratakaje ubwizigirwa “biciye mu bubeshi” mu mugambi wiwe wahagaze wo kugurisha imitahe y’ihiganwa ry’igikombe c’isi n’ayandi mahiganwa, umugambwi uzwi nka FIFA Forward Enterprise (FFE).

    Uno mugambi wa FFE wari ugamije gushinga ikompanyi nshasha yohawe uburenganzira bwo kudandaza no kugurisha amatike y’amahiganwa yose ya FIFA, harimwo n’Igikombe c’Isi. Mu mugambi wari utegekanijwe, ibice 21 kw’ijana vy’iryo shirahamwe vyari kugurishwa ku makompanyi y’abigenga.

    Ni bwo bwa mbere Trump avuze ku mugaragaro ashigikira Infantino kuva ku wa 28 Mukakaro, igihe uno mugambi wa FFE wamenyekana.

    Aciye ku mbuga nyagiro, Trump yanditse ati: “FIFA yoba ikoze ikosa rikomeye cane ari nka hamwe, ku mvo iyo ari yo yose, yohava iniyumvira gusubiriza perezida Gianni Infantino.

    “Ni indongozi idasanzwe, aherutse kurongora ihiganwa ry’Igikombe c’Isi cagenze neza kurusha ibindi vyose bimaze kubaho, ku rugero rwikuvye kane. Ni yahava, ntiryosubira kugenda neza canke ngo ritange akarusho”.

    Ihiganwa ry’Igikombe c’Isi co mu 2026 ryatunganirijwe hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique, Espagne ikaba yatahukanye igikombe itsinze Argentine mu rukino rwa nyuma.

    Infantino afitaniye ubucuti bwa hafi na Trump, kandi muri Kigarama (12) 2025 yamuhaye agashimwe ka FIFA kitiriwe amahoro kazwi nka, FIFA Peace Prize, agashimwe katanzwe ku ncuro ya mbere.

    Igihe yavuga ubwa mbere ku mugambi wa FFE ku wa 31 Mukakaro, Trump yavuze ko atari bwavugane na Infantino kuri uwo mugambi.

    Ikompanyi Thrive Eternal ni yo yari itegekanijwe kurongora umurwi w’abanyamitahe bifuza gushira imitahe muri FFE.

    Thrive ni ikompanyi yo muri Amerika, yashinzwe na Joshua Kushner avukana na Jared Kushner, umukwe wa Donald Trump.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Indege yo muri Canada yahagaritse urugendo nyuma y’uko umwana yanze kwambara umukandara

    Indege ya Porter

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Icyemezo cyo guhagarika urugendo rw'indege muri Canada nyuma y'uko umwana yanze kwambara umukandara cyongeye gukurura impaka ku myitwarire y'abana mu ndege ndetse n'uburyo amabwiriza y'umutekano akwiye kubahirizwa.

    Indege ya sosiyete Porter Airlines, yari igiye kuva i Victoria yerekeza i Toronto ku wa 6 Kanama (8), byabaye ngombwa ko isubira aho abagenzi binjirira, nyuma y’uko umwana muto yanze kwambara umukandara, agakomeza no guhagarara ku intebe ye, nk’uko iyi sosiyete y’indege yabitangaje.

    Gutinda kw’indege byatumye itabasha guhaguruka mbere y’uko umuhanda w’indege ufungwa nyuma ya saa sita z’ijoro, bituma abagenzi bimurirwa mu yindi ndege yari gutwara abagenzi ku munsi ukurikiyeho.

    Ibi byatumye abantu bagira ibitekerezo bitandukanye ku buryo abana bakwiye gufatwa mu bihe nk’ibi ndetse n’uko sosiyete z’indege zikwiye kubyitwaramo.

    Ku bijyanye n’imyitwarire y’uwo mwana, ‘Porter Airlines’ yavuze ko umubyeyi wari kumwe na we ndetse n’abakozi b’indege bagerageje kumwumvisha kwambara umukandara, ariko ntibyakunze.

    Iyi sosiyete yagize iti: "Indege ntiyashoboraga guhaguruka muri icyo gihe kuko byari biteje umutekano muke. Ni yo mpamvu abakozi bahisemo gusubira aho abagenzi binjirira, no gusaba uwo mwana n'umubyeyi we gusohoka bakava mu ndege."

    Lia Tuso, impuguke mu bijyanye n’umutekano w’abana mu ndege, yabwiye BBC ko abakozi ba Porter Airlines bafashe icyemezo cyo guhagarika urugendo mu rwego rwo kurinda umutekano w’abagenzi bose ndetse n’uwo mwana.

    Iki kibazo cyatumye kuri ‘internet’ hatangira impaka ku rwego sosiyete z’indege zikwiye kwihanganiraho imiryango igendana n’abana, ndetse n’urwego ababyeyi bakwiye kugeraho mu guhatira abana kubahiriza amabwiriza y’indege.

    Bamwe bavuze ko ibi ari urugero rw’ibishobora kubaho iyo ababyeyi borohera abana babo birenze urugero.

    Ariko abandi bagaragaje ko hari igihe abana bagira ubwoba bwo kugenda mu ndege, bityo imyitwarire nk'iyi ikaba idaterwa no gushaka guteza akavuyo ahubwo ikaba iterwa n’ubwoba.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Ubuzima bukomeje guhenda muri Nigeria mu gihe amatora yegereje

    Abaturage bagararagara basunika imifuka myinshi iri ku ingorofani

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Grace Adama, ukorera umuryango utegamiye kuri leta ukora mu rwego rw'ubuzima muri Nigeria, avuga ko umushahara we w’ukwezi w’ama - naira 135.000, wikuba kabiri k'umushahara fatizo wemewe muri icyo gihugu, utakimutunze bitewe n’izamuka rikabije ry’ibiciro rikomeje kugabanya ubushobozi bw’imiryango bwo kwihaza mu mibereho ya buri munsi.

    Yabwiye Reuters ati: “Iyo mpembwe uyu munsi, umushahara wanjye umara icyumweru kimwe gusa. Iyo urebye ikiguzi cy’ubuzima, ubukode bw’inzu, umuriro w’amashanyarazi n’ibindi byose, ibiciro byarazamutse.”

    Mu myaka itatu ishize, imibereho y'abaturage benshi muri Nigeria, igihugu cya mbere cya Afurika mu kohereza peteroli hanze, yarushijeho kuzahara nyuma y'uko leta ya Perezida Bola Tinubu ishyize mu bikorwa ivugurura rikomeye ry'ubukungu, ririmo gukuraho nkunganire ya leta ku biciro bya lisansi, guta agaciro kw’ifaranga rya naira ndetse no Kugabanya nkunganire yatangwaga ku mashanyarazi.

    Leta n'abashoramari bavuga ko izi ngamba zari ngombwa kugira ngo igihugu kive mu bibazo bikomeye by'ubukungu cyari cyugarijwe na byo kandi ko inyungu zabyo zizagaragara mu gihe kirekire kiri imbere.

    Na none, Ibiciro bya lisansi na byo byazamutse inshuro zigera kuri esheshatu nyuma y'ivanwaho rya nkunganire, hakiyongeraho guta agaciro kw’ifaranga rya naira ndetse n'izamuka ry'ibiciro bya peteroli ku isoko mpuzamahanga.

    Banki y'Isi ivuga ko abantu barenga kimwe cya kabiri cy'abaturage ba Nigeria babayeho mu bukene mu mwaka ushize, bavuye hafi kuri 42% bari mu bukene mu mwaka wa 2022.

    Perezida Tinubu yasimbuye Muhammadu Buhari wari umaze imyaka umunani ku butegetsi. Muri icyo gihe, Buhari yashyizeho politiki zidasanzwe z'ubukungu zirimo, kubuza kwinjiza ibicuruzwa bimwe na bimwe mu mahanga mu rwego rwo guteza imbere inganda zo mu gihugu, kugenzura cyane ivunjisha ry'amafaranga ndetse no gutanga nkunganire nyinshi kuri lisansi.

    Nubwo ibyo byari bigamije guteza imbere ubukungu bw'imbere mu gihugu, byateje ibibazo birimo, ibura ry’ibicuruzwa bimwe byatumizwaga mu mahanga bituma kubona amadovizecyangwa kubona amafaranga yinjira avuye hanze y'igihugu bigorana.

    Guverinoma ya Tinubu ariko ivuga ko ivugurura ry’ubukungu yatangije ritangiye gutanga umusaruro aho yerekana ko, isoko ry'imigabane rya Nigeria ryazamutse hafi 60% muri uyu mwaka, bimwe mu bikorwa bya peteroli byeguriwe ibigo by'imbere mu gihugu, ndetse n’uruganda runini rutunganya peteroli rwa Dangote Refinery, rushobora gutunganya utugunguru 650,000 ku munsi.

    Nubwo guverinoma ivuga ko izi mpinduka zizafasha ubukungu mu gihe kirekire, abaturage benshi bo bakomeje guhura n’izamuka rikabije ry’ibiciro by’ibintu bya ngombwa ndetse n’ubuzima bugenda burushaho guhenda.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Trump yavuye mu nama ya OTAN ahunga Irani mu kwezi guheze – ibinyamakuru vya Amerika

    Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ibinyamakuru vyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko bitangaza ko Perezida Donald Trump yavuye mu nama ya OTAN/NATO yabereye muri Turukiya mu kwezi guheze mu ndege ya gisirikare yo mw’ibanga, mu gihe Maison Blanche/White House (ibiro vya Perezida wa Amerika) yoyo yari yatangaje ko yari mu ndege irerura umukuru w’igihugu, izwi nka Air Force One.

    Muri aya mayeri adasanzwe yatanguye kumenyekana biciye mu kinyamakuru The Washington Post, hanyuma The New York Times na yo ikavyandika, bivugwa ko Perezida Trump yanyegejwe mu modoka isanzwe itwara imfungurwa, imuvana kuri Air Force One imutwara kuri iyo ndege yindi.

    Mu nyuma, yavuye muri Turukiya aja mu Bwongereza imbere yo gufata inzira imusubiza muri Amerika.

    Bivugwa ko iyi ngingo yafashwe kubera amakuru yavuga ko hari umugambi wa Irani wo kumugandagura.

  5. Batandatu baraye bishwe mu gitero c’Uburusiya i Zaporizhzhia muri Ukraine

    Imodoka iriko irasha

    Ahavuye isanamu, @ivan_fedorov_zp

    Igisirikare c’Uburusiya caraye kigavye ibitero vy’urusukirane rw’ibibombe ntahusha n’ibisasu vya misire ku gisagara ca Zaporizhzhia, vyahitanye abantu nibura batandatu bamaze kumenyekana, nk’uko bitangazwa n’umukuru w’ingabo zidasanzwe muri iyo ntara, Ivan Fedorov.

    Yanditse ku rubuga rwa Telegram ati: "Amazu y’uburaro n’ayandi atabamwo abantu yabomaguritse, umuyagankuba uracika, mbere hanaduka n’imiriro”.

    Mu nyuma yavuze ko n’ibigo vy’amahinguriro vyatewe, co kimwe n’ibindi bikorwa remezo.

    Eka n’umugwa mukuru Kyiv na wo nyene ntiwasigaye inyuma, aho igisata c’igihugu kijejwe ubutabazi kivuga ko umuntu umwe yakomeretse mu gitero c’ibisasu vya misire za balistique caraye gikozwe n’Uburusiya.

    Ku rundi ruhande, buramatari w’intara ya Voronezh mu Burusiya, Alexander Gusev, atangaza ko indege 15 zitajamwo abadereva (drone) zateye uturere dutanu tw’iyo ntara, umuntu umwe akaba yapfuye abandi babiri barakomereka mu karere ka Novousmansky .

    Avuga kandi ko hari ikigo gikomeye c’ububiko catewe n’amadrone yateje umuriro ku nyubakwa zibiri ariko akaba atavuze ic’ari co. gusa, igisata kijejwe kumenyesha amakuru mw’ikompanyi Wildberries kimenyesha ko imodoka zijejwe kwunguruza ibintu yimuwe ku mvo z’umutekano.

    Ni mu gihe umukuru wa Moscou, umugwa mukuru w’Uburusiya na we atangaza ko amadrone arenga 200 yateye iki gisagara.

    Sergei Sobyanin yanditse kuri Telegram ati: "Hagati y’isaha zibiri z’ijoro z’ejo ku wa 10 Myandagaro [8] n’isaha zibiri n’igice z’aka gatondo ko ku wa 11 Myandagaro, indege zitajamwo abadereva 237 zari mu kirere zerekeza mu ntara ya Moscou”.

    Nk’uko abivuga, ayo madrone hafi yose yakorowe “akiri kure”, ariko ko 13 n’atatu muri yo yakorowe mu gihe yari yegereje Moscou.

    Ni mu gihe kandi ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya buvuga ko “bwasamye bugasamburira mu kirere” amadrone 396 ya Ukraine hejuru y’intara 15.

    Igisirikare ca Ukraine ntaco kiratangaza kuri ibi bitero ku ntara z’Uburusiya.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri YouTube kuri BBC News Gahuza

  6. Turimo gukurikirana icyorezo cya Ebola, ariko kituri imbere cyane - WHO iraburira

    Ifoto igaragaza umukozi w'ubuzima uri kwambikwa ibikoresho bimurinda kwandura

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abakozi b'ubuzima bagomba kurindwa byuzuye, kuko virusi ishobora kwandura binyuze mu gukora ku matembabuzi y'umubiri w'uwanduye.

    Icyorezo giheruka cya Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo cyatangiye nibura amezi atatu mbere y'uko gitangazwa ku mugaragaro, bikaba bivuze ko inzego z'ubuzima zigikomeje kugerageza kugihashya, nk'uko Ishami ry'Umuryango w'Abibumbye ryita ku Buzima (OMS/WHO) ryabiburiye.

    Kuva icyo cyorezo cyatangazwa ku wa 15 Gicurasi (5), abantu barenga 1,900 bamaze guhitanwa na Ebola, bituma kiba icyorezo cya kabiri cyahitanye abantu benshi kurusha ibindi byose byabayeho.

    Umubare w’abandura uracyari hejuru, bikaba bitera impungenge ko inzego z’ubuzima zitarabasha kugenzura neza ikwirakwira ry’iyi ndwara.

    Iki cyorezo cyatewe n'ubwoko bwa Ebola buzwi nka Bundibugyo kandi, cyibasiye cyane uburasirazuba bwa RDC, aho umutekano muke wakomye mu nkokora ibikorwa byo kukirwanya.

    Ikindi kibazo ni uko nta rukingo rwemewe cyangwa imiti yemejwe ivura ubu bwoko bwa Ebola bwa Bundibugyo, ibituma kuyivura birushaho kugorana.

    Mu kiganiro n'abanyamakuru cyabereye mu mujyi wa Bunia, ari na wo uri ku isonga ry’iki cyorezo umuyobozi wa OMS muri Afurika, Dr Mohamed Janabi, yagize ati: "Turimo gukurikirana virusi, ariko yo iri iri imbere yacu cyane."

    Dr Janabi yavuze ko ubushakashatsi bwerekana ko virusi yatangiye gukwirakwira muri Gashyantare (2), ariko ko mu ntangiriro yafatwaga nk'indwara ya malaria cyangwa ‘typhoid’.

    Dr Janabi yongeyeho ko kubera ikibazo cy'umutekano muke, abakozi b’ubuzima bagera kuri 30% gusa by’abantu banduye, mu gihe abandi benshi bapfira mu ngo zabo batabonye ubuvuzi.

    Imigenzo gakondo/imihango gakondo yo gushyingura ikubiyemo gukora k’umurambo, hamwe no kutizera inzego z'ubuzima mu bice bimwe na bimwe, nabyo byatumye kurwanya iki cyorezo birushaho kugorana.

    Nubwo bimeze bityo, ubu hamaze gushyirwaho ibigo byinshi byihariye byo kuvura Ebola mu burasirazuba bwa RDC, kandi abantu barimo gusuzumwa no kumenyekana ko banduye mu gihe gito ugereranyije na mbere.

    Nk'uko Minisiteri y'Ubuzima ya RDC ibitangaza, hamaze kwemezwa ko abantu 4,294 banduye Ebola, naho 1,960 bamaze guhitanwa nayo.

    Icyorezo gikomeye cyane cya Ebola cyigeze kubaho ni icyabaye muri Afurika y'Iburengerazuba hagati ya 2014 na 2016, cyahitanye abantu 11,325 /ubwo abantu 11,325 bapfaga.

    Izindi nkuru wasoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri YouTube kuri BBC News Gahuza

  7. N'imiburiburi abantu 132 bahitanywe na nyamugigima ya mbere ikomeye yaraye ikubise Colombia inyuma y'imyaka itari mike

    Amazu atari make yabomaguritse mu gisagara ca Cali

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Amazu atari make yabomaguritse mu gisagara ca Cali

    Abajejwe ubutabazi bariko bararondera abarokotse inyuma ya nyamugigima (umutingito) ikomeye yaraye ibaye mu burengero bwa Colombia, igahitana abantu barenga ijana na mirongo itatu ibitari bike bikahononekarira.

    Iyo nyamugigima ipima 7.4 mu bipimo vya Richter yatanguriye mu ntara yitwa Chocó, hagati y’ibisagara vya Medellín na Cali.

    Igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera kubera hari ubwoba ko hari abakizibiriwe mu bihomoka vy’amazu.

    Ku mugwa mukuru Bogotá, ibiti n’amatara yo ku mabarabara vyagigimvye cane kubera iyi nyamugigima, ariko hakaba ata vyononekaye cane muri iki gisagara.

    Iyi nyamugigima yumvikanye kandi no mu turere twa kure, harimwo no mu bihugu bibanyi vya Venezuela, Equateur na Panama.

    Insiguro ya video, Raba ingene vyari bimeze igihe iyi nyamugigima rutura yaba muri Colombia, amazu ariko arasenyagurika

    Perezida Abelardo de la Espriella w’ico gihugu – akaba yarahiriye aya mabanga ku wa gatanu - yatangaje amategeko yo mu gihe kidasanzwe.

    Intara ya Risaralda izwi cane mu kwimbura ikawa ni yo isa n’iyabangamiwe bikomeye kurusha utundi turere, aho umugwa mukuru wayo Pereira wababaye cane, amazu atari make akaba yasenyaguritse.

    Iyi nyamugigima ya Colombia ibaye inyuma y’amezi atarenga abiri nyamugigima zibiri rutura zikubise igihugu kibanyi ca Venezuela, zigahitana abantu barenga ibihumbi bitandatu n’ijana.

    Ikarata ya Colombia
  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.