Arabie Saoudite : Ibitero vy'aba Houthi vyahagaritse ibikorwa ku bigo bimwebimwe vy'amasoko ntanganguvu

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi ba Arabie Saoudite bavuga ko ibitero vy’indege zitajamwo abadereva hamwe na misile vyagabwe n’aba Houthi bo muri Yemen vyatumye ibikorwa bihagarara ku mahinguriro amwe amwe y’amasoko ntanganguvu muri ico gihugu.
Abo bategetsi bavuga ko abantu barenga 70 bakomeretse mu bitero vyagabwe mu bibanza bitandukanye. Haratewe ikambi y’indege za gisirikare ya King Khalid, ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Abha hamwe n’ibigo vy’ishirahamwe rya Leta Aramco, ricukura rikanacuruza ibitoro, biri mu bisagara vya Abha na Jizan.Bimwe muri ivyo bibanza haradutse n’imiriro.
Urunani rw’ibihugu rurongowe na Arabie Saoudite , ruriko rurwanya aba Houthi muri Yemen, rwavuze ko ruzokwishura bikomeye kuri ivyo bitero.
Ivyo bibaye inyuma y’imisi itari mike y’intambara ikomeye muri Yemen.
Aba Houthi bari baherutse kuvuga ko barashe indege zitajamwo abadereva hamwe na misile nyinshi ku bibanza vy’ubutunzi n’ivya gisirikare muri Arabie Saoudite .
Bavuga ko ivyo bitero babigavye mu kwishura ibitero birenga 120 bavuga ko Arabie Saoudite yari imaze kugaba muri Yemen mu misi itatu gusa.
Aba Houthi bagenzura igice kinini co mu buraruko bwa Yemen, harimwo n’uturere tubamwo abantu benshi. Bamaze igihe bagaba ibitero kuri Arabie Saoudite .
Kuva muri Mukakaro(7), aho batangariza ko babujije ubwato guca mu gice c’amazi yo mu Kiyaga Gitukura, barateye kandi ubwato bwo muri Arabie Saoudite.
Izindi nkuru wosoma:





