'Turi mu bwoba, bamwe batubwira ngo barindiriye umunsi babirye kuri gusa'-umurundi atembereza ibicuruzwa i Nairobi

- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
- Yakoze inkuru ari, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Abarundi batembereza ibicuruzwa muri Kenya bavuga ko bafise ubwoba kuva umukuru w'ico gihugu ategetse ko ata munyamahanga yosubira gukorora ubucuruzi buciriritse canke gutembereza ibicuruzwa mw'ibarabara.
Mu nama n'abagwizatunga b'ibigo bitobito n'ibibayabaye ku wa gatatu, Prezida William Ruto yababwiye ko hari ubucuruzi butemerewe abanyamahanga.
Perezida Ruto yirinze kuvuga ibihugu abo banyamahanga bavamwo ariko yavuze ''ata wova mu Bushinwa canke ahandi'' ngo aze ''gutembereza ibicuruzwa canke kugirisha ibintu mu kabutike gatoya''
Mu banyamahanga batembereza ibicuruzwa muri Kenya canke bakora iyindi mirimo iciriritse harimwo abarundi batari bake.
''Aho turi turatekewe n'ubwoba kuva twumvise iyo nkuru perezida yaraye ashikirije'', nk'uko bivugwa n'mwe mu batembereza ikaranga (ibiyoba) na crisp mu karere ka Roysambu mu majaruguru y'igisagara ca Nairobi.
'' Akazi nyene ntigasubira kugenda neza. Aho uciye bagize utugwi-tugwi.
''Baguma bakubwira ngo tubirye ku buntu? Bamwe bagaca bakubwira ngo rindira itariki igere''.
Uwo musore avuga ko umunsi ushitse afise itike yoca asubira mu gihugu (mu Burundi).
N'ubwo yavuze ko hari integuro y'itegeko iri mbere y'inama nshimgamateka kugira rizotomore neza ubucuruzi butemerewe abanyamahanga, prezida Ruto yavuze ko batobanza kuririndira.
''Kuva ku ndwi iza, ku wa mbere, muzindukire ubwo bucuruzi'', niko perezida Ruto yabwiye abari mu nama, aca yongerako ati ''abo bacuruzi bato bato bugare''.
Prezida Ruto yavuze ko abanyamahanga bakeneye ari abazana imitahe minini, atari abaza gutembereza ibicuruzwa mw'ibarabara canke abashinga utubutike.
Gusa muri iyo nama, umukuru wa Kenya ntiyavuze ibutike nto uko ingana canke abanyamahanga bazifise uko bangana.
Umukuru w'ishirahamwe ry'abarundi baba muri Kenya Alexis Ntinanirwa avuga ko atashimye iyo ngingo y'umukuru w'igihugu ariko agasaba abarundi gutenyenya.
''Iyo ngingo ntigiye guteza ikibazo muri Kenya gusa, abarundi bakora muri Kenya gusa, ahubwo igiye guteza ikibazo no mu karere'', niko Ntinanirwa avuga.
''Kuko hariho n'abaKenya basanzwe bakora ubwo buzi butobuto mu bihugu vyacu, mu Burundi, muri Tanzania, muri Uganda''.

Ariko uwo atwara ishirahamwe ry'abarundi baba muri Kenya asaba abasanzwe bakora ubwo bucuruzi bubayabaye gutenyenya ntibakore ivyotuma bisuka mu maboko y'igiporisi.
'Iyo ingingo ifashwe ikintu ca mbere ni uguhanura abarundi basanzwe bakora utwo turimo, utwo tu business duciriritse, babanze batenyenye…
''Ko ku munsi wa mbere ata muntu yotimba ngo agende mw'ibarabara gukora ivyo yahora akora, kugira ntibazohave basanga barenze amategeko bisange igiporisi kiriko kirabafata''.
Ntinanirwa avuga ko nk'indongozi bazobandanya gukurikirana ico kibazo akizera ko kizotora inyishu.
Ivyo prezida Kenya yashikirije bije mu gihe hari hari umwitwarariko uturutse ku rwanko rw'abanyamahanga ahandi muri Afrika.
Uyu mwaka muri Afrika y'Epfo harabaye imyiyerekano yo gusaba ko hirikanwa abimukira batagira ivya ngombwa, abanyafrica bashika baharugwa mu bihumbi bakaba baciye bahitamwo gutaha inyuma yo kuvuga ko baterwa ubwoba kandi bagahohoterwa.










