Abategetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bavuga ko abantu 19
bashasha batowe umugera wa Ebola, bituma igitigiri c'abamaze kwemezwa ko
bawanduye gishika ku 282, harimwo 42 bamaze gupfa.
Mw’itangazo yashize ahabona kuri uwu w’Imana, umushikiranganji wa RD
Congo ajejwe amagara yavuze ko abantu 264 muri abo banduye batowe mu ntara yonyene
ya Ituri, ari na yo iki kiza catanguriyemwo, mu gihe intara za Kivu ya Ruguru
na Kivu y'Epfo zatowemwo abantu 15 na 3 banduye.
Muri rusangi, abantu barenga 1100 bakekwa ko banduye Ebola baracariko
barasuzumwa banapimwa haba muri RD Congo no muri Uganda, nk'uko Umuyobozi
Mukuru w'ikigo co ku mugabane wa Afrika kijejwe kugenzura no gukinga indwara (Africa
CDC), Dr Jean Kaseya, yabishikirije ku w’Imana mu kinyamakuru The Financial
Times.
Yemeje ko hari akaga k’uko uwo mugera ushobora kurandagata mu bindi bihugu vyo mu karere.
Yagize ati: “Dutegerezwa gukora vyihuta nk'uko iki kiza kiriko
kirakwiragira.”
Yashimangiye kandi akamaro k'uko amakungu yotanga ubufasha ariko bwisunga
integuro n’imikenyuro vyo kurwanya ico kiza vyashizweho n’ibihugu vya Afrika.
Hagati aho, abantu batanu banduye Ebola muri Ituri baramaze gukontororwa
barataha, inyuma yo gukira neza iyo ndwara.
Kuri uwu w’Imana, abakozi bane bo kwa muganga bari banduye Ebola igihe
bariko bitaho abarwayi bayo, barashikirijwe n'Umuyobozi Mukuru w'Ishirahamwe
Mpuzamakungu OMS ryitaho Amagara y'Abantu, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, impapuro
zemeza ko bakize.
Uwundi muntu umwe yakize yari yakontorowe imisi mike imbere y’aho.
Hambavu y'ivyo, abantu babiri bari mu kibanza bataramuriwemwo muri Brésil inyuma yo gushikayo bavuye muri RD
Congo no muri Uganda, aho ubwoko bw’umugera wa Ebola buzwi nka Bundibugyo
buriko burakwiragira.
Umwe muri bo yasanze atanduye uwo mugera, mu gihe uwundi agisuzumwa.
Abategetsi ba RD Congo na OMS basaba abanyagihugu gukurikiza, ata guca
ku ruhande, ingingo zo kwikingira Ebola, cane cane izijanye no guhamba abapfuye
mu buryo bukurikije amabwirizwa y'amagara y'abantu.