IKIBIRIRAHO, Iran na Amerika ziratangaza ko zagabye 'ibitero byo kwirwanaho' bishya mu kigobe cy'Abarabu
Amerika yavuze ko yagabye igitero ku birindiro bya gisirikare bya Iran mu mpera z'icyumweru gishize, mu gihe Tehran yavuze ko nayo yasubije igitero ku birindiro bya Amerika
Trump: Iran ishaka gushika ku masezerano, ibintu vyose bizorangira neza
Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Donald Trump avuga ko Iran niyashika ku masezerano ibintu bizorangira neza.
Perezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, mu butumwa bwa
nyuma yashize ku rubuga rwa X, yatangaje ko Iran yiteguriye gushika ku
masezerano.
Yanditse ati: "Iran irashaka cane gushika ku masezerano, kandi ayo
masezerano azoba meza kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no ku bihugu biri kumwe
natwe."
Yabandanije agira ati: " Ariko abo mu mugambwe w'aba Démocrates na
bamwe mu ba Républicains basa n'abadakunda igihugu ntibatahura ko iyo baguma batanga
ivyiyumviro bitabereye, bakama bavuga ko ntegerezwa gukora ningoga canke ngo nitonde,
ko ntegerezwa gutanguza intambara canke sindayitanguze, canke ibindi nk'ivyo,
bituma birushiriza kungora gukora akazi kanje neza no kuganira?"
Kenya: Habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa US wo kwubaka ikigo ca Ebola
Ahavuye isanamu, Social media
Insiguro y'isanamu, Abaturage bari hafi y'ikimodoka ca gisirikare ca Kenya i Laikipia barimwo mu myiyerekano kuri uyu wa mbere
Bamwe mu banyagihugu bo muri Kenya bahuriye mu gisagara ca Nanyuki, mu
ntara ya Laikipia iri hagati muri Kenya, mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi
wa Reta zunze Ubumwe za Amerika wo kwubaka aho hantu ikigo kizotaramurirwamwo Abanyamerika banduye Ebola canke bikekwa ko
begereye abayirwaye.
Abantu amajana ni bo bagaragaye muri iyo myiyerekano yabereye nko ku birometero
umunani uvuye ku kigo c’ingabo za Kenya zo mu kirere muri Laikipia, ari na ho hategekanijwe
kwubakwa ico kigo.
Mu ndwi iheze, sentare yo muri Kenya yarahagaritse ibikorwa vyo kwubaka
ico kigo mu gihe irindiriye kuburanisha urubanza rwashingishijwe n'abaharanira
ko uwo mugambi ufutwa.
N’ubwo biri uko, ibinyamakuru vyo muri Kenya vyatangaje ko ejo k'uwa Mungu indege zibiri za gisirikare za Amerika zashikanye ku kibuga c’indege ca
Laikipia abaganga b’abanyamerika hamwe n'ibikoresho vy'ubuvuzi.
Uwo mugambi wo kwubaka ikigo co gutaramuriramwo abarwaye Ebola warateye impari
zikomeye mu baganga n’abanyagihugu bo muri Kenya, igihugu gushika ubu kitarigera
gitorwamwo umurwayi wa Ebola.
Ahavuye isanamu, Erick Githui
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu mu myiyerekano mu gisagara ca Nanyuki hagati muri Kenya kuri uyu wa mbere
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa RD Congo ajejwe amagara yavuze ko abantu 264 ku 282 banduye batowe mu ntara yonyene ya Ituri.
Abategetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bavuga ko abantu 19
bashasha batowe umugera wa Ebola, bituma igitigiri c'abamaze kwemezwa ko
bawanduye gishika ku 282, harimwo 42 bamaze gupfa.
Mw’itangazo yashize ahabona kuri uwu w’Imana, umushikiranganji wa RD
Congo ajejwe amagara yavuze ko abantu 264 muri abo banduye batowe mu ntara yonyene
ya Ituri, ari na yo iki kiza catanguriyemwo, mu gihe intara za Kivu ya Ruguru
na Kivu y'Epfo zatowemwo abantu 15 na 3 banduye.
Muri rusangi, abantu barenga 1100 bakekwa ko banduye Ebola baracariko
barasuzumwa banapimwa haba muri RD Congo no muri Uganda, nk'uko Umuyobozi
Mukuru w'ikigo co ku mugabane wa Afrika kijejwe kugenzura no gukinga indwara (Africa
CDC), Dr Jean Kaseya, yabishikirije ku w’Imana mu kinyamakuru The Financial
Times.
Yemeje ko hari akaga k’uko uwo mugera ushobora kurandagata mu bindi bihugu vyo mu karere.
Yagize ati: “Dutegerezwa gukora vyihuta nk'uko iki kiza kiriko
kirakwiragira.”
Yashimangiye kandi akamaro k'uko amakungu yotanga ubufasha ariko bwisunga
integuro n’imikenyuro vyo kurwanya ico kiza vyashizweho n’ibihugu vya Afrika.
Kuri uwu w’Imana, abakozi bane bo kwa muganga bari banduye Ebola igihe
bariko bitaho abarwayi bayo, barashikirijwe n'Umuyobozi Mukuru w'Ishirahamwe
Mpuzamakungu OMS ryitaho Amagara y'Abantu, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, impapuro
zemeza ko bakize.
Uwundi muntu umwe yakize yari yakontorowe imisi mike imbere y’aho.
Hambavu y'ivyo, abantu babiri bari mu kibanza bataramuriwemwo muri Brésil inyuma yo gushikayo bavuye muri RD
Congo no muri Uganda, aho ubwoko bw’umugera wa Ebola buzwi nka Bundibugyo
buriko burakwiragira.
Umwe muri bo yasanze atanduye uwo mugera, mu gihe uwundi agisuzumwa.
Abategetsi ba RD Congo na OMS basaba abanyagihugu gukurikiza, ata guca
ku ruhande, ingingo zo kwikingira Ebola, cane cane izijanye no guhamba abapfuye
mu buryo bukurikije amabwirizwa y'amagara y'abantu.
Ivy'akakanya, Iran na Amerika ziratangaza ko zagabye ibitero bishya mu kigobe cyAbarabu
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umuhora wa Hormuz uracyari mu kaga mu gihe ibitero bikomeje nubwo hari ibiganiro byo guhagarika imirwano
Amerika yavuze ko yagabye igitero ku birindiro bya gisirikare bya Iran mu mpera z'icyumweru gishize, mu gihe Tehran yavuze ko nayo yasubije igitero ku birindiro bya Amerika, ibi bikaba ari ibitero bya gatatu bizwi mu cyumweru kimwe byagabwe ahantu hatandukanye mu gace ku muhora wa Hormuz.
Ubuyobozi bukuru mu bya gisirikare muri Amerika (Centcom) bwavuze ko bwagabye "ibitero byo kwirwanaho" mu rwego rwo gusubiza "ibikorwa by'ubugizi bwa nabi bya Iran", aho bwavuze ko harimo n'indege y'intambara ya Amerika ya drone yarashwe hejuru ya gace kamazi mpuzamahanga.
Hagati aho, umutwe w’ingabo za Iran zishinzwe impinduramatwara ya kisilamu (IRGC) wavuze ko wagabye igitero ku birindiro by’indege byakoreshejwe n’ingabo za Amerika mu kugaba igitero mu majyepfo ya Iran, ariko ntabwo wavuze aho byabereye.
Ni ikiganiro giheruka hagati y’impande zombi nyuma y’uko ibiganiro ku masezerano yo kurangiza intambara yabo yamaze amezi menshi bitagenze neza mu mpera z’icyumweru, aho ibitangazamakuru byo muri Amerika byatangaje ko Perezida Trump yasabye impinduka ku masezerano yayo.
Impinduka zijyanye n'umuhora wa Hormuz ndetse no kureka ikungahazwa rya uranium ikunzwe cyane, nk'uko igitangazamakuru gifatanya na BBC muri Amerika CBS News cyabitangaje. White House ntiyigeze isubiza icyifuzo cyo gutanga igitekerezo byayo kuri iyi ngingo.
Ku Cyumweru, umuyobozi mukuru w’ibiganiro muri Irani yavuze ko Tehran itazemera amasezerano ayo ari yo yose keretse uburenganzira bwa Iran bwubahirijwe mu buryo bwuzuye.
Igisirikare cya Amerika cyavuze ko kuwa Gatandatu no ku Cyumweru cyagabye "ibitero byo kwirwanaho kuri radar za Irani n'izigenzura indege za drone muri Goruk, n'ikirwa cya Qeshm".
RD Congo: Igitigiri c’abamaze gukira Ebola kigeze kuri batanu
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abo barwayi bane bararonse uruhusha rwo gusohoka ku mugaragaro mu gisagara ca Bunia, umurwa mukuru w'intara ya Ituri.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Repubulika ya Demokarasi ya
Kongo (RD Congo) bamenyesha ko abantu bane mu barwaye ingwara ya Ebola ubu bakize,
ivyatumye igitigiri c'abamaze gukira gishika kuri batanu.
Abo barwayi bane bararonse uruhusha rwo gusohoka ku mugaragaro mu
gisagara ca Bunia, umurwa mukuru w'intara ya Ituri.
Ibirori vyo kwemeza icese ugukira kwabo vyabereye ku bitaro vyitwa Centre
Médical Évangélique. Vyitabwe n'abategetsi bakuru bajejwe amagara bo muri RD Congo
hamwe na Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, Umuyobozi Mukuru w'Ishirahamwe
Mpuzamakungu ryitaho Amagara y'Abantu OMS.
Dr Tedros asanzwe ariko aragendera ako karere mu ntumbero yo kwirabira
ingene ibikorwa vyo kurwanya ico kiza biriko biragenda.
Abo bantu bane bakize, abagabo batatu n'umugore umwe, barashikirijwe impapuro
zemeza ko bakize neza inyuma yo kumara indwi zitari nke bariko baravurwa.
Abategetsi bajejwe amagara bavuga ko gukira kw’abo ari ikimenyetso
cerekana ko kubona iyo ndwara hakiri kare no gutangura kuyivura vyihuta
bishobora kwongerereza abarwayi amahirwe yo kurokoka.
Abo bane baheruka gukira bakurikiye uwabaye uwa mbere yakize muri iki
kiza mu ntango z'iyi ndwi. Uwo murwayi na we nyene yarakontorowe ava mu kigo
kivurirwamwo Ebola muri Ituri inyuma yo gukira neza.
Dr Richard Kitenge, umuganga wo mu Bushikiranganji bw’Amagara y'Abantu bwa
RD Congo, ajejwe gukurikirana ibikorwa vyo kurwanya Ebola mu buseruko bwa
Ituri, yavuze ko uwo murwayi yarekuwe ava mu kigo ca Rwampara kivurirwamwo
Ebola amaze gukira neza.
Iki kiza, giterwa n'ubwoko bw’umugera wa Ebola buzwi nka Bundibugyo,
kiriko kirakwiragira mu karere gasanzwe kabangamiwe n'intambara, ukwimurwa
kw'abanyagihugu mu kivunga hamwe n'ukubura uburyo bukwiye bwo kuvura.
Abategetsi bavuga ko ibikorwa vyo gukurikirana abanduye canke abakekwa
ko banduye, ivyo kurondera abo bahuye hamwe no gukangurira abanyagihugu
kwikingira bikibandanya, mu gihe kandi hariko hongerezwa umurindi mu kugerageza
guhagarika irandagata ry’ico kiza.
Abategetsi bajejwe amagara bavuga ko ibikorwa vyo kuvura no kurwanya Ebola
biriko biraguka bakizera ko n'abandi barwayi benshi bazokira mu minsi iri
imbere.
Israel yigaruriye ingoro ikomeye muri Libani mu gihe ibitero byo ku butaka bigikomeje
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Reuters
Igisirikare cya Israel kivuga ko cyafashe ingoro y'amateka ya Beaufort, igihome gikomeye mu majyepfo ya Libani
Igisirikare cya Israel cyigaruriye ahantu hakomeye ho mu majyepfo ya Libani, mu cyo Minisitiri w’Intebe Benjamin Netanyahu yavuze ko ari "impinduka zikomeye" mu gitero cyayo ku mutwe wa Hezbollah.
Ibi bibaye mu gihe ingabo zirwanira ku butaka zigenda zirushaho kwinjira mu gihugu cya Libani ziva aho zari zisanzwe ziherereye ku ruzi rwa Litani.
Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudage baneguye igikorwa cya Isreal cyo gukomeza kugaba ibitero muri Libani nyuma yaho ingabo za Israel (IDF) ziburira abaturage benshi kwimuka bava mu gace kanini k'amajyepfo ya Libani.
Minisitiri w'Intebe wa Libani yashinje Isiraheli ko ikora icyo yise "ibihano rusange".
Umuburo uheruka wo kuva mu gihugu ni uwa kabiri utanzwe na Israel kuri Libani. Mu minsi ishize Israel yabwiye abaturage kuva mu majyepfo ya Libani yose ari munsi y'uruzi rwa Zahrani.
Umuvugizi w’ingabo za IDF yagize ati: “Umuntu wese uhari hafi y’ingabo za Hezbollah, ibikoresho cyangwa uburyo bwo kurwana ashyira ubuzima bwe mu kaga.”
Umuvugizi wa IDF yavuze ko "umubare munini w'abasirikare ba Israel barwanira ku butaka" bari muri iki gikorwa, "kuri ubu kirimo kwaguka kikagera no mu tundi duce".
Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga w’Ubwongereza, Yvette Cooper, yifatanyije n’ibihugu by’i Burayi ku Cyumweru mu gusaba Israel na Hezbollah guhagarika amakimbirane arimo kwiyongera.
Trump arashaka impinduka ku masezerano hagati ya Amerika na Iran
Ahavuye isanamu, EPA
Itangazamakuru ryo muri Amerika ryiravuga ko Perezida wa Amerika, Donald Trump, yasabye ko habaho impinduka ku masezerano hagati ya Amerika na Irani agamije kurangiza imirwano yatangiye mu ntangiriro z'uyu mwaka.
Impinduka zijyanye n’umuhora wa Hormuz n’ikurwaho ry’amabuye y’agaciro ya uranium, nk’uko CBS News, igitangazamakuru gikorana na BBC muri Amerika kibitangaza. Ibiro bya perezida wa Amerika White House ntacyo byasubije ku busabe bwa BBC bwo gutanga igitekerezo.
Umuvugizi mukuru wa reta ya Iran, yavuze ku Cyumweru ko Tehran itazemera amasezerano ayo ari yo yose keretse uburenganzira bwa Iran bwujujwe byuzuye.
Perezida Trump n'abafasha be bakuru bahuye kuwa Gatanu kugira ngo bafate "umwanzuro wa nyuma" ku bijyanye no kongera igihe cyo guhagarika imirwano na Iran, ariko inama yarangiye ntacyo bumvikanye ku ntambwe zikurikiraho.
Ayo masezerano, yatangajwe bwa mbere na Axios ku wa Gatandatu, arimo guhagarika intambara mu gihe cy'iminsi 60, gusaba ko umuhora wa Hormuz wongera gufungura ndetse no gushyirwaho urwego rwo kongera gufungura ibiganiro ku bijyanye na gahunda ya nikleyeri ya Irani, nk'uko bivugwa na CBS News.
Mugihe ibiganiro bya dipolomasi bikomeje, bivugwa ko amasezerano ashobora kugabanya ibihano kuri Irani bishobora gutuma ibona imitungo yafatiriwe ya miliyari z'amadolari, nk'uko CBS News yabitangaje.
Ku wa kane, abayobozi ba Amerika bavuze ko ibihugu byombi byemeje gahunda - izwi nka memorandum of understanding - mu gihe hagitegerejwe ko Trump n'ubuyobozi bwa Iran bayemeza.