Igisirikare ca Iran kivuga ko ubwato butwara igitoro bwahiriye muri Hormuz

Ahavuye isanamu, EPA
Igisirikare co mu mazi ca Iran kivuga ko ubwato butwara igitoro bwahiye inyuma yo guca ku gisasu co mu bwoko bwa 'mine' mu muhora wa Hormuz.
Kimenyesha ko ivyo vyabaye igihe ubwato butatu bwariko buragerageza guca mu karere kabujijwe ko mu buseruko bw'uwo muhora, kandi ko ukwo ari butatu bwari bwazimije ubuhinga butuma hamenyekana aho buri.
Mw'itangazo cashize ahabona, ico gisirikare congeyeko ko inyuma y'iyo ngorane ubwato bubiri bwaciye buhindura inzira busubira mu Kigobe c'Abaperesi.
Ico gisirikare cashimangiye ko umuhora wa Hormuz utazokwigera wugururwa gushika ivyo Iran isaba bishizwe mu ngiro.
Gushika ubu, igihugu kimwe cose hagati ya Iran na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko ari co kigenzura uwo muhora. Ariko biragoye kumenya ukuri.
Igisirikare ca Iran kirakunda gutangaza ivyashikiye ubwato kivuga ko buba bwagerageje guca muri Hormuz ata ruhusha canke amasezerano babanje kugiriranira.
Amerika na yo ivuga ko yashoboye kuyobora ubwato bugaca muri uwo muhora ata ngorane.












