Hambavu y'ikarata itukura ya Bellingham, Real Madrid yaraye itakaje akaryo ko guhamvya Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images
Real Madrid yaraye itsindiwe muhira na Alaves gurtyo iba itakaje amahirwe yo kunganya amanota na Barcelona mu kibanza ca mbere muri shampiyona Laliga yo muri Espagne.
Ibintu bisa n'ibitarangiye neza kuri Real, na rirya umukinyi wayo Jude Bellingham yahavuye yirukanwa mu kibuga ahawe ikarata itukura. Mu gihe Real yari imaze gutsindwa ibitsindo 2-1, hasigaye umwanya muto ngo urukino rurangire, Bellingham yiyumviriye ko aronse penaliti igihe yagwa muri 'surface de réparation'.
Ariko umuhagarikizi, Cesar Soto Grado, yahavuye ahindura ingingo yari yafashe, inyuma yo kuja gusuzuma neza amashusho y'ivyari vyabaye, asanga Bellingham yigwishije. Mu gihe uwo mukinyi yari asanzwe yaronse ikarata y'umuhondo ku munota wa 74, yaciye ahabwa iyindi, bimuviramwo ikarata itukura.
Ariko umumenyereza wa Real Madrid, Jose Mourinho, yihutiye kumuvugira. Mourinho yagize ati: "Jude yavuze inyuma y'urukino ko yari penaliti. Iyo umukinyi avuze ko ari penaliti, ntegerezwa kwemera ko ari yo. Ntegerezwa kwizigira umukinyi wanje.
Yabandanije ati: "Mu myaka ibiri iheze, uwo muhagarikizi yarirukanye [Kylian] Mbappe. Mu mwaka w'inkino uheze, yirukanye [Vinicius Jr]. Ubu na ho ni Jude Bellingham. Reka turabe ko umwaka uza azoba ari [Thibaut] Courtois.
"Ndabona ko uwo muhagarikizi akunda kwerekana ububasha afise. Ariko birumvikana ko ntashaka kuvuga ko twatsinzwe kubera umuhagarikizi. Sinashimye uko yavyifashemwo, ariko ntitwatsinzwe kubera we."
Abakinyi ba Mourinho baronse uburyo bwinshi bwo kwinjiza bwari bworoshe i Bernabeu, ariko ni bo babanje kwinjizwa igitsindo ca Toni Martinez hagati mu gice ca mbere c'urukino.
Uwo musatirizi wa Alaves yacinjije ku munota wa 22, inyuma yo kwungukira ku mupira mubi Dean Huijsen yari atanze. Uno myugariro wa Real yari asubije umupira Courtois, ariko awutera nabi, ntiwashika neza. Ivyo vyatumye Martinez awusahura maze abaca mu ryahumye, aracenga na Courtois, gurtyo abona kwinjiza mw'igoro ata munyezamu yariyo n'ubwo Ibrahima Konate yagerageje kuwutangira.
End of podcast promotion
Kugira ngo akangure abakinyi biwe, Mourinho yinjije mu kibuga Yan Diomande na Bernardo Silva mu ntango z'igice ca kabiri c'urukino.
Alaves yarikanze ko ironse igitsindo ca kabiri inyuma y'iminota itatu gusa igice ca kabiri gitanguye, igihe Abde Rebbach yarengana Federico Valverde, agatera umupira ukomeye urenga Courtois. Ariko ico gitsindo nticemewe kuko uwo mukinyi yari yaraririye.
Inyuma y'iminota 13, Real Madrid yatsinzwe ica kabiri, Angel Perez yungukira ku makosa y'abakinyi b'inyuma, arenga abo bahangana bari bagerageje kumutangira, aca arasunika umupira urinjira.
Real Madrid yaragerageje kwivyukiranya biciye kuri Bernardo Silva na Carlos Espi. Mbappe ni we yinjije igitsindo kimwe ku munota ugira 69, atera umupira ukomeye uca mu gice co hejuru c'igoro.
Abakinyi ba Mourinho babandanije kugumana umupira, aho barangije urukino bafise ibice birenga 74 kw'ijana vy'umupira. Ariko ntibashoboye kwinjiza ikindi gitsindo co kunganya.
Gutyo, Real Madrid iba itsinzwe urukino rwa mbere inyuma y'inkino 11 zose yari imaze idatsindwa.











