Human Rights Watch yaneguye umugambi w'ibihugu bitanu vy'i Buraya wo kurungika abimukira mu Rwanda

Abategetsi baserukira ibihugu bitanu biri mu mugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda, igihe bari mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, inyuma y'inama y'i Vienne, muri Autriche, ku bijanye n'abimukira. Ifoto yo kw'itariki ya 16 Munyonyo (11) mu 2026.
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'umutekano Vincent Biruta (wa gatatu uvuye i buryo) avuga ko Urwanda rushaka gukorana n'Uburaya mu gutanga "umuti wemewe n'amategeko kandi w'iteka n'icubahiro ku bimukira"
    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ryaneguye umugambi w'ibihugu bitanu vyo mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya (EU/UE) wo kurungika mu Rwanda abantu basavye ubuhungiro ariko ntibaburonke muri ivyo bihugu, rivuga ko ari "ukwitandukanya kubabaje" n'indangagaciro uwo muryango wubakiyeko.

Ku wa mbere, Autriche, Danemark, Ubudagi, Ubugiriki n'Ubuholandi vyemeje ko hariko haraba ibiganiro kuri uwo mugambi. Hari inyuma y'inama yerekeye ikibazo c'abimukira yabereye i Vienne muri Autriche.

Bitegekanijwe ko abo bimukira batangura kurungikwa mu Rwanda mu mwaka uza wa 2027.

HRW ivuga ko uwo mugambi ushobora gushira mu kaga agateka k'abo bantu kuko, ku bwayo, Urwanda rutubahiriza agateka ka muntu. HRW yongerako ko ruhasha canke rugacecekesha abanegura ubutegetsi bwarwo, harimwo abaharanira uburenganzira bwa muntu.

BBC Gahuzamiryango yashatse kumenya ico reta y'Urwanda ivuga kuri ibi birego vya HRW, n'uko Umushikiranganji w'imigenderanire, Olivier Nduhungirehe, avuga ko atigera yishura ku bivugwa n'iryo shirahamwe kuko abona ko iryo shirahamwe ari "iteshagaciro ry'uburenganzira bwa muntu".

Mu bihe vyashize, Urwanda rwagiye ruhakana ibirego vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.

Umushikiranganji w'umutekano, Vincent Biruta, ni we yari yaserukiye Urwanda mu biganiro vy'i Vienne. Yavuze ko igihugu ciwe ciyemeje gukorana n'ibihugu bifatanyabikorwa vyo ku mugabane wa Buraya mu gutanga "umuti utekanye, wemewe n'amategeko kandi w'iteka n'icubahiro ku bimukira".

Yavuze ko Urwanda ruzokorana n'ivyo bihugu mu "gukosora ubusumbasumbane bwigaragaza kw'isi mu bijanye n'amahirwe yo gushikira iterambere ry'ubutunzi", abona ko ari yo "mvo nyamukuru ituma haba ubwimukira butubahirije amategeko".

Mw'itangazo ryasohoye, ishirahamwe HRW riragaragaza ingorane zishobora gushikira abo bimukira harimwo gupfungwa agasakisaki, gufatwa nabi canke gusubizwa mu bihugu baje bavamwo, aho bashobora guhura n'ingorane.

Rivuga kandi ko uwo mugambi udahuye n'amategeko mashasha agenga Ubumwe bwa Buraya mu bijanye no gusubiza abimukira mu bihugu vyabo.

Ku bwa HRW, ayo mategeko ategekanya ko amasezerano nk'ayo – yabaye hagati y'Urwanda n'ibihugu bitanu vya Buraya – uwo muryango ukwiye kuyagirana n'ibihugu vyubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu.

HRW isaba ivyo bihugu guhagarika uwo mugambi kuko isanga ushobora kwongerereza Urwanda amafaranga n'ubushobozi mu bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu. Ni mu gihe kandi, nk'uko HRW ibandanya ibivuga, igisirikare c'ico gihugu cagirizwa gufasha umuhari M23 – ubu wahindutse FRN – urwanira mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC). Urwanda rurabihakana.

HRW mu kurangiza yibutsa ko muri Nzero (1) uwu mwaka, Ubudagi, Ubugiriki, Danemark n'Ubuholande vyari vyagaragaje amakenga bifise ku kuntu ibintu vyifashe mu Rwanda, igihe ico gihugu cariko kirasuzumwa n'ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) ku bijanye n'agateka ka zina muntu.

Imbere y'uko uwo mugambi utangura icese, abaserukira ibihugu biwurimwo babwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko hazobanza kuba igerageza, ikigo kibijejwe kibanze kirungikirwe abimukira 100.

Ni ukuvuga ko kimwe cose muri vyo gishobora kurungika abimukira 20.

Mu mwaka wa 2023, sentare nkuru y'Ubwongereza yanzuye ko umugambi w'ico gihugu wo kurungika mu Rwanda abimukira uteye kubiri n'amategeko. Mu nyuma, wahavuye ukurwaho n'ubutegetsi bushasha bw'Ubwongereza.