Espagne: Ibiro vy'amatora vyuguruye icese mu matora rusangi

Umushikiranganji wa mbere, Pedro Sanchez, ahagaze imbere y'ibendera rya Espagne.
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Pedro Sanchez, ariko aranyinyurana cane n'umugambwe w'aba 'Conservateurs'
    • Umwanditsi, Alex Boyd
    • Umwanditsi, Nick Beake
    • Igikorwa, Europe correspondent
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ibiro vy'amatora vyuguruwe muri Espagne, aho amatora rusangi yatanguye.

Umushikiranganji wa mbere w'umu 'Socialiste', Pedro Sánchez, ni we yahamagaje ayo matora amezi umunani imbere y'ikiringo yari ategekanirijweko, inyuma y'uko abashingamateka banse impinduka zari zitegekanijwe mu mategeko agenga ivy'uburaro muri ico gihugu.

Umugambwe wiwe, PSOE, uhiganwa n'uw'aba 'Conservateurs' witwa People's Party (PP). Uno mugambwe (PP) ushobora gukenera gushigikirwa n'umugambwe Vox w'abo muri 'Extrême Droite' kugira uronke ubwiganze mu nama nshingamateka.

Ivyigwa vyakozwe ku vyiyumviro vy'abanyagihugu vyerekana ko Sánchez ari inyuma gatoyi y'uwo bahanganye, Alberto Núñez Feijóo, arongoye umugambwe PP. Ariko ku wa gatanu, Sánchez yabwiye abamushigikiye ko yizera ko ashobora gutsinda ayo matora.

Abanyagihugu amamiliyoni bo muri Espagne bashobora gutora gushika isaha zitatu z'ijoro (amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda), ku wa Mungu.

Ibiharuro mfatakibanza vyitezwe kuboneka nk'isaha imwe inyuma y'iyugarwa ry'ibiro vy'amatora, ibiharuro nyezina na vyo bigashobora kubandanya bitangazwa mw'ijoro ryose gushika ku wa mbere.

Ikibazo c'ukubura inzu zo gukota canke kugura ku giciro giciriritse ni co catwaye umwanya munini mu bikorwa vyo kwiyamamaza muri aya matora. Ibindi bibazo vyashizwe imbere ni izimba ry'ubuzima hamwe n'ikibazo c'abimukira.

Sanchez, ari ku butegetsi kuva mu 2018, yarerekanye ko ashoboye kurokoka ibihe bikomeye vya politike. Ku rwego mpuzamakungu, yaramenyekanye cane kubera ukuntu yiyamirije ibikorwa vya gisirikare vya Israel muri Gaza, hamwe no kunegura Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko ikibazo c'uburaro, hamwe n'ivyaha bijanye na ruswa vyashikirijwe ku bategetsi, n'impanuka zibiri zikomeye z'amagariyamoshi zahitanye abantu, vyaragize ingaruka mbi ku kuntu afatwa imbere mu gihugu.

N'ubwo umugambwe wa Sanchez woronka ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka, birashoboka ko vyomugora gushinga urunani rw'imigambwe y'i bubamfu.

Mu gihe umugambwe wa Feijóo woronka uburenganzira bwo gushinga reta, vyoshoboka ko wobikora ufashijwe n'umugambwe Vox urongowe na Santiago Abascal.

Iyo migambwe iramaze gusangira ubutegetsi mu ntara zine za Espagne. Ariko kuba Vox woba uri muri reta ku rwego rw'igihugu, vyoshobora kugira ingaruka zikomeye kuri Espagne, eka mbere bigahindura kurushiriza ukuntu ububasha bugabanganijwe i Buraya.

Umugambwe Vox ushigikira imigambi ishira imbere y'ibindi vyose inyungu z'umunyagihugu wa Espagne n'iz'imbere mu gihugu, icitwa "national priority" mu rurimi rw'icongereza.

Ushigikira kandi politike yiswe "remigration", igamije gusubiza mu bihugu vyabo abanyamahanga babonwa ko ata ruhara bafise mu guteza imbere ubutunzi bw'igihugu.

Abanegura uwo mugambwe bavuga ko ivyiyumviro vyawo vya politike bisa na bimwe mu vyaranze intwaro y'umunyagitugu Francisco Franco, ariko ivyo wo uravyiyamiriza.