Abantu cumi biciwe mu gitero c'Uburusiya kw'imurikwa ry'amadrone i Kyiv

Abajejwe ubutabazi bariko bakuraho ibihomoka inyuma y'igitero ca misire c'Uburusiya hanze gato ya Kyiv. Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka baboneka bariko bazimya imodoka yafashwe n'umuriro.

Ahavuye isanamu, Perezida Zelensky wa Ukraine

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bariko bakuraho ibihomoka inyuma y'igitero ca misire c'Uburusiya hanze gato ya Kyiv
    • Umwanditsi, Paul Adams
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'imigenderanire
    • Umwanditsi, Charlotte Hadfield
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Nibura abantu 15 barishwe mu bitero vy'Uburusiya vyagabwe muri Ukraine, harimwo 10 bapfiriye mu bitero vya misile za balisitike vyatewe ku kibanza c'imurika bikorwa hafi y'umugwa mukuru Kyiv, aho hariko herekanwa ubuhinga bwo gukoresha za ndege zitajamwo abadereva (drone).

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko abantu bababa 100 bakomerekeye muri ico gitero cabaye ku murango w'ejo ku wa gatanu, mu birori vy'imurika bikorwa ryari ryitabwe n'abakozi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Abandi bantu batanu na bo bishwe n'ibibombe vy'uburusiya vyārâra (bombes planantes/glide bombs) vyatewe mu gisagara ca Sloviansk mu buseruko bwa Ukraine. Mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu, abategetsi b'igisirikare bemeje kandi urupfu rw'abagabo babiri mu gisagara ca Sumy mu buraruko bw'igihugu.

Ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu, Zelensky yavuze ko yaronse amakuru y'igendereza yerekana ko Uburusiya buriko burategura ikindi gitero rutura ca misire, gishobora kuba "mu masaha 48 ari imbere".

Ku rundi ruhande, igitero ca Ukraine cagabwe ejo ku wa gatanu cahitanye abantu batandatu, gikomeretsa abandi 26 mu gisagara ca Kirov mu Burusiya, kiri ku birometero birenga 1.000 uvuye ku rwasiro. Ukraine yarateye kandi ububiko bw'ibidandazwa bwa Wildberries, ikompanyi y'Uburusiya ya mbere nini y'ubudandaji bwo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Inyuma y'ivyo bitero vyabereye hafi ya Kyiv, habanje kwaduka ubwoba ku mutekano wa Serhiy Beskrestnov azwi ku ritazirano rya Flash, akaba ari umuhanuzi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, hamwe na Lyuba Shypovych, umwe mu bajejwe ubuhinga mu gisirikare ca Ukraine.

Inyuma y'ico gitero, bompi baciye baja ku mbuga nyagiro kugira bamenyeshe ko ata co babaye. Beskrestnov yavuze ko atitavye ico gikorwa kubera impungenge z'umutekano.

Umuvugizi w'igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, Yuri Ihnat, yabwiye imboneshakure Ukrainian TV ko ico gitero carimwo ibisasu vya misire za ballistique bitatu, ariko kimwe gusa kikaba ari co cashoboye gusamirwa mu kirere.

Uburusiya bwemanze iki gitero. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko bwakoresheje ibirwanisho ntahusha biraswa kure mu gutera ahariko herekanirwa amadrone akoreshwa mu kurasa ibibanza vya gisivire mu Burusiya.

Bwavuze kandi ko abakora ayo madrone, abaserukira ingabo za Ukraine zijejwe amadrone, hamwe n'inzego z'umutekano "zitegura kandi zigashira mu ngiro ibitero ku butaka bw'Uburusiya", bari bitavye ico gikorwa.

Bugize nibura gatatu kuva Uburusiya butanguye intambara yabwo kuri Ukraine mu 2022 aho imurika bikorwa nk'iryo riterwa.

Perezida Zelensky yavuze ko amatohoza yariko arakorwa kuri iki gitero, mu gihe Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine avuga ko bariko barondera uwateguye iki gikorwa hamwe n'ingingo z'umutekano zari zafashwe.

Inzu yononekaye hamwe n'ibihomoka inyuma y'igitero ca misire c'Uburusiya hanze gato ya Kyiv.

Ahavuye isanamu, Perezida Zelensky wa Ukraine

Insiguro y'isanamu, Ahabereye igitero ca misire c'Uburusiya hanze gato ya Kyiv bahitanye abantu batandatu abandi batari bake barakomereka ejo ku wa gatanu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gitero cabaye amasaha make inyuma y'ibitero vya Ukraine vyari vyagabwe ku ruganda rwo mu gisagara ca Kirov hamwe n'inyubakwa z'ububiko mu buraruko bushira uburengero bw'Uburusiya.

Zelensky yavuze ko kimwe mu "bigo vya gisirikare bihambaye cane" muri Kirov, gitanga "ibikoresho bikoreshwa mu guhingura indege n'ibisasu vya misire" bikoreshwa mu gutera Ukraine, carashwe.

Ibitero vy'ejo ku wa gatanu ku bigo nibura bibiri vya Wildberries mu karere ka St Petersburg ni bimwe mu bindi vyinshi vyabaye mu kiringo c'indwi iheze.

Inyuma y'amezi atari make Ukraine imaze itera ibigo bitunganya igitoro ikoresheje amadrone, Kyiv ivuga ko ubu yibanda ku bibanza vyo kubika no gukwiragiza ibikoresho - nk'ivy'iyo kompanyi Wildberries - kuko bishobora gukoreshwa mu kugura ibikoresho vya gisirikare. Intumbero ni uguhungabanya uburyo bwo gushikana ibikoresho ku ngabo z'Uburusiya.

Hagati aho, vyitezwe ko Zelensky afata urugendo ruzomushikana muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ndwi iza. Nk'uko umwe mu bategetsi b'ibiro vya Perezida wa Amerika (Maison Blanche/White House) yabivuze, bitegekanijwe ko azobonana na Perezida Donald Trump ku wa kabiri, mu gihe Washington (ubutegetsi bwa Amerika) iriko iragerageza kuvyura ibiganiro vy'amahoro hagati ya Ukraine n'Uburusiya.

Laura Loomer, umwe muri basomambike ba Trump ari i Kyiv muri iki gihe akaba yaragiranye ikiganiro na Zelensky ejo ku wa gatanu, yasubiyemwo Zelensky avuga ko ategura kwitaba ibirori vyo gushingura umukenguzamateka wa Amerika Lindsey Graham ku musi nyene.

Hagati aho, Perezida Nicușor Dan wa Romania yavuze ko indege y'intambara yo mu bwoko bwa F-16 y'igisirikare ca Romania yakoroye drone y'Uburusiya yari yavogereye ikirere cayo ejo ku wa gatanu.

Imbere y'aho, abategetsi ba Romania bari babwiye abanyagihugu bo mu turere tutari duke two mu buseruko no mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu, ko boguma barikanuye.