Uburusiya: Umunyapolitike arwanya intambara, Boris Nadezhdin, yafashwe n'igipolisi

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Laura Gozzi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Nk'uko vyatangajwe kuri konte yiwe y'urubuga ngurukanabumenyi, umunyapolitike arwanya intambara yanagerageje guhangana na Vladimir Putin mu matora aheruka y'umukuru w'igihugu, Boris Nadezhdin, ari mu minwe y'igipolisi.
Mu gitondo co ku wa mbere ni ho Boris Nadezhdin yajanywe ku gipolisi mu gisagara giherereye mu burengero bw'umurwa mukuru Moscow. Ivyo vyabaye haciye indwi zitari nke atangaje ko azokwitoza mu matora y'abashingamateka ategekanijwe muri Nzero (1).
Yagirijwe "kugaragaza ibimenyetso vy'ubutagondwa" - ibi bikaba bifatiye kw'ishusho y'umuhisi Alexei Navalny, umwe mu banyapolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi, yagaragaye amasegonda 10 gusa muri videwo yasubiwemwo ku mbuga ngurukanabumenyi za Nadezhdin muri Munyonyo (11) 2023.
Mu ndwi iheze, ubushikiranganji bw'ubutungane bw'Uburusiya bwashize Boris Nadezhdin ku rutonde rw'abo bwita ko ari "abakorera inyungu z'ibindi bihugu", bumwagiriza gukwiragiza amakuru y'ibinyoma ku butegetsi bw'Uburusiya no guhamagarira abantu kwitaba imyiyerekano itemewe.
Gushirwa kuri urwo rutonde vyari gutuma adashobora kwitoza mu matora yo muri Nyakanga (9). Icaha yagirijwe ku wa mbere na co nyene gishobora gutuma abuzwa kwitoza mu matora mu kiringo c'umwaka umwe.
Mu ntango za 2024, Nadezhdin yagerageje kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu ashingiye ku migambi yo kurwanya intambara, asaba ko intambara yo muri Ukraine ihagarara.
Ico gihe yabwiye BBC ko ashigikiwe n'"amamiriyoni y'abanyagihugu" badashaka ko "Uburusiya buguma muri uwo murongo w'ubutegetsi bw'agahotoro n'igisirikare gifise ububasha burengeje".
Yavuze kandi ko aramutse atowe ngo abe umukuru w'igihugu, igikorwa ciwe ca mbere coba "guhagarika intambara muri Ukraine, hanyuma agasubiza hamwe imigenderanire isanzwe hagati y'Uburusiya n'ibihugu vy'Uburengero".
Ariko rero, yagumye yigengesera mu kunegura Perezida Putin, bituma bamwe bibaza ko Kremlin yoshobora kumwemerera kwitoza kugira amatora agaragare nk'ayabaye mu buryo bubereye.
Mu nyuma ariko, umurwi ujejwe amatora mu Burusiya wamubujije kwitoza indwi zitari nke imbere y'amatora, uvuga ko ibice birenga 15% vy'imikono yashikirije ishigikira kandidatire yiwe bitari vyuzuye canke birimwo amakosa.
Yaragerageje kubirwanya, ariko amaherezo ntiyemerewe kwitoza, nk'uko vyagenze no ku bandi banyapolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bari bafise amahirwe yo guhangana na Putin.
Kw'igenekerezo rya 18 Ntwarante (3) 2024, Putin yatangaje ko yatsinze amatora ku majwi menshi cane, ivyo bikaba vyamuhaye ikiringo ca gatanu ku butegetsi.
Amatora akurikira y'umukuru w'igihugu ategekanywa mu 2030. Ico gihe Putin azoba afise imyaka 78. Ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro ryemejwe mu 2020 ryarasubiyemwo ibijanye n'ibiringo ashobora kumara ku butegetsi, bituma ashobora kuguma ari umukuru w'igihugu gushika mu 2036.
Mu ntango z'uyu mwaka, igihe Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yatangura kugabanya uburyo abantu amamiliyoni bashikira internet mu gihugu cose, kandi ikibazo c'ubutunzi kirushiriza kwunyuka, Nadezhdin yabwiye BBC ko abantu "batanguye gutahura ko hari isano ritaziguye hagati y'ubutegetsi bwa Vladimir Putin n'ingorane bahura mu buzima bwa misi yose, nk'ubuvuzi, ibiciro vy'ibiribwa n'ingorane za internet".
Ubu Kremlin ni yo igenzura nka vyose mu buzima bwa politike bw'Uburusiya, kandi biragoye cane ko hagira uwundi muntu yemererwa guhangana n'ubutegetsi bwa Putin.
Abanyapolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bari gushobora guha Abarusiya ayandi mahitamwo bari mu mvuto, mu buhungiro canke barapfuye.












