Sergeant Robert yahoze mu ngabo z'u Rwanda yiciwe muri Uganda – Umugore wiwe

Ahavuye isanamu, Ssgt Robert Kabera / Facebook
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Uragaba: Iyi nkuru irimo ibishobora kuguhungabanya
Robert Kabera yahoze ari umusirikare w'ipete rya Sergeant Major akaba n'umuririmvyi yamenyekanye cane mu murwi w'umuziki wo mu ngabo z'Urwanda (RDF), yiciwe mu gihugu ca Uganda iyo yari amaze igihe aba nk'impunzi, nk'uko umugore wiwe n'uwari incuti yiwe babibwiye BBC Gahuzamiryango.
Umugore wiwe Jeanne D'arc Rwigema Uwizeye yikeka ko yishwe ku wa gatandatu n'abantu bamusanze aho yariko arubaka inzu mu karere ka Kammengo, kari nko ku birometero 45 mu bumanuko bushira uburengero bw'umurwa mukuru Kampala.
Amavidewo BBC Gahuzamiryango yahawe yerekana ikiziga c'umuntu yaciwe umutwe, bivugwa ko ari ica Sergeant Robert, hamwe n'abakozi bo mu gisata c'amagara bambaye impuzu zo kwa muganga ziriko amabendera ya Uganda, n'abapolisi bambaye impuzu z'igipolisi ca Uganda. BBC ntirashobora kwemeza no kugenzura mu buryo bwigenga ko ayo mashusho ari ay'ukuri.
BBC Gahuzamiryango yagerageje kurondera umuvugizi w'igipolisi muri Uganda ariko gushika ubu ntarishura.
Ariko urwandiko BBC Gahuzamiryango yabonye rugaragaza ko ibitaro vy'igihugu vya Mulago, biri ku murwa mukuru Kampala, vyasabwe na polisi gukora ibipimo ku kiziga ca Sergeant Robert kugira hamenyekane icamwishe.
Urwo rwandiko ruvuga ko ikiziga ciwe "catowe mu gitara c'imikaratusi kitariko umutwe".
Urundi rwandiko, BBC Gahuzamiryango itashoboye kugenzura mu buryo bwigenga, rugaragaza ko abikekwa ari "Innocent n'abandi".
Umugore wiwe avuga ko Sergeant Robert, yari afise imyaka 50, asize abana batatu bavyaranye. Yagize ati: "Birateye ubwoba. Numva nasaze nta mutekano dufite n'abana."
Kabera yari asigaye azwi cane mu biganiro yacisha kuri shene yiwe yo kuri YouTube, aho yanenga cane ubutegetsi bw'Urwanda. Ntibisobanutse nimba urupfu rwiwe hari isano rwoba rufitaniye n'ivyo biganiro yakora. Nta co reta y'Urwanda iratangaza ku mugaragaro ku rupfu rwiwe.
Amakuru y'urupfu rwa Sergeant Robert – nk'uko yari azwi cane mu Rwanda no hanze yarwo – yatanguye kumenyekanye ku mugoroba wo ku wa gatandatu ku mbuga hwaniro no kuri shene zo kuri YouTube.
Sergeant Robert – anafitaniye isano na Jenerali Majoro Fred Rwigema ari mu batanguje urugamba rwiswe urwo kubohora Urwanda mu 1990 – yamenyekanye cane mu ndirimbo yaririmba ari wenyene canke akaririmbana n'abandi bo mu murwi wa RDF uzwi nka 'Army Jazz Band'.
Yari yahunze Urwanda mu 2020. Ico gihe, igisirikare c'ico gihugu cari catanguje itohoza ku birego vy'uko yari yafashe ku nguvu uwo mu muryango wiwe, aho cavuga ko ariko araronderwa kugira ashikanwe imbere y'ubutungane.
Ariko mu kiganiro yatangiye muri Uganda, yavuze ko ivyo yagirizwa ari irementanya. Yasiguye ko yari yashitse muri Uganda imisi ibiri imbere y'itariki bivugwa ko yakoreyeko ico caha.
Agishika muri Uganda mu mwaka wa 2020, Sergeant Major Robert Kabera, yahoze ari n'umwigisha akaba n'umumenyereza wa gisirikare (military instructor), yavuze ko mu vyo azira harimwo ko akekwa kuba hari amabanga yoba azi y'umuririmvyi Kizito Mihigo yasanzwe yapfiriye mu gasho k'igipolisi i Kigali mu kwezi kwa kabiri kw'uwo mwaka nyene, mu buryo butavugwako rumwe.









