Ikiganiro Imvo n'imvano ku runani rwa gisirikare FRN rwasubiriye AFC/M23 ngo rurwanye reta ya Congo Kinshasa

Insiguro y'amajwi, Ikiganiro Imvo n’imvano ku runani rwa gisirikare FRN rwasubiriye AFC/M23 ngo rurwanye reta ya Congo Kinshasa
Ikiganiro Imvo n'imvano ku runani rwa gisirikare FRN rwasubiriye AFC/M23 ngo rurwanye reta ya Congo Kinshasa
Yatangajwe

Ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 ukwezi kwa cumi mu 2026.

Mu kiganiro c'uyu musi tugaruka kw'ishigwa ry'urunani rwa politike na gisirikare FRN rurongowe n'uwahoze ari prezida w'igihugu ca Republika ya Demorasi ya Congo, Joseph Kabila, yagiye ahabona ngo arwanye reta y'ico gihugu.

Kuva urwo runani rutangajwe, haraciye hafi indwi zibiri, havuzwe vyinshi bitandukanye.

FRN ivuga ko ifise ihangiro yo gusenyura intwaro ya prezida Felix Tshisekedi hakoreshejwe uburyo bwose, harimwo gukoresha inguvu hamwe na politike.

Hari bamwe mu baturuka mu buseruko bwa Congo, ahasanzwe hariko harabera intambara muri iki gihe, bashima kuba Prezida Joseph Kabira ari we agiye kurongora urugamba rwatanguye ari urwo kugwanya amabi bivugwa ko akorerwa Abanye-Congo bo mu bwoko bw'abatutsi n'abavuga ururimi rw'ikinyarwanda.

Ariko hari abavuga ko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu ca Congo, reta yiwe yagize uruhara mu mabi bakorewe aho mu buseruko bw'ico gihugu, mu myaka 18 yamaze ku butegetsi, ko rero bigoye gutahura ubu ingene yoza kubagwanira.

Itangazo rishiraho urwo runani rwa FRN ryo rivuga ko umuhari wa AFC/M23 wahora urwana urwo ugamba ubu utakibaho. Abahora ari abategetsi barwo bahawe amabanga ahambaye muri urwo runani rushasha.

FRN ivuga ko ifise ihangiro yo gusenyura intwaro ya prezida Felix Tshisekedi.

Inyuma y'ikiganiro ku ndwi iheze n'abihweza ibintu n'ibindi muri politike ku co babona ishingwa ry'urwo runani rushasha rishobora guhindura mu ntambara iriko irabera mu buseruko bwa Congo, hari benshi batanze ivyiyumviro bitandukanye ku mbuga zacu, bamwe barushima abandi barwiyamiriza.

Uyu musi twashimye guha ijambo abo mu mpande zose kugira na bo bavuge aho bahagaze n'impamvu bashigikiye uruhande uru canke ruriya.

Muri iki kiganiro Cyriaque Muhawenayo, ari na we yakibateguriye, ari kumwe na Ngarura Patrick ari ku ruhande rw'abadashigikiye urunani FRN n'umukuru warwo prezida Joseph Kabira, Patrick Makombe ari ku ruhande rw'abashigikiye urunani FRN, aba bompi bakaba ari abanyamurenge. Uwundi ni Dr Joseph Sebarenzi yigisha muri kaminuza ya School for International Training muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.