Ivyo worya kugira ukingire mu kanwa hawe

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 7

Utunyabuzima two mu kanwa kawe ni kimwe mu bintu nyamukuru bifasha kugira mu kanwa n'umubiri bigume bifise amagara meza. Ng'uku uko wobigenza kugira utwo tunyabuzima tugire ibidutunga bikwiye.

Twese turazi ko ibifungurwa birimwo isukari nyinshi bishobora gutuma amenyo atoboka, kuko bigaburira utunyabuzima tubi tuba mu kanwa. Ariko biraboneka ko gukingira amenyo yawe bitavana gusa n'ivyo wirinda kurya, ahubwo bivana kandi n'ivyo urya. Kuva ku vyamwa gushika kw'iforomaji (formage), bimwe mu bifungurwa bifitiye akamaro kanini mu kanwa hawe vyoshobora kugutangaza.

Ubushakashatsi buriko burerekana akamaro gakomeye k'utunyabuzima dutandukanye tuba mu kanwa, twitwa "microbiome". Mu kanwa haba ubwoko bugera ku 700 bw'utunyabuzima, hamwe n'imigera n'utundi dutoduto. Ivyo vyose birashobora kugira ingaruka zikomeye ku magara yacu. Ariko gushika ubu, akamaro kavyo ntikaritabwaho bihagije.

Ariko si ngombwa ko biguma gutyo. Kwitwararika utunyabuzima twiza two mu kanwa biroroshe. Nk'uko bigenda ku tunyabuzima two mu mara, ivyo dufungura birafise uruhara runini mu gutuma tugira utunyabuzima twiza kandi dufitiye akamaro umubiri.

Ng'ibi rero ivyo ukwiye kumenya ku bijanye n'ivyo wofungura kugira ugire amenyo no mukanwa bifise amagara meza.

Umuryango w'ibinyabuzima ubayeho neza kandi ukura neza

Mu kanwa kawe haba uruvange rw'utunyabuzima twinshi, kandi ubwoko bumwe bwose bukagira aho bukunda kuba. Hari bagiteri zikunda kuba ku menyo, izindi zikibera ku rurimi, mu gihe izindi ziba mu myenge mitomito iri hagati y'amenyo.

Zimwe muri izo bagiteri zirashobora kugira nabi mu kanwa. Nk'akarorero, bagiteri yitwa Streptococcus mutans iba ku menyo kandi ikunda cane isukari. Iyo bagiteri ihindura isukari ikavamwo aside yonona buhorobuhoro igice gikomeye gikingira iryinyo. Amaherezo, ivyo birashobora gutuma amenyo atoboka. Abanyamerika barenga 80% baba barigeze kugira amenyo atoboka imbere y'uko bashikana imyaka nka 35.

Ariko hari n'udukoko two mu kanwa dufitiye akamaro amagara. Nk'akarorero, bagiteri nziza nka Veillonella, Actinomyces, ubwoko bumwe bwa Streptococcus na Neisseria, zirashobora kubuza bagiteri mbi zitera indwara gukwiragira mu kanwa.

Kugira uruvange rwiza rw'utunyabuzima two mu kanwa si ngirakamaro ku menyo gusa.

Iyo umuntu atama yoza amenyo neza kandi ku gihe, hagati y'amenyo n'ishinya hashobora kuvuka utwenge dutoduto. Aho hantu haba hari impwemu nziza za "oxygène" zike, bigatuma udukoko nka Porphyromonas gingivalis dukura neza.

Iyo bagiteri P. gingivalis imaze gukwiragira, irashobora gutera indwara z'amenyo.

Ubushakashatsi kandi bwayihuje n'ukwiyongera kw'ivyago vy'indwara zitandukanye, harimwo iz'umutima n'imitsi y'amaraso, akabonge, indwara ya Alzheimer, diyabete, indwara zo mu mara ziterwa n'ukuvyimba, indwara y'amagufa n'ingingo ya polyarthrite rhumatoïde (rheumatoid arthritis), hamwe no kuvyara umwana igihe kitaragera.

Mu myaka ya vuba, abahinga barushirije kandi kubona isano hagati y'ukutagira uruvange rwiza rw'utunyabuzima two mu kanwa na kanseri y'urura runini be na kanseri y'urwagasha.

Mu bushakashatsi bwa vuba, umugwi w'abahinga bo muri Amerika warapimye amate y'abantu bari bitabiriye ubushakashatsi, hanyuma urabakurikiranira hafi kugira umenye ivyago bari bafise vyo kurwara kanseri. Basanze abafise mu kanwa ubwoko bumwe bwa bagiteri bufitaniye isano n'ugutoboka kw'amenyo canke utuzinu(uduhomyo) two mu bwoko bwa Candida, bari bafise amahirwe menshi kuruta yo kurwara kanseri y'urwagasha.

Hari kandi ibimenyetso bishasha vyerekana ko, nk'uko bigenda mu mara, kugira ubwoko bwinshi kandi butandukanye bw'utunyabuzima two mu kanwa ari ngirakamaro. Nk'akarorero, ubushakashatsi bumwe bwa vuba bwerekanye ko kugira ubwoko buke bw'utunyabuzima dutandukanye mu kanwa bifitaniye isano n'akabonge.

Ariko ikintu gihambaye ni uko kwoza amenyo gusa bidahagije kugira urwo ruvange rw'udukoko rugume rumeze neza. Ivyo urya navyo nyene biradutunga, kandi ivyo biragira ingaruka zitaziguye ku bwoko bw'utunyabuzima bushobora gukura no kugwira mu kanwa.

Ivyo kurya n'ivyo kwirinda

Ibifungurwa n'ibinyobwa bikwiye kwirindwa ni ibirimwo isukari nyinshi, kuko iyo sukari ari yo igaburira mikorobe zitera imyenge yo mu menyo. Ni vyiza kandi kugabanya ibifungurwa vyahinguwe birimwo isukari nyinshi, kuko vyoroshe guhinduka isukari iyo bigeze mu kanwa. Muri vyo harimwo umukate wera, ibisuguti, imikati y'isukari hamwe n'ibitumbura.

Kugira mu kanwa hakwire mikorobe ''nziza'' bifise akamaro ku mvo zibiri.

Ubwa mbere, izo mikorobe zirahiganwa ku bifungurwa no ku kibanza na zimwe zitera imyenge mu menyo n'izindi ndwara, bigatuma zigabanuka.

Ubwa kabiri, zimwe muri zo zirwanya ata guca ku ruhande mikorobe mbi udashaka ko ziba mu kanwa kawe.

Laura Weyrich, umwigisha muri Kaminuza ya Leta ya Pennsylvania muri Amerika, agira ati: ''Mu muryango munini wa mikorobe zo mu bwoko bwa Streptococcus zikunda isukari, harimwo izidakora aside nyinshi. Izo zirashobora mbere gutera mikorobe zikora aside.''

Weyrich, yiga mikorobe zo mu kanwa n'ingene zagiye zirahinduka uko imyaka yagiye irarengana, avuga ko izo mikorobe nziza zimeze nk'abarwanyi b'umwidegemvyo, kuko zikoresha imiti yazo bwite nk'ibirwanisho. Nk'akarorero, mikorobe nziza yitwa S. salivarius irakora indemamubiri zishobora kwica mikorobe mbi zitandukanye, harimwo n'izitumva n'imiti isanzwe izica.

Nimba ushaka ko mu kanwa kawe haba mikorobe nziza, kimwe mu vyo wokora ni ukurya imboga nyinshi z'amababi. Imboga nka kale, epinari, beterave na radi zirafise icunyunyu ca nitrate cinshi, iyo na yo ikaba ikundwa na mikorobe zo mu bwoko bwa Neisseria ziba mu kanwa.

Izo mikorobe zihindura nitrate ikavamwo nitrite, hanyuma mikorobe zo mu mara na zo zikayihindura aside nitrique. Iyo aside iraja mu maraso, igafasha kugabanya umuvuduko w'amaraso no gukingira amagara y'umutima.

Nk'akarorero, ubushakashatsi bumwe bwerekanye ko abantu bageze mu zabukuru banyoye umutobe wa beterave urimwo nitrate nyinshi kabiri ku munsi mu kiringo c'indwi zibiri umuvuduko w'amaraso yabo wagabanutse.

Naho bishobora kuba bitangaje, guhekenya tungurusumu na vyo birafasha mu kubungabunga amagara yo mu kanwa, naho bishobora gutuma impemu zitamera neza. Tungurusumu irimwo ikintu citwa allicin kirwanya mikorobe zitera imyenge mu menyo n'indwara z'amenyo.

Kurya ahanini ibifungurwa bikomoka ku bimera birashobora kandi gufasha mikorobe nziza zo mu kanwa mu bundi buryo. Ivyo biva ku bintu biri mu bimera vyitwa polifenole.

Iyo hashushe cane, hakanye cane canke hari izuba rikaze, ibikoko birashobora kwimuka bikaja ahantu habereye. Ibimera vyo ntibishobora kwimuka. Ni co gituma bikora polyphénol, ari zo zikingira utugingo-ngengabuzima n'ibice vyavyo kwononekara.

Ariko kandi, polifenol zirashobora no gukingira umunwa za bagiteri zonona. Nk'akarorero, ubushakashatsi bwa Wu hamwe n'ubw'abandi bwerekanye ko polifenole ziri mu cayi zishobora kugabanya bagiteri mbi zo mu kanwa zitera imyobo mu menyo n'indwara z'amenyo. Zirashobora kandi kuzibuza kwegerana no kwizirika ku menyo.

Christine Wu, umwigisha w'ubuvuzi bw'amenyo y'abana muri kaminuza ya Illinois Chicago yo muri Amerika, avuga ati: ''Polifenole zirabuza gukora kimwe mu bituma urubobi rwo ku menyo rufatana.'' Ubushakashatsi bwiwe bwibanda ku bifungurwa bishobora gufasha kurwanya imigera itera indwara zo mu kanwa.

Ubushakashatsi bwa Wu bwerekanye kandi ko kunywa icayi bishobora kugabanya bagiteri zitera impumuro mbi yo mu kanwa, zikunda kuba inyuma ku rurimi.

Ibindi bifungurwa birimwo polifenole nyinshi ni ivyamwa bitandukanye, na canecane ivyamwa bito bifise ibara ryijimye. Ni co gituma, naho vyoba bitangaje, ivyo vyamwa birimwo isukari bishobora kugirira akamaro amagara yo mu kanwa. Ubushakashatsi bwa Wu bwerekanye ko kunywa umutobe w'icamwa citwa cranberry bishobora kubuza urubobi rwo ku menyo gukura no kugabanya bagiteri zijanye n'imyobo mu menyo hamwe n'indwara z'ishinya.

Ubuki na bwo burimwo polifenole nyinshi kandi bwaragaragaje ko bushobora kubuza urubobi rwo ku menyo kwirema no kurwanya bagiteri zitera imyobo mu menyo.

Guhekenya foromaje na vyo vyiyumvirwa ko bishobora kugirira akamaro imigwi ya bagiteri iba mu kanwa.

Mu bushakashatsi butoyi bwakozwe n'abashakashatsi bo mu Butaliyano, abantu icenda basabwe kurya buri munsi foromaje ya Grana Padano mu kiringo c'iminsi itanu. Ubushakashatsi burangiye, abahinga basanze ibimenyetso ndangasano vy'imigwi ya bagiteri zo mu kanwa kabo vyari vyahindutse gatoyi. Bagiteri zo mu bwoko bwa S. mutans zikunda isukari zari zagabanutse, mu gihe izitwa S. sanguinis, zikunda kuboneka mu kanwa gafise amagara meza, zari ziyongereye.

Foromaje irashobora kandi kugabanya zimwe mu ngaruka mbi ziterwa na S. mutans.

Wu avuga ati: ''Iforomaji ni nziza cane kubera ko ifise ivyiza vyose vy'amata, ariko ikaba igumye. Iyo uyihekenye , amate ariyongera. Amate arakuraho isukari isigaye ku menyo canke mu kanwa. Kubera ko amate ata aside afise, aragabanya aside ikorerwa mu kanwa.''

Ibiribwa vyakanyishijwe na vyo birashobora kugirira akamaro bagiteri zo mu kanwa, kuko birimwo bagiteri nziza zihiganwa na za zindi mbi. Nk'akarorero, isuzuma ry'ubushakashatsi riheruka ryasanze kunywa kefir, ikinyobwa gikozwe mu mata yakanyishijwe, bishobora kugabanya imigera imwe imwe itera indwara zo mu kanwa no kuyibuza gukora urubobi rufatana.

Ariko Gaetano Isola, umwigisha w'ubuvuzi bw'indwara z'amenyo muri Kaminuza ya Catania mu Butaliyano, avuga ko ata gifungurwa kimwe rudende cofatwa nk'igitangaza ku magara yo mu kanwa. Ahubwo, igihambaye kuruta ni uburyo rusangi umuntu afunguramwo.

Avuga ati: ''Iyo tuguma dufungura isukari ihinguwe cane hamwe n'ibifungurwa vy'amasukari akanyishwa bitagoranye, tuba dufashije imigera gushobora cane gukora no kwihanganira aside.'' Asigura ko uko igihe kihaca, ivyo bishobora gutuma imigwi ya bagiteri zo mu kanwa itakaza uburinganire.

Yongerako ati: ''Ariko uburyo bwo gufungura bwibanda ku bimera bitatunganijwe cane, ku vyunyunyu biboneka mu bifungurwa kandi bukagabanya kurya kenshi isukari yahinguwe, burafasha gukingira uburinganire bw'imigera iba mu kanwa.''

Impanuro yoroshe ya Isola ni uguhitamwo ibifungurwa bikomoka ku bimera kandi bidahinguwe cane, nk'imboga, ivyamwa bikwiye, n'intete zuzuye, aho gufungura cane ibifungurwa vyahinguwe birimwo isukari nyinshi.

Ubushakashatsi buheruka Isola yagizemwo uruhara bwerekanye ko abantu bakurikira cane uburyo bwo gufungura buzwi nk'ubwo mu karere ka Mediterane, bwibanda ku vyamwa, imboga, intete zuzuye n'amavuta meza, bakunda kugira indwara z'amenyo zidakaze cane. Abarwayi badakurikira neza ubwo buryo bwo gufungura bakunda kugira indwara z'amenyo zikaze kuruta, na cane cane iyo barya kenshi inyama zitukura.

Ntibiramenyekana neza igituma hashobora kuba isano hagati yo kurya inyama zitukura n'indwara z'amenyo. Iciyumviro kimwe ni uko ivyubaka umubiri biri muri izo nyama bishobora gutuma mu kanwa haboneka ibihe bibereye imigera mibi nka P. gingivalis.

Birumvikana ko kwoza amenyo no gukoresha akantu ko gusukura hagati yayo bikiri ngirakamaro cane. Gukoresha ako kantu vyagaragajwe ko bifitaniye isano n'igabanuka rya bagiteri S. mutans itera indwara z'amenyo. Kwoza amenyo n'ururimi na vyo biragabanya ku rugero runini imigera ijanye n'indwara z'amenyo.

Abahinga ntibaramenya neza ingaruka imiti isanzwe yo kwoza umunwa igira ku migwi y'imigera yo mu kanwa iyo ikoreshwa kenshi. Icizere ni uko umunsi umwe iyo miti yoshobora gukoreshwa mu gusubiza uburinganire mu migwi y'imigera, aho kugabanya gusa igitigiri cose ca bagiteri ziri mu kanwa. Ariko imwe mu miti yo kwoza akanwa irimwo chlorhexidine irazwi ko ishobora guhungabanya uburinganire bw'imigera yo mu kanwa. Naho ari uko, irashobora gufasha kuvura indwara z'amenyo n'izindi ndwara zimwe zo mu kanwa iyo ikoreshejwe mu kiringo kigufi.

Ku muntu ashaka ko imigera yo mu kanwa iguma imeze neza, gufungura ibifungurwa bibereye ni kimwe mu bintu bikomeye bishobora kumufasha.

Weyrich avuga ati: ''Ni ya mpanuro abantu bose baguma batanga, ishobora mbere gusa n'ukuramba: gukurikira uburyo bwo gufungura buringaniye, burimwo imboga nyinshi, imboga z'amababi menshi n'ivyubaka umubiri bitarimwo ibinure vyinshi, no kugabanya isukari, na cane cane ibinyobwa birimwo isukari nyinshi.''

None ni kuki utokwitegurira 'salade' iryoshe cane, canke ubwoko butandukanye bw'iforomaje, maze ukabiherekeza n'igikombe c'icayi gishushe? Ivyo ntibizogirira akamaro umubiri wawe gusa, bizotuma na bagiteri nziza ziba mu kanwa kawe zimererwa neza.