Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Umukuru wa kompanyi OpenAI y'ubwenge buhangano avuga ko isi 'ifite impamvu yo kugira ubwoba' ariko 'ikwiye kwizera' kompanyi za AI

Sam Altman n'abandi bayobozi ba kompanyi z'ikoranabuhanga bavuga ko hari uburyo bwo kugabanya iterambere mu bwenge buhangano, mu gihe ubwoba bukomeje kwiyongera ku byago ubwo bwenge buhangano buteje ku nyokomuntu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ikibiriraho y'uyu munsi. Wakoze kubana natwe n'ahejo.

  2. Afrika y’Epfo yaneguye ingingo nshasha za Amerika kubijanye n’ama viza

    Afrika y’Epfo yaneguye ingingo nshasha za Amerika zo kwima viza bamwe mu banyamahanga, ivuga ko zishingiye ku makuru atari yo akwiragizwa n’imigwi mitomito yihaye kuvugira abazungu bo muri ico gihugu.

    Izo ngingo zatangajwe ku wa kabiri n’umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Marco Rubio.

    Amerika ivuga ko zizofatira abanyamahanga bagize uruhara mu gutegura canke gushigikira amategeko atuma haba ivangura rishingiye kw’ibara ry’urukoba. Ariko ntiyavuze amazina y’abazofatwa n’izo ngingo.

    Ubushikiranganji bwa Afrika y’Epfo bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwavuze ko Amerika isubiye gusigura nabi amategeko y’ico gihugu.

    Mw’itangazo bwasohoye, bwavuze buti: “Ni uburenganzira bwacu nk’igihugu kwishiriraho amategeko akosora akarenganyo gashingiye ku rukoba kamaze ibinjana.”

    Imigenderanire ya Amerika na Afrika y’Epfo yarononekaye kuva Perezida Donald Trump avuze ko abazungu bo muri ico gihugu bahohoterwa kubera urukoba rwabo, ivyo reta ya Afrika y’Epfo yama ihakana.

    Uwuserukira Amerika muri Afrika y’Epfo yavuze ko izo ngingo ari “intambwe ya mbere” kandi ko izindi zizokurikira.

    Reta ya Trump yaramaze no kubuza Afrika y’Epfo kwitaba inama ya G20 izobera i Miami muri Kigarama (12), naho ico gihugu kiri mu vyashinze uwo mugwi.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Ubushinwa: Turiteguye gufasha Irani gukingira uburenganzira bwayo

    Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Wang Yi, yavuze ko igihugu ciwe citeguye gufasha Irani gukingira uburenganzira n’inyungu vyayo.

    Wang Yi yabivuze ku wa gatatu i Beijing, mu kiganiro yagiranye na mugenzi wiwe wa Irani, Abbas Araghchi, yari yagendeye Ubushinwa.

    Yateye kandi akamo Irani na Amerika ngo bakoreshe ubwenge kandi birinde ivyotuma ibintu birushiriza kuba bibi.

    Ivyo bibaye mu gihe Perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, ategekanya kuja i Washington mu ndwi iza, aho azobonana na Perezida wa Amerika, Donald Trump.

    Ubushinwa ni kimwe mu bihugu bikorana cane na Irani mu vy’ubutunzi. Bumaze igihe busaba ko amatati amaze amezi menshi mu buseruko bwo hagati agabanuka, kuko amaze no gukwiragira mu bihugu bibanyi vya Irani.

    Wang Yi yavuze ati: “Ntitwipfuza kubona amatati yo muri ako karere ashika no muri Yemen no mu Kiyaga Gitukura.”

    Muri iyi ndwi, Ubushinwa bwarahakanye amakuru yo mu binyamakuru vya Amerika avuga ko ibigo vyabwo vyahaye Irani amafoto yafashwe n’ivyuma vyo mu kirere y’ikirindiro c’igisirikare ca Amerika muri Jordanie.

    Ico kirindiro caratewe, abasirikare batatu b’abanyamerika barapfa.

  4. Gaza: Abantu 21, harimwo abana umunani, bapfuye inzu ibaguyeko

    Abantu n’imiburiburi 21, harimwo abana umunani, bapfuye inzu y’amagorofa atandatu ibaguyeko mu karere ka Tal al-Hawa, mu gisagara ca Gaza, nk’uko abatabara n’abaganga baho babivuga. Abandi benshi ntibaramenyekana irengero.

    Ababonye ivyabaye babwiye BBC ko iyo nzu yari imaze umwaka urenga ihengamiye ku ruhande rumwe, inyuma y’aho iterewe na Israel.

    Imiryango igera kuri 10 yari iyibamwo, naho yari yaragabishijwe ko iyo nzu itameze neza ariko abayibamwo bari barateshejwe izabo n’intambara ariko bo bavuga ko ata handi bari bafise ho kuba.

    Abatabara bavuga ko ibikorwa vyo kurondera abari munsi y’inzu vyatanguye bigenda buhoro kubera ata bikoresho bari bafise. Babanje gukura ibihomoka vy’inzu bakoresheje amaboko gusa.

    Raed al-Dahshan, arongoye abajejwe gutabara mu gisagara ca Gaza, yavuze ati: “Turacumva amajwi y’abantu bari munsi y’ibihomoka. Turacafise icizigiro co kuronka abantu bakiri bazima.”

    Abatabara bo mu Misiri n’abo mu mashirahamwe ya ONU bahavuye bazana imashini zabigenewe. ONU ivuga ko abantu bari hagati ya 70 na 100 boba bakiri munsi y’iyo nzu.

    ONU yasavye Israel kureka izindi mashini zo gutabara zikinjira muri Gaza. Israel yo ivuga ko ibuza bimwe muri ivyo bikoresho kwinjira kubera umutekano.

    ONU igabisha kandi ko izindi nzu hafi 400 zononekariye mu ntambara zishobora kugwa umwanya uwo ari wo wose.

    Izindi nkuru wosoma

  5. Umukuru w’Ishirahamwe rya Buraya arashigikiye ko Canada iba “umunywanyi atuzuye”

    Umukuru w’Ishirahamwe rya Buraya,UE, Ursula von der Leyen, ashigikiye iciyumviro c’uko Canada, igihugu kitari ku butaka bwa Buraya, yoba igihugu ca mbere kiba umunywanyi w’uwo muryango mu buryo budasanzwe , ariko ntikibe umunywanyi vyuzuye.

    Mw'ijambo yashikirije Inama nshingamateka y’ubumwe bwa Buraya, yavuze ko ashaka gutanguza inzira yotuma Canada irushiriza kwegera uwo muryango no gukorana na wo mu bisata bihambaye.

    Ivyo yabivuze inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, avugiye ko igihugu ciwe kirondera kugiranira n’Ishirahamwe rya Buraya “ubumwe budasanzwe”.

    Imigenderanire ya Canada na Amerika imaze igihe yarononekaye kubera amatati y’ubudandaji. Amajambo Perezida Donald Trump amaze kuvuga incuro nyinshi, ko Canada yohinduka leta igira 51 ya Amerika, na yo yarushirije gutuma ibintu vyunyuka.

    Von der Leyen yavuze ko ukwegera Canada “atari ugufatanya kugira barwanye uwundi”, ahubwo ko ari ugukomeza ubushobozi basangiye.

    Yavuze ko Canada n’Ishirahamwe rya Buraya vyokorana cane mu bijanye n’amahinguriro, ubuhinga bwa none, ubwenge bukorano (Intelligence Artificielle), kwivuna abansi, amasoko ntanganguvu, ubutare nkenerwa cane mu buhinga bwa none n’umutekano w’ubutunzi.

    Ariko Ishirahamwe rya Buraya nta mategeko riragira agenga ubwo buryo bushasha bw’imigenderanire. Ntiharamenyekana neza uko vyokorwa, kandi kwemeza ukwo gufatanya vyoshobora kumara imyaka.

    Vyongeye, ibihugu 10 kuri 27 bigize Ishirahamwe rya Buraya ntibireremeza burundu amasezerano y’ubudandaji uwo muryango wagiranye na Canada haraheze hafi imyaka 10.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Aba-Houthi bavuga ko bakoroye indege y’intambara ya Arabie Saoudite yo mu bwoko bwa F-15

    Aba-Houthi bo muri Yemen bavuga ko bakoroye indege y’intambara yo mu bwoko bwa F-15 ya Arabie Saoudite, bakoresheje misile bavuga ko yakorewe muri Yemen.

    Yahya Saree, avugira igisirikare c’Aba-Houthi, yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ko iyo ndege yakorowe igihe yari mu bitero mu kirere c’intara ya Marib.

    Saree yavuze ko bakoresheje misile igenewe kuraswa n’indege igatera iyindi ndege, yakozwe n’aba-Houthi. Yahakanye kandi ivyo Arabie Saoudite ivuga ko Aba-Houthi bagerageje gutera igisagara ceranda ca Maka muri iyi ndwi.

    Saree yavuze ati: “Ibitero vyacu vyerekeza ku nyubakwa zikoreshwa mu bijanye n’igitoro no ku birindiro vy’igisirikare.”

    Arabie Saoudite yari yatangaje ko uburyo bwayo bwo gukingira ikirere bwahagaritse kandi bugasambura indege itajamwo umudererva(drone) yarashwe n’Aba-Houthi, imbere y’uko yinjira mu kirere ca Maka.

    Aba-Houthi basubiye kurwana n’igisirikare ca reta ya Yemen, gishigikiwe na Arabie Saoudite, kuva intambara yo muri ico gihugu isubiye gukomera muri Mukakaro (7).

    Uwo muhari wavuze kandi ko wabujije ubwato kuja muri Arabie Saoudite kandi ko uzotera ubwato bw’ico gihugu buzoca mu Kiyaga Gitukura.

    BBC ntirashobora kwemeza ivyo Aba-Houthi bavuga ko bakoroye iyo ndege.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Amerika yagabanyije viza ku bategetsi bo muri Afurika y'Epfo kubera ivangura ivuga ko rikorerwa abazungu

    Amerika yatangaje ko izagabanya ibikubiye mu mpushya zo kujya muri icyo gihugu ku bantu ishinja gukorera ivangura ba nyamucye b’abazungu bo muri Afurika y’Epfo, ibintu bikaba bifashe indi ntera mu bushyamirane hagati y’ibihugu byombi.

    Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bumaze igihe bunenga Afurika y’Epfo ku ngingo nyinshi, zirimo gahunda zigamije gucyemura ubusumbane bushingiye ku moko. Amerika ivuga ko izo gahunda zikorera ivangura abo mu bwoko bw’Aba-Afrikaner, bakomoka ahanini ku Baholandi n’Abafaransa bari barigaruriye ubutaka muri Afurika y’Epfo.

    Afurika y’Epfo yakomeje guhakana icyo kirego.

    Mu itangazo yasohoye ku wa kabiri ubwo yatangazaga uko kugabanyirizwa viza, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Marco Rubio yagize ati: “Leta y’Afurika y’Epfo ntiyacyemuye bihagije impungenge zari zagaragajwe mbere.”

    Yavuze ko uko kugabanyirizwa viza kureba abantu bashyigikira “ivangura rishingiye ku moko, bashishikariza gukora urugomo, cyangwa batuma habaho kwamburwa ubutaka nta ndishyi muri Afurika y’Epfo”.

    Rubio ntiyahise avuga amazina y’abo bantu barebwa n’izo ngamba zo kugabanyirizwa viza (cyangwa ‘visa restrictions’).

    Umubano hagati y’ibihugu byombi wakomeje kugana hasi kuva Perezida Donald Trump asubiye ku butegetsi mu ntangiriro y’umwaka ushize, uwo mutegetsi w’Amerika agabanya imfashanyo, yirukana ambasaderi w’Afurika y’Epfo ndetse aha “ubuhungiro” Abanyafurika y’Epfo b’abazungu bahunze “itotezwa”.

    Ariko leta y’Afurika y’Epfo yakomeje guhakana ibyo birego byuko itoteza abazungu cyangwa ikabambura ubutaka bwabo.

    Leta y’Afurika y’Epfo yavuze ko ibirego byuko abazungu barimo gukorerwa jenoside byateshejwe agaciro henshi ndetse ko nta bimenyetso byo kwizerwa bifite.

    Imibare iherutse gutangazwa ijyanye n’ubugizi bwa nabi muri Afurika y’Epfo ntigaragaza ko abazungu ari bo bakorewe ibyaha by’urugomo kurusha abo mu yandi moko.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. AI ishobora kurimbura inyokomuntu? Impuguke mu ikoranabuhanga Neza Nice Fabrice arabisobanura

    Umunyarwanda Neza Nice Fabrice, impuguke mu by'umutekano wo kuri murandasi, arasobanura byinshi ushobora kuba wibaza ku bwenge buhangano.

    Ni mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru Anne Marie Niwemwiza wa BBC Gahuzamiryango.

    Izindi nkuru wasoma/wareba:

  9. Messi ari mu ikipe ya Argentine igiye gukina na Bénin mu mukino wa gicuti wo kumusezeraho

    Ikipe y’igihugu ya Argentine yashyize Lionel Messi mu bakinnyi bazakina umukino wa gicuti n’ikipe y’igihugu ya Bénin mu kwezi gutaha, witezwe kuba umukino w’uwo rutahizamu wo gusezera ku mupira w’amaguru ku rwego mpuzamahanga.

    Muri Kanama (8) uyu mwaka, Messi yatangaje ko asezeye ku gukinira ikipe y’igihugu ya Argentine, nyuma yuko igihugu cye gitsinzwe na Espagne ku mukino wa nyuma w’igikombe cy’isi cy’uyu mwaka wa 2026, na nyuma yuko avuze ko yari arimo gutekereza kuri ejo hazaza he mu mupira w’amaguru nyuma y’urupfu rwa se, Jorge.

    Uyu mukinnyi w’imyaka 39, wari kapiteni wa Argentine ubwo batsindiraga igikombe cy’isi cyo mu mwaka wa 2022, yavuze ko icyo cyemezo cyo kureka gukinira iyo kipe, izwi ku izina rya ‘La Albiceleste’, cyamubabaje “cyane” ariko ko yatanze “ibishoboka byose” ndetse “nta kintu na kimwe nsigaranye cyo gutanga” mu mupira w’amaguru.

    Messi, ufite umuhigo wo gutsindira igihembo cya ‘Ballon d'Or’ inshuro nyinshi – umunani, ubu akinira ikipe ya Inter Miami yo muri Amerika. Ni we mukinnyi ufite umuhigo wo gutsindira Argentine ibitego byinshi ndetse ni na we ufite umuhigo wo kuyikinira imikino myinshi, akaba yarayitsindiye ibitego 125 mu mikino 207.

    Claudio Tapia, umukuru w’ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Argentine, yagize ati: “Twafashe icyemezo cyo gutumira umukinnyi wa mbere w’intyoza cyane ku isi, ikirango cy’ikipe y’igihugu yacu, kapiteni wacu, Lionel Andres Messi, kugira ngo ashobore gusezerwaho mu buryo rwose akwiriye ku itariki ya 6 Ukwakira [10] muri Argentine.”

    Ikibuga Estadio Monumental cy’ikipe ya River Plate, kiri mu murwa mukuru Buenos Aires wa Argentine, gifite ubushobozi bwo kwakira abantu 85,000, ni cyo kizakinirwaho uwo mukino na Bénin.

    Abakinnyi b’ikipe y’igihugu ya Argentine batsindiye igikombe cy’isi cyo mu mwaka wa 2022 na bo batumiwe muri uwo mukino, umukino Tapia yavuze ko uzaba ari igihe “kitazibagirana”.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Umukuru wa kompanyi OpenAI y'ubwenge buhangano avuga ko isi 'ifite impamvu yo kugira ubwoba' ariko 'ikwiye kwizera' kompanyi za AI

    Sam Altman, umukuru wa kompanyi OpenAI y’ubwenge buhangano (AI), atekereza ko abantu bakwiye kurushaho kugirira icyizere kompanyi ye n’izindi zimeze nka yo ko zizakora igikwiye ku bijyanye n’ikorwa rya AI, mu gihe abantu barimo kurushaho guhangayikishwa n’ibyago byose AI ishobora guteza.

    Ku wa kabiri, mu nama i San Francisco muri Amerika, Altman yagize ati: “Isi ikwiye kwizera ko tugiye gukora igikwiye kuko ni cyo kintu gikwiye kandi twiyumvisha uburemere bw’ibi.”

    Ariko Altman yavuze ko abantu bafite impamvu yo kugira ubwoba ku bijyanye na AI, kubera ko ubushobozi bw’ibikoresho byayo bwateye intambwe mu buryo bwihuse.

    Yagize ati: “Ntabwo bisaba gutekereza cyane nkuko byahoze kugira ngo [twebwe] dutekereze ukuntu ibintu bishobora kugenda nabi.”

    “Ntekereza ko isi ifite impamvu yo kugira ubwoba.”

    Altman yabivugiye mu nama ngarukamwaka itegurwa na kompanyi Salesforce y’ikoranabuhanga.

    Ni bwo bwa mbere yari avuze ku mugaragaro kuva ubwo mu cyumweru gishize ubutumwa bwo ku mbuga nkoranyambaga bwabaga kimomo, butangajwe na Jacob Coxon, umushakashatsi waretse akazi muri kompanyi Anthropic ya AI.

    Uwo mushakashatsi yavuze ko AI ishobora kwica abantu bose bitarenze mu mpera y’imyaka 10 iri imbere niba itagenzuwe.

    Bamwe mu bandi bayobozi ba AI n’inzobere muri urwo rwego bavuze ko bemeranya n’iryo suzuma ry’uwo mushakashatsi, nubwo batasobanuye ukuntu bageze ku myanzuro yabo cyangwa ukuntu neza neza AI ishobora kugera ku kintu nk’icyo.

    Izindi nkuru wareba/wasoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.