Ico ayo masezerano asobanura kuri Amerika na Iran – Isesangura

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk’uko bisesangurwa naTom Bateman, umumenyeshamakuru wa BBC akurikiranira hafi ibikorwa vy’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika, Perezida Donald Trump yari amaze igihe yotswa igitutu mu buryo bugenda bwiyongera kubera iduga ridahagarara ry'ibiciro vy’igitoro.
Ukwo kuduga kw’igitoro kwatumye ibiciro vy’ibindi bidandazwa muri rusangi biduga muri Amerika bishika ku rugero rwa mbere ruri hejuru rutari bwigere rubaho mu myaka itatu iheze.
Ubutunzi bwa Iran na bwo nyene bwari bumaze igihe bwaranizwe n'ibihano mpuzamakungu vy’igihe kirekire, bikaba vyari vyunyuwe kandi n’ingingo ya Amerika yo kuzibira ivyambu vy’ico gihugu.
Muri make, impande zompi zari zikeneye kuruhuka no guhumeka.
Ico ayo masezerano ashira imbere, ni ukwongereza ikiringo c’agahengwe kumvikanyweko ku wa 8 Ndamukiza (4).
Ategekanya iyindi minsi 60 ata bitero canke ibikorwa vya gisirikare biba, Amerika ikavanaho ingingo yo kwugara ibivuko vya Iran, Iran na yo ikugurura umuhora wa Hormuz, mu gihe izo mpande zompi ziyemeza kubandanya ibiganiro.
Ntiturabona urwandiko rw’ayo masezerano. Ariko, insiguro zatanzwe n’ubutegetsi [bwa Amerika] mu mpera z'indwi iheze, zerekana ko adakemura burundu ingorane zatumye Trump afata ingingo yo gutera Iran, canke ivyatumye Iran yihora mu buryo bukomeye.
Kugira ngo buri ruhande rushobore kwerekana ayo masezerano nk'intsinzi yarwo, Trump ashaka ko Iran ibuzwa mu buryo bushobora kugenzurwa kandi ku kiringo n’imiburiburi c’imyaka 20, umugambi wo guhingura uranium.
Ku rundi ruhande, Iran ikeneye ko ibihano vyose bikurwaho kandi igasubizwa amamiliyaridi menshi y'amadolare ava mu rudandaza rw’igitoro yafatiriwe kubera ibihano. Ivyo bibazo hamwe n'urutonde rw'ingene vyoshirwa mu ngiro ni vyo vyamye ari intambamyi zikomeye mu biganiro.
N’ubwo ayo masezerano ashobora kuba arimwo ukwiyemeza canke "ugutahura kumwe" ko impande zompi zizobandanya kuganira kuri ivyo bibazo, uko ibintu vyifashe ubu, nta masezerano afadika araboneka kuri vyo.
Aho rero umuntu ataranavuga ivyo Israel hamwe n'aba Républicains b’ivyiyumviro bikaze i Washington basaba.
Bo bavuga ko amasezerano ya nyuma ategerezwa no kugabanya canke kugenzura ibirwanisho bisanzwe vya Iran, hamwe n'imfashanyo ico gihugu giha imirwi bacuditse yitwaje ibirwanisho mu karere.
Izindi nkuru wosoma:



