Trump avuga ko amasezerano na Iran ataraba ntabanduka, kandi aburira ko ashobora gusubira 'gutera ibisasu'
Mw'ijambo yavuze ari mu nama ya G7 mu Bufaransa, yashimangiye ko Amerika ishobora “gusubira gutera ibisasu” mu gihe atanyuzwe n’amasezerano ya nyuma azoba yashitsweko.
Incamake
- Reta ya Guinée Equatoriale yatanze imihoho inyuma yo kunanirwa gushikira intumbero yari yihaye
- Ntibiramenyekana nimba Libani iri mu masezerano, mu gihe Israel yagize ibitero bishasha
- Trump avuga ko amasezerano na Iran ataraba ntabanduka, kandi aburira ko ashobora gusubira 'gutera ibisasu'
- Ubwato butwara igitoro bwa Iran bwarenganye aho Amerika yari yarazibiye, inyuma y'amasezerano
- Perezida Kagame yagize Brig Gen Karuretwa umuvugizi mushya w'ingabo z'u Rwanda
- DR Congo: Umwana urwaye Ebola yashimuswe akurwa mu ivuriro hafi y'i Butembo
- 'Dufise ubwoba ko dushobora kwicwa' – Ikiringo ntarengwa cahawe abimukira ngo babe bavuye muri Afrika y'Epfo kiregereje
- Burundi: Inama nshingamateka na nkenguzamateka zisaba reta gushiraho urwego ruzokurikirana abakekwa 'jenoside' yo mu 1972
- Tehran irimo kugaragaza amasezerano n'Amerika nk'intsinzi – ariko ku Banya-Irani yari ngombwa
- Messi yanganyije na Klose umuhigo w'ibitego byinshi mu gikombe cy'isi ubwo Argentine yanyagiraga Algeria
- Somaliland yafunguye ambasade i Yeruzalemu nyuma yuko Israel yemeye ubwigenge bwayo
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Reta ya Guinée Equatoriale yatanze imihoho inyuma yo kunanirwa gushikira intumbero yari yihaye

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere Manuel Osa Nsue Nsua yagenywe mu 2024 Reta ya Guinée Equatoriale yatanze imihoho inyuma yo kunanirwa gushika ku migambi yari yihaye, nk'uko bivugwa n'icegera c'umukuru w'igihugu Teodoro Nguema Obiang Mangue.
Obiang, ari na we muhungu wa Perezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, yavuze ko Umushikiranganji wa mbere yashikirije ikete ryo gutanga imihoho ry’abagize reta bose kubera ko reta yari yashoboye gushitsa gusa ibice 10 kw’ijana vy’intumbero yari yihaye.
Ntiyatomoye izo ntumbero izo ari zo, ariko itangazo ry’umugambwe uri ku butegetsi ryavuze ko Perezida yabonye ko reta yariko irimonogoza mu kurya igiturire kandi yananiwe guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.
Perezida Obiang ni we mutegetsi amaze igihe kirekire kurusha abandi bose ku butegetsi kw’isi. Amaze kurongora iki gihugu co muri Afrika y’Uburengero gifise petroli nyinshi kuva mu 1979, akoresheje ubutegetsi bukomeye kandi agashinga abo mu muryango wiwe mu mabanga akomeye ya reta.
Perezida yari yashinze iyi reta yatanze imihoho mu mwaka wa 2024, aho Manuel Osa Nsue Nsua yari Umushikiranganji wa mbere.
Ku musi wa kabiri, icegera c'umukuru w'igihugu yavuze ko iki cemezo kijanye n’ingingo ivuga ko “inshingano mu buyobozi bwa reta zitegerezwa kugendana n’ivyerekanywe ko vyakozwe.”
Yanditse ku rubuga rwa X ati: “ivyashitsweko ntibihagije ugereranije n’ivyo abantu bari biteze hamwe n’ivyo twari twemeye gukora.”
Mu rindi tangazo ryasohowe ku rubuga rwa Facebook, umugambwe uri ku butegetsi muri Guinée Equatoriale (PDGE) wavuze ko Perezida atashimishijwe n’ingene reta yari iriko irakora.
Bitegekanijwe ko reta nshasha izoshirwaho mu minsi iri imbere.
Ntibiramenyekana nimba Libani iri mu masezerano, mu gihe Israel yagize ibitero bishasha

Ahavuye isanamu, reu
Insiguro y'isanamu, Umwotsi uriko uraduga mu bumanuko bwa Libani inyuma y'ibitero vyo mu gitondo Kimwe mu bibazo bikomeye bikiri ku meza mu masezerano hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran ni ukutumvikana kuri hagati ya Israel na Liban.
Kugeza ubu, ntibiramenyekana neza nimba Liban iri mu bigize ayo masezerano. Ariko, ibinyamakuru vya Leta ya Liban bivuga ko ingabo za Israel zagavye ibindi bitero bishasha mu bumanuko bwa Liban uno musi.
Igisirikare ca Israel ntikiragira ico kivuga kuri ivyo bitero, ariko cahora kivuga ko kiriko kigira ibitero ku murwi w’abarwanyi ba Hezbollah ushigikiwe na Iran.
Perezida wa Liban, Joseph Aoun, yavuze ko ibiganiro igihugu ciwe kiriko kiragirana na Israel “vyigenga” kandi bidafitaniye isano n’amasezerano hagati ya Amerika na Iran. Ariko yavuze ko ashimira “igihugu cose kidufasha, harimwo na Iran.”
Donald Trump na we yahamagariye Israel “kwitwararika kurushiriza” ivyerekeye Libani, ariko yongera avuga ko ukwo kutumvikana ari “intambara ntoya” itazogira ingaruka ku masezerano Amerika iriko iragirana na Iran.
Hagati aho, itangazo rusangi ryasohowe uno musi n’abarongozi b’ibihugu vya G7, harimwo na Trump, rivuga ko bashigikiye “agahengwe k’intambara gakomeye kandi kihuta” muri Liban, hamwe n’utwigoro twa Leta ya Beirut two “kwaka ibirwanisho Hezbollah.”
Izindi nkuru wasoma:
Trump avuga ko amasezerano na Iran ataraba ntabanduka, kandi aburira ko ashobora gusubira 'gutera ibisasu'

Ahavuye isanamu, EBU
Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano yumvikanyweho na Iran ataraba ntabanduka.
Mw'ijambo yavuze ari mu nama ya G7 mu Bufaransa, yashimangiye ko Amerika ishobora “gusubira gutera ibisasu” mu gihe atanyuzwe n’amasezerano ya nyuma azoba yashitsweko.
Ibi abivuze mu gihe Amerika na Iran bategerezwa guhurira mu Buswisi kuri uyu wa gatanu kugira bashire umukono kuri ayo masezerano, n'ubwo ibiyarimwo bitarashirwa ahabona mu buryo buramvuye.
Izindi nkuru wasoma:
Ubwato butwara igitoro bwa Iran bwarenganye aho Amerika yari yarazibiye, inyuma y’amasezerano

Ahavuye isanamu, Getty Images
N'imiburiburi ubwato butatu butwaye igitoro bwa Iran bwararenganye muri iyi ndwi aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zari zazibiriye ibivuko vy’ico gihugu, mu gihe ubundi bugira kane budatwaye imizigo buriko bwerekeza mu kiyaga ca Oman, nk’uko vyemezwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Ivyo bibaye inyuma y'uko Amerika na Iran bashitse ku masezerano y’ibanze yo guhagarika intambara no kwugurura umuhora wa Hormuz usanzwe ufise akamaro kanini mu rudandaza rwo mu mazi kw’isi.
Ukurengana kw’ubwo bwato bwa Iran kwerekana ko ico gihugu gitanguye bukebuke gusubira gushorera mu mahanga igitoro, ibishobora gutuma congereza amikoro n’ubwo urugero rw’ivyo Ubushinwa – igihugu gisanzwe kigura igitoro cinshi kiva muri Iran- bugura, ruguma ruri hasi kubera inyungu ntoya iva ku masoko yo mu gihugu hagati.
Ubwato bubiri bunini cane buzwi nka Hero II na Diona, bumwe bwose bwari butwaye imiriyoni zibiri z’utugunguru tw’igitoro, bwarenganye mu kigobe ca Oman bukaba buriko bwerekeza mu buseruko, nk'uko amakuru atangwa n’ikigo gikurikirana ingendo z’ubwato avyerekana.
Ubwato Sonia I bwo mu bwoko bwa Suezmax, butwaye umuriyoni w’utugunguru, na bwo nyene bwarenganye aho Amerika yari yazibiriye ibivuko vya Iran. Buriko bugana muri Singapour, nk'uko amakuru y’ibigo Kpler, Vortexa na LSEG avyemeza.
Ubwato bunini buzwi nka VLCC Stream bufitaniye isano na Iran, budatwaye imizigo, buriko bwerekeza aho ingabo za Amerika zari zazibiye, nk'uko amakuru ya Kpler na LSEG abandanya avyerekana.
Ingingo ya Amerika yo kuzibira ibivuko vya Iran, mu gihe Iran nayo yari yazibiye umuhora wa Hormuz, yatumye igitoro Iran ishorera mu mahanga kigabanuka gushika musi ya kimwe ca gatanu muri Rusama (5), urugero rwa mbere rutoya rutari bwigere rushikwako mu myaka itandatu.
Ni ukuvuga ko Iran yari isigaye ishorera hanze utugunguru tw’igitoro 260.000 ku munsi gusa, mu gihe mu mwaka uheze urwo rugero rwari ku tugunguru imiliyoni 1,67 ku musi.
Umutegetsi mukuru wa Amerika yavuze ku wa kabiri ko, hisunzwe amasezerano yo guhagarika intambara yashitsweko hagati y’ibihugu vyompi, Amerika igiye kwemerera Iran gutangura, ubwo nyene, gushorera igitoro mu mahanga.
Izindi nkuru wosoma:
Perezida Kagame yagize Brig Gen Karuretwa umuvugizi mushya w'ingabo z'u Rwanda

Ahavuye isanamu, RDF / X
Perezida w’u Rwanda Paul Kagame yagize Brigadiye Jenerali (Brig Gen) Patrick Karuretwa umuvugizi mushya w’ingabo z’u Rwanda (RDF).
RDF yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko Brig Gen Karuretwa “azakomeza no gukora inshingano nk’Umuyobozi Mukuru ushinzwe ubufatanye mpuzamahanga mu bya Gisirikare muri Minisiteri y’Ingabo”.
Brig Gen Karuretwa asanzwe ari na Perezida w'urukiko rukuru rwa gisirikare.
Asimbuye kuri uwo mwanya Brig Gen Ronald Rwivanga, mu kwezi gushize watangiye imirimo nk'umukuru w’umutwe w’umuryango w’Afurika y’uburasirazuba wo gutabara aho rukomeye, Eastern Africa Standby Force.
Izindi nkuru wasoma:
DR Congo: Umwana urwaye Ebola yashimuswe akurwa mu ivuriro hafi y'i Butembo

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abakora mu buvuzi batwaye umurambo w'umuntu wishwe na Ebola bawujyanye mu buruhukiro bw'ikigo nderabuzima cya Nyankunde, i Bunia, mu ntara ya Ituri, ku wa gatandatu ushize (ifoto mbarankuru) Abategetsi bo mu buvuzi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) bavuga ko umwana w'umukobwa w'imyaka itandatu wanduye Ebola yashimuswe akurwa mu kigo ivurirwamo kiri mu burasirazuba bw'icyo gihugu.
Ku mugoroba wo ku wa mbere, abagabo bitwaje intwaro z'ubugi butyaye biraye muri iryo vuriro riri hafi y'umujyi wa Butembo mu ntara ya Kivu ya Ruguru, nuko batwara uwo mwana na nyina.
Abategetsi bo mu buvuzi baburiye ko abo bantu bombi bashobora gukwirakwiza iyo virusi nibakomeza kuba hanze y'ivuriro.
Inkuru irambuye hano
'Dufise ubwoba ko dushobora kwicwa' – Ikiringo ntarengwa cahawe abimukira ngo babe bavuye muri Afrika y'Epfo kiregereje

Ahavuye isanamu, Thuthuka Zondi / BBC
Insiguro y'isanamu, Esnat Joseph avuga haje umurwi w'abagabo muhira iwe i Durban, gutera ubwoba umuryango wiwe, ivyatumye ahunga ajanye n'abana biwe batatu b'amahasa Afrika y'Epfo isigaye ari igihugu kigoye kubamwo ku bimukira badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko, mu gihe ikiringo ntarengwa cashinzwe n’abagira imyiyerekano co kugira abo bimukira babe bavuye muri ico gihugu, kiriko kiregereza.
Esnat Joseph, umugore w'Umunyamalawi afise imyaka 36, ariko aragerageza guhoza abana biwe batatu b'amahasa bafise umwaka umwe, yabwiye BBC ati: "Mfise ubwoba bwinshi kandi narahahamutse."
Yarataye aromoka, ava muhira iwe, mu gace k'imihana ibamwo abantu mu kajagari mu gisagara ca Durban, mu ntara ya KwaZulu-Natal, aja kurondera ubuhungiro mu kibanza cagutse kiri ahabona, aho abanyamahanga bagera ku 7.000 – ahanini b’Abanyamalawi – bamaze indwi zibiri biyegeraniriza bakahahungishiriza n’utwabo.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abanyamahanga n’imiburiburi 7.000, harwiriyemwo Abanyamalawi, bakoraniye i Durban aho basaba gutahukanwa mu bihugu vyabo Yagize ati: "Haraje abantu muhira iwanje bambwira bati: 'Utegerezwa kuvaho. Ntitugishaka ko muguma aha. Mutegerezwa gusubira mu gihugu canyu.' Bari nka 10 kandi bari bafise ibirwanisho."
Yasiguye ko uwo murwi w’abagabo b’Abanyafrika y'Epfo wari witwaje imihoro n'ibimoko.
Yabandanije agira ati: "Baratemye umugabo wanje ku mutwe no kw’izosi. Bari bamufashe izosi nk'abashaka kumwica. Kubw'ubuntu bw'Imana yararokotse, ubu ari mu bitaro."
Abandi benshi biyegeranirije muri ico kibanza, aho amashirahamwe y’abagiraneza ariko abaronsa uburengeti n'ibifungurwa. Bavuga ko na bo nyene bagiriwe ibikorwa nk'ivyo vyo kubatera ubwoba, aho hari umurwi w’abantu wabasanga muhira inzu ku nzu.
Ivyo bibaye inyuma y’urukurikirane rw'imyiyerekano, ahanini yabaye mu mahoro muri uyu mwaka, iyobowe n'umuhari urwanya abimukira witwa March and March, umugambwe ActionSA utavuga rumwe n'ubutegetsi n'abandi.
Muri iyo myiyerekano, bashinze itariki ya 30 Ruheshi (6) nk'ikiringo ntarengwa c'uko abimukira badafise ivya ngombwa boba bavuye ku butaka bwa Afrika y'Epfo.
Bitwaje inkoni, bagenda bararirimba bavuga bati "Mabahambe", ijambo ryo mu rurimi rw'Ikizulu risigura ngo "Nibagende".
Mu gihe iminsi batanze iriko irahera, ku wa kabiri Perezida w'Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yaburiye Abanyafrika y'Epfo ko "guta inkubire ku bantu b'abanyantege nke" atari yo nyishu ku ngorane z'ubutunzi zugarije ico gihugu.
Izindi nkuru wosoma:
Burundi: Inama nshingamateka na nkenguzamateka zisaba reta gushiraho urwego ruzokurikirana abakekwa 'jenoside' yo mu 1972

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR aradoma urutoke ku bategetsi batandukanye b'ico gihe, harimwo uwahora ari Perezida Michel Micombero (ifoto mbarankuru yo mu 2022) Inama nshingamateka na nkenguzamateka z'Uburundi zisaba reta y'ico gihugu gushiraho urwego rw'ubutungane rukurikirana abikekwa kugira uruhara mw' "ihonyabwoko" ryakorewe Abahutu mu 1972.
Zisaba kandi abategetsi gushiraho umusi wahariwe kwibuka, ku rwego rw'igihugu, amabi yabaye n'abayakorewe muri uwo mwaka.
Izo nzego zibiri zabisavye ku wa kabiri, igihe umurwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha abarundi CVR wazishikiriza, zikoraniye hamwe, icegeranyo ntabanduka kw' "ihonyabwoko" ryakorewe abahutu mu 1972.
Inkuru iramvuye soma ngaha
Tehran irimo kugaragaza amasezerano n'Amerika nk'intsinzi – ariko ku Banya-Irani yari ngombwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubutegetsi bwa Iran burimo kugerageza kugaragaza ko inyandiko igiye gutangazwa y’ubwumvikane n’Amerika atari nko gusuna igasubira inyuma, ahubwo nk’umusaruro wo kwihagararaho n’intsinzi.
Ariko iyo si ingingo yoroshye kuyemeza abantu, nkuko byandikwa n'umwanditsi mukuru wa BBC mu rurimi rw'Igi-perse, Amir Azimi.
Igihugu cya Iran kimaze kunyura mu ntambara yangije byinshi, ubukungu burajegajega cyane, ndetse na bamwe mu bashyigikiye ubu butegetsi bwa Repubulika ya Kisilamu bamaze amezi bamagana ko habaho kumvikana na Washington.
Hari n’Abanya-Iran, imbere mu gihugu no hanze yacyo, babona ko amakuba igihugu kirimo atari umwanya wo gukora dipolomasi (gushyikirana), ahubwo nk’umwanya wuko habaho impinduka y’ubutegetsi.
Uwo ni wo mwuka wa politike icitsemo ibice Tehran ubu igerageza kumvikanishamo amasezerano yagiranye n’Amerika.
Ku Banya-Iran benshi, ikibazo si ukumenya niba aya masezerano asobanuye intsinzi, ahubwo ni ukumenya niba agabanya ibiciro ndetse akagabanya ubwoba bwuko habaho indi ntambara.
Izindi nkuru wasoma:
Messi yanganyije na Klose umuhigo w'ibitego byinshi mu gikombe cy'isi ubwo Argentine yanyagiraga Algeria

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Lionel Messi yatsinze igitego cye cya 16 mu gikombe cy'isi hashize neza neza imyaka 20 nyuma y'igitego cye cya mbere yatsinze Serbie-et-Monténégro mu 2006 Lionel Messi yabaye umukinnyi usangiye gutsinda ibitego byinshi cyane mu gikombe cy’isi, ubwo yatsindaga ibitego bitatu igihe Argentine, yegukanye igikombe cy’isi cy’ubushize, yatangaga ubutumwa bukomeye mu kunyagira Algeria.
Muri uwo mukino wa 200 yari akiniye igihugu cye, Messi ni bwo bwa mbere yari atsinze ibitego bitatu mu mukino w’igikombe cy’isi.
Kandi byanditse n’amateka, kuko uyu mukinnyi w'imyaka 38, ufite umuhigo wo gutsindira ibihembo umunani bya Ballon d'Or, yagejeje ku bitego 16 amaze gutsinda mu mikino y’igikombe cy’isi – ubu akaba abinganya n’Umudage Miroslav Klose mu gutsinda ibitego bya mbere byinshi mu mateka y’igikombe cy’isi.
Argentine, imaze gutsindira ibikombe bitatu by’isi, byayisabye gukora cyane kugira ngo igere kuri iyo ntsinzi muri uwo mukino wabereye ku kibuga cyo mu mujyi wa Kansas muri Amerika, mu gihe ishaka kuba igihugu cya gatatu gusa ku isi gishoboye kwisubiza igikombe cy’isi.
Ni bwo bwa mbere Argentine itsinze umukino wayo ubanza w’igikombe cy’isi nk’ikipe ifite igikombe cy’ubushize, ikaba yaratsinzwe mu 1982 no mu 1990.
Izindi nkuru wasoma:
Somaliland yafunguye ambasade i Yeruzalemu nyuma yuko Israel yemeye ubwigenge bwayo

Ahavuye isanamu, Prime Minister of Israel's Office
Insiguro y'isanamu, Perezida wa Somaliland Abdirahman Mohamed Abdullahi (ibumoso) yagiranye ibiganiro na Minisitiri w'intebe wa Israel Benjamin Netanyahu mu ruzinduko rwe Leta yitandukanyije ya Somaliland yafunguye ambasade i Yeruzalemu, amezi atandatu nyuma yuko Israel ibaye igihugu cya mbere kiyemeye nk’igihugu cyigenga.
Ifungurwa ry’iyo ambasade mu gace kiganjemo ibikorwa by’ikoranabuhanga ko muri Yeruzalemu y’uburengerazuba, ryabaye mu gihe Perezida wa Somaliland Abdirahman Mohamed Abdullahi ari mu ruzinduko rw’akazi muri Israel.
Mu nama yagiranye na Perezida wa Somaliland, Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ku “mubano wa roho wimbitse uri hagati y’abaturage bacu”.
Ariko Somalia, ifata Somaliland nk’ubutaka bwayo, yasobanuye ibyo biganiro n'"ubutegetsi bwitandukanyije bw’akarere k’amajyaruguru ya Somalia... [nk’] ihonyorwa ry’ubusugire bwayo".
Kwemerwa na Israel kwa Somaliland, kwabaye mu Kuboza (12) kw’umwaka ushize, kwateje impaka. Ibihugu n’imiryango byose hamwe bibarirwa muri za mirongo birimo Ubushinwa, Turukiya, Arabie Saoudite n’umuryango w’Ubumwe bw’Afurika byanenze uko kwemerwa na Israel.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
