IKIBIRIRAHO, Abasirikare ba Eritrea binjiye muri Tigray mu gihe intambara irushiriza gukomera

Abasirikare ba Eritrea binjiye mu buraruko bwa Ethiopia, berekeza mu bice vya Tigray biriko biraberamwo intambara hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanyi bo muri iyo ntara, nk’uko ababa mu gisagara ca Adigrat babibwiye BBC.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Mushikirizwa na Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Igitero cy'Uburusiya kuri bisi cyishe abantu nibura 30, ni ko abategetsi bavuga, mu gihe ibitero kuri Ukraine byiyongereye

    Igice cy’icyuma cy’imodoka ya bisi irimo gushya i Kramatorsk. Indimi z’umuriro zirimo kuboneka imbere muri bisi, umwotsi w’umukara urimo gusohokamo, mu gihe ibisigazwa binyanyagiye mu muhanda.
    Insiguro y'isanamu, Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yatangaje ku rubuga rwa Telegram ubutumwa bwo kwihanganisha imiryango yabuze abayo, anavuga ko inshuti za Ukraine zicyeneye gukora "igikorwa gifatika"

    Abantu barenga 30 biciwe mu gitero cy’ibisasu bizwi nka ‘glide bombs’ cyagabwe n’Uburusiya ku modoka ebyiri za bisi za gisivile mu mujyi wa Kramatorsk uri ku murongo w’imbere wo ku rugamba, nkuko abategetsi bo mu rwego rw’ubutabazi babivuga.

    Umukuru w’akarere ka Donetsk, Vadym Filashkin, yavuze ko abandi bantu 18 bakomeretse, ashinja Uburusiya kurasa kuri izo bisi zitwaye abagenzi bugambiriye kwica abasivile benshi bashoboka.

    Umujyi wa Kramatorsk hamwe n’umujyi bituranye wa Slovyansk ni imwe mu yigize icyizwi nk’umukandara w’ubwirinzi Uburusiya burimo kugerageza gufata, mu mugambi wa Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin wo kwigarurira akarere kose k’inganda ka Donbas ka Ukraine.

    Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagize ati: “Iki gitero ntikizagenda nta gisubizo cyacu kibayeho.”

    Mu butumwa yatangaje ku rubuga rwa Telegram, yagize ati: “Uburusiya burimo kugerageza gusenya ubuzima bwose muri Donbas, ndetse isi icyeneye kugira icyo ikora kuri ibi. Gukorana ubukana – neza neza nkuko Abarusiya babikwiye ku bw’impfu zose bateje.”

    Amafoto yatangajwe n’abashinjacyaha baho yagaragaje ibice by’ibyuma by’iyo bisi birimo gushya, mu gihe ibisigazwa by’izo modoka hamwe na bamwe mu bapfuye bari kuri uwo muhanda.

    Uburusiya nta cyo buratangaza kuri iki gitero gishya cyo ku wa kane. Gikurikiye ukwiyongera cyane kw’ibitero by’Uburusiya hirya no hino muri Ukraine, hamwe no kwiyongera kw’abasivile babipfiramo ndetse n’abakomereka.

    Umuryango w’Abibumbye uvuga ko kugeza muri Kanama (8) uyu mwaka abasivile benshi cyane bishwe kurusha abishwe bose mu mwaka wa 2025.

    Abategetsi bakuriye ubutabazi bavuze ko icyo gitero cyateje inkongi y’umuriro kuri bisi ebyiri zombi zari zitwaye abagenzi.

    Filashkin yinginze buri muntu wese ukiri mu karere ka Donetsk ngo ahave yimukire mu turere dutekanye kurushaho twa Ukraine.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Umukenyezi yirukanywe mu nzu bigatuma haba imyiyerekano muri Espagne yapfuye

    Umukenyezi w’imyaka 87, yirukanywe mu nzu yari amazemwo imyaka irenga 70

    Umukenyezi w’imyaka 87, yirukanywe mu nzu yari amazemwo imyaka irenga 70 bigatera imyiyerekano hirya no hino muri Espagne, yapfuye ku wa gatatu, nk’uko ishirahamwe ry’abapangayi i Madrid ryabitangaje.

    Maricarmen Abascal yasohowe ku nguvu mu nzu yiwe ku wa 23 Nyakanga (9), aryamitswe ku nderuzo, inyuma y’uko atari agishoboye kuriha amahera y’inzu yari yadugijwe.

    Se yari yatanguye gukota iyo nzu mu 1956. Ishirahamwe Urbagest ryayiguze mu 2018, rica riduza amahera y’inzu ava ku mayero 500 ku kwezi aja ku 2.650.

    Mu nyuma, iryo shirahamwe ryemeye kuyagabanya gushika ku mayero 1.650 no kumureka agasubira mu nzu. Ariko Abascal ntiyashoboye gutera umukono kuri ayo masezerano kuko yari mu bitaro.

    Icatumye apfa ntikiratangazwa.

    Urupfu rwiwe rwamenyekanye mu gihe abantu ibihumbi bari bamaze imisi bari mu kibanza ca Puerta del Sol i Madrid, basaba ko amahera y’amazu agabanuka.

    Abari muri iyo myiyerekano baracanye amabuji, bafata umunota wo kumwibuka, bongera bagenda gushika ku ngoro y’inama nshingamateka bavuga ko batazokwihanganira ko abandi bantu birukanwa mu mazu.

    Ivyo vyatumye haba impari zikomeye muri politike. Umushikiranganji wa mbere Pedro Sánchez yatangaje ko amatora azoba ku wa 29 Munyonyo (11), imbere y’igihe yari ategekanijwe, inyuma y’uko inama nshingamateka yanse amategeko yari agamije gutorera umuti ikibazo c’amazu.

  3. Ku myaka 16, Max Dowman wa Arsenal amaze guca imihigo itatu y'isi

    Max Dowman

    Mu mupira w’amaguru, umusore w’Umwongereza Max Dowman yaronse impapuro zitatu zemeza ko yaciye umuhigo wa Guiness, Guinness World Records, ubushimwe ahawe kubera ibikorwa bidasanzwe yerekanye mu mwaka w’inkino uheze.

    Igihe yari afise imyaka cumi n’itanu, uno mukinyi wa Arsenal yabaye umukinyi wa mbere muto kurusha abandi bose yakinye mw’ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, (UEFA Champions League), akinira uwo murwi wiwe wo mu gisagara ca Londres.

    Mu nyuma, amaze gushikana imyaka cumi n’itandatu, yabaye umukinyi wa mbere muto kurusha abandi bose yinjije igitsindo mw’ihiganwa y’Ubwongereza, Premier League, yongera aba n’umukinyi wa mbere muto muto kurusha abandi bose atahukanye iryo higanwa.

  4. Rice ari hafi kumvikana ku masezerano mashya na Arsenal

    Declan Rice agaragara yambaye Umupira wa arsenal w’ibara ry’umutuku kumaboko usa umweru , azamuye amaboko nkugiye gukoma amashyi
    Insiguro y'isanamu, Declan Rice yageze muri Arsenal avuye muri West Ham mu 2023.

    Amakuru agera kuri BBC Sport avuga ko Declan Rice yegereje kumvikana ku masezerano mashya y’igihe kirekire muri Arsenal.

    Uyu mukinnyi wo hagati w’Ubwongereza yabaye umukinnyi w’ingenzi cyane muri iyi kipe (izwi nka Gunners) kuva yayigeramo avuye muri West Ham ku kayabo ka miliyoni 105 z’amapawundi mukwezi kwa 7, 2023.

    Amasezerano yarafite azarangira mu mpera z’umwaka w’imikino utaha, ariko BBC Sport mukwa 3 yari yatangaje ko ibiganiro ku masezerano mashya byari byaratangiye, ubu rero bigeze kure.

    Uyu mukinnyi w’imyaka 27 amaze gukina imikino 165 muri Arsenal, yafashije Kandi iyi kipe kwegukana igikombe cya Premier League nyuma y’imyaka 22 itagitwara, mu mwaka w’imikino ushize.

    Rice ashobora kuzahabwa umushahara wiyongereye cyane ugereranyije n’uwo yabonaga wa £240,000 ku cyumweru, bitume agera ku rwego rumwe na Bukayo Saka uhembwa amafaranga menshi kurusha abandi muri iyi kipe, Bukayo Saka, bivugwa ko ahabwa hafi £350,000 ku cyumweru.

    Nubwo Rice yivanye mu ikipe y’igihugu y’Ubwongereza yari iyobowe na Thomas Tuchel mbere y’umwiherero w’ibyumweru bitatu uherutse, ariko amaze gukinira iki gihugu imikino 80 kuva ahinduye ikipe y’igihugu yavuyemo (yakiniraga Repubulika ya Ireland) mu 2019. Tuchel na we yigeze kumushima avuga ko ari umwe mu "bakinnyi beza bo hagati mu Burayi".

    Byitezwe ko Rice azakina mu mukino Arsenal izakiramo Leeds muri shampiyona y’icyiciro cya mbere mu Bwongereza kuri uyu wa Gatandatu (saa sita n’igice z’amanywa ku isaha yo mu Bwongereza - BST).

    İyi nkuru ije nyuma y’uko ku wa Gatatu hatangajwe amasezerano mashya y’imyaka ine y’umutoza wa Arsenal, Mikel Arteta, hamwe n’iyi kipe yatwaye igikombe cya Premier League.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. ONU yongereje ikiringo c’intumwa yayo idasanzwe ngo akurikirane ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi

    Fortuné Gaétan Zongo, intumwa idasanzwe yayo ikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi

    Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yarongereje ikiringo ca Fortuné Gaétan Zongo, intumwa idasanzwe yayo ikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi.

    Iyo ngingo yemejwe ku majwi 22, ibihugu indwi birayirwanya, ibindi 17 ntivyagira ico biyivugako.

    Zongo yasabwe kuzoshikiriza icegeranyo gikwiye ku vy’agateka ka zina muntu mu Burundi, mu nama ya 66 y’iyo nama ya ONU no mw’ikoraniro rya 82 ry’Inama Nkuru ya ONU zizoba mu mwaka uza inyuma y’amatora yo mu Burundi.

    Iyo nama yasavye kandi reta y’Uburundi gutegura ibikenewe kugira amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2027 abe atekanye. Yasavye reta gutanga ikirangamisi cerekana igihe ibiro vy’Ishirahamwe rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu vyosubira kwugururwa mu Burundi.

    Amashirahamwe y’Abarundi aharanira agateka ka zina muntu, ariko cane cane ayakorera hanze y’igihugu, yashimye iyo ngingo. Avuga ko gukurikirana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi bikenewe cane imbere y’amatora yo mu 2027.

    Ayo mashirahamwe avuga ko hakivugwa inyuruzwa ry’abantu, iyicarubozo, ugupfungwa kutisunze amategeko, ukugabanya uburenganzira bw’amashirahamwe yigenga hamwe n’ukudahana abagirizwa ivyaha.

    Reta y’Uburundi yo yari yamaze kuvuga ko idashigikiye ico gikorwa. Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, yari yavuze ko hageze guhagarika ico yise “ugutebura kw’intumwa idasanzwe”, yagiriza Zongo gushingira ivyegeranyo vyiwe ku makuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. Amerika: Pentagone iriko irategura ibitero bishobora kugabwa kuri Iran imbere y’amatora

    umusirikare wa amerika

    Ibinyamakuru vya Amerika Axios na The Atlantic bivuga ko Pentagone (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi ) iriko irategura uburyo bwo gusubira kugaba ibitero bikomeye kuri Iran, bishobora kuba imbere y’amatora yo hagati y’ikiringo ca Perezida azoba ku wa 3 Munyonyo (11).

    Axios, ishingiye ku bategetsi ba Amerika bavuganye, ivuga ko Pentagone yahaye itegeko ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika mu Buseruko bwo Hagati, CENTCOM, ryo kurangiza imyiteguro yo gusubira mu bikorwa bikomeye vy’intambara kuri Iran.

    The Atlantic na yo ivuga ko Ibiro vya Perezida wa Amerika vyasavye Pentagone gutegura uburyo butandukanye bwo gutera ibibanza vya Iran, bushobora gukoreshwa imbere y’ayo matora.

    Ariko Axios ivuga ko iryo tegeko riterekanye umusi ibitero vyotangurirako. Perezida Donald Trump na we ngo ntarafata ingingo ya nyuma yo gusubira gutera Iran.

    The Atlantic ivuga ko Trump yipfuza ko ibiciro vy’igitoro bigabanuka no kwerekana ko hari intambwe ikomeye yatewe mu ntambara na Iran imbere y’uko Abanyamerika baja gutora.

    Amakuru Axios yakuye ku bategetsi ba Amerika na Israel avuga ko ibitero bishobora kugabwa imbere y’amatora yo muri Amerika, canke imbere y’amatora ya Israel ategekanijwe kuba indwi imwe imbere yayo.

    Axios ivuga ko ibikorwa bikomeye vy’intambara nivyasubira, bishobora kuba birimwo ibitero vyinshi vy’amabombe ku bigo vya Iran bijejwe inguvu, ku nyubakwa n’imihora bihambaye no ku bibanza bikorerwamwo imigambi ya nikleyeri. Ariko bamwe mu bategetsi bavuga ko ibitero imbere y’amatora bishoboka naho amahirwe yavyo atari menshi.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Abasirikare ba Eritrea binjiye muri Tigray mu gihe intambara irushiriza gukomera

    Abasirikare ba Eritreya barimwo mu ntambara yo muri Tigray yo mu 2020-2022
    Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Eritreya barimwo mu ntambara yo muri Tigray yo mu 2020-2022

    Abasirikare ba Eritrea binjiye mu buraruko bwa Ethiopia, berekeza mu bice vya Tigray biriko biraberamwo intambara hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanyi bo muri iyo ntara, nk’uko ababa mu gisagara ca Adigrat babibwiye BBC.

    Intambara yasubiye kwaduka haheze indwi zibiri, inyuma y’amezi hari ukutumvikana hagati ya reta ya Ethiopia n’umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray.

    Impande zompi zagirizanya kutubahiriza amasezerano yo mu 2022 yahagaritse intambara yamaze imyaka ibiri.

    Reta ya Ethiopia yagiriza Eritrea gufasha TPLF, ariko Eritrea yari yabihakanye.

    Mu mpera z’indwi iheze, abarwanyi ba TPLF baravuye mu gisagara ca Mekelle, ubu kikaba kigenzurwa n’igisirikare ca Ethiopia.

    Ababa i Adigrat bavuga ko babonye imirongo y’amakamyo y’igisirikare ca Eritrea iva ku mupaka i Zalambessa, ica i Adigrat yerekeza i Edaga Hamus, hagati ya Adigrat na Mekelle.

    Umwe muri bo yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: “Nabonye amakamyo nka 40 atwaye abasirikare. Yerekeza mu bumanuko.”

    Uwundi yavuze ko yabonye amakamyo ari hagati ya 20 na 30, amwe atwaye ibirwanisho bikomeye harimwo inkoho zirasa indege. Abandi basirikare ngo bariko bagenda n’amaguru.

    Hari n’amakuru avuga ko amakamyo ashika 60 atwaye abasirikare yabonywe yerekeza mu misozi iri hafi ya Edaga Hamus. BBC ntirashobora kwemeza ko ayo makuru n’amashusho ariko arakwiragizwa ari ivy’ukuri.

    Ababa i Wukro bavuze ko igisirikare ca Ethiopia n’abarwanyi bagifasha binjiye muri ico gisagara ku wa gatatu, inyuma y’intambara yakoreshejwemwo ibirwanisho bikomeye.

    Ukugaruka kw’abasirikare ba Eritrea kwateye ubwoba abanyagihugu benshi bo muri Tigray, bibuka ubwicanyi bagirizwa gukora mu ntambara yo hagati ya 2020 na 2022.

    Umutegetsi mukuru wa Ethiopia, Abraham Belay, yagirije Eritrea kugira uruhara rutaziguye muri iyo ntambara. Yavuze ko abasirikare benshi ba Eritrea bishwe, abandi bagafatwa, yongera avuga ko Ethiopia izokwishura bikomeye.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.