Dukwiye kwigisha abahungu mu buryo butandukanye n'ubw'abakobwa kugira basohore impano yabo neza – Gareth Southgate
Gareth Southgate yahoze ari umumenyereza w'umurwi w'umupira w’amaguru w'Ubwongereza avuga ko uburyo abahungu bigishwamwo mu mashure bukwiye guhindurwa kugira ngo bwisunge "itandukaniro rya kamere" riri hagati yabo n’abakobwa.
Yabwiye BBC ko ivyo bikenewe kugira ngo hafatwe ingingo zo gutorera umuti ingorane zugarije abahungu n’abasore benshi harimwo ihungabana ry’amagara yo mu mutwe, kwumva ari bonyene canke barahebwe kandi batitahura, bakaba kandi batorohewe mu bijanye no kwiga.
Avugira mu kiganiro citwa Today co kuri BBC Radio 4, yagize ati: "Nibaza ko uwigeze gukorana n’abahungu canke abakobwa bakiri bato azi neza ko hariho itandukaniro rya kamere hagati yabo."
Ashimangira ko kugira urwaruka rushobore gusohora ubushobozi n’impano vyarwo mu buryo bwuzuye, "bisaba uburyo butandukanye gatoyi mu kwigisha no kurera abasore, ugereranije n’ubwo dukoresha ku bakobwa".
Uyu mugabo w’imyaka 55 yatunganirije BBC ikiganiro co mu bwoko bwa ‘documentaire’ gisuzuma ingene abasore bafise ingorane zo kuronka akazi, cane cane abagiye baronka umwimbu udashemeye kw’ishure, bashobora guhura n’uruhererekane rw’ingorane mu buzima bwabo bw’inyuma y’ishure.
Muri izo ngorane harimwo ihungabana ry’amagara yo mu mutwe no kutitahura.
Ico kiganiro citwa 'Gareth Southgate: Changing the Game for Young Men'.
Ugerageje gusobanura mu Kirundi, wovuga, 'Gareth Southgate: Guhindura uburyo urwaruka rw’abasore rufashwa canke rurerwa'.
Ico kiganiro kizotangura kwerekanwa ku wa mbere.
Kirihweza kandi ingene iyo ngorane yotorerwa umuti, harimwo gutuma abagabo bakuze bitanga kugira babe abajenama b’urwaruka. Kiranakangurira abagabo benshi kwinjira mu mwuga wo kwigisha.
Kubura akarorero keza abahungu n’abasore bokwigana ni imwe mu ngorane Sir Gareth yari yashimikiyeko mu mwaka uheze, igihe yatanga ikiganiro ngarukamwaka ca BBC citwa ‘Richard Dimbleby Lecture’.
Yaraneguye bamwe mu bantu bazwi cane ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko bayovya nkana urwaruka rw’abasore kandi bakarwumvisha ko gutera imbere mu buzima bipimwa gusa n’amahera umuntu afise canke ubushobozi bwo kuganza abandi.
Izindi nkuru wosoma: