Trump yavuze ko Amerika iza gutera Iran “igitero gikomeye cane iri joro”
Donald Trump yavuze ko Amerika iza gutera Iran “igitero gikomeye cane iri joro” mu butumwa bushasha yashize ku rubuga rwiwe rwa Truth Social.
Yavuze ati:
“Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziraza gutera Iran (aho igisoda co mu mazi, igisoda co mu kirere, “radar”, uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere n’ubundi buryo bwose bwo kwivuna abansi, hamwe n’igice kinini c’ubushobozi bwayo bwo gutera, vyose vyamaze gusamburwa !), IGITERO GIKOMEYE CANE IRI JORO.
"Atari kera cane, tuzofata izinga rya Kharg hamwe n’ibindi bibanza bikorerwamwo ibitoro, maze tugenzure burundu isoko ryabo ry’igitoro na gaz, nk’uko twabigize muri Venezuela, kandi bikaba vyagenze neza cane ku nyungu za Venezuela na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.”
Kuva intambara itanguye, Trump yarateye ubwoba incuro nyinshi avuga ko ashaka gufata izinga rya Kharg, izinga ritoyi riri ku nkengera za Iran kandi ari kimwe mu bibanza bikuru cane vyifashishwa mu guhingura no kurungika ibitoro hanze y’igihugu.
Izindi nkuru wosoma :