Umugwi nserukiragihugu wa Irani wemerewe kwinjira muri Amerika mu gikombe c'isi

    • Umwanditsi, Tabby Wilson
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 1

Umurwi nserukiragihugu wa Irani mu mupira w'amaguru wemerewe visa zo kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo uzoje mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi kizotangura mu ndwi iza, nk'uko vyemezwa n'abategetsi ba Amerika.

Uru ruhusha rutanzwe hasigaye imisi 10 gusa ngo bakine urukino rwabo rwa mbere ruzobahuza na Nouvelle-Zélande i Los Angeles ku wa 15 Ruheshi (6).

Abategetsi bavuze bati: "Visa zikenewe kugira ngo Irani ishobore kuja mu gikombe c'isi, harimwo abakinyi n'abakozi babafasha, zose zamaze gusohoka".

Bongerako ko Amerika itazokwemerera uno mugwi wa Irani "kwiheka inyuma y'uru ruhusha bakinjiza muri Amerika abakora iterabwoba".

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Irani ntaco riravuga ku mugaragaro kuri izo visa zatanzwe.

Ihiganwa ry'igikombe c'isi ca FIFA 2026 rizotangura kw'itariki ya 11 Ruheshi, rikazobera muri Amerika, Canada na Mexique.

Buzoba bubaye ubwa mbere kuva iri higanwa ribayeho igihugu cakira umugwi nserukiragihugu w'igihugu kiri mu ntambara na co.

Mu mpera za Rusama (5), Irani yarahinduye aho yimenyerereza iva i Tucson mu ntara ya Arizona ija muri Mexique, Mehdi Taj arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Irani akaba yavuze ko vyatewe n'ingorane za visa.

Gushika ejo ku wa gatanu, itororokanirizo ry'amakuru Fars ryatangaje ko bamwe mu bakozi b'umugwi nserukiragihugu wa Irani bajejwe ivy'ubuhinga n'ubuyobozi, batari bwaronke visa zo kwinjira muri Amerika.

Mu ntango z'iyi ndwi, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, yabwiye abashingamateka ko intumwa z'umurwi nserukiragihugu wa Irani zitemerewe kuzoba zirimwo abantu bafitaniye isano n'ingabo zidasanzwe za Irani zijejwe gukingira ubutegetsi bwa kisilamu, Islamic Revolutionary Guards.

Abakinyi batari bake mu mugwi nserukiragihugu bararangije imyiyerekano ya gisirikare buri muntu ategerezwa gucamwo muri uwo mugwi.

Bernd Debusmann Jr yaterereye muri iyi nkuru