“Inshuti nziza y’igihe kirekire” – Putin avuga kuri Xi mbere yo kwakirwa i Beijing

Uru ni uruzinduko rwa 25 Putin agiyemo mu Bushinwa, by'umwihariko uru arugiyemo iminsi micye nyuma y'uko Trump nawe avuyeyo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ikibiriraho. Wakoze kubana natwe, n'ahejo.

  2. MSF Yagiriza abarwana bose muri Sudani y’Epfo gukoresha imfashanyo ku nyungu za gisirikare

    ifoto yumusoda wo muri sudani y'epfo

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe ‘Médecins Sans Frontières (MSF) ryagirije impande zose ziriko zirarwana muri Sudani y’Epfo gukoresha imfashanyo ku nyungu za politike n’iza gisirikare, rivuga kandi ko abanyagihugu benshi bariko barimwa imfashanyo zibafasha kurokoka.

    Mu cegeranyo casohowe kuri uyu munsi wa kabiri, MSF yavuze ko leta ya Sudani y’Epfo yahagaritse kenshi imfashanyo kwinjira mu turere tugenzurwa n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, ikongera igatanga amategeko y'agahato ku mashirahamwe y'abagiraneza hamwe n'abasivile.

    Iyo ntambara, yarushirije gukomera kuva umwaka uheze, ihanganishije ingabo za leta n’abarwanyi bashigikiye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Riek Machar hamwe n’umuhari wiwe SPLA-IO. Iyo nrwano nshasha yatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga izabo kandi ibangamira cane ibikorwa vy’ubuvuzi n’imfashanyo.

    MSF yavuze ko ibitero vyagabwe ku bitaro vyayo, harimwo ibisasu vyatewe ku bitaro bibiri mu 2025 no mu 2026, vyatumye abantu bashika ku 762,000 babura uburyo bwo kwivuza. Iryo shirahamwe rivuga kandi ko mu mezi abiri ya mbere y’uyu mwaka ryakiriye abarwayi barenga 1,800 bakomerekejwe n’intambara, harimwo abarashwe, abakomerekejwe n’ibisasu hamwe n’abafashwe ku nguvu.

    Ubwo bwicanyi n’umutekano muke biriko bitera ubwoba ko Sudani y’Epfo yoshobora gusubira mu ntambara , n’aho hari amasezerano y’amahoro yashizweko umukono u 2018 yahagaritse imyaka itanu y’intambara yahitanye abantu benshi.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Enzo Maresca ateganyijwe gusimbura Guardiola muri Man City

    Enzo Maresca yavuye muri Chelsea muri Mutarama(1) mu mezi atarenze atandatu nyuma yo gutwara igikombe cy'isi cy'amakipe.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Enzo Maresca yavuye muri Chelsea muri Mutarama (1) mu mezi atarenze atandatu nyuma yo gutwara igikombe cy'isi cy'amakipe.

    Enzo Maresca yiteguye gusimbura Pep Guardiola ku mwanya w'umutoza wa Manchester City mbere y'umwaka utaha w'imikino.

    Umutoza w’icyamamare wa City, Guardiola, yitezwe kuva muri iyi kipe nyuma y’umukino bazakina na Aston Villa ku Cyumweru kuri Sitade ya Etihad, umukino wabo wa nyuma w’umwaka w’imikino.

    Uwahoze ari umutoza mukuru wa Chelsea, Maresca, arasabwa gusimbura uyu munya Espagne ukunzwe cyane mu mwaka w'imikino wa 2026-27.

    Mu gihe City yitegura kugenda kwa Guardiola mu mpeshyi mu gihe cy'amezi arenga atandatu, ibiganiro na Maresca biri ku rwego rwiza.

    Biteganijwe ko uyu mutoza w'imyaka 46 azatangazwa ku mugaragaro nk'umusimbura wa Guardiola igihe nikigera.

    Uyu mutaliyani, watwaye igikombe cy'isi cy'amakipe n'igikombe cya Conference League, akanatwara igikombe cya Champions League mu gihe yamaze muri Stamford Bridge, yigeze gukorana na City.

    Yari umutoza wungirije wa Guardiola ubwo Man City yegukanaga ibikombe bitatu mu mwaka wa 2022-23, ndetse yari afite uruhare runini mu ishuri ry’ikipe mbere yo kujya mu ikipe ya mbere.

    Guardiola yigeze gushima Maresca agira ati: "Umwe mu batoza beza ku isi. Nzi Maresca neza, ariko akazi yakoze muri Chelsea ntabwo kahawe uburemere bukwiye."

  4. Qatar: Ibiganiro hagati ya Iran na Amerika biracakeneye umwanya munini

    ifoto ya Majid Al-Ansari, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Qatar

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Qatar n'ayandi makungu yavuze ko ibiganiro hagati ya Amerika na Iran bigikeneye umwanya munini kugira bashike ku mwumvikano.

    Majid Al-Ansari, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Qatar, yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri ati:

    "Turashigikiye utwigoro twa Pakistan mu vy'imigenderanire, twerekanye uburemere bukomeye mu guhuza impande no kurondera umuti, kandi twibaza ko ivyo bikeneye umwanya munini."

    Donald Trump yavuze ko yahagaritse igitero yari yateguye kuri Irani ku musi wa kabiri abisabwe n'abategetsi ba Arabie Saoudite, Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Qatar.

    Yavuze ko abategetsi b'ivyo bihugu bitatu bizera ko amasezerano ashobora gushikwako, kandi ko yoba ari inyishu yemerwa neza haba na Amerika canke ibihugu vyo muri ako karere.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Reba igihe indege ebyiri z'intambara zagonganye mu kirere mu gihe cy'imyiyerekano y'indege muri Amerika

    Insiguro ya video, Reba : Igihe indege ebyiri z'intambara fighter jets zagonganye mu kirere mugihe cy'imyiyereko ya gisirikare

    Abakozi bane bi ndege za gisirikare baravuga ko bameze neza nyuma y’uko indege ebyiri z’intambara barimo zigonganye mu kirere mu gihe cy’imyiyerekano y’indege za gisirikare muri Amerika.

    Abakozi bose bakuwe mu ndege z’intambara zo mu bwoko bwa EA18-G z'igisirikare cya America - US Navy, zari zirimo kwwiyerekana ubwo zagwaga. Iyi mpanuka ikomeye yabaye ku Cyumweru, ku munsi wa kabiri ari na wo wa nyuma w’imyiyerekano y’indege izwi nka Gunfighter Skies muri Idaho.

    Inkongi y’umuriro yaradutse maze icyo gikorwa kirahagarikwa by’agateganyo mu gihe ibindi bikorwa . Iperereza rirakomeje kumenya itateje iyo mpanuka.

  6. Ivy'akakanya, Kenya: Imyigaragambyo yo kwamagana izamuka ry'ibiciro bya lisansi yahagaritswe

    Icyapa cy'amakuru y'aka kanya

    Abashinzwe gutwara abantu n'ibintu muri Kenya bahagaritse imyigaragambyo yabo mu gihugu cyose nyuma y'ibiganiro na leta ku izamuka ry'ibiciro bya lisansi.

    Abahagarariye urugaga rw'abashinzwe gutwara abantu bavuga ko bahagaritse imyigaragambyo mu gihe cy'iminsi irindwi kugira ngo batange amahirwe yo gukomeza ibiganiro na leta.

    Hagati aho, ishami rishinzwe iperereza ku byaha (DCI) muri icyo gihugu ryatangaje ko ryataye muri yombi abantu barenga 700 nyuma y’imyigaragambyo yabaye ku wa mbere, bamagana izamuka ry’ibiciro bya lisansi.

    Nk’uko itangazo ryashyizwe ahagaragara n’ishami rishinzwe umutekano ribivuga, abazafatwa bakora ibyaha mu myigaragambyo bazakurikiranwa mu buryo bukomeye.

    Iryo tangazo rigira riti: “Buri Munyakenya afite uburenganzira bwo guteranira hamwe no gutanga ibitekerezo bye mu mahoro, [ariko] ibikorwa by’urugomo, ubusahuzi, gutwika imitungo, gufunga imihanda, gusenya ibikorwa remezo, gutera abapolisi cyangwa abashoferi, n’ibikorwa byose bishobora gushyira ubuzima mu kaga, ni ibyaha bikomeye.”

    Abantu 259 batawe muri yombi mu karere ka Rift Valley, abantu 189 batabwa muri yombi i Nairobi, abantu 142 muri Kenya yo hagati, abantu 103 mu burasirazuba bwa Kenya, mu gihe abantu 10 batawe muri yombi mu burengerazuba no ku nkombe z'igihugu.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Ebola Bundibugyo yaba irimo gukwira vuba kurusha uko byibazwaga mbere – OMS

    Ku wa mbere, abantu barimo gupimwa umuriro ku mupaka wa Grance-Barière hagati ya Gisenyi(Rwanda) na Goma muri RD Congo

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ku wa mbere, abantu barimo gupimwa umuriro ku mupaka wa Grance-Barière hagati ya Gisenyi(Rwanda) na Goma muri RD Congo

    Ikiza cya Ebola kimaze kwica abantu 131 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo gishobora kuba kirimo gukwirakwira vuba kurusha uko byibazwaga mbere, nk’uko uhagarariye ishami rya ONU ryita ku buzima yabitangaje.

    Dr Anne Ancia yabwiye BBC ko uko iki kigo kirushaho gukora isuzuma ari ko bagenda babona ko iyi Ebola yakwiriye no mu bindi bice byinshi.

    Kugeza none ku wa kabiri byemejwe abantu 513 bakekwaho iyi ndwara muri DR Congo, mu gihe hari n’uwo imaze kwica muri Uganda.

    Ariko ikigo gikurikirana iyi ndwara, MRC Centre for Global Infectious Disease Analysis, kuwa mbere cyatangaje ko gifite ibyerekana ko bishoboka ko abafite iyi virus barenga 1,000.

    Umukuru wa OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, watangaje mu cyumweru gishize ko iki kiza giteje isi yose inkeke, yavuze ko “ahangayikishijwe cyane n’ingano no gukwirakwira vuba” kw’iyi virus.

    Hari ubwoba ko yaba yari imaze ibyumweru ikwirakwira mbere y’uko iboneka bwa mbere tariki 24 Mata(4) mu mujyi wa Bunia muri Ituri.

    Ubu bwoko bushya bw’iyi virus ya Ebola bahaye izina rya Bundibugyo nta rukingo bufite, OMS irimo gusuzuma niba indi miti ishobora kuyirinda.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. “Inshuti nziza y’igihe kirekire” – Putin avuga kuri Xi mbere yo kwakirwa i Beijing

    Putin avuga ko Xi ari "inshuti nziza y'igihe kirekire" y'Uburusiya

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Putin avuga ko Xi ari "inshuti nziza y'igihe kirekire" y'Uburusiya

    Ibiro Kremlin bya perezida w’Uburusiya byasohoye ubutumwa bw’amashusho Perezida Vladimir Putin yageneye Abashinwa mbere y’uruzinduko rwe i Beijing rutangira uyu munsi.

    Mu ijambo ririmo amagambo menshi ashimagiza Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa, Putin yavuze ko Xi ari “inshuti nziza y’igihe kirekire” kandi ko umubano w’ibihugu byabo ugeze “ku rwego mu by’ukuri utigeze ubaho mbere”.

    Putin yashimangiye ko ubufatanye bukomeye bw’Uburusiya n’Ubushinwa bifite uruhare rukomeye mu gutuma isi itekana.

    Putin agiye gusura Beijing iminsi micye nyuma y’uko Xi yakiriye Donald Trump wa Amerika.

    Ku wa mbere, Kremlin yavuze ko Uburusiya bwiteze byinshi mu ruzinduko rwa Putin mu Bushinwa muri iki cyumweru kandi impande zombi zizarukoresha mu kubaka “ubufatanye budasanzwe”.

    Uru ni uruzinduko rwa 25 rwa Putin mu Bushinwa, kandi ibihugu byombi bibona uru ruzinduko rw’iminsi ibiri nk’ikindi kimenyetso cy’umubano “ukomeye”, nubwo uburengerazuba bukomeza gushyira igitutu k’Ubushinwa ngo busabe inshuti yabwo (Uburusiya) kurangiza intambara muri Ukraine.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Togo yavanyeho 'visa' ku Banyafurika bose

    Ifoto ifatiwe hejuru igaragaza inyubako nyinshi ndende n'izindi nzu, hamwe n'imodoka nyinshi ziparitse hanze.

    Ahavuye isanamu, Togo Gov

    Insiguro y'isanamu, Imwe mu mashusho yo mu murwa mukuru Lomé wa Togo

    Leta ya Togo yatangaje ko guhera ku wa mbere yavanyeho gusaba impushya (visa) zo kwinjira muri icyo gihugu cyo muri Afurika y'uburengerazuba, ubu Abanyafurika bose bafite inzandiko z’inzira (passports) zemewe bashobora kwinjira muri Togo nta ‘visa’ bakahamara iminsi igera kuri 30.

    Itangazo rya minisiteri y’umutekano rivuga ko biri mu rwego rwo gufungura amarembo ya Togo, iterambere no kureshya abanyamahanga, muri gahunda yo gutuma Togo ihinduka ihuriro ry’akarere rya serivisi, ubucuruzi, umuco n’ubusabane bw’abantu.

    Leta ya Togo inavuga ko iki cyemezo kiri mu rwego rw’indangagaciro za kinyafurika.

    Ariko minisiteri y’umutekano ivuga ko Abanyafurika bateganya kujya muri Togo bagomba kubanza kubimenyekanisha ku rubuga rwa leta rujyanye n’ingendo, nibura amasaha 24 mbere yuko bagera muri Togo, kugira ngo bahabwe icyemezo (“bordereau”) cy’urugendo rwabo.

    Togo yiyongereye ku bindi bihugu byo muri Afurika, birimo u Rwanda, Ghana, Bénin, Seychelles na Gambia, na byo byakuyeho ‘visa’ ku Banyafurika babigana.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Manchester City iri kwitegura kugenda kwa Pep Guardiola

    ifoto ya Pep Guardiola azamuye ukuboko nkusuhuza abari kure ye

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Amakuru yatangarijwe BBC Sport avuga ko uyu mutoza w’ikirangirire ateganyijwe kuva muri iyi kipe ikinira Etihad Stadium nyuma y’uyu mwaka w’imikino.

    Pep Guardiola amaze gutwarana na Manchester City ibikombe bikomeye 17 ndetse 20 byose hamwe mu myaka 10 amaze atoza iyi kipe kuri Stade ya Etihad.

    Guardiola yasinyiye Manchester City amasezerano y’imyaka itatu muri Gashyantare 2016, asimbura Manuel Pellegrini mbere y’itangira rya shampiyona ya 2016-17.

    Uyu wahoze ari umukinnyi w’ikipe y’igihugu ya Espagne yongeye gusinya amasezerano y’imyaka ibiri muri Ugushyingo 2024, azarangira mu 2026-27 bikekwa ko ariyo ya nyuma.

    Umunyamakuru wa Manchester City, Shamoon Hafez, avuga ko mu cyumweru gishize habonetse ibimenyetso byinshi bishobora kwerekana ko Guardiola ashobora kuba agiye kugenda.

    Manchester City yo ivuga ko Guardiola agifite amasezerano yo gutoza no mu mwaka utaha kandi ko bafite icyizere ko azaguma ku buyobozi bw’ikipe.

    Ariko kandi, muri iyi kipe ibikorwa byo kwitegura ubuzima nyuma yo kugenda kwe byaratangiye, aho bamwe mu bakozi bazi neza ko azagenda.

    Mu kiganiro yagiranye na BBC Sport mbere y’umukino wa nyuma wa FA Cup wabaye ku wa Gatandatu, yabajijwe niba azakomeza kuba muri iyi kipe umwaka utaha, maze asubiza ati: “Yego"

    Yaracecetse gato hanyuma ati: “Ikibazo gikurikira. Nakibajijwe inshuro nyinshi ndacyafite undi mwaka umwe.”

    Bimwe mu bikorwa biri gutekerezwaho harimo kwita izina rya Guardiola ku gice gishya cya stade kizwi nka North Stand.

    Uyu mutoza ufatwa nk’uwabaye indashyikirwa kurusha abandi mu mateka ya Manchester City, afatwa kandi nk’umwe mu batoza beza babayeho mu mateka y’umupira w’amaguru.

    Ashobora no kurangiza neza urugendo rwe muri Etihad Stadium atwaye igikombe cya karindwi cya Premier League, kuko yamaze no gutwara FA Cup ndetse na Carabao Cup muri uyu mwaka.

    Manchester City irakina na Bournemouth ku wa Kabiri, aho Guardiola byanze bikunze aza kongera kubazwa ku hazaza he.

    Ese azatanga igisubizo cya nyuma cyangwa azakomeza kuvuga ko agifite “undi mwaka umwe” nk’uko yabivuze muri uyu mwaka wose?

    Guardiola yujuje imikino 1,000 atoje muri Ugushyingo, kandi ashobora kurangiza urugendo rwe ku Cyumweru atoje Manchester City ku nshuro ya 593 akaba ari we mutoza wayitoje imikino myinshi kurusha abandi bose.

    Byaba uburyo bwiza kandi bwuzuye amarangamutima bwo gusezera, yaba atwaye igikombe cya shampiyona cyangwa atagitwaye

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Komine Muyinga: Umusore yipfuza kurongora yategetswe kuba afise inzu, imatera, n’igipimo c’ikawa

    Abantu barimo kwambikana impeta

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Itangazo BBC yagenzuye umwimerere ryo kuwa mbere rya musitanteri wa komine Muyinga yo mu ntara ya Buhumuza, mu Burundi, rivuga ivyo imisore yo muri iyo komine isabwa imbere yo gushinga urugo.

    Musitanteri Misago Amédée avuga ko ivyo ari mu ntumbero yo guhimiriza abavukakomine "kwijukira ibikorwa vy’iterambere, no gukinga amatati akunda kwibonekeza" afatiye ku bukene mu miryango mishasha.

    Misago ashimangira ko bikunda no gushika imwe mu miryango ikahukana kubera ayo matati. Ariko ntatanga ibitigiri.

    Ku bw’iyo mvo, uyu musitanteri ategeka ivyo umusore wese yipfuza kwubaka urwiwe "abwirizwa" kuba afise;

    • Inzu yubatse neza isakaje amabati canke amategura
    • Umurima urimwo ibiti 10 vy’amavoka n’ibiti vy’ikawa 100 canke birenga
    • Imatera (umudo) yo kuryamako

    Avuga ko ku basanzwe badatunzwe n’umwuga wo kurima, basabwa kwerekana amatungo ava mu vyo bakora ashobora kuzobafasha kubaho bamaze gushinga urwabo.

    Iyi ngingo iraraba n’abigeme.

    Muyinga

    Itangazo rya Musitanteri rivuga ko umwigeme wese "ategerezwa gukora ibikorwa bimuteza imbere" kugira izosahirize mu gihe azoba agiye mu rugo rushasha.

    Musitanteri gutanga amabwirizwa y'ivyo abipfuza gushinga izabo bategerezwa gutunga si ingingo imenyerewe m'Uburundi.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Amerika yatanze imfashanyo y'ibanze ya miliyoni $13 yo gufasha kurwanya Ebola

    Umukozi w'umugore wo mu rwego rw'ubuvuzi afunguriye amazi ku iriba umugabo urimo gukaraba. Bombi bambaye udupfukamunwa tw'ubururu bwerurutse. Umugore yambaye umwenda w’umuhondo ugaragara ko ari uwa plastike umupfutse hose nk'ikanzu y'amaboko maremare, ateze igitambaro mu mutwe cy'umweru, ndetse yambaye n'udupfukantoki tw'ubururu. Umugabo yambaye ingofero y'ikigina n'ikoti ry'umukara. Ifoto yafotorewe i Goma, ku itariki ya 18 Gicurasi (5) mu 2026.

    Ahavuye isanamu, Jospin Mwisha / AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abantu bose bagana ibitaro bya Kyeshero by'i Goma bagomba gukaraba intoki no gupimwa umuriro mbere yuko binjira mu bitaro

    Leta y’Amerika ivuga ko irimo guhuza ibikorwa byimbitse byo guhangana n’icyorezo cya Ebola cyongeye kwaduka muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), mu ntangiriro ikaba yatanze imfashanyo ya miliyoni 13 z’amadolari (angana na miliyari 19 FRW).

    Itangazo rya minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Amerika rivuga ko “mu gukora hagamijwe guhagarika ikiza mbere yuko kigera ku nkombe z’Amerika, Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika] zirimo kurinda ubuzima bw’Abanyamerika imuhira no mu mahanga”.

    Amerika itangaje ibi nyuma yuko umuganga w’Umunyamerika yanduye iyi virusi aho yavuriraga abarwayi ku bitaro bya Nyankunde i Bunia, umurwa mukuru w'intara ya Ituri, aho akorera kuva mu mwaka wa 2023. Ubu uwo mugabo yamaze kujyanwa kuvurirwa mu Budage.

    Itangazo rya leta y’Amerika rivuga ko irimo gukorana bya hafi na leta ya DRC, u Rwanda, Sudani y’Epfo na Uganda, byamaze gushyiraho amatsinda yo kugenzura uko ibintu birimo kugenda kuri icyo cyorezo no kubimenyesha Abanyamerika bari muri ako karere.

    Abategetsi muri DRC bavuze ko abantu 131 bamaze gupfa mu turere twagaragayemo icyorezo cya Ebola naho abandi 531 bakaba bacyekwa ko bayanduye. Ebola yanagaragaye muri Uganda, aho umuntu umwe wayinjiranye mu gihugu avuye muri DRC yapfuye mu cyumweru gishize.

    Amerika ivuga ko iyo mfashanyo y’ibanze iri mu rwego rwo kongerera imbaraga ibikorwa bya buri gihugu, birimo kugenzura, ubushobozi bwo gupima muri laboratwari (laboratoire), gutangaza amakuru ajyanye n’iyi ndwara, gushyingura mu buryo butekanye budashobora kuyanduza no gupima abinjira n’abasohoka mu gihugu.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. ‘Miss Populaire’ w’u Burundi yambuwe ikamba

    Mugisha Monica Celeste aheruka kuboneka mu bikorwa bitegurwa na kompanyi itegura Miss Burundi muri Gashyantare(2) uyu mwaka

    Ahavuye isanamu, MissBurundi_Org

    Insiguro y'isanamu, Mugisha Monica Celeste aheruka kuboneka mu bikorwa bitegurwa na kompanyi itegura Miss Burundi muri Gashyantare(2) uyu mwaka

    Abategura irushanwa rya Miss Burundi batangaje ko umukobwa ‘wakunzwe cyane’ ku mbuga zitandukanye (Miss Populaire) yambuwe iryo kamba kuva ku wa mbere, nk’uko biri mu itangazo basohoye mu ijoro ryacyeye.

    Kompanyi INGO s.a itegura ayo marushanwa y’ubwiza ivuga ko Mugisha Monica Celeste “yakoze ingendo mu mahanga” atabimenyesheje, kandi ko bagerageje kumenya amakuru kuri we ntasubize.

    Mugisha ntacyo aravuga ku byatangajwe n’iyi kompanyi iba ifitanye amasezerano y’imikoranire n’abakobwa batsinze irushanwa.

    Iyo kompanyi ivuga ko kuva ubu Mugisha abujijwe gukoresha iryo kamba yahawe, n’ikirango cy’irushanwa ku mbufa izo ari zo zose.

    Itangazo ryayo rivuga ko “gukoresha iryo kamba kuzafatwa nko kwiyitirira ikintu kandi kwatera gukurikiranwa mu mategeko”.

    Amezi macye nyuma yo gutorwa muri Nyakanga(7) ishize Mugisha yagiye muri Suède mu bikorwa byo kumurika no guteza imbere umuco w’u Burundi, nyuma agaruka mu gihugu cye.

    Mu ntangiriro z’uyu mwaka, Mugisha wari ufite umushinga ugendaye n’ubucuruzi bw’ikawa, yabonetse mu bindi bikorwa bitandukanye mu Burundi.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Umunyamerika yanduye Ebola muri DR Congo yajanywe kuvurirwa hanze

    Peter na Rebekah Stafford

    Ahavuye isanamu, Serge

    Insiguro y'isanamu, Peter na Rebekah Stafford, bafise abana bane, bagiye muri Afrika mu 2019

    Abategetsi ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko Umunyamerika yipimishije agasanganwa Ebola inyuma yo kuyandura igihe yariko akorana n’umugwi w’abamisiyonari b’abavuzi muri Repubulika yaDemokarasi ya Congo.

    Ikigo ca Amerika kijejwe gukinga no kurwanya indwara, CDC, cavuze ko uwo Munyamerika yimuriwe mu Budagi kugira avurwe inyuma y’aho mu mpera z’indwi iheze atanguye kugaragaza ibimenyetso vy’iyo ndwara.

    Abantu n’imiburiburi 131 ni bo bivugwa ko bamaze gupfa kuva indwara ya Ebola yadutse muri DRC. Hakekwa kandi ko abarenga 500 boba barayanduye nk’uko bishikirizwa n’abategetsi.

    Ikigo CDC ca Amerika cavuze ko kiriko kiritunganya kugira kijane abandi Banyamerika n’imiburiburi batandatu bagiye ahantu hari iyo ndwara canke bashobora kuba baregereye abagwayi.

    Ico kigo nticatangaje ku mugaragaro izina ry’Umunyamerika yakorera muri DR Congo yafashwe n’uwo mugera ku wa Mungu.

    Ariko umuryango w’abamisiyonari b’abavuzi witwa “Serge” wavuze mu nyuma ku wa mbere ko umwe mu baganga bawo b’Abanyamerika, Peter Stafford, yipimishije agasanga yaranduye Ebola.

    Uwo muganga yanduye uwo mugera igihe yariko avura abarwayi ku bitaro vya Nyankunde i Bunia, umurwa mukuru w'intara ya Ituri, aho arangurira imirimo kuva mu mwaka wa 2023, nk’uko uwo muryango wabivuze.

    Ku wa mbere, ikigo CDC casohoye itegeko rishasha ribuza ingenzi z’abanyamahanga kwinjira muri Amerika hamwe mu misi 21 iheze boba baragendeye ibihugu vyagaragayemo Ebola, harimwo DRC, Uganda na Sudani y’Epfo.

    Ico kigo cafatiye kw’itegeko ryitwa Title 42, ribuza vy’igihe gito abatari Abanyamerika kwinjira muri Amerika ku mvo z’amagara y’abantu.

    Izindi nkuru wasoma:

  15. Imbunda n’abageni: Ubukwe butangaje i Tehran bwa ‘couples’ 110 zishyigikiye leta

    Abageni mu modoka

    Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

    Mu muhate w’icengezamatwara rya na leta ya Iran, ku murwa mukuru Tehran kuwa mbere nijoro habaye ubukwe bwa ‘couples’ zigera ku 110 zatambagiye mu mihanda mu byishimo no gushyigikira leta, nk'uko bivugwa na BBC ishami ry'igiperse.

    Imihango yo kubashyingira yabereye ahitwa Imam Hussein Square mu majyepfo y’uyu murwa mukuru umaze igihe ufite agahenge nyuma y’ibitero bikomeye byibasiye uyu mujyi kuva mu mpera za Gashyantare(2) kugeza mu kwezi gushize.

    Ubu bukwe bwabaye bigendanye n’ubukangurambaga (campaign) bwiswe "Janfada" [bisobanuye – igitambo] aho ibinyamakuru bya leta bivuga ko abantu miliyoni 31 biyandikishije ko biteguye kurwanira igihugu cyabo.

    Leta yatangije amahugurwa ya gisirikare no gukoresha intwaro ku bifuza kwinjira mu gisirikare.

    Imbunda hejuru y'imodoka y'abageni

    Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

    Insiguro y'isanamu, Imbunda hejuru y'imodoka y'abageni

    Amashusho y’ubu bukwe bise ‘Janfada couples’ yagaragaje zimwe mu modoka z’abageni zariho imbunda ziremereye mu gushyigikira ubwo bukangurambaga.

    Repubulika ya Kislamu ya Iran yarwanye intambara ebyiri yatewemo na Israel na Amerika muri iyi myaka ibiri ishize kandi yugarijwe n’ibibazo bikomeye by’ubukungu.

    Leta ishyira imbaraga mu gushyigikirwa n’abaturage mu byo icamo, nubwo abaturage bamwe banenga leta gushaka kwinjiza abantu benshi bashoboka mu gisirikare.

    Izindi nkuru wasoma:

  16. Trump avuga ko yahagaritse ibitero bishya kuri Iran abisabwe n’ibihugu byo mu kigobe

    Perezida Donald Trump wa Amerika

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko yahagaritse ibitero bya gisirikare bishya kuri Iran abisabwe n’ibihugu byo mu kigobe mu gihe “ibiganiro bikomeye ubu birimo kuba”.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga rwe Truth Social, yavuze ko ibyo yabisabwe na Qatar, Arabia Saoudite na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu.

    Avuga ko yabwiwe ko kumvikana “kwakwemerwa” na Washington kugiye kugerwaho, yongeraho ko uko kumvikana kugomba kuba kurimo ko “NTA NTWARO KIRIMBUZI KURI IRAN”.

    Gusa yaburiye ko Amerika yiteguye “gukomeza igitero gisesuye kandi kinini cyane kuri Iran, mu kanya ako ari ko kose” mu gihe nta kumvikana Washington yakwemera kugezweho.

    Umwe mu bakuru b’ingabo muri Iran yaburiye Amerika “kudakora andi makosa akomeye no kwibeshya”.

    Ibyatangajwe na Trump bije mu gihe amakusanyabitekerezo yerekana ko abanyamerika benshi bakomeje kwanga iyi ntambara.

    Abagera kuri 64% by’ababajijwe mu ikusanyabitekerezo rya New York Times/Siena bavuze ko byari icyemezo kibi kuri Washington kwishora mu ntambara na Iran.

  17. Abantu barenga 130 bamaze gupfa muri DR Congo nyuma yuko Ebola yongeye kwaduka

    Minisitiri w’ubuzima wa DRC Dr Samuel-Roger Kamba mu kiganiro n’abanyamakuru i Kinshasa, ku itariki ya 19 Kanama (8) mu mwaka wa 2024. Yambaye ishati y'ubururu y'amaboko maremare, imbere ye hari indangururamajwi nyinshi.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Minisitiri w'ubuzima wa DRC Dr Samuel-Roger Kamba mu kiganiro n’abanyamakuru i Kinshasa (ifoto mbarankuru yo ku itariki ya 19 Kanama (8) mu mwaka wa 2024)

    Minisitiri w’ubuzima wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) yavuze ko abantu 131 bamaze gupfa mu turere twagaragayemo icyorezo cya Ebola naho abandi 531 bakaba bacyekwa ko bayanduye.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru i Kinshasa mu ijoro ryacyeye, Minisitiri Dr Samuel-Roger Kamba yavuze ko ushingiye kuri iyo mibare, bigaragara ko ikigero cyo kwica cy’ubu bwoko bwa Bundibugyo bw’iyi virusi kiri hasi ugereranyije n’icy’ubwoko bwaherukaga kugaragara muri icyo gihugu bwitwa Zaïre.

    Yavuze ko ubu bwoko bwa Bundibugyo bwica ku kigero cya 30% ugereranyije n’ubwa Zaïre bwo bwica ku kigero kirenga 80%.

    Minisitiri w’ubuzima yavuze ko bitaremezwa ko abapfuye bose bishwe na Ebola.

    Nubwo yavuze ko iki cyorezo gihangayikishije, yavuze ko atewe ishema n'ubunararibonye iki gihugu kimaze kugira mu guhangana na Ebola, mu gihe iki ari icyorezo cya 17 kibayeho kuva Ebola ivumbuwe muri icyo gihugu mu mwaka wa 1976.

    Ikarita igaragaza ahari Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo no muri Uganda. Iriho imirongo y'amabara hamwe n'amazina y'uturere n'ibihugu bimwe bituranye.

    Ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) ryatangaje ko iki cyorezo cya Ebola ari ikibazo cy’ubuzima rusange cyihutirwa gihangayikishije isi.

    Leta ya DRC ivuga ko utundi turere dutatu tw’ubuvuzi twagaragayemo ubwandu bwa Ebola: Nyakunde yiyongereye ku tundi turere dutatu mu ntara ya Ituri, Butembo mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu karere k’ubuvuzi ka Katwa, ndetse n’umuntu umwe wanduye Ebola i Goma.

    Abategetsi bavuze ko amatsinda y’abahanganye n’iki cyorezo arimo gushakisha abacyekwaho ko banduye, ndetse bashishikarije abaturage kudashya ubwoba.

    Minisitiri Dr Samuel-Roger Kamba yavuze ko ku ruhande rw’abaturage habayeho gutinda kumenyekanisha ubu bwoko bushya bwa Ebola, bwadutse ku itariki ya 24 Mata (4) uyu mwaka, kuko hari abafite imyemerere ko iyi ari indwara y’amayobera, ibyo bikaba byaratumye ikomeza gukwirakwira.

    Izindi nkuru wasoma:

  18. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.