Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.
Igitero cy'Uburusiya cyishe abantu 21 mu gihe Ukraine ivuga ko icyeneye izindi ntwaro zo gusama misile
Minisiteri y'ingabo y'Uburusiya yavuze ko yarashe mu bigo bibikwamo ibikoresho no mu bigo biturukamo ibikoresho biri i Kyiv no mu karere kahakikije.
Incamake
- Iran: Komiseri wa ONU w'uburenganzira bwa muntu avuga ko ahangayikishijwe no kwiyongera kw'abanyongwa
- Nigeria: Perezida Tinubu yazamuye umushahara w'abasirikare bo hasi ku kigero cya 80%
- Igitero cy'Uburusiya cyishe abantu 21 mu gihe Ukraine ivuga ko icyeneye izindi ntwaro zo gusama misile
- Mexique: Umu 'influencer' yishwe arashwe arimo gukora ikiganiro 'live' kuri TikTok
- Uburusiya bwagavye igitero kuri Ukraine bukoresheje ibisasu vya misire za ballisque n'indege zitajamwo abadereva (drone), gihitana abantu 14, abandi 22 barakomereka, muri kimwe mu bitero rutikizabantu kuri Kyiv uno mwaka.
- Abategetsi bo mu ntara ya California bafashe umugabo yabonetse hafi y'ikibuga ca golf ca Perezida Donald Trump wa Amerika mu karere ka Los Angeles, imbere y'urugendo rw'uno mukuru w'igihugu aho yategerezwa kwitaba ikoraniro ryo kwegeranya uburyo.
- Infantino yatumyeko inama y'urwego nshingwabikorwa rwa FIFA mu gihe hari abamusaba gutanga imihoho, akaba anegurwa cane ku mugambi wiwe wamaze gufutwa, wo kugurisha imitahe mu Gikombe c'Isi ku banyamitahe.
- Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashize ku mbuga nyagiro videwo yerekana indege itajamwo umudereva (drone) iriko irahiga umugabo mu bumanuko bwa Ukraine.
- Umukuru w'Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO), Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, arabonana n'abategetsi ba Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu gihe iki gihugu gihanganye n'ikiza giteye ubwoba ca Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Didier Bikorimana
Iran: Komiseri wa ONU w'uburenganzira bwa muntu avuga ko ahangayikishijwe no kwiyongera kw'abanyongwa

Ahavuye isanamu, LightRocket via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Mu cyumweru gishize, abamagana igihano cy'urupfu muri Iran bakoze imyigaragambyo i London mu Bwongereza mu gace kitwa Piccadilly Circus Umukuru wa ONU ushinzwe uburenganzira bwa muntu yavuze ko ahangayikishijwe no kwiyongera kw’abanyongwa muri Iran, mu gihe igihano cy’urupfu gikomeje gukoreshwa mu “gushyira ubwoba mu baturage no kuburizamo kutavuga rumwe n’ubutegetsi”.
Volker Türk yavuze ko abantu nibura 56 banyonzwe hashingiwe ku birego bijyanye n’umutekano w’igihugu guhera ku itariki ya 19 Werurwe (3) uyu mwaka, barimo 27 bo muri dosiye zijyanye n’imyigaragambyo yo ku rwego rw’igihugu yo kwamagana leta yabaye muri Mutarama (1) uyu mwaka.
Izindi nkuru wasoma:
Nigeria: Perezida Tinubu yazamuye umushahara w'abasirikare bo hasi ku kigero cya 80%

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Nigeria bari kurwana n'abanzi benshi, barimo intagondwa zigendera ku mahame akaze ziyitirira Isilamu, abaharanira kwigenga n'ibico bishimuta abantu bigasaba inyishyu Abasirikare bo muri Nigeria bitezwe kongererwa umushahara kugeza kuri 80% – ku nshuro ya kabiri wongerewe mu kwezi kumwe – kubera icyo Perezida Bola Tinubu yise “gushima byimazeyo” abarimo guhangana n’inkeke zikomeye cyane zugarije icyo gihugu.
Muri Nyakanga (7) uyu mwaka, minisitiri w’ingabo yongereye umushahara w’abasirikare b’ipeti rya ‘private’ cyangwa ‘soldat’ – ipeti ryo hasi cyane mu ngabo – uva ku madolari y’Amerika 36 (arenga gato 50,000 FRW) ugera ku madolari 73 (arenga gato 100,000 FRW).
Ku bw’urwo ruhare rwa Perezida Tinubu, ubu guhera muri Nzeri (9) uyu mwaka bagiye kujya bahembwa amadolari 132 (arenga gato 190,000 FRW).
Ibi biri muri gahunda y’ibikorwa bya Tinubu byo kugabanya urugomo rukorwa n’imitwe inyuranye yitwaje intwaro, irimo n’iy’intagondwa zigendera ku mahame akaze ziyitirira idini rya Isilamu hamwe n’ibico by’abagizi ba nabi bakora ibikorwa by’ubushimusi, bazwi muri Nigeria nk'"amabandi".
Mu kwezi gushize, Perezida yategetse ko mu ngabo hinjizwamo abandi basirikare 28,000 b’inyongera n'ishyirwaho ry'imitwe (divisions) mishya ine y’ingabo.
Umutekano mucye ukomeje kurangwa mu gihugu wahindutse ingingo ikomeye muri politike mbere y’amatora ya perezida yo mu mwaka wa 2027.
Ubwo yatangazaga izo nyongera z’imishahara, Perezida wa Nigeria yashimagije ubutwari n’ubwitange bw’abasirikare bahanganye n'"icyago cy’ububandi, ubushimusi n’iterabwoba".
Izindi nkuru wasoma:
Igitero cy'Uburusiya cyishe abantu 21 mu gihe Ukraine ivuga ko icyeneye izindi ntwaro zo gusama misile

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya bwagabye igitero kuri Ukraine bukoresheje ibisasu bya misile zo mu bwoko bwa ‘ballistic’ hamwe n’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drones), bwica abantu nibura 21, mu gihe Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko intwaro zisama ibisasu “zashoboraga kuba zarokoye ubuzima”.
Mu ijoro ryacyeye, umurwa mukuru Kyiv n’akarere kawukikije byagabwemo ibitero bya mbere byishe abantu benshi muri icyo gice kugeza ubu muri uyu mwaka, abantu 17 bakaba batangajwe ko bapfuye. Igitero i Kharkiv cyishe umuntu umwe, mu gihe igitero i Donetsk cyishe abantu batatu.
Ukraine, yakomeje gushishikariza inshuti zayo kuyiha izindi misile zo mu bwoko bwa Patriot zikorwa n’Amerika zo gusama ibisasu no kwirinda ibitero by’ibisasu bya misile zo mu bwoko bwa ‘ballistic’ by’Uburusiya, ntiyatangaje ko yasamye misile n’imwe muri icyo gitero cyo mu ijoro ryacyeye.
Zelensky yongeyeho ko gutinda kubona ubwirinzi bwa misile zo mu bwoko bwa ‘ballistic’ butanzwe n’abafatanyabikorwa bayo, byatumye habaho “abakomeretse n’abapfuye hamwe n’isenyuka mu buryo buteye ubwoba cyane”.
Perezida wa Ukraine nyuma yavuze ko muri uyu mwaka intwaro ihabwa n’inshuti zayo zo gusama ibisasu “zaragabanutse cyane”.
Minisiteri y’ingabo y’Uburusiya yavuze ko yarashe mu bigo bibikwamo ibikoresho no mu bigo biturukamo ibikoresho biri i Kyiv no mu karere kahakikije ivuga ko byakoreshwaga mu bya gisirikare.
Izindi nkuru wasoma:
Mexique: Umu 'influencer' yishwe arashwe arimo gukora ikiganiro 'live' kuri TikTok

Ahavuye isanamu, Instagram/César Gastélum
Insiguro y'isanamu, César Gastélum yari afite abantu barenga 500,000 bamukurikira kuri TikTok Umugabo uvuga rikumvikana ku mbuga nkoranyambaga (influencer) wo muri Mexique, César Gastélum, yishwe arashwe ubwo yari arimo gutangaza ikiganiro mu buryo bw’ako kanya ku rubuga nkoranyambaga rwa TikTok.
Gastélum yari arimo gufata videwo ari kumwe n’inshuti ze ebyiri hanze ya resitora icuruza ibiryo biboneka mu buryo bwihuse yo mu karere ka Tres Ríos, mu mujyi wa Culiacán uri mu majyaruguru ya Mexique, ku mugoroba wo ku wa kabiri, ubwo abagabo babiri bari bari kuri moto bagendaga bakamugeraho, nuko umwe amurasa amwegereye.
Yari afite abantu barenga 500,000 bamukurikira kuri TikTok ndetse ahanini yatangazaga videwo zo gusetsa.
Si ubwa mbere umu ‘influencer’ yiciwe muri Mexique. Mu mwaka ushize, Valeria Márquez, wari ufite imyaka 23, yishwe arasiwe mu nzu itunganya iby’ubwiza ubwo yari arimo gutangaza ikiganiro mu buryo bw’ako kanya kuri TikTok.
Ubwo yari arimo gutangaza icyo kiganiro, Gastélum n’inshuti ze bari bambaye amakoti arabagirana y’ibara rya ‘orange’ hamwe n’imifuka isanzwe ikoreshwa n’abashoferi batwara ibicuruzwa biba byatumijwe n’abakiliya bakabibashyira aho bari.
Ibitangazamakuru byo muri icyo gihugu byatangaje ko iyo myenda bari bambaye yari yabanje gutuma polisi icyeka ko uwo wishwe yari umushoferi wari ushyiriye abakiliya ibyo batumije ariko nyuma abategetsi baje kumenyeshwa umwirondoro we.
Polisi hamwe n’inzobere mu gutahura ibimenyetso bigize icyaha bazitiye ako gace byabereyemo, ndetse barimo gusuzuma ibitori by’amasasu yarashwe no gusuzuma amashusho yafashwe na ‘cameras’ z’umutekano kugira ngo barebe niba hari amakuru byabaha ku byabaye.
Kugeza ubu nta bantu baratabwa muri yombi ndetse abo bantu babiri bari bari kuri moto bahunze aho byabereye.
Izindi nkuru wasoma:
Umukuru wa OMS arabonana n’abategetsi ba Congo mu gihe ivya Ebola bitera biba nabi

Ahavuye isanamu, AMREF
Umukuru w’Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO), Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, arabonana n’abategetsi ba Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu gihe iki gihugu gihanganye n’ikiza giteye ubwoba ca Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.
Dr Tedros yashitse i Kinshasa mw’ijoro ryakeye avuye i Genève, ari kumwe n’Umukuru wa OMS muri Afrika, Dr Mohamed Yakub Janabi, hamwe n’Umukuru w’ikigo Africa CDC, Dr Jean Kaseya.
Uru ni urugendo rugize kabiri rwa Dr Tedros kuva iki kiza kidasanzwe gitangajwe ku wa 15 Rusama (5). Bagenziwe bari baherutse kugaruka bava i Bunia, aho iki kiza catanguriye mu ntara ya Ituri, ari na ho abandura iyo ndwara biyongera cane gusumba ahandi kandi n’ibitigiri vy’abahitanwa na co bikiri hejuru.
Nk’uko biri mu cegeranyo ca vuba, co ku wa mbere itariki 3 Mukakaro (7) cashizwe ahabona bukeye, ni ukuvuga ejo ku wa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro, iki kiza kiracari mu ntara zitanu no mu turere tw’ubuvuzi 51. Harabonetse abanduye bashasha bemejwe, bituma igitigiri cose c’abamaze kwandura gishika ku 3.874. Igitigiri c’abamaze gupfa caraduze, ubu kikaba kigeze ku bantu 1.751, mu gihe abamaze gukira bageze ku 749. Urugero Ebola yica ruri ku bice 45 kw’ijana.
Intara ya Ituri ni yo igeramiwe gusumba izindi, aho habonetse abanduye bashasha 58 n’abapfuye 35. Intara ya Kivu ya Ruguru yatangaje abanduye bashasha 12 hamwe na batanu bapfuye, mu gihe Haut-Uélé yatangaje bashasha banduye babiri na bane bapfuye. Intara za Tshopo na Kivu y’Epfo ni zo ata bashasha banduye canke bapfuye.
Urugero rwo gukurikirana abantu bahuye n'abarwaye Ebola ruri ku bice 78 kw'ijana. Ibi bisigura ko mu bantu 100 bamenyekanye ko bahuye n'abarwaye, abajejwe amagara y’abantu bakurikirana 78 gusa, mu gihe kugira ngo ikiza gishobore kugenzurwa neza, hakenewe gukurikiranwa n'imiburiburi abantu 95 kuri 100.
OMS ivuga ko hakenewe ingingo zihutirwa zo kugenzura no gukurikirana ikiza, hamwe no kwongereza ibigo vyakira bikavura abarwayi. Kuba Dr Tedros we nyene ubwiwe yihagurukiye vyerekana ubukana bw’iki kiza kandi ko hakenewe gufatwa ingingo nyazo kugira ngo ntikibandanye kirandagata.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Perezida Zelensky wa Ukraine yerekanye videwo iteye ubwoba ya drone yariko ihiga umuntu
Insiguro ya video, Raba ingene iyi Drone yahiga uno mugabo Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashize ku mbuga nyagiro videwo yerekana indege itajamwo umudereva (drone) iriko irahiga umugabo mu bumanuko bwa Ukraine, avuga ko vyerekana ingene Uburusiya bwica abasivire mu kwinezereza.
Iyo videwo yerekana drone iriko irahiga umudandaza kw’ibarabara ryo mu ntara ya Kherson.
Uwo mugabo yagerageje guhunga iyo drone yariko izunguruka hejuru yiwe, imwirukako na we azunguruka imodoka yera mu kuyihunga.
Mu nyuma, iyo drone iboneka isa n‘iyimuhurudukirako hanyuma ica iraturika.
Nk'uko umuganga yabivuze, uwo mugabo yarokotse ariko ibisigarira vyamukomerekeje, kandi yagize ihahamuka.
Gukoresha amadrone ayoborerwa kure ku basivire bikunze gukoreshwa n’Abarusiya mu ntumbero yo kurya umutima abasivire baba mu bice vyegereye urwasiro muri Ukraine.
Zelensky yanditse kuri Telegram ati: “Isi yose ikwiye kubibona. Ikwiye kubona ibimenyetso vyose vyerekana ko Uburusiya bwatakaje ubwenge, ibimenyetso vyose vyerekana ko ingabo z'Uburusiya ziryoherwa no kwica no guhohotera abantu”.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Andrii Sybiha, yavuze ko iyo videwo yerekana “ivyaha vy'intambara vy'agahomerabunwa”.
Sybiha yavuze ko ivyo bikorwa vyo guhiga abantu ari “umukenyuro w'Uburusiya wateguwe kandi ukorwa mu buryo bwitondewe”.
Yongeye ati: “Uyu muntu w’imburamutima ariko arakoresha iyo drone arazi neza ko ariko arasa abasivire”.
Avuga ko ico gitero kiri mu mugambi wahiswemwo n'Uburusiya wo gutera ubwoba abasivire, agasaba amakungu kwiyamiriza aka kabi.
Infantino yatumyeko inama y’urwego nshingwabikorwa rwa FIFA mu gihe hari abamusaba gutanga imihoho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, Gianni Infantino, yatumyeko inama y’abagize urwego nshingwabikorwa rw’iri shirahamwe, yiteze kubera muri Maroc ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu.
Hari haciye uwundi musi umwe Infantino aneguwe bikomeye cane hamwe n’umugambi wiwe wamaze gufutwa, wo kugurisha imitahe mu Gikombe c’Isi ku banyamitahe.
Mu bamuneguye bikomeye harimwo Arsène Wenger, umukuru w’igisata ca FIFA kijejwe iterambere ry’umupira w’amaguru kw’isi yose.
Wenger, yigeze kuba umumenyereza w’umurwi wa Arsenal wo mu gisagara ca Londres mu Bwongereza, yaravuzwe mw’ibaruwa Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru i Bulaya (UEFA) ryarungikiye FIFA, rigabisha ko rishobora kwitwarira FIFA mu butungane.
Wenger yatangaje ku mugaragaro ko atigeze agira uruhara na rumwe muri uwo mugambi wiyamirijwe bikomeye, kandi ko ingingo yo kuwufuta yari nkenerwa cane.
Uwo mugambi wahagaritswe utarashirwa mu ngiro watumye haba abasaba ko Gianni Infantino, atanga imihoho mu mabanga yiwe.
Umunyamabanga Mukuru wa FIFA, Mattias Grafström, na we nyene ari mu bantu batangaje ku mugaragaro ko batemera uwo mugambi.
Ibi vyatumye bamwe batangura gusaba ko Infantino yotanga imihoho mu mabanga yiwe.
Infantino ari mu gitsure gikomeye kubera uno mugambi wiwe vyabaye ngombwa ko ahagarika wo kugurisha imitahe mu Gikombe c’Isi no mu yandi mahiganwa y’umupira w’amaguru.
Ikinyamakuru The New York Post kivuga ko yasavye Perezida Donald Trump wa Amerika ko yomushigikira, ariko Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwarahakanye amakuru yavuga ko Infantino yari yategekanije inama na Marco Rubio.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Abahinga bavuga ko igipande c’ikigendajuru ca SpaceX camaze kugongana n’Ukwezi

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Iryo gongana ryabaye ku murango nk’uko vyibonekeje mu bice bitari bike vy’isi, ariko imbeya nto cane zatewe na ryo bikaba bitari vyoroshe kuzibona, n’aho wokoresha ubuhinga bwa none bw’imbonerakure (telescope).
N’abakunda gukurikirana ivy’ibinyenyeri mu bindi bice vy’isi vyari mu mwiza nta mahirwe menshi baronse yo kubona ivyabaye, kuko n’imbeya nto zamaze agace gato k’isegonde.
Iki cari igipande c’ikigendajuru c’ikompanyi SpaceX cataye inzira yaco kikaba kimaze igihe kizunguruka mu kirere ku muvuduko w’ibirometero vyababa 2,43 ku musegonda (hafi ibirometero 8.700 kw’isaha) cari citezwe kugongana n’Ukwezi.
Ni igice co hejuru c’ikigendajuru co mu bwoko bwa Falcon 9, kingana n’inzu y’amagorofa atanu, gipima nibura 4.000kg.
Nk’uko ikigo c’Abanyamerika kijejwe ivy’ikirere n’ubushakashatsi bwo mu kirere (NASA) kibivuga, ibi vyategerezwa kuba hafi isaha zibiri n’iminota 35 (8h35) mu masaha ya Gitega na Kigali.
Kandi nta ngorane canke akaga vyari vyitezwe, haba no kw’Isi, abahinga babona ko ari akaryo kadasanzwe ko kwiga no gutahura neza ibiba igihe ikintu kinini kigonze Ukwezi.
Ariko rero, kugira ngo hazoshobore kuboneka amafoto nyayo y’ibi vyabereye ku birometero 385.000 uvuye kw’Isi bizofata umwanya, bishobora kumara amasaha atari make mbere n’amayinga.
Umugabo afise inkoho yafatiwe hafi y’ikibuga ca golf ca Trump imbere y’urugendo rw'uno muperezida

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Kajugujugu ya Trump iboneka iriko irururuka ku kibuga ca golf i California ejo k uwa kabiri Abategetsi bo mu ntara ya California bafashe umugabo yabonetse hafi y’ikibuga ca golf ca Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere ka Los Angeles, imbere y’urugendo rw’uno mukuru w’igihugu aho yategerezwa kwitaba ikoraniro ryo kwegeranya uburyo.
Abajejwe amatohoza bavuga ko Jeanine John Taele w’imyaka 38 yasanganwe inkoho ntoya (pistolet) n’amasasu atemewe n’amategeko ku Kibuga ca Golf ca Trump kiri ahitwa Rancho Palos Verdes.
Nk’uko igipolisi ca Los Angeles cabitangaje, uwo mugabo “yabonywe azunguruka muri ico kibuga ca golf afata amafoto n’amavidewo kandi asa n’uwariko arakurikirana ingene integuro z’umutekano zariko ziragenda”.
Yafashwe ku mugoroba wo ku wa Mungu. Trump yari mu rugendo muri California aho yategerezwa kwitaba ibirori vyo kwegeranya intererano y’umugambwe w’Abarepubulikani vyabaye ejo ku wa kabiri.
Taele arapfunzwe yagirizwa ivyaha vyo kwitwaza ikirwanisho gicira umuriro yanyegeje no gutunga amasasu abujijwe n’amategeko.
Nk’uko Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu) yabivuze, Trump yari yitezwe gushikiriza ijambo rinenga buramatari wa California Gavin Newsom, uwo benshi babona ko ashobora kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2028, inyuma y’ikiringo kigira kabiri ca Trump kizoba kirangiye.
Ku wa gatatu, Trump yari ategekanijwe kuja i Las Vegas gushikiriza ijambo muri kimwe mu bibanza bikinirwamwo urusimbi (casino).
Izo ngendo ziriko ziba mu gihe ibikorwa vya poritike vyashushe imbere y’amatora yo hagati ya manda ategekanijwe muri Munyonyo (11).
Uno mugabo yahagaritswe inyuma y’uko abajejwe umutekano bari bambaye impuzu zisanzwe bamenyesheje abategetsi b’aho hantu ko hari umuntu ateye amakenga.
Igihe abapolisi bamuhagarika, basanze yari ariko araronderwa n’igipolisi co mu gisagara ca El Segundo kiri ku birometero 25 mu buraruko bwa Rancho Palos Verdes, ku bijanye n’icaha c’ubusuma.
Muri iyi myaka ya vuba, Trump amaze guhakwa kwicwa incuro zitatu.
Abategetsi ntibaravuga nimba uno mugabo yafatiwe i Rancho Palos Verdes yari afise umugambi wo kugirira nabi Trump, kandi nta vyaha nk’ibi yari bwagirizwe.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Ukraine: Nibura 17 baguye mu gitero c’Uburusiya, Zelensky ataka atakamba kuronswa misire za Patriot zitangira izindi

Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya bwagavye igitero kuri Ukraine bukoresheje ibisasu vya misire za ballisque n’indege zitajamwo abadereva (drone), gihitana nibura 17, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine akavuga ko iyo akaba afise misire zitangira izindi zari gushobora gukiza ubuzima bw’abatari bake.
Muri kimwe mu bitero bimaze guhitana abantu benshi kuruta ibindi vyabereye i Kyiv muri uyu mwaka, catanguye inyuma y’isaha zitandatu muri iri joro ryakeye, abantu n’imiburiburi 44 barakomeretse. Zelensky avuga ko inyubakwa z’uburaro, igituro ca gariyamoshi hamwe n’amazu y’ububiko vyarashwe.
Mu gihe idahengeshanya gusaba ibihugu vy’incuti kuyironsa misire zindi zo mu bwoko bwa Patriot zihingurwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira zishobore gutangira ibisasu vya misire za balistique z’Uburusiya, Ukraine ntivuga ko hari na kimwe muri ibi bisasu yashoboye gutangira muri iki gitero cabaye mw’ijoro ryakeye.
Zelensky avuga ko abanyagihugu bariko barahasiga ubuzima, ibipfa na vyo bikabandanya bipfa kubera izi ncuti zigikwega amaguru mu kuyironsa ubuhingabwo kuzibira ibisasu vya misire za ballistique.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko bwateye ibibanza vyo kubikamwo no gukwiragiza ibikoresho vya gisirikare biri i Kyiv no mu micungararo yaho.
Buvuga buti:“Ibi bibanza vyakoreshwa mu kubika no gushikiriza ubwoko butandukanye bw’ibirwanisho n’ibindi bikoresho vya gisirikare, hamwe no guhingura no gukwiragiza indege zitajamwo abadereva”.
Buvuga kandi ko bwateye amato atatu y’imizigo yari hafi y’ikivuko ca Odesa ku Kiyaga Cirabura, bukavuga ko ayo mato “yari atwaye ibirwanisho n’ibikoresho vya gisirikare”.
Umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, yavuze ko hari ubwoba ko hari abantu bamwe bashobora kuba bakizibiriwe munsi y’ibihomoka mu bitero vyagabwe hagati mu gisagara.
Inzego za Ukraine zijejwe ubutabazi zivuga ko umuntu umwe yapfuye mu gisagara ca Kyiv, abandi nibura 16 bagakomereka, hamwe n’abandi bantu 16 bapfuye mu tundi turere tw’intara ya Kyiv.
Kuva muri izi ndwi za vuba, Uburusiya bwarongereje akariro mu bitero vyabwo kuri Kyiv.
Ukraine isaba ibihugu biyishigikiye ko vyoyironsa izindi misile zo mu bwoko bwa Patriot zihingurwa na Amerika kugira ishobore kwivuna ibisasu vya misire za balistique z’Uburusiya.
Ibi bitero kuri Kyiv bije mu gihe Ukraine nayo yongereje akariro mu bitero vyayo ku bikorwa remezo vya gisivire mu Burusiya, harimwo n’ibigo ntanganguvu.
Bimwe mu bibangamiwe n’ibi bitero vya Ukraine ni inyubakwa z’ububiko bw’ikompanyi y’Uburusiya Wildberries idandariza ku mbuga ngurukanabumenyi. Ku wa kabiri mu gitondo, abantu batanu barishwe abandi 10 barakomereka mu ntara ya Moscou, mu bitero vya vuba vyabagwe kuri ubu bubiko bwa Wildberries.
Umusi umwe imbere y’aho, abategetsi b’Uburusiya bavuze ko abantu indwi bishwe, abandi 58 barakomereka mu gitero c’ama-drone ku mweha usanzwe wakira ingenzi nyinshi mu ntara ya Krasnodar mu bumanuko bw’Uburusiya.
Hagati aho, Ukraine yarakajwe na videwo yerekana drone y’Uburusiya iriko yiruka ku mugabo asanzwe yidandariza imboga mu ntara ya Kherson, ivuga ko ari akamaramaza kubona ingene amadrone y’Uburusiya yiruka ku nzirakarengane z’abasivire.
Uno mugabo yarokotse ico gitero cari kigabwe kuri we ariko akaba yakomerekejwe n’ibirombora vy’ikibombe carekuwe n’iyo drone yariko iramuhiga.
Impande zompi zirahakana ko ata basivire zitera n’ibigirankana.
Ayandi makuru ushobora gusoma:Intambara 'ku bisagara no ku mato y'igitoro' hagati y'Uburusiya na Ukraine izoherera he?
Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.
