Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Urukingo rwa Ebola Bundibugyo rushobora kuboneka mu mezi icyenda, umubare w'abapfuye wiyongereye – OMS

Mu makuru mashya ryatangaje, ishami ry'Umuryango w'Abibumbye ryita ku buzima rivuga ko ubu abantu 139 bacyekwa ko bishwe na Ebola muri DR Congo naho abandi barenga 600 bacyekwa ko bayanduye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Air France na Airbus zagiriwe n’icaha mu rubanza rw’impanuka y’indege yabaye mu mwaka wa 2009

    Amashirahamwe Air France na Airbus yagiriwe n'icaha “c'ubwicanyi” bufatiye ku mpanuka yabaye mu 2009 yahitanye abantu 228.

    Sentare isubiramwo imanza y'i Paris yagirije ayo mashirahamwe uko ari abiri icaha co “kwica abantu biturutse ku kutubahiriza amategeko y’umutekano”, inyuma y’impanuka y’indege AF447 yakora urugendo hagati ya Rio de Janeiro muri Brazil na Paris mu bufaransa, yaguye mu Kiyaga Kinini ca Atlantique.

    Iyo ndege yahagaritse gukora neza iri mu muyaga mwinshi, hanyuma igwa mu kiyaga, abantu bose bari bayirimwo baca bahasiga ubuzima.

    Imbere y’aho, muri Ndamukiza(4) mu 2023, sentare yari yagize ayo mashirahamwe intungane, ariko inyuma y’ukwunguruza, hasohotse inyinshu ya sentare ibagiriza icaha.

    Indege yo mu bwoko bwa Airbus A330 yaburiwe irengero kuri radar mu kwezi kwa Ruheshi 2009 mu gihe hari umuyaga ukomeye, ibisigarira vyayo biboneka inyuma y’ibikorwa vyo kurondera binini vyakozwe ku birometero kwadarato 10.000 vyo munsi y’ikiyaga.

    Agasandugu kabika amakuru y’indege kazwi nka “black box”(agasandugu kirabura) kabonetse mu mwaka wa 2011 inyuma y’amezi menshi karonderwa munsi y’ikiyaga.

    Abakozi bose 12 b’iyo ndege hamwe n’ingenzi 216 bose barapfuye igihe iyo ndege yagwa, kandi iyo mpanuka ifatwa nk’iyahitanye abantu benshi kurusha izindi mu mateka y’indege z’Ubufaransa.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Indwara za 'gonorrhea' na 'syphilis' ziyongereye ku rugero rwo hejuru i Buraya

    Indwara zandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina (STIs), harimwo gonorrhea na syphilis(sifirisi), zashitse ku rugero rwo hejuru cane i Buraya, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro bishasha.

    Ikigo c'Uburaya kijejwe gukinga no kugenzura indwara, European Centre for Disease Prevention and Control (ECDC), cavuze ko izo ndwara zompi zashitse ku rugero rwo hejuru kuruta uko vyigeze kuboneka mu myaka irenga 10 mu mwaka wa 2024.

    Soma inkuru yose ngaha :

  3. Umukuru wa Iran yategetse ko uranium itazorungikwa hanze y’igihugu

    Itororokanirizo ry'amakuru Reuters, rivuga ko ryahawe ayo makuru n’abategetsi babiri bakuru ba Iran batashatse ko amazina yabo aja ahabona, ryavuze ko Mojtaba Khamenei, umukuru wa Iran, yatanze itegeko ry’uko uranium yatunganyijwe ku rugero rwo hejuru idakwiye kurungikwa hanze y’igihugu.

    Ivyo bituma ingingo ya Tehran kuri kimwe mu vyifuzo nyamukuru vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu biganiro vy’amahoro irushiriza gukomera.

    Iryo tegeko rya Mojtaba Khamenei rishobora kandi gutuma Donald Trump ashavuzwa n’ukugorana kw’ibiganiro bisanzwe bitoroshe vyo guhagarika intambara hagati ya Amerika, Israel na Iran.

    Abategetsi ba Israel babwiye Reuters ko Donald Trump yemereye Israel ko ububiko bwa Iran bwa uranium yatunganyijwe cane, yegereje urugero rushobora gukoreshwa mu gukora ibirwanisho vya nikleyeri, buzokurwa muri Iran, kandi ko amasezerano ayo ari yo yose y’amahoro akwiye kuba arimwo ingingo ijanye n’ico kibazo.

    Kugeza ubu, nta kinyamakuru ca Leta ya Iran kirashira ahabona ayo makuru.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Inama ikomeye y’Ubuhinde na Afurika yasubitswe kubera Ebola Bundibugyo

    Ubuhinde n’Ubumwe bwa Afurika basubitse inama izwi nka ⁠India-Africa ⁠Forum Summit yari iteganyijwe mu cyumweru gitaha i New Delhi, kubera “ikibazo kirimo gukomera cy’ubuzima mu bice bya Afurika”.

    Itangazo ry’Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika na minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Ubuhinde rije mu gihe abategetsi muri DR Congo batangaje ko imibare y’abanduye n’abishwe n’iyi ndwara irimo kwiyongera.

    Abashinzwe ubuzima muri DR Congo ubu bemeje ko abantu 159 bamaze kwicwa na Ebola – nubwo bikekwa ko imibare nyakuri ishobora kuba iri hejuru. Mu gihe abandi bantu 51 bashya bayanduye.

    Ubuhinde buvuga ko bwifatanyije n’Ubumwe bwa Afurika mu guhangana n’ikibazo cy’ubuzima, kandi ko “bwitaye ku kibazo gikomeye cy’ubuzima kirimo kwiyongera ku mugabane”.

  5. Sierra Leone ibaye ikindi gihugu cy'Afurika cyakiriye abantu birukanwe muri Amerika

    Sierra Leone ni cyo gihugu cya vuba aha muri Afurika cyakiriye abimukira birukanwe muri Amerika, mu gihe Perezida Donald Trump akomeje gukaza ingamba zo kurwanya abimukira binjira mu gihugu mu buryo bunyuranyije n’amategeko.

    Mu gitondo cyo ku wa gatatu, indege yari itwaye abimukira icyenda bakomoka muri Afurika y’uburengerazuba yageze ku kibuga mpuzamahanga cy’indege cya Sierra Leone kiri hanze gato y’umurwa mukuru, Freetown.

    Mu cyumweru gishize, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga Timothy Musa Kabba yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko igihugu cye cyemeye kwakira abantu bagera kuri 300 buri mwaka birukanwa n'Amerika.

    Ariko yongeyeho ko abo bantu bagomba kuba bakomoka mu bihugu bigize ECOWAS (CEDEAO), umuryango w’ubukungu w'ibihugu byo muri Afurika y’uburengerazuba.

    Amerika yamaze kohereza mu bindi bihugu by'Afurika abandi bimukira birukanwe, birimo Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Ghana na Sudani y'Epfo.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Uganda: Iperereza nyuma y'uko umugabo apfuye ari gukora imibonano mpuzabitsina mu gihuru

    Igipolisi muri Uganda cyatangaje ko kirimo gukora iperereza ku rupfu rw’umugabo w’imyaka 50 wapfuye ku wa mbere nijoro arimo gukora imibonano mpuzabitsina n'umugore bari mu gihuru.

    Ibinyamakuru muri Uganda bisubiramo Samson Lubega ukuriye igipolisi mu gace ka Busoga North yemeza ibyabaye.

    Lubega yavuze ko ahagana saa tatu z’ijoro uwo mugabo n’umugore w’imyaka 40 bihinnye mu gihuru mu gace ka Namulanda B kugira ngo bamarane ipfa.

    Ikinyamakuru Monitor gisubiramo Lubega agira ati: “Nyuma y’inshuro ya mbere, bivugwa ko umugabo yarabye agahwera ari ku nshuro ya kabiri”.

    Umugabo amaze guhwera, umugore abonye ibibaye yahise atabaza abantu maze bahagera ari benshi ariko ntibabasha kurokora uwo mugabo kuko yahise apfa.

    Iki kinyamakuru kivuga ko uwo mugore bariho ‘biha akabyizi’ mu gihuru atari uwe, kandi ko amakuru gikesha abantu b’aho ari uko umugore we yari aherutse kubyara.

    Iperereza ririmo gukorwa ku murambo w’uwo mugabo ngo hemeze neza icyamwishe.

    Inzobere mu buvuzi zivuga ko imfu zibera mu gihe cy’imibonano mpuzabitsina ari gacye cyane ari yo ubwayo iba ibiteye, ko kenshi ziterwa n’indwara umuntu aba afite (abizi cyangwa atabizi) nk’indwara zigendanye n’imikorere y’umutima, cyangwa ‘stroke’.

    Izi ngo zishobora guhita zifata umuntu ari muri kariya karimo kubera gutera kwihuse cyane kw’amaraso cyangwa gufata imiti n’ibinyobwa byongera ingufu zidasanzwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. SpaceX igiye kwugururira imiryango abandi banyamitahe, ibishobora gutuma Elon Musk ashikana ubutunzi bugera kuri tiriyari

    Sosiyete SpaceX ya Elon Musk yatangaje umugambi wayo wo kuja kw’isoko ry’imitahe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibizotuma abantu baronka uburenganzira bwo kugura canke kugurisha imitahe (imigabane).

    SpaceX ikora ibijanye n’ibigendajuru ikanatanga internet y’ibigendajuru nyene yitwa Starlink. Ifise na sosiyete yitwa xAI ya Musk ikora ibijanye n’ubwenge bw’ubukorano (AI), ariko itavugwako rumwe.

    Igurishwa ryo mu ntango ry’imitahe ya SpaceX rishobora kuzoba ari ryo rya mbere rinini cane mu mateka ya Wall street, isoko ry’imitahe rikomeye muri Amerika.

    Mbere vyitezwe ko iryo gurishwa rishobora gutangura mu kwezi kuza.

    Kubera imitahe azoba afise muri SpaceX, bishobora gutuma Elon Musk, asanzwe ari umutunzi wa mbere kw’isi, aja mu nzira yo kuba umutunzi adasanzwe ashikana tiriyari imwe (ingana n'imiriyaridi igihumbi).

    SpaceX ifise agaciro ka tiriyari 1.25 y’amadorari ($1.25tn). Kandi kuba Elon Musk afisemwo igice kinini bisigura ko imitahe yiwe ishobora gushika ku gaciro karenga miriyaridi 600 z’amadorari.

    Mu mwaka uheze, Musk, asanzwe kandi ari umuyobozi w'uruganda Tesla rukora imodoka zikoresha umuyagankuba, yabaye umuntu wa mbere kw’isi ashikanye umutungo wa miriyaridi 500 z’amadorari.

    Ivyo bisigura ko ijanwa rya SpaceX kw’isoko ry’imitahe, rishobora gutuma ubutunzi bwiwe bwose bushobora kurenga tiriyari imwe y’amadorari.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Indege za gisirikare na 'drones' z'Amerika byabonetse hafi ya Cuba mu gihe ubushyamirane bwiyongereye

    Igisirikare cy’Amerika gikomeje gutangaza ku mugaragaro amakuru y'ingendo z’indege za gisirikare z’ubutasi hafi ya Cuba ku mbuga zo kuri murandasi (internet) zikurikirana ingendo z’indege, mu gihe Washington ikomeje kotsa igitutu ubutegetsi bwa gikomunisiti bw’icyo kirwa.

    Dr Steve Wright, Umwongereza w’inzobere mu by’indege nto zitajyamo umupilote (drones), yavuze ko kureka amakuru y'ibyuma bigaragaza amakuru y'ingendo z'indege (bizwi nka flight transponders) akajya ku karubanda, “birashoboka ko byakozwe ku bushake”, mu gihe Amerika iteganya gutanga “ubutumwa busobanutse ifite amaso mu kirere kugira ngo igumisheho uko gukanda”.

    Isesengura ryakozwe n’ishami rya BBC rigenzura ukuri kw’amakuru, BBC Verify, ku rubuga rugenzura ingendo z’indege rwitwa Flightradar24, rigaragaza ko indege nibura eshanu z’ubutasi zo mu bwoko bwa P-8A Poseidon z’ingabo z’Amerika zirwanira mu mazi, hamwe na ‘drones’ eshatu z’ubutasi zo mu bwoko bwa MQ-4C Triton, zirimo gukorera muri Caraïbes hafi ya Cuba kuva ku itariki ya 11 y’uku kwezi kwa Gicurasi (5).

    Zimwe muri izo ndege zaragurutse zigera mu ntera ya kilometero 80 uvuye muri Cuba.

    Amakuru y’imbuga zikurikirana ingendo z’indege ntashobora gutanga ishusho yuzuye y’igikorwa cy’Amerika mu nkengero ya Cuba kuko indege za gisirikare buri gihe atari ko zigaragaza aho ziherereye, ahubwo zikagaragaza ibice bito by’aho ziherereye mu gihe cy’urugendo.

    Iyoherezwa ry’izi ndege na ‘drones’ ribaye mu gihe ubushyamirane hagati y’Amerika na Cuba bwiyongereye cyane mu mezi ya vuba aha ashize, nyuma yuko Washington urebye izibiye ibikomoka kuri peteroli byerekeza kuri icyo kirwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Kenya: Urukiko rwategetse ko abana bumvikanye imibonano mpuzabitsina badakwiye gukurikiranwa

    Kuwa gatatu urukiko rukuru rw’i Nairobi muri Kenya rwategetse ko ingingo zimwe z’itegeko rihana ibyaha by’imibonano mpuzabitsina zitagomba gukora ku bana (teens/ adolescents) b’imyaka yegeranye bakoze imibonano mpuzabitsina ku bwumvikane bwabo.

    Ni icyemezo impirimbanyi ziteze ko kigiye kugena bushya uko iki gihugu gifata ibibazo by’imyifatire n’imibanire mu ngimbi n’abangavu bataruzuza imyaka y’ubukure.

    Uru rubanza rwashinzwe kubera ikirego cyo gukurikirana abahungu babiri ku cyaha cyo gufata ku ngufu umukobwa, abo bose bari mu myaka 17 na 19.

    Abareze bavuze ko zimwe mu ngingo z’itegeko rihana ibyaha by’imibonano mpuzabitsina zikoreshwa mu guhana abana bataruzuza imyaka y’ubukure bakoze imibonano mpuzabitsina bumvikanye aho kubarinda gukoresha nabi ubuto bwabo no guhindurwa ibikoresho mu mibonano mpuzabitsina.

    Impirimbanyi z’uburenganzira zivuga ko iki cyemezo kizagabanya ifungwa no gukurikirana mu nkiko abana bumvikanye gukora imibonano mpuzabitsina.

    Zivuga kandi ko bizatuma haba impinduka mu gushyiraho politike zifasha urubyiruko mu buryo bworoshye kugera kuri serivisi zijyanye n’ubuzima bw’imyororokere.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Amerika yagirije Raúl Castro wa Cuba ubwicanyi bujanye no gukorora indege zibiri mu 1996

    Leta Zunze Ubumwe za Amerika zegetse kuri Raúl Castro yahoze arongoye Cuba igitero cahitanye abanyamerika, n’ibindi vyaha bifitaniye isano no gukorora indege zibiri hagati ya Cuba na Floride, mu 1996.

    Muri ibi birego vyashizwe ahabona kuri uwu wa gatatu, Castro hamwe n’abandi batanu bagirizwa kugira uruhara mu kurasa no gukorora izo ndege zari iz’ishirahamwe ry’abagiraneza ryitwa “Brothers to the Rescue”.

    Ivyo bitero vyahitanye abantu bane harimwo abanyamerika batatu.

    Castro, ubu afise imyaka 94, ico gihe yari umukuru w’ingabo z’igihugu kandi yaratewe ivyatsi n’amakungu kubera iyo mpanuka.

    Mu gihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirongereza igitutu ku butegetsi bwa gikomunisti bwa Cuba, Perezida Miguel Díaz-Canel yavuze ko ivyo zagiriza Raúl Castro ari “amayeri ya politike ata shingiro ry’amategeko afise.”

    Avugira ku nyubakwa Freedom Tower i Miami, Umushikirizamanza mukuru Todd Blanche yatangaje ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora kandi kwegeka kuri Castro ivyaha vyo gusambura indege, hamwe n’ivyaha bine vyo kugandagura Armando Alejandre Jr, Carlos Alberto Costa, Mario Manuel de la Peña, na Pablo Morales.

    Blanche yavuze ati: “Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe na Perezida Trump, ntizizokwigera zibagira abanyagihugu bazo.”

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Ebola: Les Léopards ya DR Congo yabujijwe guca i Kinshasa mbere yo kujya muri US gukina igikombe cy’isi

    Gahunda z’ikipe y’igihugu ya DR Congo zahungabanyijwe n’icyiza cya Ebola Bundibujyo kibasiye iki gihugu mu myiteguro ya nyuma irimo mbere yo kujya mu gikombe cy’isi kizatangira mu kwezi gutaha, aho izakinira muri Amerika.

    Abakinnyi ba Les Leopards bagombaga guhurira i Kinshasa ku cyumweru tariki 25 z’uku kwezi, maze mu muhango ukomeye kuri stade ya Tata Raphaël i Kinshasa Perezida Tshisekedi agashyikiriza kapiteni w’iyi kipe Chancel Mbemba ibendera ry’igihugu imbere y’abafana ibihumbi.

    Ikipe ya Les Léopards itozwa n’umutoza wayo Sébastien Desabre igizwe na benshi bakina kandi baba ku mugabane w’Uburayi.

    Amakuru yemeza ko leta ya Amerika yategetse ko iyo kipe itanyura muri RD Congo mbere yo kujya muri Amerika.

    Mu rwego rwo kurinda iyi kipe ikiza cya Ebola ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru ryaho ryatangaje ko iriya gahunda yari iteganyijwe gisubitswe.

    Iyi kipe izahurira mu Bubiligi, aho biteganyijwe ko izishimirwa n’abafana benshi mu muhango mbere y’uko yerekeza muri Amerika.

    DR Congo isubiye mu gikombe cy’isi nyuma y’imyaka irenga 50, umukino wayo wa mbere izawukina na Portugal tariki 17 z’ukwezi gutaha mu mujyi wa Houston, Texas. Iri mu itsinda K aho iri kumwe kandi na Colombia na Uzbekistan.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Urukingo rwa Ebola Bundibugyo rushobora kuboneka mu mezi icyenda, umubare w'abapfuye wiyongereye – OMS

    Ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) rivuga ko bishobora gufata amezi icyenda mbere yuko urukingo rw’ubu bwoko bw’ikiza cya Ebola ruboneka.

    Ku wa gatatu, umujyanama wa OMS Dr Vasee Moorthy yavuze ko “inkingo z’abakandida” ebyiri zishobora kuvamo urukingo rw’ubu bwoko bwa Bundibugyo zirimo gukorwa, ariko ko nta na rumwe muri zo rwari rwanyura mu magerageza akorerwa ku barwayi.

    Umukuru wa OMS Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko hamaze kuboneka abantu barenga 600 bacyekwaho kwandura Ebola hamwe n’abantu 139 bacyekwa ko bishwe na Ebola ariko ko imibare yitezwe kwiyongera bitewe n’igihe bifata kugira ngo iyo virusi itahurwe.

    Avugana n’abanyamakuru i Genève mu Busuwisi, yavuze ko abantu 51 bemejwe ko bayirwaye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo – aho umuntu wa mbere yagaragaye – hamwe n’abandi bantu babiri babonetse muri Uganda ihana imbibi n’icyo gihugu.

    Ku cyumweru, OMS yatangaje ko iyi Ebola ari ikibazo cy’ubuzima rusange cyihutirwa gihangayikishije isi, ariko ivuga ko kitaragera ku rwego rw’icyorezo.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.