Abakozi ba IA 'vy'ukuri bafise ubwoba' kuri kazoza k'umuntu, niko uwahoze akorera Anthropic yabwiye BBC

Umugabo w'umushatsi w'inkugutu yambaye amarori.
Insiguro y'isanamu, 'Birashoboka ko zina muntu rizimangana', uwahoze ari umukozi wa Anthropic niko avuga ku vyerekeye IA
    • Umwanditsi, Brandon Livesay
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umushakashatsi ku bwengere bukorano, IA (Intelligence Artificielle/IA, Artificial Intelligence) yikuye mu kigo ca Anthropic yabwiye BBC ko abantu bakora kuri ubwo buhinga ''vy'ukuri batewe ubwoba'' n'umurindi buriko buraterako imbere n'ico bushobora gutera ku muntu iyo ava akagera.

Jacob Coxon yabwiye Laura Kuenssberd wa BBC ku wa gatandatu ku bijanye n'ivyo yanditse igihe yatanga imihoho (yegura) vyavuzwe cane aho yashikirije amakenga ko IA ishobora gushika aho atawoba akiyigenzura.

''Nemera ko niba tutagabanuye umurindi turiko ubu mw'iterambere [rya IA], bishoboka cane ko dushobora gupfa twese muri kazoza ka hafi,'' niko yavuze.

Ugutanga imihoho kwiwe gushitse mu gihe hari impungenge w'umutekano muri ico gisata, impungenge zifiswe kandi n'uwahora amukoresha Dario Amodei, yavuze mu nyandiko yasohoye y'ingene abona ibintu ko uguteza imbere ubwo buhinga kwogabanura umurindi.

Abategetsi b'ibigo bibiri vy'abakeba, Sam Altman wa OpenAI na Elon Musk, bompi bavuze ko bemeranya n'iciyumviro ca Amodei ko hagabanywa umurindi w'ico gisata hanyuma kikagenzura, n'uko haba gukurikirana mu buryo bwigenga programa za IA igihe ziba ziriko ziratunganywa.

Amodei avuga ko guteza imbere ubwo buhinga atari co kibazo, ariko ko ivyago bishobora kujana na bwo ''bihambaye'', kandi ko ibihugu n'amakompanyi bitegerezwa guhabwa unwanya wo kuvyiga.

Coxon w'imyaka 27 - yakoze muri OpenAI imbere y'uko aja muri Anthropic - yakiriye neza iciyumviro co kugabanya umurindi ariko avuga ko hakenewe ko bikorerwa hamwe n'Ubushinwa kugira ntihabe ''isiganwa ku rugero mpuzamakungu''.

Ikibazo kigoye kwishura kurusha ibindi, kubwa Coxon, ni uko umuhero utewe na IA ushobora kuzoba umeze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kimwe mu vyago vyavuzwe na Amodei ni uko hashobora kuba ikuguri ca logiciel zikoresha zonyene ibikorwa zomera nka mudasobwa (ordinateur/computer) z'ikirenga (supercomputer/superordinateur) zoca zifatira internet.

Coxon yavuze ko ivyo bishobora kuba ukuri hagati y'amezi atandatu n'umwaka.

Coxon amaze kugenda, umuvugizi wa Anthropic yabwiye BBC News ati: '' Twagumye na ntaryo twerekana ku mugaragaro ko IA izozana akunguko kanini cane ariko kandi n'ivyago bitari bwigere bibaho.

''Kugira twirinde ivyo vyago, tubandanya gukora programe zifise inzitiro zikomeye uko bishoboka kwose muri ico gisata.''

Ico kigo ni co cagiye imbere mu kwiga ingene programe za IA zikora, nk'uko umuvugizi yongeyeko. Cabaye ica mbere mu gusohora inzira zo kugabanya ivyago bishobora guterwa no gukora izo programe - kandi ''kiragerageza 'ceruye' programe (models) zaco kigasohora ivyo catoye mu gufasha gukurikiranira hafi no kwirinda ivyoshika bitewe na IA ''yataye umurongo''.

''Iki gikorwa ni iyindi mpamvu y'igituma twemera ko isi yoharonkera akarusho hamwe iki gisata coronka inzira ifatiye ku mategeko kandi ishobora guhinyuzwa yo gukorera hamwe mu gushinga intambwe twogenderako mu gusohora programe zikomeye,'' niko cavuze.

Ariko hari abandi muri ico gisata babona ko ivyavuze ku bubasha n'ivyago biturutse kuri IA bishobora kuba bigamije kurenza urugero kugira abantu bijukire IA gusumba. Abandi bavuga ko Anthorpic yagerageje gutuma haba ishingwa ry'ubugenduzi ryozibira ihiganwa, ryotuma yo be na OpenAI basigara biganje kuri iryo soko ari babiri gusa.

Anthropic na OpenAI bivugwa ko bariko barategura gushira imitahe ya mbere kw'isoko, aho boba babaye aba mbere mu kubikora.

N'umukuru w'urubuga rwa IA Hugging Face , Clement Delangue, ntabona ibintu co kimwe na Coxon.

''Mbabarira, ariko kubaza Jacob ku vyerekeye ko IA ishobora guhonya zina muntu ni nko kubaza uwugukorera ivyuma bikanyishisa mu nzu (AC) ivyerekeye ihindagurika ry'ibihe,'' niko yanditse kuri X. ''Atari ukuvuga ko ata wovyitaho canke ko atari vyo gutyo nyene ariko reka turabe ibintu ata gushikuza.''

Ariko, Amodei amaze gusohora inyandiko yiwe y'ingene abona ibintu ku wa gandatatu, Delangue yavuze ko yemeye kuba umwe mu bofasha gutora inyishu zishoboka zifatiye ku vyiyumviro vy'umukuru wa Anthropic.

Umukuru wa Nvidia Jensen Huan nawe yaragize ico avuga ku vyashikirijwe na Coxon mu nama yatunganijwe na banki Golden Sachs ku ndwi iheze, nk'uko abatari bake muri iyo banki babibwiye BBC. Bavuze ko yavyiyamirije avuga ko atari ukuri.

Imbere y'aho Huan yari yaravuze ko kuvuga ko IA '' igiye kuzoba umuhero w'isi'' ari ''ikintu kitagira umutwe n'amaguru''.

Mu gihe ashobora kuba afise inyungu mw'iterambere rya IA - Nvidia ikora utwuma (chips/puces) duha inguvu ubuhinga bwa IA - ivyo yavuze vyerekana agatima kaguma kiyongera muri Silicon Valley ko kutemera imburi zitangwa n'abahora bakorayo hamwe n'abagikorayo ku vyago bishobora gushika ku gupfa n'ugukira kwa zina muntu.

Coxon yavuze ko bagenzi we bafise ubwoba ko ivyo vyago bishobora gushika no mu myaka ibiri iri imbere.

Yavuze ko abakozi mu bigo vya IA bariko ''barategura ico bokora ku buzima bwabo kandi bibaza ingaruka ku gikorwa cabo'', mu gihe abandi biyunmvira kurondera aho bogura itongo(isambu) kuko bafise ubwoba bwinshi ku bishobora guhungabana biturutse kw'iterambere ryihuta rya IA''.

''Bose bavyamiza mu mitwe yabo buri munsi mu gihe babandanya gukora kuri ubwo buhinga.''

Ariko Coxon hari n'ivyo afiseko icizere kuri kazoza ka IA, aho yabwiye BBC ko abantu bakora ubushakashatsi kuri ubwo buhinga ''vy'ukuri bashaka kubona ivyiza vyovamwo'' nko ''gutorera inyishu indwara no guteza imbere ubuzima bwa buri wese''.

Ivyo yavuze vyarahanahanwye incuro imiriyoni ku mbuga hwaniro, aho umuhinga muri Anthropic Evan Hubinger yishuye kuri X ko yemeranya na Coxon.

''Turemera cane ko IA ishobora guhonya abantu bose! Jewe ku bwanje nibaza ko ivyago biri ku rugero rurenga 10 kw'ijana (>10%) mu myaka 10 iri imbere,'' niko Hubinger yavuze.