Ingene Ukraine iriko irondera kwungukira ku ntambara yo muri Irani mu buryo butangaje

    • Umwanditsi, Katya Adler
    • Igikorwa, Europe editor
  • Igihe co gusoma: iminota 10

Igihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashika muri Arabia Sawudite mu kwa gatatu uno mwaka, cabaye igihe kidasanzwe ku ntambara ya Amerika na Israel kuri Irani. Ikintu kitari citezwe.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, yavuze ko urugendo rwiwe rwari urwo "gutsimbataza igikorwa co gukingira ubuzima".

Kabaye akaryo kuri Zelensky - asanzwe yikoreye umuzigo w'intambara ya Ukraine ubwayo n'Uburusiya - mu gukora ingendo mu bihugu vyo mu Kigobe, afise intego yo kwerekana ko ubuhinga bw'igisirikare ca Ukraine mu ntambara y'indege zitagira abadereva (drones) bushobora kugurishwa no kwifashishwa n'amahanga."

Ukraine ivuga ko ubu ifitaniye amasezerano na Arabia Sawudite, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (EAU/UAE) na Qatar – ibi vyose bikaba biherutse gukubitwa n'ibisasu vya misire hamwe n'amadrone vya Irani – kugira ngo ibisangize ubumenyi n'ubuhinga ku bijanye n'amadrone, itsimbataza ubucuti n'urudandazwa – ubu naho ikaba yizeye gushika ku masezerano mu vyo kwivuna abansi – n'ibihugu vy'incuti za Amerika.

Zelensky ati: "Dushaka gufasha [ibihugu vyo mu Kigobe] kwivuna. Kandi tuzobandanya twubaka ubu bucuti n'ibindi bihugu".

Ikibazo c'amasoko ntanganguvu

Mu ntango, ingaruka z'intambara ya Amerika na Israel kuri Irani zaboneka ko ari mbi cane kuri Ukraine. Hari ubwoba ko Donald Trump aheba utwigoro yakora mu gushigikira ibiganiro vy'amahoro hagati ya Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) na Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine), kandi agasukira amafaranga mu kigega c'intambara c'Uburusiya cariko kiratūba bikomeye.

Moscou yarashoboye gushora ibitoro vyayo mu bihugu bitari bike, ku giciro kinini kubera amato yikorera igitoro c'Ubuseruko bwo Hagati atashobora gukoresha Umuhora wa Hormuz kugira ngo agishikane ku masoko mpuzamakungu. Kubera ibiciro vyariko biraduga kw'isi yose, vyabaye ngombwa ko Trump ahindura, maze yemerera ibihugu kugura igitoro c'Uburusiya cari carafatiwe ibihano.

Uko Uburusiya bugira amafaranga menshi, niko bushobora kubandanya intambara yabwo kuri Ukraine igihe kirekire, kandi n'inguvu nyinshi.

Ariko Kyiv yagiye itangaza amakungu kuva Uburusiya buteye Ukraine muri Ruhuhuma 2022.

N'ubu yongeye kubikora: iriko irakenyura mu kugerageza guhindura ingaruka z'intambara ya Irani ku nyungu zayo, kugira ngo yitegurire neza ibiganiro vy'amahoro vyitezwe hagati ya Ukraine n'Uburusiya.

Ku wa gatatu, Trump yavuze ko yari yizeye ko "inyishu" kuri Ukraine ishobora kuboneka "vuba cane" inyuma y'ikiyago "ciza cane " na Vladimir Putin. Yongeyeko ati: "Nibaza ko hari 'abantu bamwe' bamubereye inzitizi biranka ko ashika ku masezerano".

Si bwo bwa mbere Trump avuze amajambo nk'aya meza kuri Putin, ariko agasa n'uwunenga umukuru w'igihugu ca Ukraine kubera atateye igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara.

"Inyishu" gushika ubu ntiraboneka.

Hagati aho, Zelensky yashize inguvu mu gukomeza Ukaine aho bishoboka. Ubwitonzi bwo gufata amahirwe uko aje, ni kimwe mu bikoresho vyiwe bikomeye cane.

Arabia Sawudite, igihugu yasubiye kugendera mu kwa kane, na yo nyene yararekuriweko ibisasu vya misire hamwe n'amadrone vyavuye muri Irani, nk'uko Uburusiya bubikora kuri Ukaine, nk'uko yabivuze.

Kimwe mu birwanisho bikomeye cane vya Moscou ni amadrone yo mu bwoko bwa Shahed azimbutse kandi ashika kure yahinguwe na Irani, hakiyongerako ayo yikoreye, azwi nka Geran.

Mu gihe Shahed ishobora kugurwa hagati y'ibihumbi 80 na 130 vy'amadorari y'Abanyamerika, Zelensky avuga ko ishobora gusamburwa n'ibisasu bigurwa musi y'ibihumbi 10 vy'amadorari. Aya ni amahera make cane ugereranije n'ubuhinga bwa misire bwari busanzwe bukoreshwa mu kwivuna ibitero vyo mu kirere bugurwa amamiriyoni n'amamiriyoni y'amadorari.

Kubera ubwoba buturutse ku madrone y'Uburusiya yagiye yibonekeza mu bisagara bitari bike vya Bulaya, ibihugu vya OTAN/NATO biriko biramera magabo.

Muri Ndamukiza (4), Ukraine yarasinyiraniye n'Abanyaburayi amasezerano abiri akomeye y'ugufashanya mu vyo kwivuna umwansi. Aya mbere yari hagati ya Ukraine na Norvège afise agaciro ka miriyari 8,6 z'amadorari, nk'igice c'imfashanyo ya miriyari 28 z'amadorari gushika mu 2030. Aya kabiri ni hagati ya Ukraine n'Ubudagi, harimwo "ubwoko butandukanye bw'amadrone, bwa misile, n'ubuhinga bwa none bwo kwivuna umwansi", afise agaciro ka miriyari 4,7 z'amadorari.

Na yo ku bijanye n'ibihugu vyo mu Kigobe, Zelensky avuga ko yizeye ko bizomufasha gukingira Ukraine ibitero vy'Uburusiya.

Cane cane, ni muri kino gihe Amerika ifise ibikoresho bike vya gisirikare vy'ugurisha ku banyaburayi ngo bifashe Ukraine, kuko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) iriko ikoresha vyinshi mu Buseruko bwo hagati. Mu kwishura ku kibazo yari abajijwe ku guhindura amerekezo y'ibirwanisho, Trump yishuye ati: "Ivyo twama tubikora. Hari igihe tubikura hano, tukabikoresha ahandi".

" Twipfuza ko ibihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati na vyo nyene biduha akaryo ko kwikomeza", ni ko Zelensky aherutse kubwira ikinyamakuru Le Monde co mu Bufaransa. " Barafise ibisasu bimwe bimwe vya misire vyo gukingira ikirere twebwe tudafise bihagije. Ivyo nivyo twipfuza ko twogiriranirako amasezerano

Ibitero ku bikorwa remezo

Ukraine yarakuye kandi icigwa gikomeye ku ntambara yo muri Irani: ingaruka ikomeye z'ibitero ku bigo ntanganguvu vy'uwo muhanganye. Ubu amasoko ntanganguvu y'Uburusiya ni yo yiziziwe, hakoreshejwe amadrone ya Ukraine ashika kure.

Nk'uko Zelensky abivuga, Uburusiya buri ku ruhombo rw'amamiriyari y'amadorari mu gisata c'amasoko ntanganguvu, n'aho igiciro c'igitoro kw'isoko mpuzamakungu giherutse kwiyongera.

Amakuru yerekeye igitoro kitayunguruye kigurishwa hanze yerekana ko iduga ry'igiciro c'igitoro, hiyongereyeko ingingo ya Amerika yo gutezura ibihano vyafatiwe ibihugu bigura igitoro c'Uburusiya, vyatumye Uburusiya bwinjiza amafaranga angana incuro 2,3 z'ayo bwinjije hagati ya Kigarama (12) na Ruhuhuma (2), mu ndwi ya gatatu y'intambara yo muri Irani.

Ariko mu ndwi ya kane, ibitero vy'indege za Ukraine ku bigo vy'amasoko ntanganguvu vyarahombesheje Uburusiya gushika kuri miriyari imwe y'amadolari, butakaza hafi ibice bibiri kuri bitatu vy'inyungu zari zabonetse mu ndwi ya mbere.

Ikindi kintu Ukraine yungukiye ku ntambara yo muri Irani ni uko mu ndwi iheze hatanzwe uruhusha rwo kuyiha ingurane ya miriyari 90 z'ama-euro yemerewe n'Ubumwe bw'Uburayi. Kyiv ivuga ko ikeneye vyihutirwa aya mafaranga kugira igure yongere ikore ibikoresho vya gisirikare mu mwaka uza.

Iyi ngurane yari imaze amezi menshi yarazibiwe na Hongrie n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yari yegamiye ku ruhande rw'Uburusiya. Ariko ubu Hongrie ifise indongozi nshasha, aterekwa cane Uburusiya, inyuma y'aho Viktor Orbán atsindiwe bikomeye mu matora yabaye mu kwezi guheze.

Orbán yari incuti ikomeye kandi akunda Donald Trump. Iki cabaye inzitizi kuri we mu matora. Abatora bavuze ko barakajwe cane n'intambara yo muri Irani yatumye ibiciro vy'igitoro biduga. Iki catumye Orbán atsindwa, bituma iyi ngurane y'Ubumwe bw'Uburayi igenewe Ukraine ishobora gutangwa.

Kubera izi "ntsinzi" za Kyiv, bifatanye n'uko Ukraine yemeza ko buri kwezi yica abasirikare benshi kurusha 30.000 Uburusiya buvugwa ko bwinjiza muri ico kiringo, Zelensky ubu yumva ko ahagaze neza, kandi ko ari mu mwanya mwiza mu mugambi w'amahoro n'Uburusiya.

Ariko icipfuzo c'uko ibintu vyonyaruka muri Ukraine kimaze igihe kirekire. Abanyagihugu bararushe kandi bararemvye. Kwinjiza izindi ngabo ni ikibazo ngorabahizi gushika ubu, mu gihe n'abari ku rugamba banyotewe cane gutaha i muhira.

Agasuzuguro?

Mbega vyifashe gute ku bijanye n'ibiganiro vyo guhagarika intambara: vyaravuzwe cane n'ubutegetsi bwa Trump imbere y'iminsi mikuru ya Noweli.

Imbere y'uko asubira gutorwa, Trump yaravuze incuro nyinshi ko yari guhagarika intambara yo muri Ukraine mu masaha 24, ariko gushika ubu, ivyo yiyemeje ntibiraja mu ngiro.

Ikintu gikomeye ni ugukurikirana ingendo z'abo Trump yagenye kuri uno mugambi w'amahoro: Jared Kushner, umukwe wiwe, hamwe na Steve Witkoff, yahoze ari umucuruzi mu vy'amazu. Ingendo zo kuja i Kyiv zagiye zunguruzwa incuro nyinshi. Aho kwibanda kuri Ukraine, barajwe ishinga n'Ubuseruko bwo Hagati.

Zelensky avuga ko kubona aba bantu bataboneka ari "agasuzuguro". Avuga ko ibiganiro vy'amahoro bikibandanya ku rwego "rw'abahinga", ariko atinya ko ata ntambwe izoshikwako gushika intambara yo muri Irani irangiye. Nti nde azi igihe izorangirira?

Ni ngombwa kumenya ko Kushner na Witkoff batarigera bagendera Kyiv bafise ububasha bwo gufata ingingo kw'izina ry'igihugu. Ariko bagendeye Moscou mu mpera z'umwaka uheze, igihe ibiganiro vy'agahengwe vyari ku muvuduko, bongera basubirayo muri Nzero (1). Witkoff amaze kuja i Moscou incuro umunani, kuko yahora akora ubucuruzi bwinshi mu Burusiya ku giti ciwe. Aramaze guhura na Putin incuro nyinshi.

Ubutegesti bwa Trump burahakana ko bwegamiye uruhande rw'Uburusiya.

Ariko Ukraine hamwe n'ibindi bihugu vy'Ubulayi baratangaye igihe basoma US National Security Strategy (NSS) yasohotse mu mpera z'umwaka uheze. Ntiyigeze yerekana Uburusiya nk'akaga ku mutekano. Ibi bitandukanye n'ukuntu incuti za Washington muri OTAN i Bulaya zibona Moscou.

US National Security Strategy (NSS) irerekana akamaro ko kurangiza intambara yo muri Ukraine, ariko ikaba idashashaye no kuronderera Kyiv amahoro arama. Ahubwo intumbero ni ukuraba ko hoba ituze hagati ya Amerika n'Uburusiya, hamwe n'ugufashanya hagati yavyo, kugira ngo Amerika yironkere uburyo bwo kurangura imigambi yayo ihambaye.

Izi ntego z'ubutegetsi bwa Trump zirashimisha Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya). Igihe NSS yasohoka, umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yavuze ko "ihuye cane" n'intego za Moscou.

Kuri Trump, vyagiye vyanka ko Uburusiya bufatirwa canke bugumirizwaho ibihano ruhasha vy'ubutunzi vyari gushobora guhindura ibintu, bigahatira Kremlin kwitaba ibiganiro itarinze kugira ivyo ibanza gusaba bidashoboka kuri Kyiv (canke incuti zayo za Bulaya).

Hejuru y'ivyo, ubufasha bwa gisirikare n'ubutunzi bwa Amerika kuri Ukraine bwarahagaze. Abanyaburayi ni bo bagiye bagura ibikoresho vya gisirikare muri Amerika kugira babirungikire Kyiv. Ariko na vyo ubu ntawuzi ko bizobandanya, kubera intambara yo muri Irani.

Icizere c'amahoro

Ku bijanye no kugondoza Uburusiya kugira bwitabe ibiganiro vy'amahoro, abenshi bavuga ko Amerika ari yo yonyene yobishobora.

Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko Putin yipfuza guhagarika intambara ubu bwa vuba.

Ahubwo ni igihushane. Mu gihe isi yose isamajwe n'intambara yo muri Irani, Moscou yarongereje ibitero ku basivire no ku bikorwa remezo vya gisivire muri Ukraine. Ivyiyumviro biratandukanye: bamwe bibaza ko ari umujinya wa nyuma Putin ariko yerekana imbere y'uko aja mu biganiro, abandi bakabona ko ari ikimenyetso c'uko yipfuza kubandanya itambara ata gucika intege. Ku cicaro c'Ubumwe bwa Bulaya i Bruxelles, abenshi bibaza ko ari ico ca nyuma.

Ubutunzi bw'Uburusiya bushobora kuba buriko burahungabana kubera ibihano bwafatiwe n'amakungu, ariko burahagaze, kandi ubu bukaba bwubakiye ku murongo w'intambara, kandi ntibizokworoha kubusubiza hasi.

Ni co gituma ibihugu vya Bulaya bibona ko, naho amahoro yoshikwako muri Ukraine, Uburusiya bushobora guteza umudugararo ahandi kuri uwo mugabane, harimwo no gutera igihugu ca OTAN. Ubuholandi, Ubudage na OTAN ubwayo bavuga ko ibi bishoboka, kandi ko bizoruhira gushika.

Hanyuma kandi, burya Putin ariyemera kandi afise intego. None koko arashobora kwemera ko yatsinzwe muri Ukraine?

Luke Cooper, umushakashatsi mu vy'imigenderanire mpuzamakungu kw'ishure kaminuza London School of Economics, agira ati: "Iyaba Uburusiya bwari bufise reta yiyumvira, bwohagaritse intambara.

"Ubutunzi buragoyagoya canke buri mu ngorane. Uburusiya buriko burungika kw'ibagiro igitigiri kinini c'abantu, mu gihe bari bakwiye gukora. Ubutunzi bushingiye ku gisata c'abigenga buriko burahungabana kubera ko bwashizwe mu murongo w'intambara… none Uburusiya bumaze gushika kuki? Agace gato k'ubutaka bwa Ukraine.

Nta nkeka ko agahengwe kobabereye kirumara, mu gihe koba karimwo uguhagarika ibihano vy'ubutunzi. Ariko ivyiyumviro vya Putin ntaho bihuriye n'ibi. Ivyo vyose, ni kubera ingingo z'umuntu umwe, yiyumvira kwigarurira ibihugu, atwaza umukazo".

Ukwizera guke kwa Ukraine

Mu gihe Kyiv ikirindiriye icokorwa na Amerika, uvuganye mu mpisho n'abategetsi benshi ba Ukraine nta cizere bafise ko Amerika irongowe na Donald Trump izohava ikora ivyo bipfuza kugira amahoro aboneke. N'aho hoba agahengwe, ntibizeye ko Amerika yofata ubwishingizi bukomeye bw'umutekano, kugira ngo Uburusiya ntibuzosubire gutera igihugu cabo muri kazoza.

Mark Cancian, umujenama mukuru muri Center for Strategic and International Studies, yavuze ati: "Biragoye gufata ubwishingizi bw'umutekano Ukraine yokwizigira cane kugira ngo yemere gutera igikumu ku masezerano y'amahoro, kandi Uburusiya, Amerika n'Abanyaburayi bose bakabihurizako".

Ariko, nk'uko Tom Keatinge, umuyobozi wa Finance & Security Centre muri Royal Services Institute abivuga, "nta mwanya wo gutakaza" ku bategetsi ba Bulaya babona ko koba ari akaga ku mutekano wose wa Bulaya ari nka hamwe Uburusiya bwokwumva ko bwatsinze muri Ukraine.

Naho hari intambara mu Buseruko bwo Hagati, Keatinge avuga ko Trump, azwi ko atihangana, ashobora guhindura umwanya n'umwanya ugasanga ivya Irani aravyihojeje mu gihe ivy'amasezerano na Tehran vyogumamwo inzitizi.

Aho rero ashobora gusubira vuba ku kibazo c'Uburusiya na Ukraine. Ni co gituma, nk'uko Keatinge abishimangira, Abanyabulaya bategerezwa gufata ingingo zikomeye cane kuri Ukraine ubu, kurusha uko babikoze gushika ubu.

Nubwo bakunze gukoresha amajambo ngo "igihe cose bizoba ngombwa" mu gufasha Ukraine, ababanegura bakunze kwagiriza abategetsi ba Bulaya ko ico bakora ari "ugucunga gusa ingene intambara igenda", aho kwihutira kurondera amahoro arama muri Ukraine.

Naho bavuga amajambo menshi, bakagira ingendo nyinshi i Kyiv bakanatanga n'amafaranga menshi y'ukugurira ibirwanisho Ukraine, iyo hageze ko hafatwa ibihano ruhasha vy'ubutunzi vyoshobora kugondoza Uburusiya, "Abanyaburayi baguma bareze amaboko, barindiriye Amerika", nk'uko Keatinge abivuga. "Bakorera ku bwoba, kandi Ubumwe bwa Bulaya ari isoko rikomeye cane."

I Bruxelles, ubu bariko bariga ku bihano bigira 21 vyofatirwa Uburusiya. Ariko none, bimeze gute ku mitungo y'imiriyari 210 z'ama-euro y'ibanki nkuru y'Uburusiya yafashwe n'Ubumwe bwa Bulaya? Aho gukoresha ayo mahera mu gufasha Ukraine (bitwaje impungenge z'amategeko n'iz'icubahiro), abategetsi ba Bulaya bahisemwo guha Kyiv ingurane ya miriyari 90, ziva mu makori y'abanyagihugu. Ku bwa Keatinge, abategetsi ba Bulaya bari bakwiye gufatira Uburusiya ingingo ruhasha zogira ingaruka zikomeye. "Ariko ntavyo bashaka – canke ntibahuza bihagije kugira ngo bakore koko kugira ngo barangize intambara".

Abategetsi b'Uburayi barashaka vy'ukuri ko amarushwa abanyagihugu ba Ukraine barimwo arangira, kandi ko haba amahoro arama ku mipaka yabo. Ariko kandi, agahengwe muri Ukraine kobatera gufata ingingo zitaborohera. Ibihugu bike ni vyo vyemera ko Ukraine yokwinjira vuba mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya.

Nayo ku bijanye n' "Urunani rw'abashaka" (Coalition of the Willing) rurongowe n'Ubufaransa hamwe n'Ubwongereza ari na vyo vyiyemeje kurungika "ingabo zo kubungabunga amahoro" muri Ukraine mu gihe intambara yohagarara, ni ibihe ibihe bihugu vyorungika abasirikare vy'ukuri, kandi ku gihe kingana iki? Cane cane mu gihe Amerika itoshigikira izi ngabo mu kuzikingira ibitero vyo mu kirere.

Mu ndwi iheze, Trump yariyamirije ico yise "inzigo" hagati ya Putin na Zelensky avuga ko ari ibintu "biteye isoni". Washington isa n'iyateye akagere Ukraine kugurisha ubuhinga bwa drone mu bihugu vyo mu Kigobe. Ntinemera icese iciyumviro ca Zelensky co gusangiza Amerika ubumenyi bwa drone.

Ariko Zelensky wewe asa nk'uko ivyo ataco bimubwiye. Ku bwiwe, igihe cose azobandanya avugwa mu binyamakuru, yizeye ko Ukraine itazokwibagirwa, kandi ko vuba cane Washington ishobora gusubira kwitaho igihugu ciwe.