Perezida Faye wa Senegal yaraye abogoje uwari incuti yiwe Sonko mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Perezida Bassirou Diomaye Faye wa Senegal yaraye abogoje Ousmane Sonko mu mabanga yiwe y'umushikiranganji wa mbere, inyuma y'amezi atari make yaranzwe n'icuka kibi hagati y'aba bagabo babiiri bahoze ari akadasohoka.

Iyi ngingo yo kumuhagarika mu mabanga yiwe yaje inyuma y'amasaha makeya Sonko avuye imbere y'inama nshingamateka yamubajije ibibazo, aho mu kwishura yaneguye ku mugaragaro Perezida Faye.

Iradiyo y'Abafaransa RFI isubiramwo amajambo yiwe agira ati: "Si ndi umushikiranganji wa mbere agamburuka nk'impumyi kandi yemera vyose uko nyene".

Ibogozwa rya Sonko risigura ko na reta yari irongowe n'uno mukuru w'umugambwe PASTEF isenyuwe.

Gushika umusubirizi wa Sonko ntaramenyekana.

Inyuma y'uko atangaje iyi ngingo, abanyeshure baharurwa mu majana bo kuri Kaminuza Cheikh Anta Diop, UCAD, (Université Cheikh Anta Diop) babonetse bihaye amabarabara ku mugwa mukuru Dakar mu gushigikira Ousmane Sonko.

Aciye ku rubuga rwa X, Sonko yanditse avuga ko yari agiye gusinzira neza muri iri joro. "Alhamdulillah. Muri iri joro ndasinzira n'umutima weze".

Ousmane Sonko we nyene ubwiwe yari yarerekanye ko ashobora gusubira mu ruhande rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Ku ruhande rwiwe, Bassirou Diomaye Faye yari yavuze ko yagumije Sonko mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere kubera icizere yari amufitiye, kandi ko yari kumusubiriza mu gihe iki cizere cotakara.

Ousmane Sonko n'umugambwe wiwe batsindiye intebe 130 kuri 165 zigize inama nshingamateka. Ku wa 28 Ndamukiza (4), abashingamateka ba Senegal baremeje impinduka z'ingingo zibiri z'itegeko rigenga amatora, zemerera abantu bagiriwe n'ivyaha bito bito kwitoza mu matora atandukanye, harimwo na Ousmane Sonko mu matora yimirije mu 2029.

Abatavuga rumwe na reta bariyamirije iri tegeko, bavuga ko ryategekanijwe cane cane ku nyungu za Sonko, mu gihe ivyo kwemererwa kwitoza mu 2029 biteje impari bahinga bamwe mu vy'amategeko.