Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igituma ibihugu bitandatu kuri cumi aho abantu batanga cane kw'isi biri muri Afrika
- Umwanditsi, Mamadou Faye
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Afrika
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Nk'uko bigaragara mu cegeranyo ku kungene abantu batanga c'umwaka wa 2025 citwa "World Giving Report 2025" categuwe n'ishirahamwe Charities Aid Foundation (CAF), icigwa cakorewe ku bantu barenga 50.000 bo mu bihugu 101, ugutanga ntibigipimirwa gusa ku gitigiri c'abatanga imfashanyo, ahubwo bipimirwa no ku rugero rw'amafaranga umuntu atanga - hafatiwe ku yo yinjiza - ku mashirahamwe afasha abandi, ku bantu bakeneye imfashanyo kurusha abandi canke ku bikorwa vy'amadini.
Bitandatu mu bihugu cumi vya mbere aho abantu baha abandi (batanga, barekura) kw'isi biri muri Afrika, umugabane aho umuntu aha abandi muri rusangi 1,6% vy'amafaranga yinjiza.
Ngibi ibihugu 10 vya mbere kuri urwo rutonde hamwe n'imvo zatumye bishirwa kuri rwo.
1. Nigeria: 2,83% vy'amafaranga umuntu yinjiza ni vyo atanga
Kubera ko 89% vy'abanyagihugu ba Nigeria ari bo batanze amahera mu 2024, kikaba ari co gipimo kiri hejuru kuruta ibindi mu bihugu 101 vyakoreweko icigwa, ico gihugu cabaye ica mbere kw'isi kubera cujuje ibipimo nka vyose bisabwa bigaragaza abantu batanga cane canke barekura. Abanyagihugu ba Nigeria bamara, muri rusangi, amasaha 13,5 ku mwaka bariko barakora ibikorwa vy'ubugiraneza ku bushake, urugero rusumba cane urw'isi yose rusanzwe ruri ku masaha icenda gusa.
Iki cegeranyo cerekana ko ibikorwa vy'idini biza imbere mu guteza imbere ubuntu no gutanga. Harimwo ugutanga ic'icumi, amashikanwa hamwe no gufasha abakene, ivyo vyose bikaba bimaze gushinga imizi mu buzima bwa misi yose muri Nigeria.
Ikindi gitangaje ni uko Abanya-Nigeria baza mu kibanza ca 22 iyo basabwe kwipima ubwabo urugero rw'ubuntu n'urwo gufasha vyabo. Ibi vyerekana ko inyifato yabo yo gutanga bayibona nk'ibisanzwe kandi ikaba isanzwe iri mu buzima bwabo, aho kuyifata nk'ikintu kidasanzwe.
2. Misiri : 2,45 %
Misiri iza mu kibanza ca kabiri kw'isi yose, kubera icizere gikomeye abanyagihugu bayo bafitiye amashirahamwe y'ubugiraneza, bakayafata nk'ayakora neza cane muri ico gihugu.
Ico cizere kiri ku rugero rwo hejuru, kenshi gituma abantu barushiriza kurekura intererano n'imfashanyo nyinshi. Iki cegeranyo cerekana ko hari isano rigaragara hagati yo kwizera mwene ayo mashirahamwe no kuyaha amafaranga, isano ryigaragaje no mu bindi bihugu vyakoreweko icigwa.
3. Ghana : 2,19 % (isangiye ikibanza ca 3 n'ikindi gihugu)
Ghana isangiye ikibanza ca gatatu kw'isi n'Ubushinwa.
Nk'uko biri no mu bindi bihugu vya Afrika, muri Ghana abantu bakunda cane kwishikiririza bo nyene ubwabo imfashanyo abayikeneye ata wundi agiye hagati, canke bagatanga imfashanyo zifitaniye isano n'idini, kuruta gutanga ku mashirahamwe y'abagiraneza (ONG).
3. Ubushinwa : 2,19 % (busangiye ikibanza ca 3 n'ikindi gihugu)
Ubushinwa ni co gihugu conyene kitari ico muri Afrika (uretse ibihugu vyo mu kigobe) kiri kuri uru rugero. Aka karorero k'Ubushinwa kerekana ko ubuntu n'ugutanga bishingiye ku mafaranga umuntu yinjiza atari inyifato yahebewe ibihugu vy'amikoro make gusa. Ariko rero, iki cigwa cerekana ko muri rusangi ibihugu bifise ubutunzi bukomeye bitanga, ufatiye ku vyo vyinjiza, incuro zibiri munsi y'ibihugu bifise amikoro make canke ari ku rugero rwo hagati.
5. Kenya : 2,13 %
Kenya irangwa n'umuco ukomeye wo gufashanya hagati y'abanyagihugu: 86% vy'abanyagihugu baratanze amahera yo gushigikira ibikorwa bitandukanye.
Ikindi gikwiye kwitonderwa ni uko hafi ica kabiri c'Abanyakenya bakoze ibikorwa vy'ubukorerabushake.
Iki gihugu kigaragaza rero ingendo isanzwe yibonekeza mu karere: abantu bumva ko ari bamwe mu kibano kandi ari nk'umuryango, ibi bikaba ari bimwe mu bimenyetso iki cigwa kigaragaza ko bifitaniye isano n'urugero rwo hejuru rw'ubuntu n'umutima wo gufashanya.
6. Uganda : 2,04 %
Uganda ishimangira uko ibintu vyifashe mu bihugu vya Afrika y'Ubuseruko muri uru rutonde. Nk'uko biri muri Kenya no muri Tanzania, gutanga bishingiye cane ku mico yo gufashanya iri mu kibano. Abantu benshi bavuga ko biyumva ko ari bamwe n'abagize ikibano muri iki gihugu. Charities Aid Foundation (CAF) rivuga ko ukwo kwiyumvanamwo bifitaniye isano n'ukuntu batanga. Gutanga, muri rusangi, biri ku rugero rwa 1,7% vy'ivyo binjiza, mu gihe mu bihugu aho ukwo kwiyumvanamwo kudashemeye usanga batanga ku rugero rwa 0,6% gusa.
7. Émirats Zunze Ubumwe : 1,92 % (zisangiye ikibanza c'indwi n'ikindi gihugu)
Émirats Zunze Ubumwe z'Abarabu ni kimwe mu bihugu bike bifise ubutunzi bukomeye bitanga ku rugero rungana n'urw'ibihugu bifise ubutunzi bubayabaye. Icigwa kivuga ko ivyo ahanini biterwa n'uruhara rukomeye rwa reta: hafi abantu 9 kuri 10 bemera ko reta ifise uruhara rwiza mu guteza imbere ibikorwa vy'ubugiraneza, urugero ruri hejuru cane y'urw'isi muri rusangi (36%).
7. Qatar : 1,92 % (isangiye ikibanza c'indwi n'ikindi gihugu)
Nk'uko biri muri Émirats Zunze Ubumwe, na Qatar irahinyuza iciyumviro gisanzwe kivuga ko ibihugu bikize bitanga bike ugereranije n'ivyo vyinjiza. Muri iki gihugu, abantu barizigira cane amashirahamwe y'ubugiraneza yo mu gihugu cabo. Icigwa cerekana ko ico ari kimwe mu bintu bisanzwe biboneka mu bihugu vyo mu kigobe biza imbere kuri uru rutonde.
7. Ubuhindi : 1,92 % (busangiye ikibanza c'indwi n'ikindi gihugu)
Ubuhindi ni co gihugu conyene kinini co muri Asia y'Epfo kiri ku rutonde rw'ibihugu 10 vya mbere.
Bushimangira muri rusangi ukuvyifatamwo neza kw'umugabane wa Asia kugaragara muri iki cigwa, kuko abanyagihugu bawo batanga ku rugero rwa 1,28%, rukaba rusumba cane urw'isi ruri kuri 1,04%.
10. Malawi : 1,80 %
Malawi ni yo iza ubwa nyuma muri ibi bihugu 10 vya mbere, ariko na yo nyene yerekana ko akaranga ka Afrika mu gutanga canke kurekura kagifise inguvu. N'ubwo iri mu bihugu bifise amikoro make kurusha ibindi biri kuri uru rutonde, igice c'amafaranga yinjizwa n'abanyagihugu bayo gitangwa nk'intererano canke imfashanyo, kiruta ic'ibihugu vyinshi bikize vyo ku mugabane wa Buraya n'ivyo muri Asia y'Ubuseruko.
Kubera iki Afrika ari yo iza kw'isonga ?
Iki cigwa cerekana ibintu bitandukanye bisigura igituma ibihugu vya Afrika vyitwara neza kuri uru rutonde:
- Ubumwe n'ugufashanya mu kibano
Mu bihugu aho abarenga 80% vy'abanyagihugu bavuga ko bumva ko ari bamwe kandi bakiyumvamwo cane mu kibano cabo, urugero rw'ivyo abantu batanga rushika kuri 1,7% vy'ivyo binjiza. Uwu murwi ugizwe n'ibihugu vya Afrika na Asia gusa.
- Ukwizera amashirahamwe y'ubugiraneza
75% vy'Abanyafrika bemera ko amashirahamwe y'ubugiraneza afise uruhara rushimishije mu kibano cabo. Uru ni rwo rugero rwo hejuru kuruta utundi turere twose tw'isi.
- Uruhara rwa reta nk'uko rubonwa n'abanyagihugu
51% vy'Abanyafrika bavuga ko reta zabo zikaburira abantu gutanga no gufasha, mu gihe urugero rw'isi ruri kuri 40% gusa.
- Kwishikirira abakeneye imfashanyo no kuyicisha mu madini aho gucisha mu mashirahamwe
Muri Afrika, abantu batanga ahanini bashima kwishikirira ubwabo abakeneye imfashanyo ata wundi aciyemwo hagati canke bagatanga biciye mu madini. Ubu ni uburyo bubiri bwo gutanga no gufasha ubushakashatsi- bushira imbere ugutanga biciye mu mashirahamwe adaharanira inyungu (ONG) - bwahora bufise impengamiro yo gukengera.
- Ubukire si bwo bugena urugero rw'ugutanga
Kw'isi yose, mu bihugu vy'abantu b'amafaranga make batanga ku rugero rwa 1,45% vy'ivyo binjiza, mu gihe mu bihugu bikize batanga ku rwa 0,70% gusa. Afrika ni yo igaragaza neza ibi, kuko n'ubwo ifise amikoro make, iguma irangwa n'urugero rw'ubuntu no gutanga ruri hejuru.